Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki twoha Umwe afise vyose?

Kubera iki twoha Umwe afise vyose?

“Ewe Mana yacu, turagukengurukiye kandi turashemeje izina ryawe ryiza.”​—1 NGO. 29:13.

INDIRIMBO: 80, 50

1, 2. Ukuntu Yehova akoresha ubutunzi bwiwe bigaragaza gute ko atanga cane?

YEHOVA ni Imana itanga cane. Ibintu vyose dufise ni we yabiduhaye. Inzahabu, ifeza be n’ubundi butunzi kama bwose bw’isi ni ivyiwe, kandi arabikoresha kugira atume ubuzima bushoboka. (Zab. 104:13-15; Hag. 2:8) Bibiliya irimwo inkuru nyinshi z’ukuntu Yehova yakoresheje ubwo butunzi mu buryo bw’igitangaro kugira afashe abasavyi biwe.

2 Nk’akarorero, Yehova yaramaze imyaka 40 aronsa manu be n’amazi ihanga rya Isirayeli igihe ryari mu gahinga. (Kuv. 16:35) Ku bw’ivyo, “nta co babuze.” (Neh. 9:20, 21) Biciye ku muhanuzi Elisha, Yehova yarakoze igitangaro mu kugwiza utuvuta dukeyi tw’umupfakazi umwe w’umwizigirwa. Ivyo vyatumye uwo mupfakazi aronka amahera yo kuriha amadeni yari afise, arasigarana n’ayo kumubeshaho be n’abahungu biwe. (2 Abm. 4:1-7) Yezu afashijwe na Yehova yaragaburiye abantu ku gitangaro, mbere aratanga n’amahera igihe vyari bikenewe.​—Mat. 15:35-38; 17:27.

3. Tugiye kurimbura iki muri iki kiganiro?

3 Yehova arafise ubutunzi bwinshi cane bushobora gufasha ibiremwa vyiwe vyo kw’isi. Naho ari ukwo, aratera akamo abasavyi biwe ngo bakoreshe ivyo batunze mu gushigikira igikorwa c’ishirahamwe ryiwe. (Kuv. 36:3-7; soma Imigani 3:9.) Kubera iki Yehova adusaba gukoresha ubutunzi yaduhaye kugira dushigikire igikorwa ciwe? Abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera bashigikiye gute igikorwa cayo? Muri kino gihe, ishirahamwe rikoresha gute intererano zitangwa? Iki kiganiro kiratanga inyishu z’ivyo bibazo.

KUBERA IKI DUHA YEHOVA KU VYO DUTUNZE?

4. Iyo dushigikiye igikorwa ca Yehova tuba tumweretse iki?

4 Duha Yehova ku vyo dutunze kubera ko tumukunda kandi tumukengurukira. Turakorwa ku mutima cane iyo tuzirikanye ku bintu vyose Yehova yadukoreye. Igihe Umwami Dawidi yariko arasigura ivyokenewe mu kwubaka urusengero, yariyemereye ko ibintu vyose dufise tubihabwa na Yehova kandi ko tumuha ku vyo aba yaraduhaye.​—Soma 1 Ngoma 29:11-14.

5. Ivyanditswe vyerekana gute ko gutanga bivuye ku mutima ari umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri?

5 Vyongeye, gutanga ni umuce ugize ugusenga kwacu. Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yarumvise abasavyi ba Yehova bo mw’ijuru bavuga bati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” (Ivyah. 4:11) Ntiwemera none ko bibereye yuko duha Yehova ubuninahazwa bwose n’iteka ryose mu kumuha ibintu vyiza kuruta ibindi dufise? Yehova abicishije kuri Musa, yategetse ihanga rya Isirayeli guseruka imbere yiwe gatatu mu mwaka ku misi mikuru. Kuri iyo misi mikuru, abo Bisirayeli ntibari “guseruka imbere ya Yehova iminwe misa.” (Gus. 16:16) No muri iki gihe, gutanga bivuye ku mutima ni umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri. Birerekana ko dukenguruka kandi ko dushigikira igikorwa kirangurwa n’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova.

6. Kubera iki gutanga bitugirira akamaro? (Raba ishusho itangura.)

6 Gutanga biratugirira akamaro. Si vyiza kwama dushaka guhabwa gusa. (Soma Imigani 29:21.) Dufate ko umwana ahaye abavyeyi biwe ikintu aguze mu duhera bagiye baramuha. Ese ukuntu abo bavyeyi bakenguruka ico kintu! Canke dufate ko umwana ariko arakora ubutsimvyi akibana n’abavyeyi biwe. Yoshobora kugira ico aterereye ku mahera umuryango ukoresha. Naho abavyeyi biwe batoba babimusavye, boshobora kwemera ayo mahera kubera ko ari uburyo uwo mwana aba agaragaje ko akenguruka ivyo bamukorera vyose. Muri ubwo buryo nyene, Yehova arazi ko gutanga ku vyo dutunze bitugirira akamaro.

GUTANGA MU BIHE VYA BIBILIYA

7, 8. Abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya Bibiliya basize akarorero akahe mu bijanye no gushigikira (a) ibikorwa kanaka? (b) igikorwa muri rusangi?

7 Agatima ko gutanga ku vy’umuntu atunze karavugwa cane mu Vyanditswe. Mu bihe bimwebimwe, abasavyi ba Yehova barashigikira ibikorwa kanaka. Nk’akarorero, Musa yarahimirije abantu guterera kugira itaberenakulo yubakwe. Umwami Dawidi na we nyene ni ko yabigize ku bijanye na rwa rusengero. (Kuv. 35:5; 1 Ngo. 29:5-9) Mu gihe c’Umwami Yehowasi, abaherezi basanuye inzu ya Yehova bakoresheje amahera abantu bari batanze. (2 Abm. 12:4, 5) Mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere, abakirisu baramenyeshejwe ko abavukanyi bari bakeneye gufashwa kubera hari hadutse ikigoyi, maze “umwe wese nk’uko ashoboye, biyemeza kurungika imfashanyo yo gutabara abavukanyi baba i Yudaya.”​—Ivyak. 11:27-30.

8 Mu bindi bihe, abasavyi ba Yehova barashigikira abaja imbere mu gikorwa. Mu gihe c’Itegeko rya Musa, Abalewi ntibaronse umugabane nk’iyindi miryango. Ahubwo riho, abandi Bisirayeli ni bo babaha ikigiracumi, kugira bibande ku gikorwa cabo kw’itaberenakulo. (Guh. 18:21) Mu buryo busa n’ubwo, Yezu be n’intumwa ziwe barungukiye ku gatima ko gutanga k’abagore “babakorera bakoresheje ibintu batunze.”​—Luka 8:1-3.

9. Intererano zo mu gihe ca kera zava he?

9 Izo ntererano zaboneka zivuye mu bintu bitandukanye. Igihe Abisirayeli batanga intererano zo kwubaka itaberenakulo bari mu gahinga, batanze ku vyo bari bakuye mu Misiri. (Kuv. 3:21, 22; 35:22-24) Mu kinjana ca mbere, hari abagurishije ivyo bari batunze, nk’amatongo canke inzu, bagaca bazanira intumwa ayo mahera. Intumwa zaca ziyagabanganiriza ababa bari mu nkenero. (Ivyak. 4:34, 35) Abandi na bo bama bashira ku ruhande amahera yo gushigikira igikorwa. (1 Kor. 16:2) Ku bw’ivyo, abantu bo mu mice yose y’ubuzima, baba abatunze cane canke abakenye cane, baragira uruhara mu gutanga.​—Luka 21:1-4.

GUTANGA MURI KINO GIHE

10, 11. (a) Twokwigana gute agatima ko gutanga k’abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya Bibiliya? (b) Ubona gute agateka ufise ko gushigikira igikorwa c’Ubwami?

10 Muri kino gihe, na twebwe turashobora gusabwa guterera ku bw’igikorwa kanaka. Nk’akarorero, ishengero ryanyu ryoba ryimirije kwubaka Ingoro y’Ubwami? Canke mwoba muriko murasanura Ingoro y’Ubwami yanyu? Twoshobora kumenyeshwa ko hakenewe amahera kugira ibiro vy’ishami vyacu bisanurwe, dutegure ihwaniro ryacu ry’akarere, canke dutabare abavukanyi bacu bashikiwe n’icago c’icaduka. Turatanga intererano kandi kugira dushigikire abakorera ku cicaro gikuru be no ku biro vy’amashami biri hirya no hino kw’isi. Intererano dutanga zirashigikira abamisiyonari, abatsimvyi badasanzwe be n’abacungezi b’imizunguruko. Nta nkeka kandi ko ishengero ryacu ryagize umwiyemezo wo gutanga intererano zo gushigikira igikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami be n’Ingoro z’amateraniro, zikoreshwa n’abavukanyi hirya no hino kw’isi.

11 Umwe wese muri twebwe arashobora kugira uruhara mu gushigikira igikorwa ca Yehova muri ino misi ya nyuma. Intererano nyinshi zitangwa mw’ibanga. Igihe dushira amahera mu dusandugu tw’intererano turi mu Ngoro y’Ubwami canke dutanze intererano kuri jw.org, abandi ntibamenya ayo twatanze uko angana. Twoshobora kubona ko ayo dutanga ata co avuze. Ariko rero, nyinshi mu ntererano turonka ntiziva ku bantu bake batanga amahera menshimenshi, ahubwo ziva mu mahera makemake atangwa n’abantu benshi. Abavukanyi bacu, mbere n’abo usanga bakenye, barigana agatima k’Abanyamakedoniya. Naho bari mu “bworo . . . bwinshi” baratakamvye ngo baterwe agateka ko gutanga, kandi barabigize n’umutima ukunze.​—2 Kor. 8:1-4.

12. Ishirahamwe ryihatira gute gukoresha neza intererano zitangwa?

12 Inama Nyobozi ikoresha intererano dutanga ibigiranye ubwizigirwa n’ubukerebutsi. (Mat. 24:45) Abayigize barasenga kugira bafate ingingo zibereye, kandi barategekanya bitonze ingene amahera azokoreshwa. (Luka 14:28) Mu bihe vya Bibiliya, abagabo b’abizigirwa baraba ivy’intererano bariyemeza neza ko zikoreshwa gusa ico zagenewe. Nk’akarorero, Ezira yarasubiye i Yeruzalemu ajanye ingabire ahawe n’umwami w’Umuperesi zari zigizwe n’inzahabu, ifeza be n’ibindi bintu vy’agaciro, biciye nk’imiliyaridi 200 z’amarundi. Ezira yabona ko izo ntererano ari ishikanwa ryahawe Yehova maze aca aratanga ubuyobozi butomoye bw’ukuntu bozikingira igihe bariko baca mu karere k’abansi. (Ezr. 8:24-34) Intumwa Paulo na we yaregeranije intererano zo kugarukira ku bavukanyi b’i Yudaya. Yariyemeje ko abo yarungikanye izo ntererano bazitwararika mu buryo “[bu]gororotse, atari gusa mu maso ya Yehova, mugabo no mu maso y’abantu.” (Soma 2 Abakorinto 8:18-21.) Nk’ukwo kwa Ezira na Paulo, muri iki gihe ishirahamwe ryacu ririsunga ubuyobozi butomoye mu gukoresha intererano ziba zatanzwe.

13. Kubera iki ishirahamwe ririko rirorosha igikorwa?

13 Umuryango urashobora kugira ivyo uhinduye ku kuntu ukoresha amahera kugira wirinde gusohora ayarenga ayo winjiza canke kugira woroshe ubuzima, gutyo ukore vyinshi mu gikorwa ca Yehova. N’ishirahamwe rya Yehova ni ukwo. Muri iyi myaka ya vuba, ryararanguye imigambi myinshi, rimwe na rimwe bigatuma mu kiringo kanaka hasohoka amahera menshi kuruta ayinjira. Ku bw’ivyo, ririko riragerageza kugabanya amahera asohoka be no kworosha igikorwa kugira ngo intererano mutanga mubikunze zishobore gukora vyinshi bishoboka.

IVYIZA BIVA KU NTERERANO UTANGA

Intererano utanga zirashigikira igikorwa turangurira kw’isi yose (Raba ingingo ya 14-16)

14-16. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe birangurwa kubera intererano mutanga? (b) Uriko wungukira gute kuri ivyo bintu?

14 Twama twumva benshi mu bamaze igihe kirekire bakorera Yehova bavuga ko batari bwigere babona ibifungurwa vyinshi vy’impwemu nk’ivyo dufise muri iki gihe. Iyumvire nawe! Mu myaka ya vuba, twaratanguye gukoresha rwa rubuga rwacu rwa jw.org be na ya televiziyo yacu. Bibiliya y’isi nshasha irasohorwa mu zindi ndimi nyinshi. Mu 2014 no mu 2015, bimwebimwe mu bibuga vy’inkino vyagutse gusumba ibindi vyo mu bisagara 14 hirya no hino kw’isi, vyarabereyemwo ihwaniro mpuzamakungu ry’imisi itatu ryataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera ubwami bw’Imana!” Abaryitavye barahimbawe cane.

15 Benshi barakengurutse ivyiza bidasanzwe baronswa n’ishirahamwe rya Yehova. Nk’akarorero, hari abubakanye bakorera mu gihugu kimwe co muri Aziya bavuze ku bijanye na ya televiziyo yacu ya JW, bati: “Dukorera mu gasagara gatoyi. Ku bw’ivyo, birashika tukabona ko turi twenyene kandi tukibagira ingene igikorwa ca Yehova kingana. Ariko iyo turavye ibiganiro bitandukanye bica kuri ya televiziyo yacu, duca twibuka ko turi mu muryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Abavukanyi bacu twikundira bo ng’aha barakunda cane iyo televiziyo. Twama twumva bavuga ko iyo bahejeje kuraba ibiganiro vya buri kwezi, baca bumva biyegereje abagize Inama Nyobozi. Ubu kuruta ikindi gihe cose, barishimira kuba bari mw’ishirahamwe rya Yehova.”

16 Kw’isi yose, ubu hariko hubakwa canke hasanurwa Ingoro z’Ubwami hafi 2.500. Abagize ishengero rimwe ryo muri Hondurasi bamaze gutangura gukoresha Ingoro y’Ubwami yabo nshasha, bavuze bati: “Turahimbawe cane no kuba turi mu muryango wa Yehova ugizwe n’ibiremwa vyiwe vyo kw’isi no mw’ijuru no kuba turi mu muryango uteye igomwe ukwiye kw’isi yose w’abavukanyi, ivyo bikaba ari vyo vyatumye icipfuzo twari dufise co kuronka Ingoro y’Ubwami aha iwacu kiranguka.” Benshi baragaragaza mwene ukwo gukenguruka igihe baronse Bibiliya be n’ibindi bisohokayandikiro mu rurimi rwabo kavukire, igihe baronse imfashanyo inyuma y’icago c’icaduka, canke igihe biboneye ibiva mu kwamamaza ku mugaragaro mu karere iwabo.

17. Ibirangurwa n’ishirahamwe muri kino gihe vyerekana gute ko Yehova adushigikiye?

17 Abantu ntibatahura ingene dushobora gukora ivyo bintu vyose dukoresheje gusa intererano zitangwa n’abavyishakiye. Umuyobozi umwe w’ishirahamwe rinini amaze gutemberezwa mw’icapuriro ryacu, yaratangaye amenye ko abahakorera bose ari abitanga bavyishakiye, hagakoreshwa intererano zitangwa n’abavyishakiye, be n’uko tudakora ibintu bitwinjiriza amahera. Yavuze ko bitangaje kubona dushobora gukora ivyo bintu, kandi ntiyabeshe! Turazi neza ko ivyo bishoboka gusa kubera Yehova adushigikiye.​—Yobu 42:2.

IMIHEZAGIRO IVA KU KUGIRA ICO DUHAYE YEHOVA

18. (a) Ni ivyiza ibihe twironkera iyo dushigikiye Ubwami? (b) Abana bacu be n’abashasha twobigisha gute gutanga?

18 Yehova aradutera agateka mu kuduha akaryo ko gushigikira igikorwa amahero kiriko kirarangurwa. Adukura amazinda ko tuzoronka imihezagiro nitwashigikira Ubwami. (Mal. 3:10) Yasezeranye ko uwo wese atanga abikuye ku mutima azokwunguka ivyiza vyinshi. (Soma Imigani 11:24, 25.) Gutanga kandi biratuma tugira umunezero, kubera ko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyak. 20:35) Turafise agateka ko kumenyereza abana bacu be n’abashasha biciye mu bikorwa no mu vyo tuvuga, kugira batahure ingene bashobora gutanga, be n’ingene bituma bironkera ivyiza vyinshi.

19. Iki kiganiro cakuremesheje gute?

19 Ivyo dufise vyose twabihawe na Yehova. Kugira ico tumuhaye birerekana ko tumukunda kandi ko dukenguruka ibintu vyose yadukoreye. (1 Ngo. 29:17) Igihe abantu bariko baratanga intererano zo kwubaka urusengero, “[baranezerejwe] no kubona bariko batanga amashikanwa yo ku bushake, kuko bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake.” (1 Ngo. 29:9) Ese natwe twobandanya guhimbarwa ko guha Yehova ku vyo yaduhaye!