Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Aha ububasha uwurushe”

“Aha ububasha uwurushe”

Icanditswe c’umwaka wa 2018: “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha.”​—YES. 40:31.

INDIRIMBO: 3, 47

1. Ni ingorane izihe dufise mu buzima, mugabo ni kubera iki Yehova ahimbarwa n’abasavyi biwe b’abizigirwa? (Raba ishusho itangura.)

NK’UKO usanzwe ubizi, ubuzima bwo muri iyi si ntibubuzemwo ingorane. Benshi muri mwebwe bavukanyi na bashiki bacu twikundira mugendana indwara zikomeye. Abandi na bo, naho bitereye mu myaka, babwirizwa kwitwararika incuti zabo zigeze mu zabukuru. Hari n’abandi bitorohera kuronsa imiryango yabo ivyankenerwa mu buzima. Kandi turazi ko hari benshi bahanganye n’ingorane nyinshi muri izo! Ivyo vyose bisaba umwanya, inguvu be n’amahera. Naho ari ukwo, urizigira ko ivyo Imana yasezeranye ari ntakekeranywa. Uremera udakeka ko imbere ari heza. Ukwo kwizera ufise gutegerezwa kuba guhimbara Yehova cane!

2. Ni indemesho iyihe dusanga muri Yesaya 40:29, ariko ni gute twoshobora kwihenda cane?

2 Ariko none, vyoba bishika ukabona ko ingorane zo mu buzima zikurengeye cane? Nimba bigushikira, si wewe wenyene. Bibiliya yerekana ko abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera vyashika kenshi bakihebura. (1 Abm. 19:4; Yobu 7:7) Ariko rero, aho gutana n’akabando barihetse kuri Yehova kugira abakomeze. Kandi yarabafashije kuko “aha ububasha uwurushe.” (Yes. 40:29) Ikibabaje, bamwebamwe mu basavyi b’Imana bo muri iki gihe, biyumviriye ko guhagarika gato gukorera Yehova vyobafasha guhangana n’ingorane zo mu buzima, nk’aho umengo ibikorwa umukirisu akora ni umuzigo, aho kuba umuhezagiro. Baciye rero bahagarika gusoma Ijambo ry’Imana, kwitaba amakoraniro be n’ubusuku, ivyo bikaba ari vyo nyene Shetani yipfuza.

3. (a) Twogira iki kugira Shetani ntaduce intege? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro?

3 Shetani ntiyipfuza ko tugira inkomezi, kandi arazi neza ko iyo dukorana umwete ibikorwa vya gikirisu turushiriza kugira inkomezi. Igihe rero wumva udendebukiwe ku mubiri no ku mutima, ntuhebe Yehova. Nurushirize kumwiyegereza, na we ‘azogushikamisha, agukomeze.’ (1 Pet. 5:10; Yak. 4:8) Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibintu bibiri bishobora gutuma dusubira inyuma mu murimo turangurira Imana, twongere turabe ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyodufasha. Mugabo, reka tubanze turabe ingene Yehova ashobora kudukomeza nk’uko muri Yesaya 40:26-31 havyerekana.

ABIZIGIRA YEHOVA BAZOSUBIRA KUGIRA UBUBASHA

4. Muri Yesaya 40:26 hatwigisha iki?

4 Soma Yesaya 40:26. Nta n’umwe arashobora guharura inyenyeri ziriho. Abahinga bavuga ko umubumbe wacu wonyene ushobora kuba urimwo inyenyeri zishika imiliyaridi 400. Ariko Yehova wewe arazi izina ry’imwimwe yose. None ivyo bitwigisha iki? Nimba Yehova yitaho ibiremwa vyiwe bidafise ubwenge, hari akantu wewe umukorera ubitumwe n’urukundo, atari ku gahato! (Zab. 19:1, 3, 14) Umuvyeyi wacu adukunda arakuzi neza. ‘N’imishatsi yo ku mutwe wawe arayiharura yose.’ (Mat. 10:30) Umwanditsi wa zaburi na we adukura amazinda ati: “Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu.” (Zab. 37:18) Ego cane, arazi ingorane zidushikira, kandi arashobora kuduha inkomezi zo kuzihanganira.

5. Twemezwa n’iki ko Yehova ashoboye kuduha inkomezi?

5 Soma Yesaya 40:28. Yehova ni we Sôko ry’inguvu zose. Rimbura nk’akarorero inguvu yahaye izuba. Umuhinga akaba n’umwanditsi yitwa David Bodanis yavuze ko buri segunda izuba rirekura inguvu zingana n’izosohorwa n’ibibombe ruhonyanganda amamiliyaridi. Uwundi mushakashatsi yaraharuye asanga mw’isegunda imwe gusa, izuba rirekura inguvu zishobora kuronsa umuyagankuba abantu bose bo kw’isi mu kiringo c’imyaka 200.000! None hari uwoharira ko uwahaye izuba izo nkomezi, ashobora kuduha inguvu dukeneye kugira ngo twihanganire ingorane zose zidushikira?

6. Ni mu buryo ki ingǒgo ya Yezu yoroshe, kandi kubimenya bidufasha gute?

6 Soma Yesaya 40:29. Gukorera Yehova bituma tugira umunezero. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwishireko ingǒgo yanje.” Yaciye yongerako ati: “Muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Emwe, yavuze ukuri nk’ukurima! Birashobora gushika tukumva turushe iyo tuvuye muhira tugiye ku makoraniro canke mu ndimiro. Mugabo none twiyumva gute iyo dutashe? Tuba twagaruye agatege, kandi twiteguriye guhangana n’ibigeragezo bidushikira. Mu vy’ukuri, ingǒgo ya Yezu iroroshe!

7. Tanga akarorero kerekana ko ibivugwa muri Matayo 11:28-30 ari ivy’ukuri.

7 Mushiki wacu umwe twise Kayla afise indwara y’uburuhe budahera, akabonge be n’ukumeneka umutwe bidasanzwe. Ntibitangaje kubona rimwe na rimwe vyaramugora kwitaba amakoraniro. Naho ari ukwo, amaze kugira akigoro ko kwitaba ikoraniro ry’insiguro ya bose, yanditse ati: “Iyo nsiguro yavuga ibijanye no gucika intege. Uwayishikirije yayitanganye impuhwe n’ikibabarwe ku buryo nakoroye amosozi. Narabonye ko nkwiye kwama nitaba amakoraniro.” Akigoro yagize ko kwitaba amakoraniro karatumye agira umunezero!

8, 9. Intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika ngo “iyo ngoyagoya [ni] ho ngira ububasha”?

8 Soma Yesaya 40:30. Naho twoba turi abahanga gute, hariho ivyo tutoshobora n’inkomezi zacu bwite. Ico ni ikintu twese dukwiye kumenya. Naho intumwa Paulo yari ashoboye ibitari bike, hari ivyo yipfuza gukora mugabo ntabishikeko. Igihe yaserurira Imana ingorane yari afise, yamubwiye iti: “Ububasha bwanje buriko butunganirizwa mu bugoyagoye.” Paulo yaratahuye ico Imana yari imubariye. Ni co gituma yavuze ati: “Iyo ngoyagoya [ni] ho ngira ububasha.” (2 Kor. 12:7-10) None yashaka kuvuga iki?

9 Paulo yaratahuye ko ivyo yari kwishoboza adafashijwe n’Imana vyari bike cane. Impwemu nyeranda y’Imana yarashobora guha Paulo inkomezi igihe yaba agoyagoya. Uretse n’ico, impwemu y’Imana yarashobora kumuha ububasha bwo kurangura ibikorwa atokwigeze akora n’inkomezi ziwe bwite. Na twebwe ni ukwo. Yehova niyaduha impwemu yiwe, tuzogira inkomezi!

10. Yehova yafashije gute Dawidi kwihanganira ingorane yari afise?

10 Dawidi yariboneye akatari gake ububasha bw’impwemu nyeranda y’Imana. Yaririmvye ati: “Kuko ku bwawe nshobora gukinagiza akagwi k’abambuzi; kandi ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome.” (Zab. 18:29) Hariho ingorane zimwezimwe twogereranya n’impome, tutoshobora “kwurira” Yehova atadufashije.

11. Sigura ingene impwemu nyeranda idufasha kwihanganira ingorane zidushikira.

11 Soma Yesaya 40:31. Inkomezi z’inkona si zo zituma ishobora kwarara mu kirere. Inkingi z’umuyaga ushushe ni zo ziyiduza itarinze gukoresha inguvu zayo. Igihe rero uhanzwe n’ingorane zikomeye, urama wibuka inkona. Uratakambira Yehova akwongerereze inkomezi biciye kuri “wa mufasha, ya mpwemu nyeranda.” (Yoh. 14:26) Igishimishije, turashobora kuyironka igihe cose tuyikeneye, amasaha 24 kuri 24. Turakenera canecane ko Imana idufasha igihe hari ico tutumvikanako n’uwo mw’ishengero. Ariko none, ingorane nk’izo ziterwa n’iki?

12, 13. (a) Kubera iki bishika abakirisu ntibahuze? (b) Inkuru ya Yozefu itwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

12 Kudahuza n’abandi biterwa n’uko twese turi abanyagasembwa. Birashobora rero gushika tukababazwa n’ivyo abo dusangiye ukwizera bavuze canke bakoze, canke na ho natwe tukabababaza. Ico coshobora kuba ikigeragezo kitoroshe. Mugabo rero, biraduha akaryo ko kwerekana ko turi intahemuka kuri Yehova. Biratwigisha gukorana mu bumwe n’abandi basavyi biwe akunda naho ari abanyagasembwa.

Yehova ntiyahevye Yozefu; na wewe ntazoguheba (Raba ingingo ya 13)

13 Inkuru ya Yozefu irerekana ko Yehova adakingira abasavyi biwe ngo ntibashikirwe n’ibigeragezo. Yozefu akiri muto, yaragurishijwe na bene wabo maze ajanwa kuba umushumba mu Misiri. (Ita. 37:28) Yehova yarabona ivyariko biramushikira kandi nta nkeka ko yababajwe no kubona ingene umugenzi wiwe agororotse Yozefu yariko arafatwa nabi. Naho ari ukwo, ntiyaciye amutabara. Mu nyuma, igihe Yozefu yagirizwa ko yashatse gufata ku nguvu umugore wa Potifari maze agatabwa mw’ibohero, na ho nyene Yehova ntiyahaserutse. None twovuga ko Imana yari yamuhevye? Habe namba. Bibiliya ivuga ko ‘ico Yozefu yakora cose Yehova yatuma kiroranirwa.’​—Ita. 39:21-23.

14. ‘Kureka’ ishavu bivamwo ivyiza ibihe?

14 Raba akandi karorero. Ni abantu bake bamaze gufatwa nabi nka Dawidi. Naho ari ukwo, uwo mugenzi w’Imana ntiyaretse ngo inzika itume ashangashirwa. Ahubwo yanditse ati: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe; nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi.” (Zab. 37:8) Imvo nyamukuru ituma ‘tureka’ ishavu, ni ukugira ngo twigane Yehova, we “[ata]dukoreye ibihwanye n’ibicumuro vyacu.” (Zab. 103:10) Ariko hariho n’ibindi vyiza biva ku ‘kureka’ ishavu. Ishavu rirashobora gutuma tugira ingorane z’amagara, nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso be n’ingorane zo guhema. Rirashobora gutuma umuntu arwara igitigu n’urwagasha canke akagira ingorane z’umushishito. Igihe dushavuye, ntitwiyumvira neza. Kandi iyo umuntu atwawe n’ishavu birashika agaca amara igihe arwaye akabonge. Ariko nk’uko Bibiliya ibivuga, “umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama.” (Imig. 14:30) None twoshobora gute kurengera umubabaro kugira dusubize hamwe n’abo dusangiye ukwemera? Icodufasha ni ugushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi Bibiliya itanga.

IGIHE ABAVUKANYI BACU BATUBABAJE

15, 16. Twosubiza hamwe gute n’uwatubabaje?

15 Soma Abanyefeso 4:26. Iyo dufashwe nabi n’abantu bo muri iyi si, ntibidutangaza. Mugabo iyo uwo dusangiye ukwemera canke uwo mu muryango avuze canke akoze ikintu kitubabaza cane, twoshobora gucika intege. Dufate ko tudashobora kwirengagiza ico kintu. Twoba tuzogumana inzika imyaka n’iyindi? Canke tuzokurikiza impanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya kugira twihutire gutorera umuti izo ngorane? Uko duteba gushira ibintu mu buryo, ni ko bizorushiriza kutugora gusubiza hamwe n’umuvukanyi wacu.

16 Tuvuge ko hari umuvukanyi yakubabaje, ukaba udashobora kuvyirengagiza. Ni ibiki wokora kugira musubize hamwe? Ubwa mbere, nusenge Yehova ubigiranye ubwira. Numusabe agufashe kuyaga muhuza n’uwo muvukanyi. Niwibuke ko uwo muvukanyi ari umugenzi wa Yehova. (Zab. 25:14) Yehova aramukunda. Yehova afata abagenzi biwe n’umutima mwiza, kandi yiteze ko na twebwe tubigenza gutyo. (Imig. 15:23; Mat. 7:12; Kol. 4:6) Ubukurikira, nuzirikane ivyo uza kuvuga. Ntiwishiremwo ko uwo muvukanyi yakubabaje n’ibigirankana. Niwemere ko na wewe ushobora kuba wagize uruhara muri iyo ngorane. Woshobora gutangura ico kiyago uti: “Hari aho noba natwawe n’agashavu, mugabo ivyo wambwiye ejo, vyatumye . . . ” Nimba ico kiyago ata co kivuyemwo, nurondere akandi karyo. Mu kurindira, nusengere uwo muvukanyi wawe kugira Yehova amuhezagire. Nusabe Imana igufashe kwibanda kuri kamere nziza afise. Uko vyogenda kwose, woshobora kwemera udakeka ko Yehova azohimbarwa n’utwigoro ugira kugira ngo usubize hamwe n’umuvukanyi wawe, akaba n’umugenzi w’Imana.

IGIHE TUGUMA TWIYAGIRIZA

17. Yehova adufasha gute gusubirana mu vy’impwemu igihe tuba twacumuye, kandi ni kubera iki dukwiye kwungukira kuri iyo ntunganyo?

17 Hari abiyumvira ko batabereye gukorera Yehova kubera ko bakoze igicumuro gikomeye. Kwiyagiriza birashobora gutuma ducika intege. Umwami Dawidi, uwo vyashitse akiyagiriza, yavuze ati: “Igihe naguma ncereje, amagufa yanje yashirira mu kuniha kwanje bukarinda bwira. Kuko ukuboko kwawe kwandemēra umurango n’ijoro.” Igishimishije, Dawidi yavyifashemwo nk’umuntu ahumuye mu vy’impwemu. Yanditse ati: “Igicumuro canje naratevye ndakikwaturira. . . . Nawe warahariye ikosa ry’ibicumuro vyanje.” (Zab. 32:3-5) Nimba warakoze igicumuro gikomeye, Yehova ariteguriye kugufasha kugira usubirane mu vy’impwemu. Ariko ubwirizwa kwemera imfashanyo akuronsa biciye kw’ishengero. (Imig. 24:16; Yak. 5:13-15) Ntutebagane, kuko wohava ubura ubuzima budahera! Ariko tuvuge iki nimba uguma wiyagiriza ku makosa wakoze kera kandi haciye igihe kirekire warahariwe?

18. Akarorero ka Paulo kofasha gute abiyumvira ko batabereye gukorera Yehova?

18 Vyarashitse n’intumwa Paulo aracika intege kubera amakosa yakoze kera. Yavuze ati: “Ndi uwo hanyuma y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.” Naho ari ukwo, yongeyeko ati: “Mugabo bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubu ndi ico ndi.” (1 Kor. 15:9, 10) Yehova yaremeye Paulo uko yari ari, kandi yashaka ko Paulo atahura ico kintu. Nimba warigaye vy’ukuri ibicumuro wakoze kera kandi ukaba waravyatuye, numenye neza ko Yehova ari umunyembabazi. Niwemere udakeka ko yakubabariye!​—Yes. 55:6, 7.

19. Icanditswe c’umwaka wa 2018 ni ikihe, kandi ni kubera iki kibereye?

19 Uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza, turashobora kwitega ko ingorane zizokwongerekana. Yamara rero, niwemere udakeka ko Umwe “aha ububasha uwurushe; kandi ku wutagira inguvu rukozi, a[ga]tuma ubushobozi bwuzuye bugwira,” ashobora kuguha ico ari co cose ukeneye kugira wihangane. (Yes. 40:29; Zab. 55:22; 68:19) Mu mwaka wa 2018, tuzoza tuributswa ico kintu gihambaye igihe cose tuzoba twitavye amakoraniro mu Ngoro y’Ubwami. Gishingiye ku majambo ari mu canditswe c’umwaka, kigira giti: “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha.”​Yes. 40:31.