Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Icibutso kiratuma twunga ubumwe

Icibutso kiratuma twunga ubumwe

“Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye . . . [ku]bana mu bumwe!”​—ZAB. 133:1.

INDIRIMBO: 18, 14

1, 2. Ni igiki kizotuma abantu bunga ubumwe mu buryo budasanzwe mu 2018, kandi kubera iki? (Raba ishusho itangura.)

KU WA 31 Ntwarante 2018 izuba rirenze, nk’uko vyama bigirwa buri mwaka, abasavyi b’Imana be n’abandi benshi bashimishwa n’ukuri bazokorana ku bwo guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Abantu amamiliyoni kw’isi yose bazokoranira hamwe kugira bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Buri mwaka, urwo rubanza ruratuma abantu bo hirya no hino bunga ubumwe mu buryo budasanzwe!

2 Yehova na Yezu bategerezwa kuba bahimbarwa iyo bitegereje abantu amamiliyoni bo mu mihingo itandukanye y’isi bariko baraja kuri urwo rubanza rudasanzwe. Bibiliya yari yaravuze ko “isinzi rinini ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” bazosemerera bati: “Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 7:9, 10) Ese ukuntu bihimbaye kubona abantu benshi batera iteka Yehova na Yezu biciye kuri ico Cibutso kigirwa buri mwaka!

3. Iki kiganiro kiza kwishura ibibazo ibihe?

3 Muri iki kiganiro turaza kuronka inyishu z’ibi bibazo: (1) Twokwitegurira gute Icibutso kugira tucungukireko? (2) Icibutso gituma abasavyi b’Imana bunga ubumwe mu buryo butandukanye ubuhe? (3) Umwe wese ashobora gute kugira ico aterereye kuri ubwo bumwe? (4) Hoba hazokwigera haba Icibutso ca nyuma? Nimba kizohaba, ni ryari?

INGENE TWOKWITEGURA KUGIRA TUCUNGUKIREKO

4. Kubera iki dukwiye kugira uko dushoboye kwose ngo twitabe Icibutso?

4 Kubera iki bihambaye ko twitaba Icibutso? Niwibuke ko amakoraniro y’ishengero ari umuce w’ugusenga kwacu. Nta gukeka ko Yehova na Yezu babona utwigoro ugira kugira witabe iryo koraniro rihambaye kuruta ayandi yose. Mu vy’ukuri, twipfuza kubereka ko tutokwubahuka gusiba Icibutso, kiretse gusa tubitumwe n’ingorane z’amagara canke ikindi kintu kidasanzwe. Iyo dukoze ibintu vyerekana ko amakoraniro ahambaye kuri twebwe, tuba duhaye Yehova iyindi mvo yo kugumiza amazina yacu mu “gitabu c’icibutso,” ni ukuvuga ca “gitabu c’ubuzima” kirimwo amazina y’abazoronka ubuzima budahera.​—Mal. 3:16; Ivyah. 20:15.

5. Mu misi y’imbere y’Icibutso, dushobora gute ‘gusuzuma nimba turi mu kwizera’?

5 Mu misi y’imbere y’Icibutso, turashobora kurondera umwanya wo gusuzuma tuvyitondeye kandi tubijanishije n’isengesho ubucuti dufitaniye na Yehova. (Soma 2 Abakorinto 13:5.) None twobigira gute? Mu ‘gusuzuma nimba turi mu kwizera.’ Kugira tubishikeko, twokwibaza duti: ‘Noba vy’ukuri nemera ko ndi mw’ishirahamwe rimwe gusa Yehova akoresha kugira arangure umugambi wiwe? Noba ndiko ndakora uko nshoboye kwose kugira namamaze kandi nigishe inkuru nziza y’Ubwami? Ivyo nkora vyoba bigaragaza ko nemera koko yuko turi mu misi ya nyuma be n’uko ubutegetsi bwa Shetani bugiye kuvaho? Noba nizigira Yehova na Yezu nk’uko vyari igihe niyegurira Yehova Imana?’ (Mat. 24:14; 2 Tim. 3:1; Heb. 3:14) Kuzirikana kuri ivyo bibazo bizodufasha kuguma twerekana ico twebwe ubwacu turi.

6. (a) Twogira iki kugira turonke ubuzima budahera? (b) Umukurambere umwe yitegurira gute Icibutso buri mwaka, kandi womwigana gute?

6 Nusome wongere uzirikane ku mayagwa ashingiye ku Vyanditswe yerekana igituma Icibutso gihambaye. (Soma Yohani 3:16; 17:3.) Kugira turonke ubuzima budahera, dutegerezwa ‘kuguma twironsa ubumenyi’ bwerekeye Yehova kandi ‘tukizera’ Umwana wiwe w’ikinege Yezu. Mu kwitegurira Icibutso, ubona gute usuzumye ibiganiro bimwebimwe vyogufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova na Yezu? Ivyo ni vyo umuvukanyi umwe amaze igihe kirekire ari umukurambere akora. Uko imyaka yagiye irarengana, yaza aratororokanya ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi bivuga ahanini ibijanye n’Icibutso be n’urukundo Yehova na Yezu batugaragarije. Mu mayinga makeyi imbere y’Icibutso, arasubira gusoma ivyo biganiro kandi akazirikana igituma Icibutso gihambaye. Rimwe na rimwe, arongereza ikiganiro kimwe canke bibiri ku vyo yatororokanije. Uwo mukurambere yasanze gusubira gusoma ivyo biganiro be no kuzirikana ku gisomwa ca Bibiliya c’Icibutso, bituma buri mwaka yiga ibintu bishasha. N’igihambaye kuruta, arabona ko urukundo akunda Yehova na Yezu rwongerekana buri mwaka. Na wewe ubigenjeje gutyo woshobora kurushiriza gukunda no gukengurukira Yehova na Yezu, gutyo ukwungukira cane ku Cibutso.

INGENE ICIBUTSO GITUMA TWUNGA UBUMWE

7. (a) Muri rya joro Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yasenze asaba iki? (b) Ni igiki cerekena ko Yehova yishuye isengesho rya Yezu?

7 Muri rya joro Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yarasenze asaba ko abayoboke biwe bose bokwunga ubumwe nk’uko we na Se bunze ubumwe. (Soma Yohani 17:20, 21.) Yehova yarishuye iryo sengesho ry’Umwana wiwe akunda cane, kandi ubu abantu amamiliyoni baremera ko Yehova yarungitse Umwana wiwe. Icibutso kiratanga ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko Ivyabona vya Yehova bunze ubumwe, kuruta irindi koraniro iryo ari ryo ryose ry’abasavyi b’Imana. Hirya no hino kw’isi abantu bo mu mahanga menshi no mu moko atandukanye barakoranira hamwe mu bibanza bitandukanye. Mu mihingo imwimwe, ntibimenyerewe ko abantu b’amoko atandukanye bakoranira hamwe ku bwo gusenga canke na ho ugasanga hari ababona ko bitabereye namba. Ariko Yehova na Yezu bobo barahimbarwa cane n’ubwo bumwe!

8. Ni ubutumwa ubuhe Yehova yahaye Ezekiyeli?

8 Twebwe abasavyi ba Yehova ntidutangazwa n’ubwo bumwe twifitiye. Nkako, Yehova yari yaravuze ko vyogenze gutyo. Rimbura ubutumwa yahaye umuhanuzi Ezekiyeli bwerekeye kwegeranya udukoni tubiri, “aka Yuda” be n’“aka Yozefu.” (Soma Ezekiyeli 37:15-17.) Ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” kiri mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2016 casiguye giti: “Yehova yarahaye Ezekiyeli ubutumwa butanga icizigiro c’uko Abisirayeli bosubiye kwiyunga bakaba igisata kimwe, bamaze gusubira mu Gihugu c’isezerano. Ubwo butumwa burerekeza kandi ku kuntu mu misi y’iherezo, abasavyi b’Imana na bo nyene bokwunze ubumwe.”

9. Buri mwaka, Icibutso kigaragaza gute iranguka ry’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli?

9 Kuva mu 1919, Yehova yaratanguye gutunganya abarobanuwe no gutuma bunga ubumwe, bakaba bagereranywa na ka gakoni “ka Yuda.” Mu nyuma, abandi benshi bafise icizigiro co kuba kw’isi, bakaba bagereranywa na ka gakoni “ka Yozefu,” barifatanije n’abarobanuwe. Iyo migwi ibiri yaciye iba “ubusho bumwe.” (Yoh. 10:16; Zek. 8:23) Yehova yasezeranye kwegeranya utwo dukoni tubiri tugacika agakoni kamwe mu kuboko kwiwe. (Ezk. 37:19) Ubu iyo migwi ibiri irakorana mu bumwe iyobowe n’Umwami umwe, ari we Yezu Kristu yaninahajwe. Muri ubwo buhanuzi Imana imwita ngo “umusavyi wanje Dawidi.” (Ezk. 37:24, 25) Ubumwe bw’agaciro budondorwa mu gitabu ca Ezekiyeli, buragaragara neza buri mwaka igihe amasigarira y’abarobanuwe be n’“izindi ntama” baba bakoraniye hamwe ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu! None umwe wese muri twebwe yokora iki kugira azigame yongere aremeshe ubwo bumwe?

INGENE UMWE WESE YOREMESHA UBUMWE

10. Tworemesha gute ubumwe mu basavyi b’Imana?

10 Uburyo bumwe tworemesha ubumwe mu basavyi b’Imana, ni mu kwicisha bugufi. Igihe Yezu yari kw’isi, yahimirije abigishwa biwe kwicisha bugufi. (Mat. 23:12) Nitwiyorosha mu mutima, ntituzogaragaza agatima k’isi ko kwishira hejuru. Ahubwo riho, ukwicisha bugufi kwacu kuzotuma tugamburukira abatuja imbere, kandi ivyo birahambaye kugira mw’ishengero harangwe ubumwe. N’igihambaye kuruta, ukwicisha bugufi kwacu kuzohimbara Imana, kuko “irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi.”​—1 Pet. 5:5.

11. Kuzirikana ku nsobanuro y’ibimenyetso bikoreshwa ku Cibutso bidufasha gute kuremesha ubumwe?

11 Uburyo bugira kabiri tworemesha ubumwe, ni mu kuzirikana ku nsobanuro y’ibimenyetso bikoreshwa ku Cibutso. Imbere y’uwo mugoroba udasanzwe, na canecane kuri uwo mugoroba, nuzirikane ku co umukate utarimwo umwambiro be n’umuvinyu utukura bisobanura. (1 Kor. 11:23-25) Umukate ugereranya umubiri utagira agasembwa wa Yezu watanzwe bwa ncungu, umuvinyu na wo ugereranya amaraso yiwe yasheshwe. Ariko gutahura gusa ico ivyo bimenyetso bisobanura, ntibihagije. Niwibuke ko incungu ya Kristu igaragaza ubwoko bubiri bw’urukundo ruruta urundi rwose, ni ukuvuga urwo Yehova yatugaragarije mu kuduha Umwana wiwe be n’urwo Yezu yagaragaje mu kwemera kudupfira. Kuzirikana ku rukundo batugaragarije bikwiye gutuma natwe tubakunda. Kandi urukundo twebwe be n’abo dusangiye ukwemera dukunda Yehova, ni nk’umugozi utuma twunga ubumwe bukomeye.

Iyo tubabariye abandi, tuba turemesheje ubumwe (Raba ingingo ya 12, 13)

12. Muri ca kigereranyo c’umwami yashaka kwishuza abashumba biwe, Yezu yerekanye gute ko Yehova yiteze ko tubabarira abandi?

12 Uburyo bugira gatatu tworemesha ubumwe, ni mu kubabarira abandi n’umutima ukunze. Igihe tubabariye abaducumuyeko, tuba twerekanye ko dukenguruka imbabazi twagiriwe biciye ku ncungu ya Kristu. Rimbura ikigereranyo Yezu yatanze muri Matayo 18:23-34. Nuce wibaza uti: ‘Noba niteguriye gushira mu ngiro ivyo Yezu yigishije? Noba nihanganira kandi ngatahura abo dusangiye ukwemera? Noba niteguriye kubabarira abancumuyeko?’ Ego ni ko ibicumuro ntibingana, kandi amakosa amwamwe aratugora kubabarira kubera ko tudatunganye. Yamara rero, ico kigereranyo kiratwereka ico Yehova atwitezeko. (Soma Matayo 18:35.) Yezu arerekana neza ko Yehova atazotubabarira nimba natwe tutababarira abavukanyi bacu. Ese ukuntu dukwiye kuzirikana cane kuri ico ciyumviro! Igihe tubabarira abandi nk’uko Yezu yatwigishije, tuba tuzigamye ubumwe bwacu bw’agaciro.

13. Kubana mu mahoro n’abandi biremesha gute ubumwe?

13 Iyo tubabariye abandi, tuba tubaye indemeshamahoro. Niwibuke ko intumwa Paulo yavuze ko dukwiye “[k]wihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:3) Muri iki kiringo c’Icibutso, na canecane ku mugoroba w’Icibutso, urazirikana cane ku kuntu ufata abandi. Niwibaze uti: ‘Noba ngaragaza ko ntabika inzika? Noba nzwi ko ndi umuntu akora uko ashoboye kwose ngo aremeshe amahoro n’ubumwe?’ Ivyo ni ibibazo bihambaye dukwiye kuzirikanako muri iki kiringo c’umwaka.

14. Twokwerekana gute ko “[t]wihanganirana mu rukundo”?

14 Uburyo bugira kane tworemesha ubumwe, ni mu gukunda abandi, gutyo tukaba twiganye Yehova ya Mana y’urukundo. (1 Yoh. 4:8) Ntitwokwigera tuvuga ku vyerekeye uwo dusangiye ukwemera duti: “Ko ari umuvukanyi sinomwanka, mugabo sindamwiyumvamwo!” Kwiyumvira gutyo vyoba bitandukanye n’impanuro Paulo yatanze ivuga ko dukwiye “[k]wihanganirana mu rukundo.” (Ef. 4:2) Urabona ko atavuze ko dukwiye ‘kwihanganirana’ gusa. Yavuze ko dukwiye kubigira “mu rukundo.” Ivyo biratandukanye. Mu mashengero yacu harimwo abantu batandukanye Yehova yakwegereye. (Yoh. 6:44) Kubera ko Yehova yabakwegereye, ategerezwa kuba abakunda. None wumva hari n’umwe muri twebwe yokwubahuka kuvuga ko uwo dusangiye ukwemera atabereye gukundwa? Dukwiye gukunda abandi nk’uko Yehova abidusaba!​—1 Yoh. 4:20, 21.

ICIBUTSO CA NYUMA KIZOBA RYARI?

15. Tuzi gute ko hazobaho Icibutso ca nyuma?

15 Umusi uri izina, tuzohimbaza Icibutso ca nyuma. Ivyo tubizi gute? Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abakorinto, yavuze ko igihe abakirisu barobanuwe bibuka urupfu rwa Yezu uko umwaka utashe, ‘baguma batangaza urupfu rw’Umukama, kugeza ashitse.’ (1 Kor. 11:26) Na Yezu yaravuze ibijanye n’‘ukuza’ kwiwe, mu buhanuzi yatanze bwerekeye igihe c’iherezo. Ku bijanye na ya makuba akomeye yegereje, yavuze ati: “Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi. Na we azotuma abamarayika biwe n’ijwi ry’urumbete rikomeye, bakoranirize hamwe abatowe biwe bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera imwe y’ijuru gushika ku yindi.” (Mat. 24:29-31) Ukwo ‘gukoraniriza hamwe abatowe’ kwerekeza ku gihe abakirisu barobanuwe bose bazoba bakiri kw’isi bazoronka impera yabo mw’ijuru. Ivyo bizoba inyuma y’igice ca mbere ca ya makuba akomeye, ariko imbere y’intambara ya Harumagedoni. Bamwe 144.000 bose bazoca bafadikanya na Yezu mu gutsinda abami bo kw’isi. (Ivyah. 17:12-14) Icibutso kizohimbazwa imbere y’uko Yezu aza gukoraniriza mw’ijuru abarobanuwe kizoba ari co ca nyuma, kuko Yezu azoba “ashitse.”

16. Kubera iki wiyemeje kwitaba Icibutso c’uyu mwaka?

16 Ese twokwiyemeza kuzokwitaba Icibutso kizoba ku wa 31 Ntwarante 2018. Vyongeye, nimuze dusabe Yehova adufashe kuguma turemesha ubumwe burangwa mu basavyi biwe! (Soma Zaburi 133:1.) Niwibuke ko umusi uri izina tuzohimbaza Icibutso ca nyuma. Mu kurindira, ese twogira uko dushoboye kwose kugira tucitabe kandi duhe agaciro ubumwe bweza umutima twibonera ku Cibutso.