Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Rya Tegeko rya Musa ryoba ryarisungwa mu gutatura amatati yo mu buzima bwa misi yose muri Isirayeli ya kera?

EGOME, naho atari igihe cose. Rimbura akarorero kamwe. Mu Gusubira mu vyagezwe 24:14, 15 hagira hati: “Ntuze ugunge umucangero ari mu ngorane kandi akaba mworo, yaba uwo muri bene wanyu canke muri ba kavamahanga bawe bari mu gihugu cawe . . . ntahave aririra Yehova akurega, maze bikakubera igicumuro.”

Urujo rwanditseko ivyo wa mukozi yasavye

Hari urwandiko ruvuga ivy’ico kintu rwo mu kinjana c’indwi imbere ya Kristu rwatowe hafi y’i Ashidodi. Urwo rwandiko ruri ku rujo, rushobora kuba rwanditswe n’umukozi wo mu mirima yagirizwa ko atashoboye gutanga ingero z’intete yabwirizwa gutanga. Yandikiye buramatari ati: “Haciye imisi mikeya umusuku wawe [ni ukuvuga uwo yanditse] yegeranije umwimbu, Hoshayahu mwene Shobay yaraje maze amutwara impuzu. . . . Abo twariko turafashanya kwimbura bose ku ruzuba rumena imbwa agahanga bokwemeza . . . ko ivyo mvuga ari ukuri. Nta kibi na kimwe nakoze. . . . Nyakwubahwa, naho utoba ubona ko ubwirizwa kugira ico ukoze ngo umusavyi wawe asubizwe impuzu yiwe, nubigire kubera ikigongwe! Ntukwiye kuguma winumiye kandi umusavyi wawe atagira agahuzu.”

Umuhinga mu vya kahise yitwa Simon Schama avuga ko urwo rwandiko “rutatumenyesha gusa ivy’umukozi atakamba ko yosubizwa [impuzu yiwe]. Rurerekana kandi ko yari azi amategeko yo muri Bibiliya, canecane amategeko yo mu Balewi no mu Gusubira mu vyagezwe yiyamiriza ivyo gukandamiza umukene.”