Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni urukundo nyabaki ruzana agahimbare nyakuri?

Ni urukundo nyabaki ruzana agahimbare nyakuri?

“Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!”​—ZAB. 144:15.

INDIRIMBO: 111, 109

1. Kubera iki igihe tubayemwo kidasanzwe?

TUBAYEHO mu gihe kidasanzwe. Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, Yehova ariko aratororokanya “isinzi rinini . . . mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” Iryo sinzi ni “ihanga rikomeye” ry’abantu bahimbawe barenga imiliyoni umunani “bariko [bakorera Imana] igikorwa ceranda umurango n’ijoro.” (Ivyah. 7:9, 15; Yes. 60:22) Ntihari bwigere haba abantu benshi gutyo bakunda Imana na bagenzi babo.

2. Abantu badakunda Imana barangwa n’urukundo nyabaki? (Raba ishusho itangura.)

2 Yamara rero, Ivyanditswe vyari vyaravuze kandi ko muri iki gihe cacu agatima k’ubwikunzi ari ko koranze abantu badakunda Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mu misi ya nyuma . . . , abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” (2 Tim. 3:1-4) Urwo rukundo rurimwo ubwikunzi nta ho ruhuriye n’urwo abakirisu bagaragaza. Gukurikirana imigambi y’ubwikunzi ntibituma abantu bagira agahimbare baba biteze. Nkako, urwo rukundo ni rwo rutuma iyi si irangwa n’ubwikunzi kandi ‘ikagora kwihanganira.’

3. Turimbura iki muri iki kiganiro, kandi kubera iki?

3 Paulo yari azi ko ako gatima k’ubwikunzi kobaye kiraye, kogeramiye abakirisu. Ni co gituma yabagabishije ngo ‘bace kure’ abantu bagaragaza ako gatima. (2 Tim. 3:5) Ariko rero, ntidushobora kwirinda abantu bose bafise ako gatima. None twokwirinda gute ingeso ziraye muri iyi si maze tukihatira guhimbara Yehova, ya Mana y’urukundo? Reka turabe ubudasa bw’urukundo ruva ku Mana n’urukundo ruvugwa muri 2 Timoteyo 3:2-4. Ivyo biraza kudufasha kwisuzuma tubone ingene twogaragaza urukundo ruzana umunezero n’agahimbare nyakuri.

GUKUNDA IMANA CANKE KWIKUNDA?

4. Kubera iki atari bibi kwikunda ku rugero rubereye?

4 Paulo yanditse ati: “Abantu bazoba ari abikunda.” None kwikunda ni bibi? Habe namba. Kwikunda mu buryo butarenze urugero ni ibisanzwe, mbere birakenewe. Ukwo ni ko Yehova yaturemye. Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mrk. 12:31) Tutikunze, ntitwoshobora gukunda bagenzi bacu. Ivyanditswe bivuga kandi biti: “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.” (Ef. 5:28, 29) Kwikunda rero ku rugero rubereye ni vyiza.

5. Wodondora gute abantu bikunda birenze urugero?

5 Ukwikunda kuvugwa muri 2 Timoteyo 3:2 si ugusanzwe. Ni agatima kabi k’ubwikunzi. Abantu bikunda birenze urugero usanga biyumvira ivyabo gusa. (Soma Abaroma 12:3.) Bashira imbere ivyabo gusa mu buzima. Ntibanezwe abandi. Iyo ibintu bigenze nabi, baca bata amakosa ku bandi. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kigereranya abo bantu n’ikinyogoto cizinga nk’umupira gishize ahabona ubwoya bwaco bumeze nk’imyampi, mu gihe coco kiba kiriko kirisusurukira mu bwoya bwaco bworoshe. Abantu bikunda nk’abo nta gahimbare nyakuri bagira.

6. Gukunda Imana bivamwo ivyiza ibihe?

6 Abahinga mu vya Bibiliya bavuga ko mu ngeso mbi Paulo yavuze ko zobaye ziraye mu misi ya nyuma, yahereye ku bwikunzi kubera yuko ari bwo bukwega izo zindi zose. Abantu bakunda Imana bobo bagaragaza kamere zitandukanye n’izo. Bibiliya yerekana ko uwufise urukundo ruva ku Mana agira akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi be n’ukwigumya. (Gal. 5:22, 23) Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!” (Zab. 144:15) Yehova ni Imana ihimbawe, kandi n’abasavyi biwe baragaragaza iyo kamere. N’ikindi kandi, abasavyi ba Yehova baratandukanye n’abantu bikunda bashaka gusa guhabwa. Bobo barahimbarwa no kwitangira abandi.​—Ivyak. 20:35.

Twokwirinda gute ubwikunzi? (Raba ingingo ya 7)

7. Ni ibibazo ibihe vyodufasha gusuzuma urwo dukunda Imana?

7 Twomenya gute nimba turiko turatwarwa n’ubwikunzi aho gukunda Imana? Rimbura impanuro iri mu Bafilipi 2:3, 4, igira iti: “[Ntihagire] na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta; umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.” Twokwibaza rero duti: ‘Noba nisunga iyo mpanuro mu buzima bwanje? Noba vy’ukuri ndiko ngerageza gukora ivyo Imana igomba? Noba nihatira gufasha abandi mw’ishengero no mu busuku?’ Kwitanga ntivyama vyoroshe. Bisaba akigoro no kugira ivyo uhevye. Ariko none hari icoduhimbara kuruta kumenya ko dushimwa na Segaba w’ibiriho vyose?

8. Gukunda Imana vyatumye bamwebamwe bakora iki?

8 Gukunda Imana vyaratumye bamwebamwe baheba akazi kari gushobora kubaronsa amahera menshi kugira bakorere Yehova bimwe bishitse. Uwitwa Ericka aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni umuganga. Ariko aho kurondera kuba rurangiranwa mu vy’ubuganga, yahisemwo kuba umutsimvyi asanzwe kandi we n’umugabo wiwe barakoreye mu bihugu bitari bike. Atereje amaso inyuma, avuga ati: “Ibintu vyinshi twiboneye mu gukorera mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga be n’ukaba twarironkeye abagenzi, vyaratumye tugira ubuzima buhimbaye. Ndacari umuganga, mugabo kuba nitanga cane mu kuvura abantu mu buryo bw’impwemu no mu kwitwararika ivyo ishengero rikeneye, biratuma ngira akanyamuneza kenshi.”

AMATUNGA MW’IJURU CANKE KW’ISI?

9. Kubera iki gukunda amahera bitazana agahimbare?

9 Paulo yavuze ko abantu bobaye “inkunzi z’amahera.” Haraciye imyaka mike umutsimvyi wo muri Irlande yiganiye umugabo umwe ivyerekeye Imana. Nya mugabo yaciye asokorora ikotomoni yiwe, akuramwo inoti nka zingahe, arazimwereka aca amubwira n’ubwishime ati: “Ng’iyi imana yanje!” Naho benshi batokwubahuka kuvuga gutyo, isi yuzuyemwo abantu bakunda amahera be n’ivyo ashobora kugura. Yamara Bibiliya igabisha iti: “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu.” (Umus. 5:10) Abantu nk’abo ntibazokwigera bahaga amahera, kandi kwita ku rutare bayarondera biratuma bikwegera “imibabaro myinshi.”​—1 Tim. 6:9, 10.

10. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubutunzi be n’ubworo?

10 Mu vy’ukuri twese turakenera amahera. Aradukingira ku rugero runaka. (Umus. 7:12) Ariko none, umuntu yoba ashobora guhimbarwa vy’ukuri afise gusa ibintu vya nkenerwa mu buzima? Cane nyene! (Soma Umusiguzi 5:12.) Aguri mwene Yake yanditse ati: “Ntumpe ubworo, ntumpe n’ubutunzi. Reka ndyane akayabagu ibifungurwa ngenewe.” Turatahura neza igituma atashaka kuba umworo. Nk’uko abandanya abivuga, ntiyashaka kwiba ngo ahave asiga iceyi Imana. Ariko none, kubera iki yasavye ngo ntabe umutunzi? Yanditse ati: “Simpave mpaga hanyuma nkakwihakana vy’ukuri, nkavuga ngo: ‘Yehova ni nde?’” (Imig. 30:8, 9) Ushobora kuba uzi abantu bizigira ubutunzi bwabo aho kwizigira Imana.

11. Yezu yatanze impanuro iyihe ku bijanye n’amahera?

11 Abakunda amahera ntibashobora guhimbara Imana. Yezu yavuze ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” Yari yabanje kuvuga ati: “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi, aho udukoko n’ingese bikegeta, aho kandi ibisuma bimena bikiba. Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru, aho ata dukoko canke ingese bikegeta, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe.”​—Mat. 6:19, 20, 24.

12. Kworosha ubuzima bidufasha gute gukorera Imana? Tanga akarorero.

12 Benshi basanze kworosha ubuzima bituma barushiriza guhimbarwa, bakaronka n’umwanya wiyongereye wo gukorera Yehova. Uwitwa Jack wo muri Amerika yaragurishije inzu yiwe nini, araheba n’akazi yari asanzwe akora kuko yari azi ko ivyo vyotumye ashobora gukora ubutsimvyi ari kumwe n’umugore wiwe. Avuga ati: “Ntivyari vyoroshe guheba inzu yacu nziza be n’itongo twari dufise. Ariko nari maze imyaka ntaha i muhira nataye umutwe kubera ingorane zo ku kazi. Umukenyezi wanje, akaba ari umutsimvyi asanzwe, yama ahimbawe. Yahora ambwira ngo ‘Jeho nifitiye umukoresha mwiza igitangaza!’ Ubu na jewe ndi umutsimvyi, tukaba twempi dukorera Umukoresha umwe, ni ukuvuga Yehova.”

Twokwirinda gute gukunda amahera? (Raba ingingo ya 13)

13. Twosuzuma gute ingene tubona amahera?

13 Kugira dusuzume ingene tubona amahera, tworimbura ata kwihenda ingene twokwishura ibi bibazo: ‘Noba vy’ukuri nemera kandi nkisunga ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’amahera? Noba nshira amahera imbere mu buzima? Noba mbona ko ibintu vy’umubiri ari vyo bifise agaciro kuruta ubucuti mfitaniye na Yehova be n’abandi? Noba vy’ukuri nizera ko Yehova yitwararika ivyo nkenera?’ Turashobora kwemera tudakeka ko atazokwigera ahemukira abamwizigira.​—Mat. 6:33.

KURONDERA YEHOVA CANKE IBINEZEREZA?

14. Dukwiye kubona gute ivyo kwinezereza?

14 Nk’uko vyari vyaravuzwe, muri kino gihe abantu benshi “bakunda ibinezereza.” Nka kurya nyene atari bibi kwikunda no gukunda amahera ku rugero rubereye, si bibi kwinezereza ku rugero rubereye. Hari abiyumvira ko tudakwiye kwinezereza namba, mugabo ivyo si vyo Yehova atwipfuriza. Bibiliya ihimiriza abizigirwa iti: “Genda, wirire ibifungurwa vyawe n’umunezero, winywere umuvinyu wawe n’umutima mwiza.”​—Umus. 9:7.

15. Gukunda ibinezereza kuvugwa muri 2 Timoteyo 3:4 gusobanura iki?

15 Muri 2 Timoteyo 3:4 herekeza ku bantu bakunda ibinezereza bakirengagiza Imana. Urabona ko uwo murongo utavuga ko abantu bokunze ibinezereza kuruta Imana, bikaba vyokwerekana ko bayikunda ku rugero runaka. Ahubwo uvuga uti: “Aho gukunda Imana.” Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ko uwo murongo “udasobanura na gato ko bakunda Imana ku rugero kanaka. Usobanura nyabuna ko batayikunda namba.” Ese ukuntu iyo ari ingabisho ikomeye ku bakunda cane ibinezereza! “Abakunda ibinezereza” Bibiliya ivuga kandi ko ari abantu ‘batwarwa n’ibinezereza vy’ubu buzima.’​—Luka 8:14.

16, 17. Ni akarorero akahe Yezu yatanze ku bijanye no kwinezereza?

16 Yezu yaratanze akarorero mu bijanye no kwinezereza ku rugero rubereye. Yaragiye ku “nzimano y’ubugeni” no ku “nzimano ihambaye.” (Yoh. 2:1-10; Luka 5:29) Kuri ubwo bugeni, umuvinyu warakeshe Yezu aca arakora igitangaro co guhindura amazi umuvinyu. Ikindi gihe, yariyamirije abantu bibona ubugororotsi bamunegura bavuga ko akunda kurya no kunywa.​—Luka 7:33-36.

17 Yamara rero, Yezu ntiyatwarwa n’ivyo kwinezereza. Yashira imbere ivyo Yehova agomba kandi akitangira abandi atiziganya. Yaremeye gupfira ku giti co kubabarizwako kugira benshi bazoronke ubuzima. Yabwiye abobaye abayoboke biwe ati: “Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabahama kandi bakababeshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose babampora. Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza, kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru; kuko ukwo ari ko bahamye abahanuzi b’imbere yanyu.”​—Mat. 5:11, 12.

Twokwirinda gute gukunda ibinezereza? (Raba ingingo ya 18)

18. Ni ibibazo ibihe vyodufasha gusuzuma urugero tugezako mu gukunda ibinezereza?

18 Twosuzuma gute urugero tugezako mu gukunda ibinezereza? Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba nshira imbere ivyo kwinezereza aho gushira imbere amakoraniro be n’indimiro? Noba niteguriye kugira ivyo mpevye kubera nipfuza gukorera Imana? Igihe mpitamwo uburyo bwo kwinezereza, noba ndimbura ingene Yehova abibona?’ Nimba vy’ukuri dukunda Imana, ntituzokwirinda gusa ibintu tuzi ko bitayihimbara, ariko kandi tuzokwirinda ivyo twibaza ko bitoyihimbara.​—Soma Matayo 22:37, 38.

IGITUMA TUGIRA AGAHIMBARE

19. Ni bande batigera baronka agahimbare nyakuri?

19 Isi ya Shetani iramaze imyaka nka 6.000 iteza abantu amagorwa, mugabo igiye guhera. Yuzuyemwo abantu bikunda birenze urugero kandi bakunda cane amahera be n’ibinezereza. Ni abantu bahahamira amaronko, bagashira imbere ivyipfuzo vyabo mu buzima. Abo bantu ntibigera bagira agahimbare nyakuri. Ahubwo riho, nk’uko umwanditsi wa zaburi yabivuze, “hahiriwe uwufise Imana ya Yakobo bwa mutabazi wiwe, icizigiro ciwe kikaba kiri muri Yehova Imana yiwe.”​—Zab. 146:5.

20. Ni gute gukunda Imana bituma ugira agahimbare?

20 Abasavyi ba Yehova baramukunda cane, kandi baguma biyongera buri mwaka. Ivyo birerekana ko Ubwami bw’Imana buganza kandi ko bugiye kuzana imihezagiro y’akataraboneka kw’isi. Gukora ivyo Imana igomba no kumenya ko duhimbara Segaba w’ibiriho vyose ni vyo bizana umunezero nyakuri kandi uramba. Abakunda Yehova bazogira umunezero ibihe bidahera! Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingeso zimwezimwe ziterwa n’ubwikunzi, turabe n’ingene zitandukanye na kamere abasavyi ba Yehova bagaragaza.