Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko urahungira kuri Yehova?

Woba uriko urahungira kuri Yehova?

“Yehova acungura ubuzima bw’abasavyi biwe, kandi nta n’umwe mu bahungira muri we azoharurwako icaha.”​—ZAB. 34:22.

INDIRIMBO: 8, 54

1. Abasavyi b’Imana benshi b’abizigirwa bumva bamerewe gute kubera igicumuro?

“EWE jewe ndagowe!” (Rom. 7:24) Benshi mu basavyi b’Imana b’abizigirwa bariyumva nk’ukwo kw’intumwa Paulo. Twese turashikirwa n’ingaruka z’igicumuro twarazwe, kandi iyo dukoze ibinyuranye n’icipfuzo dufise co guhimbara Imana, twoshobora gucika intege. Vyarashitse mbere abakirisu bamwebamwe bakoze igicumuro gikomeye bariyumvira ko Imana idashobora kubababarira.

2. (a) Muri Zaburi 34:22 herekana gute ko abasavyi b’Imana badakwiye kwiyagiriza birenze? (b) Muri iki kiganiro turimbura iki? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ico bigereranya, canke ivyigwa tuhakura?”)

2 Naho ari ukwo, Ivyanditswe biradukura amazinda ko abahungira kuri Yehova badakwiye kwiyagiriza birenze. (Soma Zaburi 34:22.) None guhungira kuri Yehova bisobanura iki? Ni ibiki twokora kugira ngo Yehova atubabarire? Turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo nitwarimbura ibijanye n’ibisagara vy’ubuhungiro vyashizweho muri Isirayeli ya kera. Ego ni ko iyo ntunganyo yashizweho mu gihe c’Isezerano ry’itegeko, iryarangiye kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu. Ariko rero, iryo Tegeko ryari ryatanzwe na Yehova. Iyo ntunganyo y’ibisagara vy’ubuhungiro rero, iratwereka ingene Yehova abona igicumuro, abacumuzi be n’ukwigaya. Reka tubanze duce ku mayange igituma iyo ntunganyo yashizweho be n’ivyo umuntu yakora kugira ngo ayungukireko.

“NIMWITORERE VYA BISAGARA VY’UBUHUNGIRO”

3. Abisirayeli bakorera iki uwaba yishe umuntu n’ibigirankana?

3 Muri Isirayeli ya kera, Yehova ntiyarenza uruho rw’amazi ku gusesa amaraso ukwo ari kwo kwose. Uwica umuntu n’ibigirankana, na we yaca yicwa n’“umuhōzi w’amaraso,” uno akaba yari incuti ya hafi y’uwaba yishwe. (Guh. 35:19) Gutyo, yaba ahoye amaraso y’uwishwe ata co azira. Ukwo kwihutira guhora uwishwe vyaratuma Igihugu c’isezerano kidahumana, kuko Yehova yari yategetse ati: “Ntimuze muhumanye igihugu murimwo; kuko amaraso ari yo ahumanya igihugu.”​—Guh. 35:33, 34.

4. Vyagenda gute muri Isirayeli igihe umuntu yaba yishe uwundi bivuye kw’isanganya?

4 Vyagenda gute hoho umuntu yishe uwundi bivuye kw’isanganya? Naho ryaba ari isanganya yaragirwa n’amaraso. (Ita. 9:5) Ariko rero bivuye ku mbabazi za Yehova, uwishe yarashobora guhungira muri kimwe mu bisagara bitandatu vy’ubuhungiro, kugira umuhozi w’amaraso ntamwice. Agezeyo yaba akize. Uwo muntu yategerezwa kuguma muri ico gisagara c’ubuhungiro gushika umuherezi mukuru apfuye.​—Guh. 35:15, 28.

5. Ya ntunganyo y’ibisagara vy’ubuhungiro idufasha gute kumenya neza Yehova?

5 Iyo ntunganyo y’ibisagara vy’ubuhungiro si abantu bayishizeho. Yehova ni we yategetse Yosuwa ati: “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Nimwitorere vya bisagara vy’ubuhungiro.’” Nya bisagara vyaciye ‘bigirwa vyeranda.’ (Yos. 20:1, 2, 7, 8) Kubera ko Yehova ari we yari yatumye ivyo bisagara bishirwaho ku bw’intumbero idasanzwe, twokwibaza rero duti: Iyo ntunganyo idufasha gute gutahura neza imbabazi za Yehova? Vyongeye, idufasha gute gutahura ingene twohungira kuri we muri iki gihe?

‘AZE AVUGE IVYIWE ABAGABO B’INARARIBONYE BUMVA’

6, 7. (a) Abagabo b’inararibonye barangura uruhara uruhe mu rubanza rw’uwaba yishe umuntu kw’isanganya? (Raba ishusho itangura.) (b) Kubera iki vyari bibereye ko uwishe umuntu kw’isanganya yitura abagabo b’inararibonye?

6 Uwaba yishe umuntu kw’isanganya, yategerezwa guca aja kw’irembo ry’igisagara yaba ahungiyemwo, “[akavuga] ivyiwe abagabo b’inararibonye b’ico gisagara bumva.” Bategerezwa kumwakira neza. (Yos. 20:4) Haciye igihe, baramurungika kubonana n’abagabo b’inararibonye bo mu gisagara yakoreyemwo igicumuro, maze bakihweza urubanza rwiwe. (Soma Guharūra 35:24, 25.) Bemeje ko yishe umuntu kw’isanganya, ni ho gusa yashobora gusubira muri ico gisagara c’ubuhungiro.

7 Kubera iki none abagabo b’inararibonye babijamwo? Kwari ukugira ngo ishengero rya Isirayeli rigume ridahumanye, n’uwishe umuntu kw’isanganya ashobore kwungukira ku mbabazi za Yehova. Umuhinga umwe mu vya Bibiliya yavuze ko uwaba yishe umuntu, atagiye kuraba abagabo b’inararibonye, “yashobora kuhasiga agatwe.” Yongeyeko ati: “Amaraso yiwe yaca aja ku gatwe kiwe, kuko ataba yubahirije intunganyo yo kumukingira Imana yari yaramushiriyeho.” Naho uwo muntu yashobora gufashwa, yategerezwa kwitura abagabo b’inararibonye kandi akemera imfashanyo bamuha. Adaciye ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara Yehova yari yarashizeho, incuti ya hafi y’uwaba yishwe yarashobora guca imwica.

8, 9. Kubera iki umukirisu yakoze igicumuro gikomeye akwiye kwitura abakurambere?

8 Muri iki gihe, umukirisu aramutse akoze igicumuro gikomeye arakwiye kwitura abakurambere ngo bamufashe. Kubera iki bihambaye? Ubwa mbere, nk’uko Bibiliya ibivuga, Yehova ni we yashizeho intunganyo yuko abakurambere bicarira ibicumuro bikomeye. (Yak. 5:14-16) Ubwa kabiri, iyo ntunganyo irafasha abacumuzi bigaya kuguma batoneshwa n’Imana no kwirinda akamenyero ko gucumura. (Gal. 6:1; Heb. 12:11) Ubwa gatatu, abakurambere baramenyerejwe ku bw’ibanga ryo guhumuriza abacumuzi bigaya kugira ntibagume biyagiriza. Abo bagabo Yehova abita “ubwihisho bw’ikirura c’imvura.” (Yes. 32:1, 2) Ntiwemera none ko iyo ntunganyo iranga imbabazi za Yehova?

9 Abatari bake bariboneye ko kwitura abakurambere be no kwemera imfashanyo yabo vyabaruhuriye. Nk’akarorero, umuvukanyi yitwa Daniel yarakoze igicumuro gikomeye, mugabo amara amezi menshi agonanwa kwitura abakurambere. Avuga ati: “Kubera ko hari haciye igihe kirekire, nabona ko bitari bigikunda ko bamfasha. Ariko rero, umutima wama mu kirere kuko nicura ko ivyo nakoze bizoteba bikamenyekana. Vyongeye, igihe cose naba ngomba gusenga Yehova, numva ata co nomubwira ntabanje kumusaba imbabazi.” Daniel yahavuye yitura abakurambere. Atereje amaso inyuma, avuga ati: “Ntabeshe, narumva ubwoba bwo kubitura. Ariko maze kubitura, wamenga ni uwundemuruye umutwaro nari niremetse. Ubu nditura Yehova mw’isengesho ntitinya.” Daniel ubu afise ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, kandi aherutse kuba umukozi w’ishengero.

“AZE AHUNGIRE MURI KIMWE MURI IVYO BISAGARA”

10. Kugira ngo uwishe umuntu atabishaka agirirwe imbabazi, yategerezwa gukora iki?

10 Uwishe umuntu atabishaka yategerezwa kugira ico akoze kugira ngo agirirwe imbabazi. Yategerezwa guhungira mu gisagara c’ubuhungiro cari hafi yiwe. (Soma Yosuwa 20:4.) Ntiyatebagana, kuko adahungiyeyo vuba kandi ngo agumeyo yarashobora kuhasiga ubuzima! Ivyo vyamusaba kugira ivyo ahevye. Yaraheba akazi yahora akora, inzu yiwe, no kwishira akizana, gushika umuherezi mukuru apfuye. * (Guh. 35:25) Ariko rero imirazi iruta guhuma. Ahirahiriye agasohoka ico gisagara, yaba yerekanye ko amaraso yasheshe ata co amubwiye, kandi yaba ashize ubuzima bwiwe mu kaga.

11. Ni ibiki umukirisu yigaya akora vyerekana ko adafata minenegwe imbabazi z’Imana?

11 No muri iki gihe, abacumuzi bigaya bategerezwa kugira ico bakoze kugira ngo bungukire ku mbabazi z’Imana. Dutegerezwa guheba burundu ingendo y’icaha, ntitwirinde gusa igicumuro gikomeye, ahubwo tukirinda n’ibicumuro bitobito usanga bishikana ku gicumuro gikomeye. Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yaravuze ivyo abakirisu b’i Korinto bakoze kugira berekana ko bigaya. Yavuze ati: ‘Ehe ico kintu nyene, ni ukuvuga ukubabara kwanyu guhuye n’ukugomba kw’Imana, ingene cabazanyemwo ubwira bwinshi, ukwikurako ibara, ishavu, ubwoba, icipfuzo gikomeye, umwete, n’ugusubiza ibintu mu buryo!’ (2 Kor. 7:10, 11) Igihe twihatiye guheba ingendo y’icaha, tuba tweretse Yehova ko tudafata minenegwe igicumuro tuba twakoze, be n’uko tutarira mbege ku mbabazi ziwe.

12. Ni ibiki umukirisu akwiye kwemera guheba kugira agume yungukira ku mbabazi z’Imana?

12 Kugira umukirisu abandanye kwungukira ku mbabazi z’Imana ni ibiki akwiye kwemera guheba? Ategerezwa kwemera guheba n’ikintu yoba akunda cane igihe abona ko coshobora kumubera umutego. (Mat. 18:8, 9) Nk’akarorero, nimba hari abagenzi bakwosha gukora ibintu bidahimbara Yehova, woba uzoheba kwifatanya na bo? Nimba na ho bikugora kwigerera inzoga, woba uzokwirinda ivyotuma unywa birenze urugero? Nimba bikubera urugamba kwikuramwo ivyipfuzo vy’ubuhumbu, woba uzokwirinda amasinema, imihora yo kuri internet, canke ibindi bintu vyokuvyurira ivyipfuzo bibi? Niwibuke ko akigoro kose tugira ngo tugumane ugutungana kwacu imbere ya Yehova, atari ak’impfagusa. Nta coza kibabaza kuruta guhebwa na we. Vyongeye, nta coza kiruta kwiyumvamwo ko adukunda urukundo rudahera.​—Yes. 54:7, 8.

“BIZE BIBABERE AHO GUHUNGIRA”

13. Sigura igituma uwahungiye mu gisagara c’ubuhungiro yashobora kwumva atekanye kandi ahimbawe.

13 Uwahunze amaze gushika mu gisagara c’ubuhungiro, yaba akize. Ku bijanye n’ivyo bisagara, Yehova yavuze ati: “Bize bibabere aho guhungira.” (Yos. 20:2, 3) Yehova ntiyasaba ko uwishe umuntu atabishaka asubira gucirwa urubanza kuri ico caha nyene, eka kandi umuhozi w’amaraso ntiyashobora kwinjira muri ico gisagara ngo yihore uwo muntu. Uwahunze rero ntiyigera atinya ko hogira uwoza kumwihora. Amaze gushika muri ico gisagara, yarumva atekanye kuko yaba akingiwe na Yehova. Ubwo buhungiro ntiryari ibohero. Muri ico gisagara umuntu yarashobora gukora, gufasha abandi, no gukorera Yehova ataco yinona. Yarashobora kugira ubuzima bwiza kandi buhimbaye.

Niwizigire imbabazi za Yehova (Raba ingingo ya 14-16)

14. Ni igiki umukirisu yigaya akwiye kumenya adakekeranya?

14 Bamwebamwe mu basavyi b’Imana bakoze igicumuro gikomeye mugabo bakigaya baguma biyagiriza cane. Hari mbere ababona ko Yehova atazokwigera abababarira. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, numenye ko igihe Yehova akubabariye, udakwiye gusubira guhagarika umutima! Umwe Daniel twavuga, yariboneye ico kintu. Abakurambere bamaze kwitwararika ikibazo ciwe no kumufasha gusubira kugira ijwi ryo mu mutima ryiza, yavuze ati: “Emwe, nariruhukije! Bamaze kumfasha, sinasubiye kwiyagiriza. Iyo Yehova ababariye umuntu, biba biheze. Nk’uko yabivuze, arafata ibicumuro vyacu akabishiburira kure ku buryo tutazosubira kubibona.” Uwahunze amaze gushika mu gisagara c’ubuhungiro, ntiyasubira guhagarika umutima ko umuhozi w’amaraso yomusangayo ngo amwice. Muri ubwo buryo nyene, Yehova amaze kutubabarira igicumuro, ntidukwiye gutinya ko yosubira kuvyura ico gicumuro kugira akiduhore.​—Soma Zaburi 103:8-12.

15, 16. Kuba Yezu ari Umucunguzi akaba n’Umuherezi Mukuru bituma urushiriza gute kwizigira imbabazi z’Imana?

15 Mbere twebwe turafise imvo ikomeye yo kwizigira imbabazi za Yehova kuruta Abisirayeli. Paulo amaze kuvuga ko agowe kubera vyashika ntagamburukire Yehova, yavuze ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!” (Rom. 7:25) Naho vyashika agacumura kandi akaguma yiyagiriza kubera amakosa yari yarakoze, yarizigira kuronka imbabazi z’Imana biciye kuri Yezu. Kubera ko Yezu yaducunguye, turashobora kugira ijwi ritatwagiriza ikibi be n’amahoro yo mu mutima. (Heb. 9:13, 14) Kubera ko ari Umuherezi Mukuru, “arashoboye no gukiza rwose abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo.” (Heb. 7:24, 25) Nimba ibikorwa vy’umuherezi mukuru vyaratuma Abisirayeli bizigira badakeka ko ibicumuro vyabo bishobora guharirwa, hari akantu ibikorwa vya wa Muherezi wacu Mukuru Yezu. Biradukura amazinda ko dushobora ‘guhabwa imbabazi be n’ubuntu ata wari abukwiriye kugira dutabarwe ku gihe nyaco.’​—Heb. 4:15, 16.

16 Kugira rero uhungire kuri Yehova, niwizere incungu ya Yezu. Ntiwiyumvire gusa ko iyo ncungu igirira akamaro abantu muri rusangi. Ahubwo riho, nubone ko igufitiye akamaro wewe ubwawe. (Gal. 2:20, 21) Niwizigire ko ituma Imana ikubabarira ibicumuro vyawe. Niwizigire kandi ko incungu ituma wewe ugira icizigiro c’ubuzima budahera. Incungu ya Yezu ni ingabire Yehova yaguhaye.

17. Kubera iki wohungira kuri Yehova?

17 Intunganyo y’ibisagara vy’ubuhungiro iradufasha gutahura imbabazi za Yehova. Biciye kuri iyo ntunganyo, Imana yarerekanye neza ko ubuzima ari bweranda, ukuntu abakurambere badufasha, ico bisobanura kwigaya vy’ukuri, be n’igituma twokwemera tudakeka ko Yehova atubabarira burundu. Woba uriko urahungira kuri Yehova? Nta handi woronka ubuhungiro! (Zab. 91:1, 2) Ikiganiro gikurikira kiratwereka ingene ivyo bisagara vy’ubuhungiro bishobora kudufasha kwigana akarorero ntangere ka Yehova mu bijanye n’ubutungane be n’imbabazi.

^ ing. 10 Hari ibitabu vy’Abayuda bivuga ko bishoboka yuko umuryango wa hafi w’uwaba yishe atabishaka waca uza kubana na we mu gisagara c’ubuhungiro.