Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Womenyera gute ishengero rishasha?

Womenyera gute ishengero rishasha?

UWITWA Allen * avuga ati: “Igihe nimukira aha nabanje guhagarika umutima. Sinari nzi nimba noronse abandi bagenzi canke ko nokwakiriwe neza.” Allen ariko aramenyera ishengero yimukiyemwo riri ku bilometero birenga 1.400 uvuye iwabo.

Nimba uheruka kwimukira mu rindi shengero, na wewe ushobora kuba uhagaritse umutima. None ni ibiki vyogufasha kumenyera? Wokora iki nimba usanze bigoye kuruta uko wari uvyiteze? Nimba na ho utimutse ishengero, wofasha gute abaheruka kwimukira mw’ishengero ryanyu?

NI IBIKI VYOGUFASHA KUMENYERA?

Rimbura aka karorero: Iyo igiti kiranduwe kigaterwa ahandi, mu ntango kiramererwa nabi. Igihe bakiranduye, baraca imizi yaco myinshi kugira bashobore kucimura. Kimaze gusubira guterwa, gitegerezwa guca kizana iyindi mizi. Muri ubwo buryo nyene, kwimukira mu rindi shengero vyoshobora gutuma uhungabana. Mw’ishengero wahoramwo, ni nk’aho wari warashinze imizi kuko wari umaze kuronka abagenzi benshi kandi ukaba wari ufise urutonde rutomoye wama ukurikiza. Ubu rero utegerezwa gushinga iyindi mizi kugira utotahare muri iryo shengero rishasha. None ni ibiki bizogufasha? Ni ugushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Reka turimbure zimwezimwe muri zo.

Uwama asoma Ijambo ry’Imana amera “nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, gitanga ivyamwa vyaco mu gihe caco kandi amababi yaco ntakabirane, kandi ico akora cose kizokunda.”​Zab. 1:1-3.

Nk’uko nyene igiti gitegerezwa kwama kinywa amazi kugira kigume gitotahaye, n’umukirisu ategerezwa kwama yigaburira Ijambo ry’Imana kugira agume akomeye mu vy’impwemu. Nubandanye rero gusoma Ijambo ry’Imana buri musi kandi wame witaba amakoraniro y’ishengero. Nugume ugira ugusenga kwo mu muryango kandi wame wiyigisha. Nugume ukora birya nyene wahora ukora mw’ishengero wahoramwo.

“Uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.”​Imig. 11:25.

Niwagira uruhara cane mu ndimiro, bizogukomeza wongere umenyere ningoga. Umukurambere yitwa Kevin avuga ati: “Icadufashije twe n’umukenyezi wanje, ni uko twaciye dukora ubutsimvyi bwo gufasha tukimara gushika mw’ishengero rishasha. Ntitwatevye kumenya abavukanyi, abatsimvyi be n’icibare.” Roger na we yimukiye mw’ishengero riri ku bilometero birenga 1.600. Avuga ati: “Uburyo bwiza bwo kumenyera ishengero rishasha ni ukuja mu ndimiro kenshi gashoboka. Vyongeye, numenyeshe abakurambere ko witeguriye gufasha mu kintu ico ari co cose, kumbure mu gusukura Ingoro y’Ubwami, gusubirira uwari afise ikiganiro mw’ikoraniro, canke kwunguruza umuntu umujana ku makoraniro. Igihe abavukanyi na bashiki bacu babonye umuntu mushasha afise agatima ko kwitanga, baca bamwiyumvamwo.”

“Nimwaguke.”​2 Kor. 6:13.

Niwaguke mu bijanye no kwiyumvamwo abavukanyi. Melissa n’umuryango wiwe bakimara kwimukira mu rindi shengero, baritwararitse kurondera abandi bagenzi. Avuga ati: “Twarifatanya n’abandi ku Ngoro y’Ubwami, imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo. Ivyo vyatuma turonka umwanya wo kuyaga, aho kubabwira gusa akajambo ko kubaramutsa.” Uwo muryango wahavuye umenya amazina y’abavukanyi ningoga. Vyongeye, baragutse mu kugaragaza ubwakiranyi. Ivyo vyatumye baronka abandi bagenzi. Melissa yongerako ati: “Twarahanye inomero za telefone kugira tuze turahanahana amakuru kandi bashobore kudutumira mu bikorwa vy’impwemu canke mu bindi.”

Nimba bikugora kuyagisha abantu mutamenyeranye, woshobora guhera ku tuntu dutoduto. Nk’akarorero, niwihate ubamwenyurire. Niwabamwenyurira bazoheza bakwiyegereze. Nakare, “ukwakaka kw’amaso kunezereza umutima.” (Imig. 15:30) Uwitwa Rachel na we nyene yarimukiye mw’ishengero rya kure. Avuga ati: “Nsanzwe ndi umuntu adakunda kuvuga. Rimwe na rimwe ntegerezwa kwigora kugira ngo mvugishe abavukanyi bo mw’ishengero nimukiyemwo. Ndaraba umuntu yicaye mu Ngoro y’Ubwami, atagira uwo bariko barayaga. Hari igihe aba ari umunyamasoni nkanje.” Ubona gute none wishingiye umugambi wo kuyaga n’umuntu imbere y’amakoraniro canke inyuma yayo?

Canke na ho, hari aho wokwumva ushashaye kwiyegereza abantu bashasha mu mayinga ya mbere. Mugabo uko igihe kirengana umwete wo kurondera abagenzi woshobora kugabanuka. Muri ico gihe, ukwiye kubandanya ubarondera.

Iyo igiti kiranduwe kigaterwa ahandi kiramererwa nabi, ariko mu nyuma kirazana iyindi mizi

NTIWIHUTAGIZE

Ibiti bimwebimwe iyo bitewe ahandi bifata igihe kugira bishinge imizi. Muri ubwo buryo nyene, si bose banyaruka kumenyera ishengero rishasha. Nimba uheruka kwimuka ishengero ariko bikaba bikikugora kurimenyera, gushira mu ngiro izi mpanuro zo muri Bibiliya birashobora kugufasha:

“Ntiduhebe . . . gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa.”​Gal. 6:9.

Birashobora kugusaba igihe kugira umenyere. Nk’akarorero, abamisiyonari benshi bamenyerejwe muri rya Shure rya Gileyadi baramara imyaka itari mike mu vyibare bakoreramwo imbere yo gusubira iwabo kuramukanya. Ivyo birabafasha kwunga ubucuti n’abavukanyi baho be no kumenyera imico yaho.

Alejandro aramaze kwimuka akatari gake. Arazi ko umuntu adakwiye kwihutagiza kuko kumenyera bifata igihe. Yigana ati: “Igihe duheruka kwimuka, umukenyezi wanje yambwiye ngo ‘Abagenzi banje bose bari mw’ishengero twahoramwo!’” Alejandro yaciye amwibutsa ko igihe bigera kwimuka yavuze ukwo nyene, hakaba hari haciye imyaka ibiri. Mugabo muri iyo myaka ibiri, yariyegereje abandi baraheza bacika abagenzi somambike.

“Ntuvuge ngo: ‘Kubera iki imisi ya kera yabaye myiza kuruta iyi?’, kuko ivyo utoba ubibajije bivuye ku bukerebutsi.”​Umus. 7:10.

Niwirinde rero kugereranya ishengero wimukiyemwo n’iryo wahoramwo. Nk’akarorero, abavukanyi bo mw’ishengero wimukiyemwo boshobora kuba banumye canke bavuga cane kuruta abo mw’ishengero wahoramwo. Niwibande kuri kamere nziza bafise, nk’uko nyene wipfuza ko babikugirira. Bamwebamwe mu bimutse ishengero vyatumye babona ko bakeneye kwisuzuma mu kwibaza bati: ‘Noba vy’ukuri nkunda “umuryango wose w’abavukanyi”?’​—1 Pet. 2:17.

“Mugume musaba, muzohabwa.”​Luka 11:9.

Nugume usaba Yehova agufashe. Umukurambere yitwa David avuga ati: “Ntiwirwaneko. Hari ibintu vyinshi tutoshobora Yehova atadufashije. Numusabe agufashe!” Umwe Rachel twavuga, ivyo aravyemera. Agira ati: “Igihe twe n’umugabo wanje dutanguye kwumva ko hari ukuntu tutiyumvamwo ishengero, duca dusaba Yehova tudomako ngo atwereke nimba hari ikintu twoba turiko turakora gituma abandi bibagora kutwiyegereza. Duca rero tugerageza kumarana umwanya munini n’abavukanyi.”

Bavyeyi, nimba abana banyu bibagora kumenyera ishengero, nimufate umwanya wo gusenga muri kumwe. Nimubafashe kuronka abandi bagenzi mu kurondera uturyo twotuma bifatanya n’abandi.

NUFASHE ABASHASHA BUMVE KO BISANZE

Wofasha gute abaheruka kwimukira mw’ishengero iwanyu? Nubiyegereze kuva bagishika. Kugira ubishikeko, niwishire mu kibanza cabo maze ubakorere ivyo woshima ko bagukorera hamwe yoba ari wewe wimutse. (Mat. 7:12) Woba ushobora kubatumira mu gusenga kwanyu kwo mu muryango canke kurabira hamwe ibiganiro vya buri kwezi bica kuri ya televiziyo yacu? Ubona gute ubasavye ngo mujane mu ndimiro? Hamwe mwosangira udufungurwa naho twoba duciye bugufi, bazoguma bibuka ubwakiranyi bwawe. Ni ibiki kandi wobafasha?

Uwitwa Carlos avuga ati: “Igihe twimukira mu rindi shengero, hari mushiki wacu yaduhaye urutonde rw’imangazini zitazimba. Ivyo vyaradufashije cane.” Abimukira ahantu hari ikirere batamenyereye boshobora gukenguruka cane ubabwiye ingene bokwambara nimba aho iwanyu hashushe, hakanye canke hari imvura. Woshobora kandi kubafasha gukora neza mu busuku mu kubiganira ukuntu abantu baho bameze canke mu kubasigurira ivyo bemera.

KUMENYERA BIRAVAMWO IVYIZA

Umwe Allen twavuga mu ntango, aramaze umwaka urenga yimutse ishengero. Yigana ati: “Nategerejwe kwita ku rutare kugira menye abavukanyi. Ariko ubu turi nk’umuryango, kandi birampimbara.” Allen aratahura ko kwimuka bitatumye atakaza abagenzi. Ahubwo riho, yararonse abandi, kumbure bazoguma ari abagenzi ubuzima bwose.

^ ing. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.