Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwamirire kure ivyiyumviro vy’isi

Niwamirire kure ivyiyumviro vy’isi

“Mwiyubare ntihagire uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara . . . vyo mw’isi.”​—KOL. 2:8.

INDIRIMBO: 38, 31

1. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yahaye abakirisu bagenziwe mw’ikete yabandikiye? (Raba ishusho itangura.)

INTUMWA Paulo ashobora kuba yandikiye abakirisu b’i Kolosayi igihe yari apfungiwe i Roma ari bwo bwa mbere, nko hagati ya 60 na 61 inyuma ya Kristu. Yarabasiguriye igituma bihambaye ko bagira “ugutegera kwo mu vy’impwemu.” (Kol. 1:9) Mu nyuma yababwiye ati: “Ivyo ndabivuze kugira ntihagire umuntu abahendesha ivyiyumviro binyura. Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu, bishingiye ku bintu vy’intango vyo mw’isi, bidashingiye kuri Kristu.” (Kol. 2:4, 8) Paulo yaciye asigura igituma ivyiyumviro bimwebimwe vyari vyeze mu bantu vyari ivy’uruhendo, be n’igituma abantu badatunganye boshobora guhurumbira mwene ivyo vyiyumviro. Nk’akarorero, birashobora gutuma umuntu yiyumvira ko ari incabwenge be n’uko aruta abandi. Icatumye rero abandikira iryo kete, kwari ukugira ngo abafashe kwirinda ivyiyumviro be n’imigenzo vy’iyi si.​—Kol. 2:16, 17, 23.

2. Kubera iki tugiye kwiheza ivyiyumviro bimwebimwe vy’iyi si?

2 Abafise ivyiyumviro vy’isi usanga birengagiza ingingo ngenderwako za Yehova canke bakazisuzugura. Ivyiyumviro nk’ivyo, buhorobuhoro vyoshobora guhungabanya ukwizera kwacu. Tutabaye maso, vyoshobora kutwandukira, narirya usanga bikwiye hose, haba kuri televiziyo, kuri internet, ku kazi canke kw’ishure. Muri iki kiganiro, turihweza ico twokora kugira ngo mwene ivyo vyiyumviro ntivyonone imizirikanyi yacu. Reka turimbure bitanu muri vyo be n’ingene twovyirinda.

VYOBA ARI NGOMBWA KO TWEMERA IMANA?

3. Ni iciyumviro ikihe kiri mu bantu benshi, kandi kubera iki?

3 “N’uwutemera Imana araba umuntu mwiza.” Mu bihugu bitari bike, abantu benshi usanga bavuga ko batemera Imana. Abantu nk’abo bashobora kuba batafashe umwanya ngo basuzume bitonze nimba Imana ibaho koko. Usanga bagendera ku ciyumviro c’uko umuntu wese akwiye gukora ibintu nk’uko avyumva. (Soma Zaburi 10:4.) Abandi na bo bivugira bati: “Naho ntemera Imana, ndashobora kumenya ikibereye.” Aho rero ngo ni incabwenge.

4. Umuntu avuga ko ata Muremyi ariho, twomufasha gute kuzirikana?

4 None abavuga ko ata Muremyi ariho boba bafise ishingiro? Abitura siyansi kugira ngo bamenye nimba ibiriho vyararemwe, nta nyishu itomoye baronka. Ariko mu vy’ukuri inyishu iroroshe. Nimba inzu yose ifise uwayubatse, hari akantu ibinyabuzima! Mu bisanzwe, n’akanyabuzima kanzwinya usanga gahanitse kuruta inzu iyo ari yo yose. Uti kuki? Kuko gashobora gukora ikintu ata nzu n’imwe yoshobora gukora, ico na co kikaba ari ukurondoka. Utwo tunyabuzima rero turafise ingene tubika amakuru akenewe atuma tuvyara utundi tumeze nka two nyene. None ni nde yatunganije utwo tunyabuzima gutyo? Bibiliya yishura iti: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.”​—Heb. 3:4.

5. Twovuga iki ku ciyumviro c’uko umuntu atemera Imana ashobora kumenya ikibereye?

5 Tuvuge iki none ku ciyumviro c’uko umuntu atemera Imana ashobora kumenya ikibereye? Ego ni ko, Ijambo ry’Imana riravuga ko abatemera bashobora gukora ikintu ciza. (Rom. 2:14, 15) Nk’akarorero, boshobora gukunda abavyeyi babo no kubagamburukira. Ariko none, umuntu atemera ko Umuremyi wacu munyarukundo ari we akwiye kudushingira ingingo ngenderwako zigenga ikibi n’iciza, wumva yomenya neza ikibereye n’ikitabereye? (Yes. 33:22) Abantu benshi babona kure, baremera ko amarushwa abantu barimwo ari icerekana ko umuntu akeneye gufashwa n’Imana. (Soma Yeremiya 10:23.) Ntidukwiye rero kwiyumvira twihenda ko umuntu ashobora kumenya neza ikibereye, mu gihe atemera Imana canke ngo yisunge ingingo ngenderwako zayo.​—Zab. 146:3.

VYOBA ARI NGOMBWA KO TUJA MW’IDINI?

6. Abantu benshi babona gute amadini?

6 “N’uwutagira idini aragira agahimbare.” Ico ciyumviro kirashimisha abantu benshi kuko babona ko idini ata co rimaze. Vyongeye, amadini menshi arahuvya abantu mu kwigisha umuriro udahera, mu gutoza imperezwa canke ibigiracumi no mu kwigisha ivya politike. Ntibitangaje rero kubona abantu benshi biyumvira ko bashobora guhimbarwa naho batoba bari mw’idini! Boshobora kwivugira bati: “Ndakunda ivyerekeye Imana, ariko nta dini nojamwo.”

7. Ni gute idini ry’ukuri rituma abantu bahimbarwa?

7 Vyoba ari ivy’ukuri none ko umuntu ashobora guhimbarwa naho atoba ari mw’idini? Ego ni ko umuntu arashobora guhimbarwa igihe atari mw’idini ry’ikinyoma, mugabo ntashobora guhimbarwa vy’ukuri mu gihe atoba afitaniye ubucuti na Yehova, “ya Mana ihimbawe.” (1 Tim. 1:11) Ivyo Imana ikora vyose ibigira ku neza yacu. Abasavyi bayo barahimbarwa kuko bihatira gufasha abandi. (Ivyak. 20:35) Nk’akarorero, rimbura ingene idini ry’ukuri rituma imiryango ihimbarwa. Riratwigisha kwubaha no gutera iteka uwo twubakanye, kubona ko indagano y’ukwabirana ari nyeranda, kwirinda kurenga ibigo, gutoza abana indero nziza be no gutsimbataza urukundo nyakuri. Ivyo bica bituma haboneka amashengero y’abantu bahimbawe kandi bagize umuryango ukwiye kw’isi yose.​—Soma Yesaya 65:13, 14.

8. Muri Matayo 5:3 hadufasha gute kumenya icotuma umuntu agira agahimbare nyakuri?

8 Tuvuge iki none ku ciyumviro c’uko umuntu ashobora guhimbarwa naho yoba adakorera Imana? Rimbura iki kibazo: Ni igiki gituma abantu bahimbarwa? Hari abahimbarwa n’akazi bakora, inkino canke ukwinezereza. Abandi bahimbarwa no kumarana umwanya n’incuti n’abagenzi. Naho ivyo bintu vyose bishobora kuzana umunezero, hari ikindi kintu gihambaye kuruta gituma tugira agahimbare karamba. Twebwe ntitumeze nk’ibikoko. Turashobora kumenya Umuremyi wacu no kumukorera. Twaremwe ku buryo duhimbarwa no gukora ico kintu. (Soma Matayo 5:3.) Nk’akarorero, gukoranira hamwe kugira ngo dusenge Yehova biratuma tunezerwa cane kandi tukaremeshwa. (Zab. 133:1) Vyongeye, turahimbarwa no kuba turi mu muryango w’abavukanyi bunze ubumwe, bigenza neza kandi biteze kazoza keza.

VYOBA ARI NGOMBWA KO TWIGENZA RUNTU?

9. (a) Muri iyi si abantu benshi babona gute ivyo guhuza ibitsina? (b) Kubera iki Ijambo ry’Imana ryiyamiriza ubusambanyi?

9 “Kuryamana n’uwo mutubakanye bitwaye iki?” Abantu boshobora kutubwira bati: “Reka twiryohere. None kuryamana n’uwo mutubakanye bitwaye iki?” Iciyumviro c’uko umukirisu akwiye kurenza uruho rw’amazi ku buhumbu si co. Uti kuki? Kubera ko Ijambo ry’Imana ryiyamiriza ubuhumbu. * (Soma 1 Abatesalonika 4:3-8.) Yehova arafise uburenganzira bwo kudushingira amategeko kuko ari we yaturemye. Ijambo ry’Imana rivuga ko umugabo n’umugore bubakanye ari bo gusa bemerewe kurangura amabanga y’abubatse. Imana iduha amategeko kubera ko idukunda. Ayo mategeko aratugirira akamaro. Imiryango iyakurikiza usanga irangwamwo amahoro, urukundo be n’ukwubahana. Imana ntiyihanganira abantu bayigambararira n’ibigirankana.​—Heb. 13:4.

10. Umukirisu yokwirinda gute ubusambanyi?

10 Ijambo ry’Imana riratwereka ukuntu twokwirinda ubusambanyi. Kimwe mu bintu bihambaye twokora ni ugusuzuma neza ivyo turaba. Yezu yavuze ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe. Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.” (Mat. 5:28, 29) Ku bw’ivyo rero, umukirisu arakwiye kwirinda kuraba amashusho y’ibiterasoni canke kwumviriza imiziki irimwo amajambo y’ibishegu. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Nimwice . . . ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi.” (Kol. 3:5) Ikigeretseko, turakwiye gucungera ivyo twiyumvira n’ivyo tuvuga.​—Ef. 5:3-5.

TWOBA DUKWIYE KURONDERA AKAZI KEZA?

11. Kubera iki abantu benshi bahurumbira kurondera akazi keza?

11 “Kuronka akazi keza ni vyo bizana agahimbare.” Abantu benshi baturemesha gukora ibishoboka vyose ngo turonke akazi keza, na canecane akotuma tumenyekana, turonka ububasha canke ubutunzi. Kubera ko abantu benshi babona ibintu gutyo, umukirisu yoshobora kwoshwa n’ico ciyumviro.

12. Kuronka akazi keza vyoba ari vyo bituma umuntu agira agahimbare?

12 None kuronka akazi gatuma umuntu agira ububasha kandi akamenyekana vyoba bizana agahimbare karamba? Na buhoro! Niwibuke ko icipfuzo co kuganza abandi no kuba agahambaye ari vyo vyakwegakweze Shetani. Naho ari ukwo, ntahimbawe ahubwo yamana ishavu. (Mat. 4:8, 9; Ivyah. 12:12) Ariko rero, nuzirikane ingene gufasha abandi kwungukira ku bukerebutsi buva ku Mana kugira bazoronke ubuzima budahera bituma twironkera umunezero uramba. Nta kazi k’isi na kamwe koshobora kuronsa umuntu agahimbare nk’ako. Kanatsinda, iyi si iremesha agatima ko guhiganwa be n’ishari, ariko impera n’imperuka umuntu agasanga ‘yiyahaguye akurikira umuyaga.’​—Umus. 4:4.

13. (a) Dukwiye kubona gute akazi k’umubiri? (b) Turavye ivyo Paulo yandikiye Abatesalonika, ni igiki catumye agira umunezero ntangere?

13 Ego ni ko dutegerezwa kurondera ibitubeshaho, kandi gukora akazi kaduhimbara nta kibi kirimwo. Ariko rero, akazi k’umubiri si ko dukwiye gushira imbere mu buzima. Yezu yavuze ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” (Mat. 6:24) Iyo dushize imbere gukorera Yehova no kwigisha abandi Ijambo ryiwe, turironkera umunezero ntangere. Ivyo intumwa Paulo yaravyiboneye. Naho mu ntango yari afise igiti gikomeye mw’idini ry’Abayuda, yagiye kuronka agahimbare nyakuri igihe yakora igikorwa co guhindura abantu abigishwa, akibonera ingene abantu bakira ubutumwa bw’Imana n’ingene buhindura ubuzima bwabo. (Soma 1 Abatesalonika 2:13, 19, 20.) Emwe, nta kandi kazi kozana umunezero nk’uwo!

Gufasha abandi kwungukira ku bukerebutsi buva ku Mana ni vyo bizana umunezero uramba (Raba ingingo ya 12, 13)

ABANTU BOBA BASHOBORA GUTORERA UMUTI INGORANE ZABO?

14. Kubera iki iciyumviro c’uko abantu bashobora gutorera umuti ingorane zabo gisa n’icumvikana?

14 “Abantu barashoboye gutorera umuti ingorane zabo.” Ico ciyumviro kirahimbara abantu benshi. Uti kubera iki? Hamwe kwoba ari ukuri, vyosobanura ko umuntu adakeneye ko Imana imuyobora be n’uko ashobora gukora ibintu uko avyumva. Ikindi na co, ico ciyumviro coshobora gusa n’icumvikana, kuko hari ivyigwa vyerekana ko intambara, ubukozi bw’ikibi, indwara be n’ubukene biriko biragabanuka. Raporo imwe ivuga iti: “Igituma ingorane ziriko ziragabanuka ni kubera ko abantu biyemeje guhindura isi ikamera neza.” None ivyo vyoba vyerekana ko abantu bariko baratorera umuti ingorane zimaze igihe kinini zibahanze? Kugira turonke inyishu, nimuze twihweze twitonze izo ngorane.

15. Ni ibiki vyerekana ko abantu barembejwe n’ingorane?

15 Intambara: Za ntambara zibiri z’isi yose zahitanye abantu bashika imiliyoni 60 canke barenga. Kuva Intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, nta wovuga ko abantu bahevye kurwana. Gushika mu 2015, igitigiri c’abantu bataye izabo kubera intambara canke agatotezo cari kimaze gushika ku miliyoni 65. Bivugwa ko mu 2015 honyene, abashika imiliyoni 12 n’ibihumbi 400 bataye izabo. Ubukozi bw’ikibi: Naho ubukozi bw’ikibi bumwebumwe bwagabanutse mu mihingo imwimwe, ubundi bukozi bw’ikibi, nk’ubukorwa biciye ku buhinga bwa none, amabi akorerwa mu ngo be n’iterabwoba, bwarongerekanye ku rugero rudasanzwe. Vyongeye, abantu benshi babona ko igiturire cabaye ndanse kw’isi yose. Abantu ntibashobora gukuraho ubukozi bw’ikibi. Indwara: Hariho indwara zatujijwe. Ariko raporo yasohotse mu 2013 yerekanye ko buri mwaka abantu imiliyoni icenda bafise imyaka iri munsi ya 60 bahitanwa n’indwara y’umutima, izo mu bwonko, kanseri, indwara zo mu mahaha be na diyabeti. Ubukene: Ibanki y’isi yose ivuga ko muri Afrika honyene abantu basinzikajwe n’ubukene bongerekanye cane, bava ku miliyoni 280 mu 1990 bashika ku miliyoni 330 mu 2012.

16. (a) Kubera iki Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bushobora gutorera umuti ingorane zihanze abantu? (b) Muri Yesaya no muri Zaburi havuga imihezagiro iyihe izozanwa n’Ubwami?

16 Amashirahamwe y’ivy’ubutunzi n’aya politike arangwa n’agatima k’ubwikunzi. Biragaragara ko ayo mashirahamwe adashobora gukuraho intambara, ubukozi bw’ikibi, indwara n’ubukene. Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo bubishoboye. Rimbura ivyo Yehova azokorera abantu. Intambara: Ubwami bw’Imana buzokuraho ibintu vyose bituma haba intambara, nk’ubwikunzi, ibiturire, kwiratira igihugu, idini ry’ikinyoma be na Shetani ubwiwe. (Zab. 46:8, 9) Ubukozi bw’ikibi: Ubwami bw’Imana buramaze kwigisha abantu amamiliyoni gukunda bagenzi babo no kwizigirana. Ivyo nta ntwaro n’imwe yobishobora. (Yes. 11:9) Indwara: Yehova azoha abasavyi biwe amagara atagira agahaze. (Yes. 35:5, 6) Ubukene: Yehova azokuraho ubukene maze ahezagire abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu no ku mubiri, ivyo bikaba biruta kure n’iyo ubutunzi bwose.​—Zab. 72:12, 13.

“MUMENYE INGENE MUBWIRIZWA KWISHURA”

17. Wokwirinda gute ivyiyumviro vyo muri iyi si?

17 Bishitse ukwumva iciyumviro co muri iyi si cohava gihungabanya ukwizera kwawe, nuce ugira ubushakashatsi umenye ico Ijambo ry’Imana rivuga, wongere ukiyage n’uwo musangiye ukwizera azi utuntu n’utundi. Nurimbure igituma ico ciyumviro gisa n’igikwegera, igituma atari co be n’ingene wokirwanya. Twese turashobora kwirinda ivyiyumviro vyo muri iyi si mu kwumvira impanuro Paulo yahaye ishengero ry’i Kolosayi, ati: “Mubandanye kugendana ubukerebutsi ku bo hanze. . . . Mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.”​—Kol. 4:5, 6.

^ ing. 9 Abantu benshi ntibazi ko amajambo yo muri Yohani 7:53–8:11 dusanga muri Bibiliya zimwezimwe, ataboneka mu vyandikano vyahumetswe vyo mu ndimi zo mu ntango. Hari abafatira kuri iyo mirongo bakavuga ko ata muntu akwiye kwagiriza uwundi ko ari umusambanyi, kuko twese turi abacumuzi. Ariko itegeko Imana yahaye ihanga rya Isirayeli ryavuga ngo: “Umugabo niyafatwa aryamanye n’umugore afise umugabo, bompi rero bategerezwa gupfira hamwe.”​—Gus. 22:22.