Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane ubutungane bwa Yehova n’imbabazi ziwe

Niwigane ubutungane bwa Yehova n’imbabazi ziwe

“Muce imanza mu butungane nyakuri; kandi mugiriranire ubuntu bwuzuye urukundo be n’imbabazi.”​—ZEK. 7:9.

INDIRIMBO: 125, 88

1, 2. (a) Yezu yabona gute Itegeko ry’Imana? (b) Ni gute Abafarizayo be n’abanditsi bakoresha ukutari kwo iryo Tegeko?

YEZU yarakunda rya Tegeko rya Musa. Ivyo ntibitangaje, kuko ryari ryakomotse ku wo Yezu yaha agaciro cane mu buzima, ari we Se wiwe Yehova. Urukundo rugera kure Yezu yakunda Itegeko ry’Imana, rwari rwaravuzwe muri Zaburi 40:8, ahagira hati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.” Ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze, vyaremeje ko Itegeko ry’Imana ritagira agahaze, ko ari ngirakamaro, kandi ko riranguka ata kabuza.​—Mat. 5:17-19.

2 Ese rero ukuntu Yezu ategerezwa kuba yaragize agahinda abonye ingene Abafarizayo be n’abanditsi bakoresha iryo Tegeko rya Se ukutari kwo! Barubahiriza bitonze utuntu dutoduto two muri iryo Tegeko, kuko Yezu yavuze ati: “Mutanga ic’icumi ca menta na aneto na kumino.” None bari bafise ingorane iyihe? Yongeyeko ati: “Mugabo mwirengagije ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ubwizigirwa.” (Mat. 23:23) Yezu yari atandukanye n’abo Bafarizayo bibona ubugororotsi, kuko wewe yatahura neza intumbero y’iryo Tegeko, buri bwirizwa akaribonamwo kamere z’Imana.

3. Muri iki kiganiro turimbura iki?

3 Abakirisu ntibakigengwa n’Itegeko rya Musa. (Rom. 7:6) Naho ari ukwo, iryo Tegeko ryaranditswe mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Imana yipfuza ko tutitaho gusa utuntu dutoduto two muri iryo Tegeko, ahubwo ko twotahura kandi tugashira mu ngiro “ibihambaye kuruta” vyo muri ryo, ni ukuvuga ingingo ngenderwako ziri mu mabwirizwa agize iryo Tegeko. Nk’akarorero, ni ingingo ngenderwako izihe dushobora kubona muri ya ntunganyo y’ibisagara vy’ubuhungiro? Ikiganiro c’imbere y’iki cashimitse ku vyigwa dukura ku vyo uwahunze yabwirizwa gukora. Ariko intunganyo y’ivyo bisagara, iratwigisha kandi ingene Yehova ameze be n’ingene twomwigana. Muri iki kiganiro rero, turimbura ibi bibazo bitatu: Ibisagara vy’ubuhungiro bishira ahabona gute imbabazi za Yehova? Bitwigisha iki ku bijanye n’ukuntu abona ubuzima? Vyerekana gute ko ubutungane bwiwe butagira agahaze? Uko duca irya n’ino buri kibazo, niwiyumvire ingene wokwigana uwo Muvyeyi wawe wo mw’ijuru.​—Soma Abanyefeso 5:1.

VYARASHIRA AHABONA IMBABAZI ZA YEHOVA

4, 5. (a) Kubera iki ibisagara vy’ubuhungiro vyari vyoroshe guhungiramwo? (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

4 Vya bisagara bitandatu vy’ubuhungiro vyari ahantu uwo ari we wese vyoroha ko ahungira. Yehova yategetse ko bitorwa hakurya y’Uruzi Yorodani no hakuno yarwo. Uti kubera iki? Kugira ngo vyorohe ko uwurondera ubuhungiro ashikayo ningoga. (Guh. 35:11-14) Inzira zaja muri ivyo bisagara zategerezwa kuguma zimeze neza. (Gus. 19:3) Amakuru Abayuda bagiye barahanahana, avuga ko kuri izo nzira hashirwa ibimenyetso vyayobora uwuriko ararondera ubuhungiro. Intunganyo y’ivyo bisagara yatuma bitaba ngombwa ko uwishe umuntu atabishaka ahungira muri rindi hanga, kuko yohavuye yoshwa kugira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma.

5 Zirikana iki kintu: Yehova ni we yari yategetse ko uwishe umuntu na we yicwa. Ariko rero, yarategekanije ko uwishe umuntu bivuye ku mpanuka aronka imbabazi n’ubuhungiro! Umusobanuzi umwe w’ivya Bibiliya yavuze ati: “Ibintu vyose vyari bitomoye kandi vyarumvikana. Ukwo ni ko Imana yakora ibintu mu buryo bwiza igitangaza.” Yehova si umucamanza akaze ashashaye guhana abasavyi biwe. Ahubwo riho, ni Imana “igwije imbabazi.”​—Ef. 2:4.

6. Ni gute Abafarizayo batigana imbabazi z’Imana?

6 Abafarizayo bobo ntibagira imbabazi. Nk’akarorero, hari inkuru zivuga ko batababarira umuntu asubiyemwo ikosa incuro zirenga zitatu. Yezu yarerekanye ingene babona abacumuzi mu gutanga ikigereranyo c’Umufarizayo yasenze avuga ati: “Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori.” Uwo mutozakori wewe yariko asaba Imana imbabazi yicishije bugufi. Kubera iki Abafarizayo batagira imbabazi? Bibiliya ivuga ko “[bafata] abandi ko ari ubusa.”​—Luka 18:9-14.

Woba utuma abandi boroherwa no kugusaba imbabazi? Nube umuntu yegereka (Raba ingingo ya 4-8)

7, 8. (a) Igihe umuntu agucumuyeko, wokwigana gute Yehova? (b) Kubera iki gutanga imbabazi bisaba kwicisha bugufi?

7 Niwigane Yehova, aho kwigana Abafarizayo. Nugaragaze impuhwe. (Soma Abakolosayi 3:13.) Nutume abandi boroherwa no kugusaba imbabazi. (Luka 17:3, 4) Niwibaze uti: ‘Vyoba binyorohera kugirira abandi imbabazi, naho boba bancumuyeko kenshi? Noba nihatira gusubiza hamwe n’umuntu yancumuyeko canke yambabaje?’

8 Gutanga imbabazi bisaba vy’ukuri kwicisha bugufi. Abafarizayo ivyo vyarabananiye kubera ko basuzugura abandi. Ariko twebwe abakirisu, dutegerezwa kwicisha bugufi ‘tukabona ko abandi baturuta,’ tukaba rero dukwiye kubababarira. (Flp. 2:3) Woba uzokwigana Yehova maze ukicisha bugufi? Nutume abandi boroherwa no kugusaba imbabazi. Niwihutire gutanga imbabazi ariko ntiwihutire gushavura.​—Umus. 7:8, 9.

NIWUBAHE UBUZIMA, WIRINDE ‘KWAGIRWA N’AMARASO’

9. Yehova yafashije gute Abisirayeli gutahura ko ubuzima ari katihabwa?

9 Intumbero nyamukuru ya vya bisagara vy’ubuhungiro kwari ugukingira Abisirayeli ngo ntibagirwe n’amaraso. (Gus. 19:10) Yehova arakunda ubuzima, akanka “amaboko asesa amaraso y’intungane.” (Imig. 6:16, 17) Kubera ko ari Imana y’ubutungane kandi nyeranda, ntiyashobora kwirengagiza n’amaraso yaba yasesetse bivuye ku mpanuka. Ego ni ko uwishe umuntu atabishaka yaragirirwa imbabazi. Ariko rero, yategerezwa kwisigura imbere y’abagabo b’inararibonye, maze basanze yabikoze atabishaka, yaca aguma mu gisagara c’ubuhungiro gushika umuherezi mukuru apfuye. Ivyo bisobanura ko yashobora kugumayo ubuzima bwiwe bwose. Ivyo vyaratuma Abisirayeli bose batahura ko ubuzima ari katihabwa. Kugira ngo batere iteka wa Mutanzi w’ubuzima, bategerezwa kwirinda ikintu cose cobangamira ubuzima bw’abandi.

10. Yezu yerekanye gute ko abanditsi n’Abafarizayo batitaho ubuzima bw’abandi?

10 Abanditsi n’Abafarizayo bari batandukanye na Yehova kubera ko bobo batitaho namba ubuzima. Uti gute? Yezu yababwiye ati: “Mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi; mwebwe ubwanyu ntimwinjiye, kandi n’abinjira mwarababujije!” (Luka 11:52) Vyari vyitezwe ko bafasha abandi gutahura Ijambo ry’Imana kugira batore inzira ijana mu buzima budahera. Aho kubigira, barabuza abantu gukurikira “ya Mboneza y’ubuzima” ari we Yezu. (Ivyak. 3:15) Gutyo, bariko berekeza abo bantu ku gutikizwa kw’ibihe bidahera. Kubera ko abo banditsi n’Abafarizayo bibona kandi bakikunda, ntibitaho ineza be n’ubuzima bw’abandi. Emwe, bari ababisha n’imburakigongwe!

11. (a) Intumwa Paulo yerekanye gute ko abona ubuzima nk’uko Imana ibubona? (b) Ni igiki kizodufasha kwigana umwete Paulo yari afise mu busuku?

11 None dushobora gute kwirinda agatima k’abo banditsi n’Abafarizayo maze tukigana Yehova? Turakwiye gusonera no guha agaciro ingabire y’ubuzima. Intumwa Paulo yarabigize mu gushinga intahe inogangije. Ni co gituma yavuze ati: “[Nda]cuna ku maraso y’abantu bose.” (Soma Ivyakozwe 20:26, 27.) Ariko rero, Paulo ntiyamamaza kugira gusa ntiyagirwe n’amaraso canke kubera gusa ryari itegeko. Ahubwo riho, yarakunda abantu, akabona ko ubuzima bwabo bufise agaciro. (1 Kor. 9:19-23) Na twebwe turakwiye kwihatira kubona ubuzima nk’uko Imana ibubona. Yehova “ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (2 Pet. 3:9) None na wewe si vyo wipfuza? Niwatsimbataza imbabazi bizotuma urushiriza kugira umwete mu busuku, kandi uzokwironkera umunezero mwinshi.

12. Kubera iki bihambaye ko abasavyi b’Imana birinda amasanganya?

12 Turabona kandi ubuzima nk’uko Yehova abubona mu kwirinda ibintu vyose vyoteza isanganya. Turakwiye kwirinda amasanganya igihe tunyonga umuduga canke igihe dukora ibindi bikorwa, mbere n’igihe tuba turiko turubaka canke turasanura ibibanza dusengeramwo, canke igihe tugiyeyo. Gucungura umwanya n’amahera canke kurangiza ibikorwa ningoga, si vyo bihambaye kuruta kwirinda amasanganya. Imana yacu itunganye yama ikora ibibereye n’ibigororotse. Twipfuza kuyigana. Abakurambere baritwararika cane ibijanye no kwirinda impanuka, bagakingira n’abo baba bariko barakorana. (Imig. 22:3) Nimba rero hari umukurambere akwibukije amategeko yerekeye kwirinda impanuka, urumvira impanuro aguhaye. (Gal. 6:1) Niwabona ubuzima nk’uko Yehova abubona, ‘nta maraso azokwagira.’

‘NIMUCE IMANZA MWISUNZE IZI NGINGO’

13, 14. Abagabo b’inararibonye bo muri Isirayeli basabwa iki kugira bigane ubutungane bwa Yehova?

13 Yehova yategetse abagabo b’inararibonye bo muri Isirayeli kwigana ubutungane bwiwe. Bategerezwa kubanza kumenya ivyabaye. Vyongeye, kugira ngo bamenye nimba uwishe umuntu yogirirwa imbabazi, bategerezwa gusuzuma neza agatima yabigiranye, intumbero yari afise n’imigenderanire yari afitaniye n’uwo muntu. Kugira ngo bigane ubutungane bw’Imana, bategerezwa kumenya nimba yishe umuntu “abitumwe n’urwanko” canke nimba yari “yamubundiye.” (Soma Guharūra 35:20-24.) Bishitse hagakenerwa ivyabona, hategerezwa kuboneka n’imiburiburi ivyabona bibiri vyemeza ko yishe umuntu n’ibigirankana.​—Guh. 35:30.

14 Abo bagabo b’inararibonye rero bamaze kumenya amakuru yose, baca bagira itohoza kuri uwo muntu, aho kuraba gusa ivyo yakoze. Bari bakeneye gutahura neza ivy’ico kibazo, aho kugarukira gusa ku biboneka n’amaso. Ikiruta vyose, bari bakeneye impwemu nyeranda ya Yehova kugira bashobore kugaragaza ugutahura kwiwe, imbabazi ziwe n’ubutungane bwiwe.​—Kuv. 34:6, 7.

15. Erekana ukuntu Yezu n’Abafarizayo batabona kumwe abacumuzi.

15 Abafarizayo bibanda cane ku co umucumuzi yaba yakoze aho kuraba ikiri mu mutima wiwe. Igihe Abafarizayo babona Yezu yatumiwe mu nzu kwa Matayo, babajije abigishwa biwe bati: “Kubera iki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori be n’abacumuzi?” Yezu yishuye ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Nimugende rero mwige ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi, si ibimazi.’ Kuko ntaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.” (Mat. 9:9-13) Yezu yoba yariko arashigikira abacumuzi? Habe namba. Nkako, mu vyo Yezu yigisha harimwo ukuremesha abantu ngo bihane ibicumuro vyabo. (Mat. 4:17) Ariko rero, Yezu yaratahura ko bamwe muri abo “batozakori be n’abacumuzi” bipfuza guhinduka. Ibifungurwa si vyo vyonyene vyari vyabazanye kwa Matayo. Ahubwo nyabuna, ‘benshi muri bo bari bagiyeyo bakurikiye Yezu.’ (Mrk. 2:15) Ikibabaje, benshi mu Bafarizayo ntibashoboye kubona iciza Yezu yabona muri abo bantu. Abo Bafarizayo bari batandukanye n’Imana y’ubutungane n’imbabazi bivugisha ko basenga, kuko bobo bagiriza abantu ko ari abacumuzi ruhebwa.

16. Ni ibiki komite ncarubanza yihatira gutahura?

16 Muri iki gihe, abakurambere bategerezwa kwigana Yehova, we “akunda ubutungane.” (Zab. 37:28) Bakwiye kubanza ‘gutohoza no kubariritsa neza’ kugira biyemeze ko ikibi cakozwe. Nimba rero ikibi carakozwe, bategerezwa kucicarira bisunze Ivyanditswe. (Gus. 13:12-14) Igihe bari muri komite ncarubanza, bategerezwa gusuzuma bitonze ko umukirisu yakoze igicumuro gikomeye yigaya. Ntivyama vyoroshe kumenya ko umuntu yigaya canke atigaya. Bivana n’ingene uwo muntu abona ibintu n’agatima afise. (Ivyah. 3:3) Umucumuzi ategerezwa kwigaya kugira ngo agirirwe imbabazi. *

17, 18. Abakurambere bomenya gute nimba umuntu yigaya vy’ukuri? (Raba ishusho itangura.)

17 Yehova na Yezu barashobora kumenya ikiri mu mutima w’umuntu. Ariko abakurambere nta vyo bashoboye. None nimba uri umukurambere, womenya gute ko umuntu yigaya vy’ukuri? Ubwa mbere, nusabe Imana ubukerebutsi n’ugutahura. (1 Abm. 3:9) Ubwa kabiri, nurimbure Ijambo ry’Imana be n’ibisohokayandikiro vya wa mushumba w’umwizigirwa kugira bigufashe gutandukanya “umubabaro w’isi” n’“umubabaro uhuye n’ukugomba kw’Imana,” ni ukuvuga ukwigaya nyakuri. (2 Kor. 7:10, 11) Nurabe ingene Ivyanditswe bidondora abigaya n’abatigaya. Bibiliya idondora gute inyiyumvo zabo, agatima bafise, n’inyifato yabo?

18 Ubwa nyuma, nugerageze gutahura ivy’uwo muntu vyose. Ntiwirengagize kahise kiwe, imvo akorana ibintu be n’aho ububasha bwiwe bugarukira. Ku bijanye na Yezu we mutwe w’ishengero rya gikirisu, Bibiliya yavuze iti: “Ntazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise. Kandi azocira urubanza koko abantu batobato mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi.” (Yes. 11:3, 4) Mwebwe bakurambere, muri abungere batobato baserukira Yezu, kandi azobafasha guca imanza nk’uko na we abigira. (Mat. 18:18-20) None ntidukenguruka kubona dufise abakurambere batwitwararika? Turakenguruka cane ukuntu baturemesha kugira imbabazi n’ubutungane mu mashengero yacu.

19. Icigwa wakuye muri vya bisagara vy’ubuhungiro witeguriye gushira mu ngiro ni ikihe?

19 Rya Tegeko rya Musa cari “igikanka c’ubumenyi n’ic’ukuri.” Riratwigisha ivyerekeye Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. (Rom. 2:20) Nk’akarorero, vya bisagara vy’ubuhungiro, birigisha abakurambere ukuntu “[boca] imanza mu butungane nyakuri,” bikongera bikatwigisha twese ingene “[twogiriranira] ubuntu bwuzuye urukundo be n’imbabazi.” (Zek. 7:9) Ntitukigengwa n’iryo Tegeko. Yamara rero, Yehova ntahinduka, kandi aracabona ko ubutungane n’imbabazi bihambaye. Ese ukuntu ari agateka gusenga Imana yaturemye mw’ishusho yayo, ifise kamere dushobora kwigana, kandi tukaba dushobora guhungira kuri yo!

^ ing. 16 Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2006, rup. 30.