Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe

Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe

“Ntihagire uwubaka ka gashimwe.”​—KOL. 2:18.

INDIRIMBO: 122, 139

1, 2. (a) Abasavyi b’Imana biteganye umushasharo agashimwe akahe? (b) Ni igiki kidufasha kugumiza amaso kuri ako gashimwe? (Raba ishusho itangura.)

COKIMWE n’intumwa Paulo, muri iki gihe abakirisu barobanuwe barafise icizigiro ciza igitangaza bahawe n’Imana co kuzoronka “agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga.” (Flp. 3:14) Bariteganye umushasharo gufadikanya na Yezu Kristu kuganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru no gukorana na we mu gushikana abantu ku gutungana. (Ivyah. 20:6) Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza! Abo mu zindi ntama bobo bafise icizigiro gitandukanye n’ico. Barashashaye kuronka agashimwe k’ubuzima budahera kw’isi, kandi ico cizigiro kirashimishije.​—2 Pet. 3:13.

2 Kugira Paulo afashe abakirisu bagenziwe barobanuwe kuguma ari abizigirwa maze baze baronke agashimwe, yabahimirije ati: “Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru.” (Kol. 3:2) Bategerezwa kugumiza ku muzirikanyi icizigiro ciza cane co kuronka intoranwa yabo mw’ijuru. (Kol. 1:4, 5) Ego cane, kuzirikana ku mihezagiro Yehova asezeranira abasavyi biwe biradufasha twese kugumiza amaso ku gashimwe, twaba dufise icizigiro c’ijuru canke co kuba kw’isi.​—1 Kor. 9:24.

3. Paulo yagabishije abakirisu bagenziwe ku bijanye n’iki?

3 Paulo kandi yaragabishije abakirisu bagenziwe ku bijanye n’ibintu vyari gutuma bataronka agashimwe. Nk’akarorero, yarandikiye ishengero ry’i Kolosayi ku bijanye n’abakirisu b’ikinyoma bariko barondera gushimwa n’Imana biciye ku bikorwa bishingiye kuri rya Tegeko, aho kwizera Kristu. (Kol. 2:16-18) Vyongeye, yaravuze ingorane ziriho no muri iki gihe zishobora kutubuza kuronka agashimwe. Nk’akarorero, yarasiguye ingene twokwirinda ivyipfuzo vy’ubuhumbu, ingene twotorera umuti ingorane dufitaniye n’abo dusangiye ukwemera, be n’ingene twovyifatamwo mu ngorane zo mu muryango. Impanuro yatanze ziradufasha no muri iki gihe. Nimuze rero twihweze ingabisho zimwezimwe Paulo yatanze mw’ikete yandikiye Abakolosayi.

NIWICE IVYIPFUZO VY’UBUHUMBU

4. Kubera iki ivyipfuzo vy’ubuhumbu bishobora gutuma tubura agashimwe?

4 Paulo amaze kwibutsa abavukanyi biwe ibijanye n’icizigiro cabo ciza igitangaza, yanditse ati: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina.” (Kol. 3:5) Ivyipfuzo vy’ubuhumbu birashobora gukomera cane, bigatuma dutakaza ubucuti dufitaniye na Yehova be n’icizigiro ca kazoza. Umuvukanyi umwe yaratwawe n’ivyipfuzo vy’ubuhumbu. Amaze kugaruka mw’ishengero yavuze ati: “Ivyo vyipfuzo vyari bikomeye cane ku buryo nagiye kwigarura akaba kabaye.”

5. Twokwikingira gute igihe dushikiwe n’ibintu vyotuma turenga ku ngingo ngenderwako za Yehova?

5 Birahambaye canecane ko tuba maso igihe dushikiwe n’ibintu vyoshobora gutuma turenga ku ngingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu. Nk’akarorero, igihe umusore n’inkumi batanguye kureshanya, biraba vyiza bishiriyeho uturimbi dutomoye ku bijanye no gukoranako, gusomana, canke kuba bari ahantu ha bonyene. (Imig. 22:3) Umukirisu arakwiye kuba maso n’igihe ari ku rugendo rwa kure rw’akazi canke igihe akorana n’uwo badasangiye igitsina. (Imig. 2:10-12, 16) Ivyo bigushikiye, urimenyekanisha ko uri Icabona ca Yehova, ugume wigenza neza, kandi wibuke ko kumenyerana mu buryo butabereye n’uwo mudasangiye igitsina bikwega akarambaraye. Turakwiye kandi kuba maso igihe dufise umubabaro canke irungu. Muri ivyo bihe, twoshobora kwumva dukeneye kuronka umuntu atwitaho. Mbere ico cipfuzo kirashobora gukomera cane ku buryo twokwemera uwo wese abonetse. Hamwe ivyo vyogushikira, uritura Yehova be n’abasavyi biwe kugira bagufashe ngo ntihagire ikikubuza kuronka agashimwe.​—Soma Zaburi 34:18; Imigani 13:20.

6. Dukwiye kwibuka iki igihe duhitamwo uburyo bwo kwisamaza?

6 Kugira ngo twice ivyipfuzo vy’ubusambanyi, turakwiye kwirinda ukwisamaza kurimwo ivy’ubuhumbu. Ivy’ukwisamaza muri iki gihe bitwibutsa ivyakorerwa muri Sodomu na Gomora. (Yuda 7) Abatunganya ivyo kwisamaza berekana ko ubusambanyi ata co butwaye kandi ko ata kaga burimwo. Turakwiye kuba maso, ntidupfe kwemera uburyo bwose bwo kwisamaza. Turakwiye kandi guhitamwo uburyo bwo kwisamaza butazotubuza kugumiza amaso yacu ku gashimwe.​—Imig. 4:23.

“NIMWAMBARE” URUKUNDO N’UBUNTU

7. Ni ingorane izihe zoshobora gushika mw’ishengero rya gikirisu?

7 Twese turemera ko kuba mu bagize ishengero rya gikirisu ari umuhezagiro. Inyigisho y’Ijambo ry’Imana turonkera ku makoraniro yacu be n’ukuntu dushigikirana mu buryo buranga ubuntu n’urukundo biradufasha kugumiza amaso yacu ku gashimwe. Ariko rero, birashobora gushika hakaba ukutumvikana mu bagize ishengero. Mu gihe izo ngorane zidatorewe umuti, twoshobora kubika inzika.​—Soma 1 Petero 3:8, 9.

8, 9. (a) Kamere zizodufasha kuronka agashimwe ni izihe? (b) Igihe umukirisu mugenzi wacu atubabaje, ni igiki codufasha kuzigama amahoro?

8 Twokwirinda gute inzika kugira ntitubuze kuronka agashimwe? Paulo yahimirije Abakolosayi ati: “Nk’abatowe n’Imana, beranda kandi bakundwa, nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo. Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”​—Kol. 3:12-14.

9 Urukundo n’ubuntu biradufasha kubabarira abandi. Nk’akarorero, igihe tubabajwe n’ivyo umukirisu mugenzi wacu yavuze canke yakoze, twokwibuka ko natwe bishika tukavuga canke tugakora ibintu bibabaza. Ntidukenguruka none urukundo n’ubuntu abavukanyi na bashiki bacu batugaragariza mu kwirengagiza amakosa yacu? (Soma Umusiguzi 7:21, 22.) Turashima canecane ubuntu Kristu atugirira mu gukoranya abasavyi b’Imana mu bumwe. (Kol. 3:15) Dusenga Imana imwe, tukamamaza ubutumwa bumwe, kandi nyinshi mu ngorane zidushikira ni zimwe. Igihe tubabariye abandi tubigiranye ubuntu n’urukundo, tuba turemesheje ubumwe kandi biradufasha kugumiza amaso ku gashimwe.

10, 11. (a) Kubera iki ishari ari ribi? (b) Twokwirinda gute ishari kugira ntiritubuze kuronka impera twasezeraniwe?

10 Bibiliya irimwo uburorero butwereka ko ishari rishobora kutubuza kuronka agashimwe. Nk’akarorero, Kayini yaragiriye ishari mwenewabo Abeli maze aramwica. Kora, Datani na Abiramu, baragiriye ishari Musa baca baramurwanya. Umwami Sauli na we yaragiriye ishari Dawidi aca arondera kumwica. Ntibitangaje rero kuba Ijambo ry’Imana rigira riti: “Aho ishari n’agatima k’amahane biri, [ni] ho haba umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose.”​—Yak. 3:16.

11 Nitwatsimbataza urukundo n’ubuntu mu mutima wacu, bizoturinda ishari. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari.” (1 Kor. 13:4) Kugira ngo twirinde ko ishari rishinga imizi mu mutima wacu, dutegerezwa kubona ibintu nk’uko Imana ibibona, tukabona ko abavukanyi na bashiki bacu tugize umubiri umwe, ni ukuvuga ishengero. Ivyo bizodufasha kwishira mu kibanza cabo, nk’uko iyi mpanuro yahumetswe ibivuga, iti: “Iyo igihimba kimwe kininahajwe, ibindi bihimba vyose binezeranwa na co.” (1 Kor. 12:16-18, 26) Aho kugira ishari rero, tuzohimbarwa igihe abandi baronse imihezagiro. Rimbura akarorero ka Yonatani, umuhungu w’Umwami Sauli. Ntiyagiriye ishari Dawidi igihe yagenwa ngo azobe umwami. Ahubwo riho, yaramuremesheje. (1 Sam. 23:16-18) Twoba twokwigana ubuntu n’urukundo Yonatani yagaragaje?

NIMURONDERE AGASHIMWE UKO MUGIZE UMURYANGO

12. Ni impanuro iyihe yo muri Bibiliya yofasha abagize umuryango kuronka agashimwe?

12 Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biratuma umuryango ugira amahoro n’agahimbare kandi birawufasha kuzoronka agashimwe. None ni impanuro iyihe yerekeye imiryango Paulo yahaye abakirisu b’i Kolosayi? Yavuze ati: “Yemwe bagore, muyobokere abagabo banyu, nk’uko bibereye mu Mukama. Yemwe bagabo, mugume mukunda abagore banyu kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi. Yemwe bana, mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama. Yemwe ba se, ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.” (Kol. 3:18-21) Nta gukeka ko wemera yuko gushira mu ngiro iyo mpanuro ya Paulo n’ubu bifasha abagabo, abagore be n’abana.

13. Mushiki wacu yogira iki kugira umugabo wiwe yemere ukuri?

13 Tuvuge iki nimba uri umugore ukaba ubona ko umugabo wawe mudasangiye ukwemera atagufata neza? None gushwana kubera iyo nyifato yiwe hari ico vyofasha? Naho data woshobora gutuma akora ivyo wipfuza, vyoba bizoca bituma yemera ukuri? Habe namba. Mugabo igihe wubashe ubukuru bw’umugabo wawe, urashobora gutuma mu muryango haba amahoro, ukaninahaza Yehova, mbere ugatuma umugabo wawe yemera ukuri. Gutyo, mwempi mwoshobora kuzoronka agashimwe.​—Soma 1 Petero 3:1, 2.

14. Umugabo akwiye gukora iki nimba umugore wiwe badasangiye ukwemera atamwubaha?

14 Bite ho nimba uri umugabo ukaba ubona ko umugore wawe mudasangiye ukwemera atakwubaha? Kumukankamira kugira umwereke ko umufiseko ubukuru vyoba vyotuma arushiriza kukwubaha? Uwokubesha! Imana yipfuza ko ukoresha ubukuru bwawe ubigiranye urukundo, nk’uko Yezu yabigira. (Ef. 5:23) Yezu arihanganira ishengero abigiranye urukundo. (Luka 9:46-48) Umugabo yiganye Yezu yoshobora gutuma umugore wiwe yemera ukuri.

15. Umugabo mukirisu yerekana gute ko akunda umugore wiwe?

15 Bibiliya ibwira abagabo iti: “Mugume mukunda abagore banyu kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi.” (Kol. 3:19) Umugabo akunda umugore wiwe aramutera iteka mu kwumviriza iryo agona no mu kumukura amazinda ko aha agaciro ivyo avuga. (1 Pet. 3:7) Naho bitoshoboka ko yemera ivyo umugore wiwe avuze vyose, arashobora gufata ingingo nziza kuruta igihe yama amugisha inama. (Imig. 15:22) Ubugabo burihabwa: Umugabo ntakwiye guhata umugore wiwe ngo amwubahe, ahubwo akwiye gukora ibintu bituma amwubaha. Igihe umugabo akunda umugore n’abana biwe, birashoboka cane ko umuryango wabo ukorera Yehova uhimbawe maze ukazoronka agashimwe.

Twokora iki kugira ingorane zo mu muryango ntizitubuze kuronka agashimwe? (Raba ingingo ya 13-15)

RWARUKA, NTIMUREKE NGO HAGIRE IKIBABUZA KURONKA AGASHIMWE!

16, 17. Uwukiri muto yokwirinda gute gushavurira cane abavyeyi biwe?

16 Tuvuge iki nimba uri umuyabaga ukaba ubona ko abavyeyi bawe bakirisu batagutahura canke ko bataguha umwidegemvyo? Ivyo birashobora kukubabaza cane bigatuma mbere ukekeranya ko gukorera Yehova ari bwo buzima bwiza. Ariko hamwe ivyo vyotuma uheba gukorera Yehova, ntiwoteba kubona ko abavyeyi bawe batinya Imana be n’abagize ishengero ari bo bakwitwararika kuruta uwundi muntu uwo ari we wese.

17 Hamwe abavyeyi bawe batokwigera bagukosora, ubwo ntiwokwibaza nimba vy’ukuri bagukunda? (Heb. 12:8) Ariko ushobora kuba ubabazwa n’ingene abavyeyi bawe bagukosora. Aho kubabazwa n’uburyo bagutoza indero, nugerageze gutahura ko bashobora kuba bafise impamvu babigenza gutyo. Nutekane rero, wirinde gutwarwa n’ishavu igihe bagukosoye. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye.” (Imig. 17:27) Niwishingire umugambi wo kuba umuntu ahumuye ashobora kwakira impanuro atekanye, akayungukirako uko yoba itanzwe kwose. (Imig. 1:8) Kugira abavyeyi bakunda Yehova vy’ukuri, ni umuhezagiro. Nta gukeka ko bipfuza kugufasha kuronka agashimwe.

18. Kubera iki wiyemeje kugumiza amaso ku gashimwe?

18 Agashimwe twiteze, kwaba ari ukuronka ubuzima budapfa mw’ijuru canke kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo yo kw’isi, ni keza igitangaza. Ni icizigiro ntakekeranywa Umuremyi wacu yadusezeraniye. Ku bijanye n’Iparadizo yo kw’isi, Imana ivuga iti: “Isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” (Yes. 11:9) Ico gihe abazoba kw’isi bose bazokwigishwa n’Imana. Turakwiye gukora uko dushoboye kwose ngo tuzoronke ako gashimwe. Nugumize rero umuzirikanyi ku vyo Yehova yadusezeraniye, ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka ako gashimwe!