Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Uwutanga cane azodoheshwa”

“Uwutanga cane azodoheshwa”

GUTANGA ibimazi vyamye ari umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri. Abisirayeli baratanga ibimazi vy’ibitungwa, abakirisu na bo batanga “ikimazi c’ishemezo.” Yamara rero, hariho ibindi bimazi bihimbara Imana. (Heb. 13:15, 16) Abatanga ivyo bimazi barironkera umunezero n’imihezagiro, nk’uko uburorero bukurikira buvyerekana.

Umusavyi w’Imana wa kera w’umwizigirwa Hana, yaripfuza cane kuronka akana mugabo yari ingumba. Yarasenze Yehova, amusezeranira ko aramutse aronse umwana w’umuhungu, “[azomumuha] imisi yose y’ubuzima bwiwe.” (1 Sam. 1:10, 11) Mu nyuma, Hana yaribungenze avyara umwana w’umuhungu, amwita Samweli. Samweli amaze gucuka, Hana yaramujanye kw’itaberenakulo nk’uko yari yarabisezeranye. Yehova yarahezagiye Hana kubera ako gatima yagaragaje ko gutanga. Yahavuye aronka abandi bana batanu, Samweli na we aba umuhanuzi yongera aba umwe mu banditsi ba Bibiliya.​—1 Sam. 2:21.

Nk’uko kwa Hana na Samweli, muri iki gihe abakirisu barafise agateka ko gukoresha ubuzima bwabo mu gikorwa c’Umuremyi wabo. Yezu yasezeranye ko Yehova azohezagira utwigoro twose tugira mu gikorwa ciwe.​—Mrk. 10:28-30.

Mu kinjana ca mbere, hari umugore yitwa Doruka yari azwi ko yitangira abandi. Yarakora “ibikorwa vyiza, agafasha cane aboro.” Ariko rero ikibabaje, yahavuye “[arwara], hanyuma arapfa,” bituma ishengero rigira intuntu nyinshi. Igihe abigishwa bumva ko Petero yari muri iyo micungararo, baramwinginze ngo aceyo. Iyumvire ukuntu bahimbawe igihe Petero yaza maze akazura Doruka. Ryari ryo rya mbere intumwa izuye umuntu! (Ivyak. 9:36-41) Imana ntiyari yaribagiye ivyiza Doruka yakoze. (Heb. 6:10) Ivyerekeye umutima wiwe wo gutanga vyarazigamwe mw’Ijambo ry’Imana kugira bitubere akarorero.

Intumwa Paulo na we nyene yaradusigiye akarorero keza cane. Yaratanga umwanya wiwe kandi akitangira abandi. Yandikiye abakirisu bagenziwe b’i Korinto ati: “Nayo jewe nzotanga ivyo mfise vyose mpimbawe rwose nongere nitange wese ku bwanyu.” (2 Kor. 12:15) Paulo yariboneye ko kwitangira abandi bituma agira agahimbare. N’igihambaye kuruta, vyaratuma Yehova amushima kandi akamuhezagira.​—Ivyak. 20:24, 35.

Biragaragara ko Yehova ahimbarwa igihe dukoresheje umwanya wacu n’inguvu zacu mu guteza imbere ivyungura Ubwami no mu gufasha abo dusangiye ukwemera. Ariko none, hoba hariho ubundi buryo dushobora gushigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami? Cane nyene! Uretse gukoresha umwanya wacu n’inguvu zacu, turashobora gutera iteka Imana mu gutanga intererano. Izo ntererano zikoreshwa mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose, aho hakaba harimwo gushigikira abamisiyonari n’abandi bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose. Vyongeye, izo ntererano ziratuma dushobora gutegura no guhindura ibisohokayandikiro be n’amavidewo, gutabara abashikiwe n’ivyago be no kwubaka Ingoro z’Ubwami. Turashobora kwemera tudakeka ko “uwutanga cane azodoheshwa.” Vyongeye, iyo duhaye Yehova ibintu vy’agaciro, tuba tumuteye iteka.​—Imig. 3:9; 11:25.