UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Myandagaro 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 25 Nyakanga gushika ku wa 22 Gitugutu 2017.

Woba uzorindira wihanganye?

Abasavyi ba Yehova b’intahemuka ba kera baramubajije igihe bomaze bihanganira ingorane, ariko ntiyabakariye.

‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’

Vyoba birashika ukibaza igituma Imana yaretse ingorane zimwezimwe zikagushikira mu buzima? Nimba vyarashitse, ni igiki cogufasha kwihangana wizigiye Yehova uherejeko?

INKURU Y’UBUZIMA

Kwihanganira ibigeragezo bivamwo imihezagiro

Ni kubera iki abangarijwe muri Siberiya bagenda babaza inka kandi mu vy’ukuri bariko barondera intama? Inyishu tuyisanga muri iyi nkuru y’ubuzima ikora ku mutima ya Pavel Sivulsky n’umukenyezi wiwe Maria.

Ingene twambura burundu wa muntu wa kera

Kwambura wa muntu wa kera ni kimwe, ariko kuwambura burundu ni ikindi. None twobishikako gute naho twoba twariziziwe n’ingeso mbi?

Ingene twoguma twambaye wa muntu mushasha

Yehova adufashije, turashobora kumera uko yipfuza. Rimbura nk’akarorero, uburyo butari bumwe wogaragaza impuhwe, ubuntu, ukwicisha bugufi be n’ubwitonzi.

Urukundo​—Kamere y’agaciro

Ivyanditswe birerekana neza ko urukundo ruva ku mpwemu nyeranda ya Yehova. None urukundo ni iki? Worutsimbataza gute? Kandi worugaragaza gute mu buzima bwa misi yose?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Tuzogira irindi hwaniro ryari?”

Ni igiki catumye ihwaniro ritoya ryabereye ku murwa mukuru wa Megizike mu 1932 riba iridasanzwe?

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Injili ya Matayo n’iya Luka zigana mu buryo butandukanye ivyerekeye Yezu akiri muto?