Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki Injili ya Matayo n’iya Luka zigana mu buryo butandukanye ivyerekeye Yezu akiri muto?

Ukuntu Injili ya Matayo yigana ivyerekeye ivuka rya Yezu be n’ubuzima yagize akiri muto biratandukanye n’ukuntu Injili ya Luka ivyigana, kuko abo banditsi bavuze ivyabaye bafatiye ku bantu batandukanye.

Inkuru ya Matayo ishimika kuri Yozefu. Ivuga ingene Yozefu yabanje kuvyakira igihe yamenya ko Mariya yibungenze, ikavuga n’ingene umumarayika yamusiguriye mu ndoto ivyerekeye ico kintu, be n’ingene Yozefu yahavuye avyemera. (Mat. 1:19-25) Matayo aravuga kandi ingene umumarayika yabwiye Yozefu mu ndoto ngo ahungire mu Misiri, ingene yahungishije umuryango wiwe, ingene umumarayika yamubwiye mu ndoto ngo agaruke mu gihugu ca Isirayeli, ingene yagarutseyo, be n’ingingo yafashe yo kugerera i Nazareti n’umuryango wiwe. (Mat. 2:13, 14, 19-23) Mu bigabane bibiri vya mbere vy’Injili ya Matayo, Yozefu avugwamwo incuro indwi, Mariya na we incuro zine gusa.

Inkuru ya Luka yoyo ahanini ishimika kuri Mariya. Iravuga ingene umumarayika Gaburiyeli yagendeye Mariya, ingene Mariya yagiye kuramutsa incuti yiwe Elizabeti, n’ingene Mariya yashemagije Yehova. (Luka 1:26-56) Luka aravuga kandi ivyo Simeyoni yabwiye Mariya ku bijanye n’imibabaro yoshikiye Yezu. Mbere n’igihe Luka avuga ivyerekeye urugendo umuryango wa Yezu wagize ku rusengero igihe yari afise imyaka 12, Luka avuga amajambo yavuzwe na Mariya, ntavuga ivyo Yozefu yavuze. Luka avuga kandi ivyo bintu vyose vyahagaritse umutima Mariya. (Luka 2:19, 34, 35, 48, 51) Mu bigane bibiri vya mbere vy’Injili ya Luka, Mariya avugwamwo incuro 12, Yozefu na we zitatu gusa. Matayo rero, ahanini avuga ivyerekeye ivyiyumviro vya Yozefu be n’ivyo yakoze, Luka na we akibanda ku ruhara rwa Mariya be n’ivyamushikiye.

Inkuru z’abo banditsi ziratandukanye no mu bijanye n’amamuko ya Yezu. Matayo adondagura ba sekuruza ba Yozefu, akerekana n’uko Yezu yari afise uburenganzira bwemewe n’amategeko bwo kuba samuragwa w’ingoma ya Dawidi, kuko yari umwana w’umurerano wa Yozefu. Uti kuki? Kuko Yozefu yakomoka ku Mwami Dawidi, biciye kuri Salomo umuhungu wiwe. (Mat. 1:6, 16) Ariko Luka, biboneka ko adondagura ba sekuruza ba Mariya, akerekana n’uko Yezu yari afise uburenganzira mvukanwa bwo kuba samuragwa w’ingoma ya Dawidi, “hisunzwe umubiri.” (Rom. 1:3) Uti kuki? Kuko Mariya yakomoka ku Mwami Dawidi, biciye kuri Natani umuhungu wiwe. (Luka 3:31) Ni kubera iki none Luka atavuga ko Mariya ari mwene Heli? Ni kubera ko amamuko y’umuntu yavugwa bafatiye ku bantu b’igitsina gabo. Igihe rero Luka avuga ko Yozefu ari mwene Heli, bisobanura ko Yozefu yari umukwe wa Heli.​—Luka 3:23.

Urutonde rwa ba sekuruza ba Yezu ruri muri Matayo no muri Luka, rurerekana neza ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Nkako, amamuko ya Yezu yari azwi neza, ku buryo mbere n’Abafarizayo be n’Abasadukayo batashobora kuyahakana. Muri iki gihe, urwo rutonde dusanga muri Matayo no muri Luka, ni kimwe mu bigize umushinge w’ukwizera kwacu, kikaba n’ikimenyamenya c’uko ivyo Imana yasezeranye vyose bizoranguka ata kabuza.