Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8

Imana yoba yumviriza amasengesho yacu?

Imana yoba yumviriza amasengesho yacu?

Woba uribaza nimba Imana yumviriza amasengesho uyitura? Nimba umaze kuvyibaza, nturi wenyene. Abenshi barasenze Imana ku bijanye n’ingorane kanaka, mugabo ntihagira igihinduka. Ivyo none vyoba bisigura ko Imana itumviriza amasengesho yacu? Habe namba! Bibiliya iradukura amazinda ko Imana itwumviriza igihe tuyisenze mu buryo bubereye. Nimuze turabe ivyo Bibiliya ivuga.

IMANA IRUMVIRIZA.

“Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe.”​—Zaburi 65:2.

Hari abavuga ko basenga kubera ko bituma bumva batekanye, naho batemera ko hariho uwuba ariko arabumviriza vy’ukuri. Ariko rero, isengesho si ikintu gituma gusa utekana igihe uri mu ngorane. Bibiliya idukura amazinda ko ‘Yehova * ari hafi y’abamwambaza bose, hafi y’abamwambaza mu kuri bose, kandi ko yumva ugutabaza kwabo.’​—Zaburi 145:18, 19.

Turashobora rero kwemera tudakeka yuko Yehova Imana yumviriza amasengesho y’abasavyi biwe. Abigiranye urukundo avuga ati: “Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza.”​—Yeremiya 29:12.

IMANA YIPFUZA KO TUYISENGA.

“Mushishikare gusenga.”​—Abaroma 12:12.

Bibiliya ituremesha ‘kuguma dusenga’ hamwe no ‘gutakamba igihe cose.’ Ivyo rero vyerekana ko Yehova Imana yipfuza ko tumusenga.​—Matayo 26:41; Abanyefeso 6:18.

None ni kubera iki Imana yipfuza ko tuyisenga? Rimbura aka karorero: Ni umuvyeyi uwuhe atokwipfuza ko umwana wiwe amwitura ngo amufashe? Ego ni ko, umuvyeyi yoshobora kuba azi ivyo umwana wiwe akeneye be n’ukuntu amerewe. Ariko rero iyo umuvyeyi yumvise umwana wiwe amusavye ngo amufashe, aca abona ko amwizigira be n’uko amwiyumvamwo. Iyo rero natwe dusenze Yehova Imana, tuba tumweretse ko tumwizigira be n’uko twipfuza kumwiyegereza.​—Imigani 15:8; Yakobo 4:8.

IMANA IRAKUBABAYE VY’UKURI.

“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.

Imana yipfuza ko tuyisenga kubera ko idukunda kandi itubabaye. Irazi neza ibituraje ishinga kandi iripfuza kudufasha.

Mu buzima bwiwe bwose, Umwami Dawidi yarasenze Yehova Imana ngo amufashe, yongera aramubwira ibimuraje ishinga vyose. (Zaburi 23:1-6) None Imana yabona gute Dawidi? Yaramukunze yongera irumviriza amasengesho menshi yayituye. (Ivyakozwe 13:22) Na twebwe Imana irumviriza amasengesho yacu, kubera ko itubabaye.

“NDAKUNDA YEHOVA KUKO YUMVA IJWI RYANJE”

Ayo majambo yavuzwe n’umwe mu banditse amazaburi yo muri Bibiliya. Kubera ko yari azi neza ko Imana yumviriza amasengesho yiwe, vyaramuremesheje cane. Vyaratumye yiyegereza Imana, biramuronsa n’inkomezi zo kwihanganira amarushwa n’intuntu vyamushikira mu buzima.​—Zaburi 116:1-9.

Igihe twemera tudakeka ko Imana yumva amasengesho yacu, bituma tubandanya kuyitura. Rimbura akarorero ka Pedro, aba mu buraruko bwa Espanye. Yarabuze umuhungu wiwe w’imyaka 19, ahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Pedro yarituye Imana n’umubabaro mwinshi, akaguma ayisaba ngo imuhoze kandi ngo imushigikire. None vyahavuye bigenda gute? Avuga ati: “Yehova yarishuye amasengesho yanje, biciye ku bo dusangiye ukwizera batubereye uruhoza twe n’umukenyezi wanje, bakongera bakadushigikira.”

Akenshi inyishu y’amasengesho dutura, tuyironka biciye ku bagenzi baduhumuriza bakongera bakadushigikira

Naho amasengesho ataciye atuma umwana wa Pedro agaruka, yaramufashije we n’umuryango wiwe mu buryo budasanzwe. Umugore wiwe María Carmen avuga ati: “Amasengesho yaramfashije kwihanganira intuntu. Narabonye ko Yehova Imana yanyumviriza, kuko igihe naba mpejeje kumusenga, naca numva amahoro kandi ngatekana.”

Ibivugwa muri Bibiliya be n’ivyo abantu benshi bagiye baribonera, birerekana neza ko Imana yumviriza amasengesho. Ariko kandi, biboneka ko Imana itishura amasengesho yose. Kubera iki none Imana yishura amasengesho amwe ayandi na yo ntiyishure?

^ ing. 5 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Yesaya 12:2.