Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOTSINDA URWANKO

2 | Nturondere kwihora

2 | Nturondere kwihora

Bibiliya ivuga iti:

“Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, . . . kuko vyanditswe ngo: ‘“Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko,” ni ko Yehova avuga.’”​ABAROMA 12:17-19.

Ico bisobanura:

Naho ari ibisanzwe gushavura iyo hagize uwutubabaza, Imana ntiyemera ko twihora. Ahubwo, ituremesha kurindira kuko vuba igiye kuzotorera umuti akarenganyo kose.​—Zaburi 37:7, 10.

Ivyo wokora:

Iyo abantu b’abanyagasembwa bihoye, bica bituma haba urukwegane rw’inzankano. Igihe rero hagize uwukubabaza canke akakugirira nabi, ntumwihore. Nugerageze kwigumya maze uzigame amahoro. Mu bihe bimwebimwe, biraba vyiza uvyirengagije. (Imigani 19:11) Ariko ntiwumve, woshobora guhitamwo kuvuga ivy’iyo ngorane nimba ubona ko hari ico vyofasha. Nk’akarorero, igihe baguhohoteye woshobora kubimenyesha igipolisi canke abandi bategetsi.

Kwihora ni ukwigirira nabi

Bite ho nimba bisa n’ibidashoboka ko mutunganya iyo ngorane mu mahoro? Tuvuge iki hoho nimba warakoze uko ushoboye kwose kugira ngo mutunganye iyo ngorane mugabo bikanka? Ntuce urondere kwihora. Ivyo vyoshobora gutuma ibintu vyunyuka. Ahubwo riho, nuhagarike urwo rukwegane rw’inzankano. Niwige kwizigira uburyo Imana itorera umuti ingorane. ‘Nuyizigire, na yo izogira ico ikoze.’​—Zaburi 37:3-5.