Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOTSINDA URWANKO

3 | Nukure urwanko mu mutima wawe

3 | Nukure urwanko mu mutima wawe

Bibiliya ivuga iti:

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”​ABAROMA 12:2.

Ico bisobanura:

Imana iritaho ivyo twiyumvira. (Yeremiya 17:10) Turakwiye gukora n’ibindi, uretse gusa kwirinda kuvuga canke gukora ibintu bibabaza. Urwanko ruhera mu mutima. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kurandurana n’imizi akantu kose k’urwanko koba kari mu vyiyumviro vyacu. Aho ni ho gusa ‘twohinduka’ maze tukikuramwo urwanko.

Ivyo wokora:

Nusuzume utibesha ingene wiyumvira abandi be n’ingene ubabona, na canecane abo mudasangiye ubwoko canke igihugu. Niwibaze uti: ‘Ndababona gute? Ukuntu ndababona vyoba bishingiye ku vyo jewe ubwanje ndabaziko, canke bishingiye gusa ku mwikeko?’ Niwirinde imbuga hwaniro, amasinema canke ukwinezereza bikokeza urwanko n’ububisha.

Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha kwikuramwo urwanko mu mutima wacu

Ntivyama vyoroshe gusuzuma ivyiyumviro vyacu ata kwihenda. Ariko Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha “gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima” wacu. (Abaheburayo 4:12) Nugume rero usuzuma ivyo Bibiliya ivuga. Nugereranye ivyo Bibiliya yigisha be n’ivyo wiyumvira, uce ugerageza guhuza ivyiyumviro vyawe n’ivyo Bibiliya yigisha. Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha kwikuramwo urwanko ‘ruhamangiye’ mu mutima wacu.​—2 Abakorinto 10:4, 5.