Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi
Hamwe twofata ingingo twisunze gusa ico umutima utubwiye be n’ivyiyumviro vy’abandi, ntitwokwemeza tudakeka ko bizogenda neza. Bibiliya iradusigurira igituma ari ukwo bimeze. Ariko rero iratubwira n’ibindi. Irimwo ingingo ngenderwako zo kwizigirwa zidufasha gutandukanya iciza n’ikibi, ivyo bikaba ari ntahara kugira tubeho duhimbawe.
TURAKENEYE KUYOBORWA N’IMANA
Muri Bibiliya, Yehova a Imana aratubwira ko igihe yarema abantu yashaka ko babaho bamwisunga aho kwisunga ivyiyumviro vyabo bwite. (Yeremiya 10:23) Ni co gituma yaturonkeje ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya zidufasha gutandukanya iciza n’ikibi. Kubera ko akunda abantu, yipfuza kubakingira intuntu n’umubabaro biva ku gufata ingingo mbi. (Gusubira mu vyagezwe 5:29; 1 Yohani 4:8) N’ikiruta vyose, kubera ko ari Umuremyi wacu, arafise ubumenyi n’ubukerebutsi usanga dukeneye kugira ngo dushobore gutandukanya iciza n’ikibi. (Zaburi 100:3; 104:24) Naho ari ukwo, Imana ntiyigera ihatira abantu kwisunga ingingo ngenderwako zayo.
Itanguriro 1:28, 29; 2:8, 15) Yaranabahaye amabwirizwa atagoye bategerezwa gukurikiza. Ariko rero, yarabaretse barihitiramwo nimba boyakurikiza canke batoyakurikiza. (Itanguriro 2:9, 16, 17) Ikibabaje, Adamu na Eva bahisemwo kwisunga ivyiyumviro vyabo aho kwisunga amabwirizwa y’Imana. (Itanguriro 3:6) None vyavuyemwo iki? Abantu vyoba bibagendera neza igihe ari bo bishingiye iciza n’ikibi? Habe namba. Ivyagiye biraba muri kahise k’abantu, birerekana ko igihe abantu batisunze ingingo ngenderwako z’Imana batigera baronka amahoro arama n’agahimbare nyakuri.—Umusiguzi 8:9.
Yehova yararonkeje abavyeyi bacu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, ibintu vyose vyari gutuma bahimbarwa vy’ukuri. (Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zodufasha gufata ingingo nziza, aho twoba tuba hose kw’isi. (2 Timoteyo 3:16, 17; raba uruzitiro ruvuga ngo « Igitabu kigenewe abantu bose.») Reka turabe ingene Bibiliya ibidufashamwo.
Nurabe igituma bibereye ko Bibiliya yitwa «ijambo ry’Imana.» —1 Abatesalonika 2:13. Raba ividewo dusanga kuri jw.org ivuga ngo Bibiliya ikomoka kuri nde?
BIBILIYA IREREKANA INGENE IMANA ITUYOBORA
Bibiliya iratubwira ibijanye n’imigenderanire Imana yagiye iragirana n’abantu. Ivyo ivuga biradufasha gutahura ivyo Imana ibona ko ari vyiza n’ivyo ibona ko ari bibi, ibishobora kutugirira neza n’ibishobora kutugirira nabi. (Zaburi 19:7, 11) Irimwo ingingo ngenderwako zidata igihe zidufasha gufata ingingo nziza mu buzima bwa misi yose.
Nk’akarorero, raba iyi impanuro dusanga mu Migani 13:20, igira iti: «Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge, ariko uwifatanya n’ibijuju azokwibonerako.» Iyo mpanuro iracari ngirakamaro no muri iki gihe. Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro nyinshi nk’izo.—Raba uruzitiro ruvuga ngo « Impanuro zo muri Bibiliya ntizita igihe.»
Ariko rero woshobora kwibaza uti: «Nokwemezwa n’iki ko impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro no muri iki gihe?» Ikiganiro gikurikira kiraza kutwereka uburorero bumwebumwe bw’abo yafashije.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.