Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwama twisunga umutima wacu, vyoba ata co bitwaye?

Ivyo benshi bisunga mu guhitamwo iciza n’ikibi

Ivyo benshi bisunga mu guhitamwo iciza n’ikibi

Abantu nka bose baremera badakeka ko ibintu kanaka ari vyiza ibindi na vyo ko ari bibi. Nk’akarorero, abenshi bariyamiriza ubwicanyi, ugufata ku nguvu be no gukorera abana amabi ajanye n’ivy’igitsina. Ku rundi ruhande, barashimagiza umuntu atarenganya, agaragaza impuhwe be n’umutima mwiza. Ariko rero mu yindi mice, nk’uwujanye no guhuza ibitsina, kuba umwizigirwa canke kurera abana, abantu benshi babona ko ata ngingo nziza canke mbi ibaho. Babona ko ico umuntu yohitamwo cose ata ngorane. Akenshi abantu bafata ingingo bisunze ico umutima ubabwiye, canke bisunze ivyiyumviro vy’abandi. None kubigenza gutyo vyoba ata co bitwaye?

TWOBA DUKWIYE KWISUNGA UMUTIMA WACU?

Mu buzima, akenshi turakunda gufata ingingo twisunze uko tubona ibintu, ni ukuvuga twisunze ico umutima utubwiye. (Abaroma 2:​14, 15) Mbere n’abana bakiri bato baramenya ko inyifato kanaka ari nziza canke mbi, kandi iyo bigenjeje nabi baramaramazwa n’ivyo baba bakoze. Uko dukura, turarushiriza kumenya iciza n’ikibi biciye ku vyo twigira mu muryango, ku runganwe rwacu, kw’ishure, mu kibano, mw’idini, no ku mico kama. Igihe rero tuba tugomba gufata ingingo, umutima wacu uratubwira nimba ari nziza canke mbi, wisunze ivyo tuba tuzi.

Gutandukanya iciza n’ikibi biratuma tugaragariza abandi impuhwe n’imbabazi, tukabashimira kandi ntitubarenganye. Biratuma kandi twirinda gukora ibintu vyobabaza abo dukunda canke vyotumaramaza, bikatwambika ibara, tukabura iyo dukwirwa.

Twoba dukwiye kwama twisunga umutima wacu? Umusore umwe yitwa Garrick avuga ko mu buzima yakora ico umutima umubwiye. Ariko yahavuye asanga gukora ivyo yabona ko ari vyiza, akenshi vyavamwo ingaruka mbi. Yahavuye yisanga «mu buzima bubabaje kubera yisutse mu busambanyi, kunywa ibiyayuramutwe, akaborerwe, n’ubugizi bwa nabi bw’ubwoko bwinshi.»

TWOBA DUKWIYE KWISUNGA IVYIYUMVIRO VY’ABANDI?

Igihe dufata ingingo, akenshi usanga tutisunga gusa ico umutima utubwiye, ariko kandi twisunga n’ivyiyumviro vy’abandi. Ivyo biratuma twungukira ku vyo bazi. Igihe abo mu muryango, abagenzi be n’abo mu kibano babonye dukoze ivyo babona ko ari vyiza, biratuma batwubaha.

Twoba dukwiye kwama twisunga ivyiyumviro vy’abandi? Umwigeme umwe yitwa Priscila yarakurikiye agakuku k’abagenzi biwe, maze akora ubusambanyi n’ibigirankana imbere y’uko yubaka urwiwe. Ariko yahavuye asanga gukora ivyo abandi biyumvira ko ari vyiza bitatumye ahimbarwa. Yavuze ati: «Gukora ivyo nabona abandi bose bariko barakora, nta co vyamariye. Vyatumye nkora ibintu vy’ubupfu vyashize ubuzima bwanje mu kaga.»

HOBA HARIHO IKINTU CO KWIZIGIRWA TWOKWISUNGA?

Igihe tugomba gufata ingingo turisunga umutima wacu be n’ivyiyumviro vy’abandi, kandi ivyo biradufasha cane. Ariko kwisunga ivyo bintu vyonyene ntivyama bivamwo ivyiza. Kutabona kure birashobora gutuma dufata ingingo zitugirira nabi, zikagirira nabi n’abandi. (Imigani 14:12) Vyongeye, mbere n’ivyo twe n’abandi twiyumvira ko ari vyiza, vyoshobora kudukwegera ingorane canke na ho mu nyuma bigahinduka. Nakare, inyifato zimwezimwe zahoze zibonwa ko ari mbi usanga ubu zemerwa na benshi, izahoze zibonwa ko ari nziza na zo zikabonwa nk’aho zitakibereye.

Kwama dukurikira abandi, vyoba ata co bitwaye?

None hoba hariho ikintu co kwizigirwa twokwisunga codufasha guhitamwo iciza n’ikibi? Hoba hariho ingingo ngenderwako twokwisunga muri iki gihe zizotuma tuticuza mbere no muri kazoza?

Duhiriwe duhishije, hariho ahantu dusanga ingingo ngenderwako zo kwizigirwa kandi zidahinduka, zifasha abantu bo mu mihingo yose yo kw’isi. Ikiganiro gikurikira kiraza kudufasha kubona aho hantu dushobora gusanga impanuro zo kwizigirwa zodufasha gutandukanya iciza n’ikibi.