Ni wewe wihitiramwo
Ingingo ngenderwako duhitamwo kwisunga ziratugirako ingaruka nziza canke mbi. Yehova Imana ivyo arabizi. Ni co gituma yipfuza ko tubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe.
Yehova yipfuza ko tugira amahoro n’agahimbare.
Avuga ati: «Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikugirira akamaro, akakuyobora mu nzira ukwiye gucamwo. Ese iyaba wokwumviriza amabwirizwa yanje! Amahoro yawe yoca amera nk’uruzi, n’ubugororotsi bwawe bukamera nk’imipfunda y’ikiyaga.»—Yesaya 48:17, 18.
Kubera ko Imana ari yo yaturemye, irazi ivyotuma tubaho neza. Idusaba gukurikiza impanuro zayo kuko zitugirira akamaro. Nitwakurikiza amabwirizwa y’Imana, nta kindi bizovamwo atari ivyiza gusa. Tuzokwama dufata ingingo nziza, zituma tugira amahoro n’umunezero.
Yehova ntadusaba gukora ivyo tudashoboye.
Avuga ati: «Aya mabwirizwa ndabahaye uno musi, si amananiza kuri mwebwe kandi ntari kure yanyu.»—Gusubira mu vyagezwe 30:11.
Yehova asezerana gufasha abisunga ingingo ngenderwako ziwe.
Avuga ati: «Jewe Yehova Imana yawe ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: “Ntutinye. Nzogufasha.”»—Yesaya 41:13.
Turashobora kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana, kuko idusezeranira kudufasha. Irashobora kudufasha biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya, iyituremesha ikongera ikaduha icizigiro.
Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi, basanze kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bibagirira akamaro mu buzima. Ubona gute nawe urondeye kumenya izo mpanuro nziza Bibiliya itanga? Ivyo wobitangura mu gusuzuma agatabu gashingiye kuri Bibiliya kitwa Kwiberaho ibihe bidahera. Urashobora kukaronka kuri jw.org ata co urishe. Ako gatabu karimwo ivyigwa bikurikira:
-
Bibiliya ishobora gute kugufasha mu buzima bwawe?
-
Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
-
Woba wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga?
Niwasuzuma Ijambo ry’Imana Bibiliya, uzokwibonera ko ritataye igihe. ‘Ryama ari iryo kwizigirwa gushika ibihe bidahera.’ (Zaburi 111:8) Emwe, kubaho twisunga impanuro dusanga muri Bibiliya biratugirira akamaro mu buzima! Ariko ntiwumve, Imana ntiduhatira gukurikiza izo mpanuro. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20; Yosuwa 24:15) Umuntu ni we yihitiramwo.