Umuremyi wacu adukunda aratwitwararika
1. UMUREMYI WACU ARATURONSA IZUBA
Niwibaze ingene ubuzima bwomera kw’isi hamwe ata zuba ryoba ryaka. Izuba riratuma ibiti binaga amababi, bigashurika, bikama ivyamwa, bikagira intete n’imbuto. Riratuma kandi ibiti bikwega amazi mu kuzimu bikoresheje imizi, bikayaduza mu mababi, mu nyuma bikayarungika mu kirere ari umwuka.
2. UMUREMYI WACU ARATURONSA IMVURA
Imvura ni ingabire y’agaciro iva ku Mana, ituma isi ituronsa ibifungurwa. Imana iraduha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikaturonsa ibifungurwa ikongera igatuma imitima yacu inezerwa.
3. UMUREMYI WACU ARATURONSA IBIFUNGURWA N’IVYAMBARWA
Ba serugo benshi bararazwa ishinga no kuronsa imiryango yabo ibifungurwa n’impuzu ikenera. Raba ico Ivyanditswe bivuga: “Ihweze neza inyoni zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira. None mwebwe ntimuzirusha agaciro?”—Matayo 6:25, 26.
“Nimukure icigwa ku mashurwe y’amalisi yo mw’itongo, murabe ingene akura . . . ; mugabo ndababwiye yuko [n’Umwami] Salomo mu buninahazwa bwiwe bwose atari ashajije nka rimwe muri ayo. Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo . . . , mbega ntizorushiriza kubambika?”—Matayo 6:28-30.
Kubera ko Imana ishobora kuturonsa ibifungurwa be n’ivyambarwa, nta gukeka ko ishobora kudufasha kuronka n’ibindi dukenera mu buzima. Dushize imbere ivyo Imana ishaka, irashobora guhezagira utwigoro tugira two kurima ivyo dufungura canke ikadufasha kuronka akazi kotuma turonka ivyo dukeneye.—Matayo 6:32, 33.
Mu vy’ukuri, turafise imvo zumvikana zo gukunda Imana turavye izuba, imvura, inyoni be n’amashurwe. Ikiganiro gikurikira kirerekana ingene Umuremyi wacu yavuganye n’abantu.