Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urashobora kwihitiramwo kazoza kawe

Urashobora kwihitiramwo kazoza kawe

Haraciye imyaka nka 3.500 Yehova Imana abwiye abamusenga ivyo bategerezwa gukora kugira bagire kazoza keza. Yababwiye ati: “Nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho, wewe n’uruvyaro rwawe.”​—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

Kugira abo bantu bagire kazoza keza, bategerezwa guhitamwo neza. No muri iki gihe ni ukwo nyene bimeze. Bibiliya irerekana ingene twohitamwo kazoza keza. Igira iti: “Mu gukunda Yehova Imana yawe, mu kwumviriza ijwi ryiwe.”​—Gusubira mu vyagezwe 30:20.

WOKUNDA GUTE YEHOVA UKONGERA UKUMVIRIZA IJWI RYIWE?

NIWIGE BIBILIYA: Kugira ukunde Yehova, urakeneye kubanza kumumenya biciye ku kwiga Bibiliya. Niwabigenza gutyo, uzomenya ko ari Imana igukunda kandi ikwipfuriza ineza. Agusaba ngo umusenge ‘kuko akubabara.’ (1 Petero 5:7) Bibiliya isezerana ko niwagira akigoro kugira umwiyegereze, ‘na we azokwiyegereza.’​—Yakobo 4:8.

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIGA: Kwumviriza Imana bisobanura gukurikiza impanuro nziza dusanga muri Bibiliya. Ubigenjeje gutyo, ‘uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ukorane ubukerebutsi.’​—Yosuwa 1:8.

^ ing. 7 Ubu ivyigwa vya Bibiliya vyo kuri internet biraboneka mu ndimi indwi, harimwo igishinwa c’ikimandarini n’igishinwa c’igikantone.