UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nyakanga 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 23 Gitugutu gushika ku wa 26 Munyonyo 2017.

Nube umuntu yigumya

Uburorero bw’abavugwa muri Bibiliya bwodufasha gute kuba abantu bigumya? Kubera iki abakirisu bakwiye gutsimbataza iyo kamere?

Niwigane impuhwe za Yehova

Igihe kimwe, Imana yarihishuriye Musa, imubwira izina ryayo na kamere zayo. Kamere yahereyeko ni impuhwe. None impuhwe ni iki, kandi ni kubera iki ukwiye kwitaho ibijanye n’iyo kamere?

INKURU Y’UBUZIMA

Naratewe agateka ko gukorana n’abagabo bakomeye mu kwizera

David Sinclair aribuka umunezero yaronse mu gukorana n’abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa mu myaka 61 yamaze muri Beteli y’i Brooklyn.

‘Ijambo ry’Imana yacu rizogumaho’

Haheze ibinjana n’ibindi Bibiliya ari co gitabu ca mbere kigurwa cane kw’isi, naho hagiye haraba amahinduka ajanye n’ururimi be n’ayajanye na politike, kandi ikarwanywa ngo ntishirwe mu zindi ndimi.

‘Ijambo ry’Imana rirafise ububasha’

Hari abantu benshi bagize amahinduka akomeye bivuye ku kwiga Ijambo ry’Imana. None dukwiye gukora iki kugira ngo Ijambo ry’Imana ridufashe?

“Gira umutima rugabo . . . ukore”

Kubera iki dukeneye kugira umutima rugabo, kandi ni igiki cobidufashamwo?