Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Naratewe agateka ko gukorana n’abagabo bakomeye mu kwizera

Naratewe agateka ko gukorana n’abagabo bakomeye mu kwizera

NKO mu 1935, dawe James Sinclair na mawe Jessie, barimukiye mu karere kitwa Bronx mu gisagara ca New York. Umwe mu bagenzi batanguye kuronka yari Willie Sneddon, baturuka hamwe muri Ekose. Bagihura, baciye batangura kuyaga ivyerekeye imiryango yabo. Ico gihe, hari hasigaye imyaka mikeya ngo mvuke.

Mawe yarabwiye Willie yuko gato imbere y’uko Intambara ya mbere y’isi yose itangura, musazawe na se wiwe basomye nturi igihe ubwato bwabo bwo kuroba bwaca kuri mine yari iteze mu Kiyaga co mu Buraruko. Willie yaciye amubwira ati: “So wawe ari mu muriro!” * Willie yari Icabona ca Yehova. Mawe acumva ayo majambo, yarababaye cane.

Willie Sneddon n’umugore wiwe Liz

Icatumye mawe ababara ni uko yari azi ko se wiwe yari umuntu ameze neza. Mugabo Willie yaciye amubaza ati: “Wobabara none ndakubwiye ko na Yezu yagiye muri ico kibanza nyene?” Mawe yaciye yibuka inyigisho y’idini yarimwo yavuga ko Yezu yamanutse mu mva maze ku musi ugira gatatu akazuka. Ico kibanza Yezu yagiyemwo ni co Bibiliya zimwezimwe zise ngo ni mu “muriro.” Mawe yaciye yibaza ati: ‘Iyaba umuriro udahera ari ikibanza ababisha babarizwamwo, ubwo Yezu yari kujayo?’ Ivyo vyatumye atangura kugira inyota yo kumenya ukuri. Yaratanguye kwitaba amakoraniro mw’ishengero ry’i Bronx, mu nyuma arabatizwa mu 1940.

Ndi kumwe na mawe, mu nyuma na ho na dawe

Ico gihe, abavyeyi ntibahimirizwa cane kwigisha abana babo Bibiliya. Nkiri umwana mutoya, mu mpera z’indwi nasigarana na dawe mu gihe mawe yaba yagiye mu makoraniro no mu ndimiro. Haciye imyaka mikeya, jewe na dawe twaratanguye kujana na mawe mu makoraniro. Mawe yaramamaza inkuru nziza abigiranye umwete mwinshi, kandi yari afise abantu benshi yigisha Bibiliya. Nkako, hari n’igihe yabigishiriza mu mugwi kuko baba hafi na hafi. Mu buruhuko, narajana na mawe mu ndimiro. Ivyo vyatumye menya vyinshi ku bijanye na Bibiliya be n’ingene nokwigisha abandi.

Ntabeshe, nkiri muto sinaha agaciro cane ukuri. Nagufata minenegwe. Ariko igihe nari mfise nk’imyaka 12, narabaye umwamamaji kandi kuva ico gihe sinigeze nsiba mu ndimiro. Mfise imyaka 16, nariyeguriye Yehova maze ndabatizwa ku wa 24 Mukakaro 1954, kw’ihwaniro ryabereye i Toronto muri Kanada.

NKORERA KURI BETELI

Abavukanyi bamwebamwe bo mw’ishengero iwacu bari Abanyabeteli abandi na bo bahoze ari Abanyabeteli. Barangizeko akosho keza. Narakorwa ku mutima n’ingene basigura ukuri kwo muri Bibiliya. Naho abanyigisha kw’ishure bipfuza ko noja muri kaminuza, jewe nari mfise umugambi wo kuja kuri Beteli. Naciye rero ntora urukaratasi rwo gusaba gukorera kuri Beteli kuri rya hwaniro ryabera i Toronto. Narasubiye kurusaba mu 1955 kw’ihwaniro ryabereye ku kibuga ca Yankee Stadium, mu gisagara ca New York. Igihe nari mfise imyaka 17, naratumiwe gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn ku wa 19 Nyakanga 1955. Ku musi ugira kabiri ndi kuri Beteli, naciye ntangura gukorera aho bateraniriza ibitabu. Bidatevye, nakoreye ku mashini yegeranya impapuro. Yaza iregeranya impapuro 32, iyindi mashini igaca izifatanya.

Ntangura igikorwa muri Beteli y’i Brooklyn, ku myaka 17

Haciye nk’ukwezi nkora ivy’uguteranya ibitabu, nararungitswe gukorera mu Rwego rujejwe ibinyamakuru kuko nari nzi kwandika n’imashini. Ico gihe, abavukanyi na bashiki bacu bakorerayo, bandika aderese (ku twuma dutoduto) z’abantu bashasha baba basavye kuza bararungikirwa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Haciye amezi makeyi, naciye nkorera mu Rwego rujejwe kurungika ibitabu. Umuhagarikizi w’urwo Rwego ari we Klaus Jensen, yarambajije nimba noshima guherekeza umushoferi w’ikamyo yatwara amakarato y’ibitabu ku bivuko kugira ngo birungikwe hirya no hino kw’isi. Hari n’ibinyamakuru vyatekerwa mu mipfuko bikajanwa ku biro vya posita, na yo ikabirungikira amashengero atandukanye yo muri Amerika. Umuvukanyi Jensen yavuze ko yiyumvira yuko ibikorwa vy’inguvu vyomfasha. Ico gihe napima ibilo nka 57, kandi nari mutomuto cane. Izo ngendo zaratumye mba umuntu w’inguvu. Emwe, novuga ko umuvukanyi Jensen yari azi icongirira akamaro.

Urwego rujejwe ibinyamakuru rwaritwararika no gutanga ibinyamakuru amashengero yaba yasavye. Ivyo vyatumye menya ibijanye n’indimi zakoreshwa mu binyamakuru vyacu vyacapurirwa i Brooklyn maze bikarungikwa hirya no hino kw’isi. Naho bwari bwo bwa mbere numva indimi nyinshi muri izo, narahimbawe no kumenya ko ibinyamakuru ibihumbi n’ibihumbi vyarungikwa mu turere twa kure cane tw’isi. Ico gihe, sinari nzi ko mu myaka yokurikiye nohavuye nterwa agateka ko kugendera ibihugu bitari bike bivugwamwo izo ndimi.

Ndi kumwe na Robert Wallen, Charles Molohan, na Don Adams

Mu 1961, naciye ngenwa gukorera mu biro vy’umunyabigega vyari bihagarikiwe na Grant Suiter. Haciye imyaka mikeya nkorerayo, umuvukanyi Nathan Knorr yarampamagaye mu biro, ico gihe akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose. Yambwiye ko umwe mu bavukanyi bakora mu biro vyiwe yagira yitabe Ishure ry’Ubusuku bw’Ubwami ryari kumara ukwezi, kandi ko yociye akorera mu Rwego rujejwe umurimo. Naciye ndamusubirira maze nkorana n’umuvukanyi Don Adams. Uwo Don ni we nyene nashikirije urukaratasi nasabiyeko umurimo wo kuri Beteli kuri rya hwaniro ryaba mu 1955. Muri urwo rwego hari hasanzwe hakorerayo abandi bavukanyi babiri, ari bo Robert Wallen na Charles Molohan. Twese uko turi bane, twamaze imyaka irenga 50 dukorana. Ese ukuntu kabaye akanyamuneza gukorana n’abagabo nk’abo b’abizigirwa kandi bakomeye mu kwizera!​—Zab. 133:1

Urugendo rwa mbere rwa zone nagize muri Venezuwela mu 1970

Kuva mu 1970, buri mwaka canke buri myaka ibiri naraterwa agateka ko kumara indwi nka zingahe ngendera ibiro vy’amashami ndi umucungezi wa zone. Nagendera imiryango ya Beteli hamwe n’abamisiyonari hirya no hino kw’isi, nkabaremesha nkongera ngasuzuma inzandiko z’amashami. Narahimbarwa no kubonana n’abasohotse Ishure rya Gileyadi kera bari bagikorera mu vyibare vyabo badahemuka. Emwe, kabaye agateka n’umunezero udasanzwe kugendera ibihugu birenga 90!

Kabaye akanyamuneza ntangere kugendera abavukanyi mubihugu birenga 90!

NDONKA UMUGENZI ADAHEMUKA

Abanyabeteli bose b’i Brooklyn bari bashizwe mu mashengero yo mu gisagara ca New York. Jewe nari mw’ishengero rya Bronx. Ishengero ryatanguye muri ako karere ryari ryarateye imbere hanyuma rivyara irindi. Iryavyaye ryahavuye ryitwa Bronx ya ruguru, rikaba ari ryo narimwo.

Nko mu 1965, hari umuryango w’Ivyabona w’Abanyaletoniya wavuye mw’ishengero rya Bronx y’epfo, wimukira mw’ishengero iwacu. Umukobwa wabo w’imfura yitwa Livija, ahejeje amashure yisumbuye yarabaye umutsimvyi asanzwe. Haciye amezi makeya, yarimukuye i Massachusetts gukorera aho abamamaji b’Ubwami bari bakenewe kuruta. Naratanguye kuza ndamwandikira ndamubwira amakuru y’ishengero ryacu, na we akambwira ingene yariko araroranirwa mu karere yakoreramwo ka Boston.

Twe na Livija

Haciye imyaka mikeya, Livija yarabaye umutsimvyi adasanzwe. Kubera ko yipfuza gukora vyinshi mu gikorwa ca Yehova, yarasavye gukorera kuri Beteli maze aremererwa mu 1971. Emwe, wamengo Yehova arandiye akara! Ku wa 27 Gitugutu 1973, twarubakanye kandi umuvukanyi Knorr ni we yatanze insiguro y’ubugeni bwacu. Mu Migani 18:22, hagira hati: “Hari uwaronse umugore mwiza? Yaronse ikintu ciza, kandi aronka ubutoni bwa Yehova.” Twe na Livija tumaze imyaka irenga 40 dukorera muri Beteli, kandi turacari mw’ishengero rimwe ryo mu karere ka Bronx.

NKORANA N’ABAVUKANYI BA KRISTU

Gukorana n’umuvukanyi Knorr kabaye agateka kadasanzwe. Yarakora atiziganya kandi yaraha agaciro cane abamisiyonari bo hirya no hino kw’isi. Abenshi muri bo ni bo batanguje igikorwa mu bihugu barungitswemwo. Mu 1976, twarababaye cane tumenye ko umuvukanyi Knorr arwaye kanseri. Igihe kimwe ari ku musego, yaransavye ngo ndamusomere igisomwa kimwe cagira gicapurwe. Yaransavye ngo mpamagare Frederick Franz kugira ngo na we nyene aze kwumviriza. Nahavuye menya ko Knorr yahora amara umwanya munini asomera Franz ibisomwa nk’ivyo, kuko atari akibona neza.

Urugendo rwa zone twagiranye na Daniel Sydlik n’umugore wiwe Marina mu 1977

Umuvukanyi Knorr yapfuye mu 1977. Ariko abari bamuzi kandi bamukunda barahumurijwe no kubona yari arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ari umwizigirwa. (Ivyah. 2:10) Umuvukanyi Franz ni we yaciye ahagarikira igikorwa.

Ico gihe nari umunyamabanga wa Milton Henschel, uwari amaze imyaka mirongo akorana n’umuvukanyi Knorr. Umuvukanyi Henschel yaciye ambwira ko kuva ico gihe, ibanga nyamukuru nari njejwe muri Beteli kwari ugufasha umuvukanyi Franz mu bikenewe vyose. Nama ndamusomera ibisomwa imbere y’uko bicapurwa. Umuvukanyi Franz yari afise ubushobozi budasanzwe bwo kwibuka no kwitunira ku vyo naba ndiko ndamusomera. Narahimbawe no kumufasha, gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi muri Kigarama 1992.

Inyubakwa za 124 Columbia Heights, aho nakoreye imyaka myinshi

Imyaka 61 maze muri Beteli yanyarutse buravyo. Abavyeyi banje bompi bapfuye ari abizigirwa kuri Yehova, nkaba rero nshashaye kuzobakira nibazukira mw’isi nziza kuruta. (Yoh. 5:28, 29) Iyi si ishaje nta kintu na kimwe itanga nogereranya n’agateka keza igitangaza ko gukorana n’abagabo n’abagore b’abizigirwa, mu gufasha abasavyi b’Imana bo hirya no hino kw’isi. Jewe n’umukenyezi wanje Livija turemeza neza ko mu myaka tumaze mu murimo w’igihe cose, ‘akanyamuneza ka Yehova kabaye igihome cacu gikomeye.’​—Neh. 8:10.

Kubera ko ishirahamwe rya Yehova ridashingiye ku muntu n’umwe, igikorwa co kwamamaza Ubwami kiguma kibandanya. Kumara imyaka nkorana n’abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa kabaye agateka n’akanyamuneza ntangere. Abenshi mu bavukanyi barobanuwe twakoranye ntibakiri ng’aha kw’isi. Naho ari ukwo, ndakenguruka cane kubona narakoranye n’abantu nk’abo b’intahemuka mu gikorwa ca Yehova.

^ ing. 5 Bibiliya zo mu ndimi zimwezimwe zikoresha ijambo “umuriro” ahantu dusanga ijambo Sheoli mu giheburayo canke Hadesi mu kigiriki. Ariko ayo majambo asobanura gusa ngo imva.