Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Gira umutima rugabo . . . ukore”

“Gira umutima rugabo . . . ukore”

Gira umutima rugabo kandi ukomere, ukore. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba, kuko Yehova . . . ari kumwe nawe.”​1 NGO. 28:20.

INDIRIMBO: 38, 34

1, 2. (a) Salomo yashinzwe igikorwa gihambaye ikihe? (b) Ni amakenga ayahe Dawidi yari afise ku bijanye na Salomo?

SALOMO yarashinzwe guhagarikira igikorwa co kwubaka imwe mu nyubakwa z’akataraboneka mu zigeze kubaho zose, na yo akaba ari rwa rusengero rw’i Yeruzalemu. Iyo nyubakwa yobaye “iy’agatangaza bimwe bihebuje, kugira ngo ibe ntangere mu bwiza ku bihugu vyose.” N’ikiruta vyose, urwo rusengero rwobaye “inzu ya Yehova Imana y’ukuri.” Yehova rero yagenye Salomo ngo abe ari we ahagarikira ico gikorwa.​—1 Ngo. 22:1, 5, 9-11.

2 Umwami Dawidi yari azi ko Imana yoshigikiye ico gikorwa, mugabo Salomo yari akiri ‘muto kandi nta nkomezi yari bwagire.’ None yoba yari kugira umutima rugabo, akubaka urwo rusengero? Kubona yari akiri muto kandi atari bwamenye utuntu n’utundi, vyoba vyari kumubera intambamyi? Kugira ngo Salomo ashobore ico gikorwa, vyomusavye kugira umutima rugabo, agakora.

3. Salomo yigiye gute kuri se wiwe ibijanye no kugaragaza umutima rugabo?

3 Salomo ashobora kuba yigiye kuri se wiwe ibijanye no kugaragaza umutima rugabo. Dawidi akiri muto, yararwanije ibikoko vyaza kwiba intama za se. (1 Sam. 17:34, 35) Yaragaragaje umutima rugabo udasanzwe igihe yahangana na ca kigatanya Goliyati. Emwe, yakigize ingatu akoresheje ibuye rimwe gusa, kuko Imana yari imushigikiye.​—1 Sam. 17:45, 49, 50.

4. Kubera iki Salomo yari akeneye umutima rugabo?

4 Birabereye rero kubona Dawidi ari we yahavuye ahimiriza Salomo kugira umutima rugabo, akubaka urusengero (Soma 1 Ngoma 28:20.) Iyo Salomo atagira umutima rugabo, yari gutekerwa n’ubwoba ntatangure ico gikorwa. Ivyo vyari kuba bibi kuruta gutanguza ico gikorwa kigatuma kimunanira yagerageje.

5. Kubera iki dukeneye umutima rugabo?

5 Nk’ukwo kwa Salomo, turakeneye ko Yehova adufasha kugira umutima rugabo, tugasozera igikorwa yadushinze. Nimuze turimbure uburorero bw’abagaragaje umutima rugabo muri kahise. Biraza kudufasha kubona ingene twogira umutima rugabo, tugakora igikorwa twashinzwe.

UBURORERO BW’ABAGARAGAJE UMUTIMA RUGABO

6. Ni igiki gitangaje ku bijanye n’umutima rugabo Yozefu yagaragaje?

6 Rimbura ingene Yozefu yagaragaje umutima rugabo igihe umugore wa Potifari yamuryosharyosha ngo baryamane. Yozefu ategerezwa kuba yari azi yuko aramutse avyanse vyari kumukwegera ingorane zikomeye. Naho ari ukwo, yaravyanse abigiranye umutima rugabo.​—Ita. 39:10, 12.

7. Rahabu yagaragaje umutima rugabo gute? (Raba ishusho itangura.)

7 Akandi karorero ni aka Rahabu. Igihe abatasi b’Abisirayeli baja iwe i Yeriko, yari gushobora gutekerwa n’ubwoba, akanka kubakira. Mugabo yarizigiye Yehova, aranyegeza abo bagabo babiri yongera arabafasha guhunga. (Yos. 2:4, 5, 9, 12-16) Rahabu yaremeye ko Yehova ari Imana y’ukuri, be n’uko yohaye Abisirayeli ico gihugu. Ntiyatinye abantu, habe n’umwami w’i Yeriko be n’ingabo ziwe. Ahubwo yaragaragaje umutima rugabo wahavuye utuma arokoka be n’umuryango wiwe.​—Yos. 6:22, 23.

8. Umutima rugabo Yezu yagaragaje wafashije gute intumwa?

8 Intumwa za Yezu na zo nyene zarerekanye akarorero keza ko kugira umutima rugabo. Zari zariboneye ingene Yezu yagaragaje umutima rugabo. (Mat. 8:28-32; Yoh. 2:13-17; 18:3-5) Ivyo vyatumye na zo nyene zigira umutima rugabo. Igihe Abasadukayo bazirwanya, ntizaretse kwigisha mw’izina rya Yezu.​—Ivyak. 5:17, 18, 27-29.

9. Muri 2 Timoteyo 1:7 hadufasha gute gutahura aho dukura umutima rugabo?

9 Yozefu, Rahabu, Yezu be n’intumwa, baragagaje umutima rugabo udasanzwe watumye barangura ibikorwa vyiza. Si ukuvuga ko biyizigira birenze. Ahubwo riho, biheka kuri Yehova. Na twebwe turashikirwa n’ibintu bisaba kugira umutima rugabo. Aho kwiyizigira, turakwiye kwiheka kuri Yehova. (Soma 2 Timoteyo 1:7.) Nimuze twihweze imice ibiri dukeneramwo kugira umutima rugabo: mu muryango no mw’ishengero.

IBINTU BISABA UMUTIMA RUGABO

10. Kubera iki abakirisu bakiri bato bakeneye kugira umutima rugabo?

10 Abakirisu bakiri bato baraca mu bintu vyinshi bisaba ko bagira umutima rugabo ngo bakorere Yehova. Barashobora kugira ico bigiye kuri Salomo, we yagize umutima rugabo mu gufata ingingo zikenewe kugira asozere rwa rusengero. Naho abavyeyi bakwiye guha ubuyobozi abana babo, hariho ingingo zihambaye abakiri bato ubwabo bategerezwa kwifatira. (Imig. 27:11) Gufata ingingo nziza mu bijanye n’abagenzi, kwisamaza kubereye, inyifato runtu, be n’ukubatizwa, ivyo vyose bisaba umutima rugabo. Ivyo ni ko biri kubera yuko abo bakiri bato baba bariko bakora ibinyuranye n’ivyo Shetani agomba, umwe yama acokora Imana.

11, 12. (a) Musa yagaragaje gute umutima rugabo? (b) Abakiri bato bomwigana gute?

11 Ingingo imwe ihambaye abakiri bato bategerezwa gufata ijanye n’imigambi bishingira. Mu bihugu bimwebimwe, abakiri bato barabahatira kwiga amashure ahanitse no kurondera akazi k’amahera menshi. Mu bindi bihugu na ho, ivy’ubutunzi vyoshobora gutuma abakiri bato bumva ko bakwiye kwihatira kurondera ibitunga imiryango yabo. Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, rimbura akarorero ka Musa. Kubera ko Musa yari arezwe n’umukobwa wa Farawo, yari gushobora kwishingira imigambi yo kuba rurangiranwa canke kwironderera ubutunzi. Ibaze nawe ingene uwo muryango wamureze, abigisha be n’abahanuzi bo ku kirimba bategerezwa kuba baramuremereye ngo yishingire iyo migambi! Musa ntiyabakundiye. Ahubwo nyabuna, abigiranye umutima rugabo yarashigikiye ugusenga kw’ukuri. Amaze guheba ubutunzi bwa Misiri, yarizigiye Yehova. (Heb. 11:24-26) Ivyo vyatumye Yehova ahezagira Musa, kandi nta gukeka ko azokwironkera iyindi mihezagiro muri kazoza.

12 Muri ubwo buryo nyene, Yehova azohezagira abakiri bato bishingira imigambi y’ivy’impwemu kandi bagashira imbere ivyungura Ubwami babigiranye umutima rugabo. Azobafasha kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye. Umusore Timoteyo wo mu kinjana ca mbere yarashize imbere imigambi y’ivy’impwemu, kandi na wewe wobishobora. *​—Soma Abafilipi 2:19-22.

Woba uzogaragaza umutima rugabo mu mice yose y’ubuzima? (Raba ingingo ya 13-17)

13. Kubera iki mushiki wacu umwe yari akeneye umutima rugabo kugira ashike ku migambi yiwe?

13 Mushiki wacu umwe w’i Alabama muri Amerika, vyasavye ko agira umutima rugabo kugira yishingire imigambi y’ivy’impwemu. Yandika ati: “Nakuze ndi umunyamasoni. Vyarangora kuyagisha abantu ku Ngoro y’Ubwami, icibagiwe coco kwari ukuja kudodora ku muhana kanaka.” Afashijwe n’abavyeyi biwe be n’abandi bo mw’ishengero, uwo mushiki wacu yahavuye ashika kw’ihangiro ryiwe ryo kuba umutsimvyi asanzwe. Avuga ati: “Isi ya Shetani iremesha abantu kwiga amashure ahanitse, kurondera icubahiro, amahera, no kwirundaniriza ibintu vy’umubiri. Ariko akenshi usanga batabishikako, bigatuma bata umutwe bakavunika n’umutima. Ariko gukorera Yehova vyatumye ngira agahimbare ntangere, vyongera bituma numva ko hari ico maze.”

14. Ni ryari abavyeyi bakirisu bakenera kugira umutima rugabo?

14 Abavyeyi na bo nyene barakeneye kugira umutima rugabo. Nk’akarorero, umukoresha wawe yoshobora kwama agusaba gukora amasaha yiyongereye ku migoroba canke ku mpera z’imishamvu, kandi ari wo mwanya wategekanirije ugusenga kwo mu muryango, indimiro canke amakoraniro. Kubimwankira bisaba umutima rugabo, gutyo ugaha akarorero keza abana bawe. Canke kumbure hari abavyeyi mw’ishengero bareka abana babo bagakora ibintu utipfuza ko umwana wawe yokora. Abo bavyeyi boshobora kukubaza igituma umwana wawe adakora ivyo bintu. Woba uzogira umutima rugabo wo kubasigurira ubigiranye ukwiyubara imvo ituma ufata iyo ngingo?

15. Zaburi 37:25 be n’​Abaheburayo 13:5, hofasha gute abavyeyi?

15 Iyo dufashije abana bacu kwishingira imigambi y’ivy’impwemu be no kuyishikako tuba tugaragaje umutima rugabo. Nk’akarorero, abavyeyi bamwebamwe boshobora gutinya kuremesha abana babo gukora ubutsimvyi, gukorera ahari inkenero kuruta, gukorera kuri Beteli, canke mu bwubatsi. Abo bavyeyi boshobora gutinya yuko umwana wabo atazoshobora kubitwararika bageze mu zabukuru. Ariko rero abavyeyi b’inkerebutsi baragaragaza umutima rugabo kandi bakizigira ivyo Yehova yadusezeraniye. (Soma Zaburi 37:25; Abaheburayo 13:5.) Ubundi buryo rero ushobora kugaragaza umutima rugabo kandi ukiheka kuri Yehova, ni ugufasha umwana wawe kubigenza gutyo nyene.​—1 Sam. 1:27, 28; 2 Tim. 3:14, 15.

16. Abavyeyi bamwebamwe bafashije gute abana babo kwishingira imigambi y’ivy’impwemu? None ivyo vyavuyemwo ivyiza ibihe?

16 Umugabo umwe n’umugore wiwe bo muri Amerika barafashije abana babo kwishingira imigambi y’ivy’impwemu. Uwo mugabo asigura ati: “Abana bacu bataranamenya gutambuka no kuvuga, twarabayagira umunezero dukura mu gikorwa c’ubutsimvyi be no mu bikorwa vyo mw’ishengero. Ubu ni wo mugambi wabo. Kugira imigambi y’ivy’impwemu be no kuyishikako birafasha abana bacu kunanira akosho k’isi ya Shetani maze bakitwararika gukorera Yehova.” Umuvukanyi umwe afise abana babiri yanditse ati: “Abavyeyi benshi bakoresha umwanya munini n’amahera menshi mu gufasha abana babo gushika ku migambi y’ivyo kwinonora imitsi, kwiruhura canke ivy’amashure. Birarushirije rero kwumvikana ko twogira akigoro gakomeye kandi tugakoresha uburyo bwinshi kugira dufashe abana bacu gushika ku migambi ituma baguma bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Turahimbarwa no kubona ko ako kigoro katabaye impfagusa, kuko abana bacu bashitse ku migambi bishingiye.” Numenye neza ko Imana ihezagira abavyeyi bafasha abana babo kwishingira imigambi y’ivy’impwemu no kuyishikako.

UMUTIMA RUGABO MW’ISHENGERO

17. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bisaba kugaragaza umutima rugabo mw’ishengero?

17 No mw’ishengero, turakenera kugaragaza umutima rugabo. Nk’akarorero, abakurambere barakenera kugira umutima rugabo igihe bitwararika ibijanye n’imanza canke igihe bafasha abafise ingorane zikomeye z’amagara. Abakurambere bamwebamwe baragendera abapfunzwe kugira babafashe mu vy’impwemu. Tuvuge iki kuri bashiki bacu batubatse? Ubu barafise uturyo twinshi two kwagura umurimo: uri ugukora ubutsimvyi, kuja gukorera ahari inkenero kuruta, gukorera mu bwubatsi, canke gusaba rya Shure ry’abamamaji b’Ubwami. Hariho mbere n’abitaba rya Shure rya Gileyadi.

18. Ni ryari vyokenerwa ko bashiki bacu bitereye mu myaka bagaragaza umutima rugabo?

18 Bashiki bacu bitereye mu myaka ni umuhezagiro kw’ishengero. Turabakunda cane. Naho hari abatakibasha gukora ivyo bahoze bakora mu murimo w’Imana, baracagaragaza umutima rugabo kandi bagakora. (Soma Tito 2:3-5.) Nk’akarorero, mushiki wacu nk’uwo arakenera kugira umutima rugabo igihe abakurambere bamusavye kuyaga na mushiki wacu akiri muto ku bijanye n’inyambaro ibereye. Naho adakwiye kumukarira ku bijanye n’impuzu yambara, yoshobora kumuremesha kuzirikana ukuntu inyambaro yiwe ishobora kugira ingaruka ku bandi. (1 Tim. 2:9, 10) Kumuyagisha mu buryo buranga urukundo gutyo, vyoshobora kuvamwo ivyiza.

19. (a) Ni ibiki vyofasha abavukanyi babatijwe kugira umutima rugabo? (b) Mu Bafilipi 2:13 na 4:13 hofasha gute abavukanyi kugira umutima rugabo?

19 Abavukanyi babatijwe na bo nyene barakeneye kugira umutima rugabo maze bagakora. Abemera kurangura amabanga yiyongereye ni umuhezagiro kw’ishengero. (1 Tim. 3:1) Ariko hari abogonanwa gushikira amabanga. Nk’akarorero, umuvukanyi yigeze gukora amakosa, arashobora kwiyumvira ko atabereye kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere. Hari n’abiyumvira ko batoshobora iryo banga. Nimba ivyawe vyifashe gutyo, Yehova arashobora kugufasha. (Soma Abafilipi 2:13; 4:13.) Niwibuke ko vyigeze gushika Musa akumva ko atari gushobora igikorwa yari yahawe. (Kuv. 3:11) Ariko Yehova yaramufashije kugira umutima rugabo, arakirangura neza. Umuvukanyi yabatijwe na we nyene arashobora kuronka umutima rugabo nk’uwo, hamwe yokwama yitura Yehova mw’isengesho kandi akama asoma Bibiliya buri musi. Kuzirikana ku nkuru z’abagaragaje umutima rugabo na vyo nyene birashobora gufasha. Umuvukanyi arashobora gusaba abakurambere yicishije bugufi ngo bamumenyereze, akemera kwitanga mu gikorwa cose coba gikenewe. Yemwe bavukanyi mwese mwabatijwe, tubaremesheje kugira umutima rugabo maze mukorere ishengero!

“YEHOVA . . . ARI KUMWE NAWE”

20, 21. (a) Dawidi yibukije iki Salomo? (b) Ni igiki dukwiye kwizigira?

20 Umwami Dawidi yaribukije Salomo ko Yehova yobanye na we gushika igikorwa co kwubaka urusengero kirangiye. (1 Ngo. 28:20) Salomo amaze kuzirikana kuri ayo majambo ya se, yararanguye ico gikorwa naho yari akiri muto kandi akaba atari bwamenye utuntu n’utundi. Yaragize umutima rugabo udasanzwe, arakora, Yehova na we aramufasha maze arangiza urwo rusengero rw’akaroruhore mu myaka indwi n’igice.

21 Nk’uko nyene Yehova yafashije Salomo, arashobora kudufasha kugira umutima rugabo no kurangura igikorwa yadushinze, haba mu muryango canke mw’ishengero. (Yes. 41:10, 13) Nitwagaragaza umutima rugabo mu bikorwa bijanye no gusenga Yehova, turizigira ko azoduhezagira, muri kino gihe no muri kazoza. Nimuze rero tugire ‘umutima rugabo, dukore.’

^ ing. 12 Urashobora kuronka ivyiyumviro ngirakamaro mu bijanye no kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu mu kiganiro kivuga ngo “Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2004.