Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ijambo ry’Imana yacu rizogumaho’

‘Ijambo ry’Imana yacu rizogumaho’

Ivyatsi bitoto vyumye, ishurwe ryakabiranye; mugabo ijambo ry’Imana yacu ryoryo, rizogumaho igihe kitagira urugero.”​—YES. 40:8.

INDIRIMBO: 95, 97

1, 2. (a) Ubuzima buba bumeze gute iyaba Bibiliya itariho? (b) Ni ryari Bibiliya igira ico itumariye?

WIBAZA ko ubuzima bwawe buba bumeze gute iyaba Bibiliya itariho? Nta ho wokuye impanuro nziza zokuyobora mu buzima bwa misi yose. Ntiwomenye ukuri ku bijanye n’Imana, ubuzima be na kazoza. Vyongeye, nta na kimwe womenye mu vyo Imana yakoreye abantu muri kahise.

2 Igishimishije, ukwo si ko vyifashe. Yehova yaraturonkeje Ijambo ryiwe Bibiliya, kandi yavumereye ko rizokwamaho. Intumwa Petero yarasubiyemwo amajambo yo muri Yesaya 40:8. Naho uwo murongo uterekeza kuri Bibiliya ubwayo, urashobora kwerekeza ku butumwa buri muri yo. (Soma 1 Petero 1:24, 25.) Ariko rero, Bibiliya igira ico itumariye igihe canecane iri mu rurimi dushobora gutahura neza. Abakunda Ijambo ry’Imana bamye bemera ico kintu. Mu binjana n’ibindi, hari abantu b’umutima nziraburyarya bahinduye Bibiliya mu zindi ndimi, bongera barayikwiragiza naho bitari vyoroshe. Intumbero yabo yari ihuye n’ivyo Imana igomba, yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”​—1 Tim. 2:3, 4.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro? (Raba ishusho itangura.)

3 Muri iki kiganiro, turarimbura uburorero bw’ukuntu Ijambo ry’Imana ryarokotse (1) amahinduka ajanye n’ururimi, (2) amahinduka ya politike (3) be n’abarirwanije ngo ntirishirwe mu zindi ndimi. None ivyo biza kudufasha iki? Biraza gutuma turushiriza guha agaciro Ijambo ry’Imana. Biratuma kandi turushiriza gukunda Uwo rikomokako, akaba yarituronkeje kugira ridufashe.​—Mika 4:2; Rom. 15:4.

AMAHINDUKA AJANYE N’URURIMI

4. (a) Uko haca igihe, indimi zihinduka gute? (b) Ni igiki cerekana ko Imana itinuba ururimi na rumwe, kandi ivyo bituma wumva wokora iki?

4 Uko haca igihe, indimi zigenda zirahinduka. Imvugo n’amajambo birashobora guhindura insobanuro. Kumbure uciye ubona uburorero kanaka ufatiye ku rurimi usanzwe uvuga. Ni ko vyagendeye igiheburayo n’ikigiriki, indimi nyamukuru Bibiliya yanditswemwo mu ntango. Igiheburayo be n’ikigiriki vy’ubu biratandukanye cane n’ukuntu vyari bimeze igihe Bibiliya yandikwa. Abantu bose rero bipfuza gutahura Ijambo ry’Imana, mbere n’abazi igiheburayo n’ikigiriki vy’ubu, bategerezwa kwikora kuri Bibiliya yashizwe mu rurimi bumva. Hari abiyumvira ko bakwiye kwiga igiheburayo n’ikigiriki vya kera kugira ngo basome ibisomwa vya Bibiliya vyo mu ntango. Ariko rero, ivyo nta karusho kanini vyobazanira nk’uko bavyibaza. * Igishimishije, ubu Bibiliya iboneka mu ndimi zirenga 3.000, yaba yuzuye canke ari igice. Vy’ukuri, Yehova yipfuza ko abantu bo mw’“ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose” bungukira kw’Ijambo ryiwe. (Soma Ivyahishuwe 14:6.) Ivyo none ntibituma wumva worushiriza kwiyegereza Imana yacu y’urukundo kandi itagira nkunzi?​—Ivyak. 10:34.

5. Ni igiki catumye Bibiliya King James iba ngirakamaro?

5 Indimi Bibiliya yahinduwemwo na zo nyene zagiye zirahinduka uko haca igihe. Bibiliya yahoze irimwo imvugo yumvikana, haciye igihe yoshobora kutaba icumvikana. Reka dufate akarorero ka Bibiliya imwe y’icongereza yitwa King James. Yasohowe ubwa mbere mu 1611. Ni imwe muri Bibiliya z’icongereza zakunzwe cane, kandi yaragize akosho gakomeye ku rurimi rw’icongereza. Ariko rero iyo Bibiliya ikoresha izina ry’Imana ari ryo “Yehova” mu mirongo mikeya. Mu yindi mirongo iryo zina ryabonekamwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, yoyo ikoresha izina “UMUKAMA” mu ndome nkuru. N’impinduro zayo zasohotse mu nyuma, zakoresheje izina “UMUKAMA” mu ndome nkuru mu mirongo imwimwe y’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Muri ubwo buryo, iyo Bibiliya yari ishize ahabona imirongo izina ry’Imana ryari rikwiye kujamwo mu gice benshi bita ngo Isezerano rishasha.

6. Ni kubera iki dukenguruka Bibiliya y’isi nshasha?

6 Ariko haciye ibinjana, amajambo menshi yakoreshejwe muri Bibiliya King James yahavuye ata igihe. Ni ko vyagendeye n’izindi Bibiliya za kera zo mu zindi ndimi. None wumva tudakwiye gukenguruka kubona Bibiliya y’isi nshasha ikoresha imvugo ya none? Yaba yose canke igice cayo, ubu iboneka mu ndimi zirenga 150, ivyo bigatuma abantu benshi cane bayironka. Imvugo zitomoye ikoresha zituma Ijambo ry’Imana ridukora ku mutima. (Zab. 119:97) Vyongeye, birashimishije kubona Bibiliya y’isi nshasha isubiza izina ry’Imana mu kibanza ryarimwo mu ndimi zo mu ntango.

AMAHINDUKA YA POLITIKE

7, 8. (a) Kubera iki Abayuda benshi bo mu kinjana ca gatatu imbere ya Kristu batatahura Ivyanditswe vy’igiheburayo? (b) Bibiliya yitwa Septante ni iki?

7 Amahinduka ya politike, rimwe na rimwe yaratuma ururimi abantu bavuga ruhinduka. None Imana yayoboye ibintu gute kugira ngo ayo mahinduka ntabuze abantu gutahura Ijambo ryayo? Hari ikintu cabaye muri kahise kidufasha kuronka inyishu y’ico kibazo. Ibitabu 39 vya mbere vyo muri Bibiliya vyanditswe n’Abisirayeli, ari bo Bayuda. Ni bo babanje kuzezwa “amajambo meranda y’Imana.” (Rom. 3:1, 2) Ariko mu kinjana ca gatatu imbere ya Kristu, Abayuda benshi ntibari bagitahura igiheburayo. Uti kuki? Kubera ko Alegizandere Mukuru umwami w’Ubugiriki yari amaze kwigarurira uturere twinshi cane. (Dan. 8:5-7, 20, 21) Amaze kwigarurira utwo turere, abantu benshi baho baciye batangura kuvuga ikigiriki, ushizemwo n’Abayuda bari basabagiye muri ako karere amahanga. Abayuda benshi rero batanguye kuvuga ikigiriki, vyaciye bibagora gutahura Ivyanditswe vy’igiheburayo. Ni igiki none cari kubafasha?

8 Nko hagati muri ico kinjana ca gatatu, ibitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya vyarakuwe mu giheburayo bishirwa mu kigiriki. Mu kinjana ca kabiri imbere ya Kristu, ibitabu bisigaye vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyarashizwe mu kigiriki. Iyo Bibiliya y’ikigiriki yaciye yitwa Septante. Ni yo Bibiliya ya mbere yahinduye Ivyanditswe vyose vy’igiheburayo mu kigiriki.

9. (a) Bibiliya Septante be n’izindi Bibiliya za kera zafashije gute abantu? (b) Igice co mu Vyanditswe vy’igiheburayo ukunda cane ni ikihe?

9 Iyo Bibiliya Septante yaratumye Abayuda bavuga ikigiriki be n’abandi bashobora gusoma Ijambo ry’Imana. Iyumvire ingene vyabaryohera gusoma canke kwumva Ijambo ry’Imana mu kigiriki, urwari rusigaye ari rwo rurimi rwabo kavukire! Mu nyuma, hari ibihimba vya Bibiliya vyashizwe mu ndimi zavugwa n’abantu benshi, nk’igisiriyake, ikigotike be n’ikilatini. Ico gihe, abantu benshi basomye Bibiliya mu rurimi batahura, hari ibice vyabakora cane ku mutima, nk’uko bimeze kuri twebwe muri iki gihe. (Soma Zaburi 119:162-165.) Emwe, Ijambo ry’Imana ryaguma rihangamye n’igihe nyene ururimi abantu bavuga rwaba ruhindutse!

ABARWANIJE KO BIBILIYA ISHIRWA MU ZINDI NDIMI

10. Mu gihe ca John Wycliffe, ni kubera iki abantu benshi batashobora kuronka Bibiliya?

10 Rimwe na rimwe, indongozi zikomakomeye zararwanije igikorwa co gushira Bibiliya mu ndimi abantu benshi bumva. Ariko rero, urwo ruhamo ntirwabujije abakunda Ijambo ry’Imana gushishikara ico gikorwa. Nk’akarorero, rimbura ivyashikiye umunyatewolojiya wo mu kinjana ca 14 yitwa John Wycliffe. Yaripfuza cane ko Ijambo ry’Imana ryoshikira abantu bose. Ariko ico gihe, abantu batobato bo mu Bwongereza ntibashobora kuronka Bibiliya. Uti kuki? Ico gihe Bibiliya zari zizimvye cane, narirya zandikishwa iminwe. Vyongeye, abantu benshi ntibari bazi gusoma. Ego ni ko mu misa barabasomera Bibiliya. Ariko rero, nta wokwemeza ko batahura ivyasomwa. Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya yakoreshwa mu rusengero yari mu kilatini, abantu batobato na bo bakaba batari bazi urwo rurimi. None bari kumenya gute itunga ry’agaciro riri muri Bibiliya?​—Imig. 2:1-5.

John Wycliffe be n’abandi baripfuza cane ko umuntu wese yoronka Bibiliya. Nawe kwoba ari ukwo? (Raba ingingo ya 11)

11. Bibiliya yitiriwe Wycliffe yagize akamaro akahe?

11 Mu 1382, harasohotse Bibiliya y’icongereza yahavuye yitirirwa Wycliffe. Igisohoka, abayoboke ba Wycliffe barayikunze cane. Abo bayoboke biwe baragize ingendo n’amaguru mu bigwati vyinshi vyo mu Bwongereza kugira ngo bafashe abantu batobato gutahura Ijambo ry’Imana. Akenshi basomera abantu imirongo muri iyo Bibiliya, hanyuma bagaca babasigira ibice bimwebimwe vyayo bandikishije iminwe. Ako kigoro bagize karatumye abantu benshi basubira gukunda Ijambo ry’Imana.

12. Abakuru b’idini bafashe gute Wycliffe n’abayoboke biwe?

12 None abakuru b’idini bavyakiriye gute? Biciye banka urunuka Wycliffe, Bibiliya yiwe n’abayoboke biwe. Baciye bahagurukira abayoboke ba Wycliffe, bongera barondera amakopi y’iyo Bibiliya aho bashobora kuyabona hose, maze barayaturira. N’inyuma yaho Wycliffe apfiriye bavuze ko ari umuhakanyi. Kubera ko bitari gushoboka ko bamuhana kandi atakiriho, abakuru b’idini baciye bategeka ko amagufa yiwe azurwa maze agaturirwa, umunyota wayo ugatabwa mu ruzi rwitwa Swift. Ariko rero, idini ntiryashoboye kubuza ko Ijambo rishikira abantu bipfuza kurisoma no kuritahura. Mu binjana vyakurikiye, abantu benshi b’i Buraya no mu yindi mihingo y’isi baratanguye gushigikira igikorwa co gushira Bibiliya mu ndimi z’abantu batobato no kuyikwiragiza.

“UMWE AKWIGISHA IBIKWUNGURA”

13. Ni igiki twemera tudakeka, kandi gikomeza gute ukwizera kwacu?

13 Abakirisu ntibakwiye kwiyumvira ko abakoze igikorwa co guhindura Bibiliya bahumekewe n’Imana, yaba imwe Septante, iya Wycliffe, iya King James canke iyindi iyo ari yo yose. Naho ari ukwo, dusuzumye kahise k’izo Bibiliya be n’izindi nyinshi zagiye zirasohorwa, turibonera neza ko Ijambo rya Yehova ryamaho nk’uko yabisezeranye. None ivyo ntibituma urushiriza kwizera ko n’iyindi mihango yiwe yose izoranguka?​—Yos. 23:14.

14. Ni mu buryo ki Ijambo ry’Imana rituma turushiriza kuyikunda?

14 Gusuzuma ingene Bibiliya yagiye irarusimba ntibikomeza gusa ukwizera kwacu, biratuma turushiriza no gukunda Yehova. * Ubundi ho, ni igiki catumye aturonsa Ijambo ryiwe? Ni igiki catumye avumera ko rizokwamaho? Ni kubera ko adukunda, kandi akaba yipfuza kutwigisha ibitwungura. (Soma Yesaya 48:17, 18.) Birabereye rero ko natwe tumukunda tukongera tukubahiriza amabwirizwa yiwe.​—1 Yoh. 4:19; 5:3.

15. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

15 Kubera ko dukunda cane Ijambo ry’Imana, turipfuza kuryungukirako bimwe vyuzuye. None twokwungukira gute ku gusoma Bibiliya? Igihe turi mu ndimiro, twofasha gute abandi kuyiha agaciro? Abigisha mw’ishengero, boshingira gute inyigisho yabo kuri Bibiliya? Ivyo bibazo tuzobirimbura mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 4 Raba ikiganiro kivuga ngo “Vyoba bikenewe ko wiga igiheburayo n’ikigiriki?”, mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2009.

^ ing. 14 Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Kaze wirabire!