Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane impuhwe za Yehova

Niwigane impuhwe za Yehova

“Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe.”​—KUV. 34:6.

INDIRIMBO: 57, 147

1. Yehova yihishuriye Musa mu buryo budasanzwe ubuhe? Ni kubera iki ivyo biri n’ico bivuze?

IGIHE kimwe, Imana yarihishuriye Musa, imubwira izina ryayo na kamere zayo. Kamere yahereyeko ni imbabazi be n’impuhwe. (Soma Kuvayo 34:5-7.) Yehova yari gushobora guhera ku bubasha bwiwe canke ku bukerebutsi bwiwe. Ariko rero, Musa yipfuza kumenya nimba Imana yari imushigikiye. Ni co gituma Yehova yahereye kuri kamere zerakana ko ashashaye gufasha abasavyi biwe. (Kuv. 33:13) None ntukorwa ku mutima no kubona Imana yahereye kuri izo kamere nziza cane? Iki kiganiro kiza gushimika ku mpuhwe, ni ukuvuga ukwiyumvamwo umubabaro w’uwundi muntu be n’icipfuzo co kumufasha.

2, 3. (a) Ni igiki cerekana ko umuntu yaremanywe agatima k’impuhwe? (b) Kubera iki twokwitaho ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’impuhwe?

2 Abantu baremwe mw’ishusho y’Imana. Ni ibisanzwe rero ko bigana Imana mu kwitwararika ineza y’abandi. Mbere n’abatazi Imana y’ukuri baragira impuhwe. (Ita. 1:27) Bibiliya irimwo inkuru nyinshi zerekeye abantu bagaragaje impuhwe. Niwibuke inkuru ya ba bamaraya babiri baharira imbere ya Salomo bapfa umwana, umwe wese yemeza ko uwo mwana ari rwiwe. Igihe Salomo yategeka ko uwo mwana ahimburwamwo kubiri, nyina wiwe vyaciye bimwanka mu nda. Yaciye asaba umwami ko yopfuma amuha uwo wundi mugore. (1 Abm. 3:23-27) Niwibuke kandi wa mukobwa wa Farawo yarokora Musa akiri akayoya. Naho yari azi ko ako kana kategerezwa kwicwa kubera ko abavyeyi bako bari Abaheburayo, “[yarakumviye] impuhwe,” ahitamwo kukarera nk’akana kiwe bwite.​—Kuv. 2:5, 6

3 Kubera iki none twokwitaho kumenya ibijanye n’impuhwe? Ni kubera ko Bibiliya iduhimiriza kwigana Yehova. (Ef. 5:1) Naho twaremanywe agatima k’impuhwe, birashika tukagira ubwikunzi kubera agasembwa twarazwe na Adamu. Rimwe na rimwe twumva umengo tworeka abandi bakimenya, twebwe tukitaho ivyacu gusa. Hari abamana urwo rugamba mu mutima, bakabura ico bofata n’ico boreka. None ni ibiki vyogufasha kwitaho abandi? Ubwa mbere, nimuze dusuzume ingene Yehova be n’abandi bantu bagaragaje impuhwe. Ubwa kabiri, turaraba ingene twokwigana Imana be n’igituma kuyigana ari ngirakamaro cane.

YEHOVA NI WE NTANGERE MU KUGARAGAZA IMPUHWE

4. (a) Kubera iki Yehova yarungitse abamarayika i Sodomu? (b) Inkuru ya Loti n’abakobwa biwe itwigisha iki?

4 Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwerekana ingene Yehova yagaragaje impuhwe. Rimbura ivyo Imana yagiriye Loti. Uwo mugororotsi “ya[ra]tuntuzwa cane” n’inyifato mbi y’abantu b’i Sodomu na Gomora. Ni co gituma Imana yafashe ingingo yo kubahonya. (2 Pet. 2:7, 8) Imana yararungitse abamarayika kugira ngo barokore Loti. Baramuhimirije kuva muri ivyo bisagara n’umuryango wiwe. “Agumye ahinahina, nya [bamarayika], ku bw’impuhwe za Yehova zari kuri we, baca bafata ukuboko kwiwe n’ukuboko kw’umugore wiwe n’amaboko y’abakobwa biwe babiri maze baramusohora, bamushira hanze y’igisagara.” (Ita. 19:16) None ako karorero ntikerekana ko Yehova azi neza ingorane zishikira abasavyi biwe b’intahemuka?​—Yes. 63:7-9; Yak. 5:11; 2 Pet. 2:9.

5. Amajambo yo muri Bibiliya, nk’ayo dusanga muri 1 Yohani 3:17, adufasha gute kugaragaza impuhwe?

5 Uretse ko Yehova yagaragaje impuhwe, yarigishije n’abasavyi biwe kuzigaragaza. Zirikana kw’itegeko yahaye Isirayeli ku bijanye no gufata impuzu y’umuntu bwa ngwati. (Soma Kuvayo 22:26, 27.) Umuntu atagira impuhwe yari gushobora gufata impuzu y’uwo yahaye ideni, akamusiga atagira ico yipfuka. Ariko rero, Yehova yarigishije abasavyi biwe kwirinda ako gatima. Bategerezwa kugaragaza impuhwe. None ingingo ngenderwako iri muri iryo tegeko ntituvyurira umutima wo kugira ico dukoze? Twoba tworeka umuvukanyi wacu akicwa n’imbeho mu buryo bw’ikigereranyo kandi dushoboye kumufasha?​—Kol. 3:12; Yak. 2:15, 16; soma 1 Yohani 3:17.

6. Kuba Yehova yagumye agira akigoro ko kubogora Abisirayeli b’abacumuzi bitwigisha iki?

6 Yehova yaragaragariza impuhwe Abisirayeli n’igihe baba bacumuye. Dusoma duti: “Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe n’aho aba.” (2 Ngo. 36:15) None wumva natwe tudakwiye kwumvira impuhwe abantu bataramenya ukuri mugabo bashobora kwigaya maze bakemerwa n’Imana? Yehova ntashaka ko hagira n’umwe azohitanwa n’urubanza rwimirije. (2 Pet. 3:9) Nimuze rero tubandanye gutangaza ubutumwa buranga impuhwe ziwe, imbere y’uko igihe co kurandura abanyakibi gishika.

7, 8. Kubera iki abagize umuryango umwe bavuga ko Yehova yabagaragarije impuhwe?

7 Uburorero bwerekana ivyo Imana yakoze biranga impuhwe, ni umuyoro. Rimbura ivyashikiye umuryango umwe wari ufise agahungu k’imyaka 12 twise Milan. Mu ntango z’imyaka ya 1990, haradutse indyane z’amoko muri Bosiniya. Milan na murumunawe be abavyeyi babo, hamwe n’ibindi Vyabona batari bake, bari mw’ibisi bavuye muri Bosiniya baja muri Serbiya. Bari bagiye kw’ihwaniro, kandi abavyeyi biwe bari kubatizwa. Bashitse ku mupaka, abasoda barasohoye muri iyo bisi abagize uwo muryango babahora ubwoko bwabo, abandi bavukanyi barabareka ngo babandanye. Haciye imisi ibiri, umukuru w’abo basoda yaraterefonye uwumukurira amubaza ico yobakoza. Kubera ko yaterefonye ari iruhande y’uwo muryango, bose barumvise ingene yamwishuye ngo “bajane mubarase!”

8 Uwo mukuru akiriko aravugana n’abasoda biwe, hari abantu babiri begereye abagize uwo muryango bababwira ko na bo ari Ivyabona. Abari muri ya bisi ni bo bari bababwiye ivyabaye. Baciye babwira Milan na murumunawe ngo binjire mu muduga babajabukane, kuko abo bana batari babatse ivyangombwa vyabo. Abo bantu baciye babwira abavyeyi b’abo bana ngo na bo bace inyuma y’ibiro vyo ku mupaka, hanyuma bahurire hakurya. Milan yabona ko ico ciyumviro ata co kiza kuvamwo. Abo bavyeyi babajije nya bantu bati: “Mwibaza ko baza kutureka?” Ariko igihe bagenda, naho abo basoda bariko barabaraba, wamengo ntibababona. Abo bavyeyi bahavuye bahurira n’abo bana hakurya y’umupaka. Baciye rero berekeza kw’ihwaniro, bajijutse ko Yehova yari yishuye amasengesho bamutuye bihebuye. Bibiliya iratubwira ko mu bihe bimwebimwe Yehova ataca agira ico akoze ngo akingire abasavyi biwe. (Ivyak. 7:58-60) Ariko Milan yavuze ati: “Jewe mbona ko Yehova yaturokoye be n’uko abamarayika bahumye amaso abo basoda.”​—Zab. 97:10.

9. Yezu yumvise amerewe gute igihe yabona ukuntu amasinzi yariko aramukurikira amerewe? (Raba ishusho itangura.)

9 Yezu na we nyene turamukurako icigwa. Yaragiriye impuhwe isinzi ry’abantu, kuko “bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” None yaciye abakorera iki? “[Yaciye] atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mat. 9:36; soma Mariko 6:34.) Yari atandukanye cane n’Abafarizayo, kuko bobo batipfuza gufasha abantu batobato. (Mat. 12:9-14; 23:4; Yoh. 7:49) Cokimwe na Yezu, weho none ntushashaye gufasha abantu kumenya ivyerekeye Imana?

10, 11. Vyoba bibereye ko tugaragaza impuhwe mu bihe vyose? Tanga akarorero.

10 Ivyo ntibisobanura ko dukwiye kugaragaza impuhwe mu bihe vyose. Muri ubwo burorero duhejeje kurimbura muri Bibiliya, kugaragaza impuhwe z’Imana vyari bibereye. Umwami Sauli wewe yaragambaraye igihe yagaragaza ico yabona ko ari impuhwe. Yararetse kwica Umwami Agagi, uwari umwansi w’abasavyi b’Imana, yongera aziguriza ibitungwa vyizavyiza. Ivyo vyatumye Yehova yanka ko Sauli abandanya kuganza Isirayeli. (1 Sam. 15:3, 9, 15) Yehova ni Umucamanza agororotse. Arabona ibiri mu mutima w’umuntu, kandi arazi igihe bitabereye kugaragaza impuhwe. (Int. 2:17; Ezk. 5:11) Vuba azocira urubanza abantu bose banka kumugamburukira. (2 Tes. 1:6-10) Ntikizoba ari igihe co kugirira impuhwe abo azoba yabonye ko ari abanyakibi. Ahubwo Yehova niyabahonya, azoba agaragarije impuhwe abagororotsi.

11 Ariko ntiwumve, si twe dushinga abazorandurwa n’abazorokoka. Uruhara rwacu ni ugukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abantu. None ni mu buryo butandukanye ubuhe twogaragariza abandi impuhwe zibereye? Reka turimbure ivyiyumviro bimwebimwe.

INGENE TWOGARAGAZA IMPUHWE

12. Wogaragariza gute impuhwe abandi?

12 Nufashe abandi mu buzima bwa misi yose. Imana isaba abakirisu kugaragariza impuhwe abo basangiye ukwemera be n’abandi bose. (Yoh. 13:34, 35; 1 Pet. 3:8) Imwe mu nsobanuro y’ijambo impuhwe ni “ukubabarana.” Umuntu w’impuhwe aravyurirwa umutima wo gufasha abandi mu ngorane baba barimwo. Nurondere nawe uturyo two kubigira! Nk’akarorero, woshobora gusaba umuntu ko womufasha agakorwa kanaka.​—Mat. 7:12.

Nugaragarize abandi impuhwe mu kubafasha mu vyo bakeneye (Raba ingingo ya 12)

13. Abasavyi b’Imana bakora iki iyo hateye ivyago vy’ivyaduka?

13 Nufashe mu bikorwa vyo gutabara. Abantu benshi iyo babonye abashikiwe n’ivyago, baca bumva bobafasha. Mu bihe nk’ivyo, birazwi ko abasavyi ba Yehova bahaseruka. (1 Pet. 2:17) Nk’akarorero, hari mushiki wacu w’Umuyapani yaba mu karere kasinzikajwe na nyamugigima be n’ibisebuzi vyabaye mu 2011. Yavuze ko “yaremeshejwe kandi agahumurizwa cane” n’ukuntu abavukanyi benshi bo hirya no hino mu Buyapani be n’abo mu bindi bihugu, bitanze bakaja gusanura ivyononekaye. Yanditse ati: “Ico kintu caratumye mbona ko Yehova atwitaho. Abavukanyi na bo nyene baritwararikana. Abavukanyi benshi bo hirya no hino kw’isi baradusengera.”

14. Wofasha gute abarwaye n’abashaje? Tanga akarorero.

14 Nufashe abarwaye n’abashaje. Iyo tubonye abamerewe nabi kubera igicumuro ca Adamu, duca tubagirira impuhwe. Si twe tuzobona indwara n’ubusaza biravuyeho. Ni co gituma dusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza. Mu kurindira, turakora uko dushoboye kwose mu gusahiriza abari n’ivyo bakeneye. Rimbura ivyo umwanditsi umwe yavuze ku bijanye na nyina wiwe yari ashaje, akaba yari arwaye indwara yonona ubwonko yitwa Alzheimer. Umusi umwe, uwo muvyeyi yarononye impuzu ziwe. Igihe yariko aragerageza kuzihindura, yagiye yumva agakengeri ko kw’irembo kavuze. Bari bashiki bacu babiri bama baza kumugendera. Baciye bamubaza nimba hari ico bomufasha. Yaravyemeye naho vyari biteye ubuyega. Baciye rero bamufasha kuzihindura. Bahejeje, baramuteguriye agakawa, mu nyuma baba baramuganiriza. Uwo muhungu wiwe yarakengurutse cane. Yanditse ati: “Ivyo Vyabona ndabakuriye inkofero. Barashira mu ngiro ivyo bigisha.” Impuhwe ufitiye abarwaye n’abitereye mu myaka, zoba nawe zikuvyurira umutima wo gukora uko ushoboye kwose kugira ngo ubafashe?​—Flp. 2:3, 4.

15. Kwamamaza bituronsa gute uturyo two gufasha abandi?

15 Nufashe abandi kumenya Yehova. Ingorane n’imyitwarariko abantu barimwo biratuma twipfuza kubafasha mu vy’impwemu. Uburyo bwiza bwo kubigira ni ukubigisha ivyerekeye Imana be n’ivyo Ubwami bwayo buzokorera abantu. Ikindi kintu twokora ni ukubafasha gutahura ko kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana biranga ubukerebutsi. (Yes. 48:17, 18) Egome, kwamamaza biratuma dutera iteka Yehova kandi tukagaragariza abandi impuhwe. Ubona gute urushirije kugira uruhara muri ico gikorwa?​—1 Tim. 2:3, 4.

KUGARAGAZA IMPUHWE BIRAKUGIRIRA AKAMARO NA WEWE!

16. Umuntu agaragariza abandi impuhwe bimugirira akamaro gute?

16 Abahinga mu vy’indwara zo mu mutwe bavuga yuko kugaragaza impuhwe bishobora gutuma ugira amagara meza, kandi ukabana neza n’abandi. Iyo ufashije abari mu ngorane, uragira akanyamuneza, ukarushiriza kugira icizere, ukaronka abagenzi, ukabona n’ibintu mu buryo bwiza. Ego cane, iyo ugaragarije abandi impuhwe birakugirira akamaro. (Ef. 4:31, 32) Iyo tugaragarije abandi impuhwe tubitumwe n’urukundo, turagira ijwi ryo mu mutima ryiza, kuko tuba tuzi ko turiko turakora ivyo Imana igomba. Umuntu afise impuhwe usanga aba umuvyeyi yitwararikana, umugabo canke umugore ameze neza, akaba n’umugenzi mwiza. Vyongeye, abakunda kugaragariza abandi impuhwe, bararonka ababaserukako igihe na bo baba bari mu nkenero.​—Soma Matayo 5:7; Luka 6:38.

17. Ni igiki gikwiye gutuma ugaragariza abandi impuhwe?

17 Ariko rero, kumenya ko kugaragaza impuhwe bitugirira akamaro si yo mvo nyamukuru ikwiye gutuma tuzigaragaza. Imvo nyamukuru ibidutuma ni icipfuzo dufise co kwigana Yehova Imana no kumuninahaza, we Sôko ry’urukundo n’impuhwe. (Imig. 14:31) Ni we Karorero ntangere mu kugaragaza impuhwe. Ese natwe rero twokora uko dushoboye kwose kugira ngo tumwigane! Kugaragaza impuhwe bizotuma twiyumvamwo abavukanyi bacu, twongere tugiranire imigenderanire myiza n’abandi bantu.​—Gal. 6:10; 1 Yoh. 4:16.