Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nube umuntu yigumya

Nube umuntu yigumya

“Icamwa c’impwemu ni . . . ukwigumya.”​GAL. 5:22, 23.

INDIRIMBO: 121, 36

1, 2. (a) Kutigumya bivamwo ingaruka izihe? (b) Kubera iki bibereye ko turimbura ibijanye n’ukutigumya muri iki gihe?

UKWIGUMYA ni kamere dutsimbataza tubifashijwemwo n’Imana. (Gal. 5:22, 23) Yehova arigumya ijana kw’ijana. Ariko abantu bobo birabagora kwigumya kuko badatunganye. Nkako, ingorane nyinshi zihanze abantu muri iki gihe ziterwa n’ukubura ukwigumya. Nk’akarorero, umunyakazi canke umunyeshure atigumya, usanga ari nzobandabikora, maze bigatuma atagwiza umwimbu ku kazi canke ataronka amanota meza kw’ishure. Ukutigumya vyoshobora kandi gutuma umuntu atukana, aborerwa, aba inkazi, yahukana, afata ideni ridakenewe, yizizirwa n’ibintu, apfungwa, agira intuntu, arwara indwara zandukira biciye ku bihimba vy’irondoka, atwara inda atipfuza, n’ibindi n’ibindi.​—Zab. 34:11-14.

2 Tuvugishije ukuri, umuntu atigumya ariteza ingorane, akaziteza n’abandi. Uko imyaka igenda, ni ko abantu barushiriza kubura ukwigumya. Ivyigwa vyagizwe mu myaka ya 1940 vyerekanye ko abantu b’ico gihe batigumya. Ibiheruka kugirwa vyovyo, vyerekana ko ubu ibintu vyunyutse. Ivyo ntibitangaza abiga Ijambo ry’Imana, kuko Bibiliya yari yaravuze ko kimwe mu vyoranze “imisi ya nyuma” ari uko abantu bobaye “batagira ukwigumya.”​—2 Tim. 3:1-3.

3. Kubera iki abakirisu bakwiye kuba abantu bigumya?

3 Kubera iki dukwiye kuba abantu bigumya? Kubera izi mvo zibiri zihambaye. Ubwa mbere, vyaragaragaye ko abantu bigumya bashikirwa gake n’ingorane zikomakomeye. Usanga bahungabana gake mu mutima, bazi kubana n’abandi, batihuta gushavura, biganyira buhoro kandi badata umutwe cane nk’abantu batigumya. Ubwa kabiri, kugira ngo Imana igume ituraba ryiza birahambaye ko turwanya inyosha mbi n’ivyipfuzo bibi. Ivyashikiye Adamu na Eva biravyerekana. (Ita. 3:6) No muri iki gihe, abantu benshi barashikirwa n’ingaruka mbi bivuye ku kubura ukwigumya.

4. Ni igiki gishobora kuremesha abo bigora gutsimbataza ukwigumya?

4 Abantu badatunganye ntibashobora kwigumya ijana kw’ijana. Yehova arazi ko bitugora kwigumya, akaba ari co gituma yipfuza kudufasha gutsinda agatima ko gukora igicumuro. (1 Abm. 8:46-50) Kubera ko akunda abantu, aratera intege abipfuza kumukorera bose mugabo usanga bigora kwigumya mu muce kanaka. Reka tubanze turabe ingene Yehova ari Ntangakarorero mu kwigumya. Mu nyuma, turaraba ivyigwa twigira ku bantu bavugwa muri Bibiliya batanze akarorero keza n’abatanze akarorero kabi. Mu gusozera, turaraba ivyiyumviro ngirakamaro vyodufasha gutsimbataza ukwihangana.

AKARORERO KA YEHOVA

5, 6. Yehova aduha akarorero akahe mu bijanye no kwigumya?

5 Yehova arigumya bimwe vyuzuye, kuko ivyo akora vyose bitagira akanenge. (Gus. 32:4) Ariko twebwe ntidutunganye. Naho ari ukwo, kugira ngo dutahure neza iyo kamere, turakwiye kurimbura ingene Yehova yigumya kugira ngo turushirize kumwigana. None ni mu bihe bimwebimwe ibihe Yehova yagaragaje ukwigumya?

6 Zirikana ingene Yehova yigumije igihe Shetani yagarariza bimwe vyeruye. Iyo ngorane yari ikeneye gutorerwa umuti. Ivyo Shetani yavuze, nta gukeka ko vyababaje abamarayika bose batunganye, bikabashavuza, bakabona ko ari agasuzuguro. Kumbure na wewe ni ko wiyumva iyo uravye amagorwa yose Shetani yateje. Ariko rero Yehova ntiyaciye agira uko ishavu rigize. Yarigumije, atunganya ico kibazo mu buryo bubereye. Aho gutwarwa n’ishavu, yarakoresheje ubutungane mu gutorera umuti ubwo bugarariji. (Kuv. 34:6; Yobu 2:2-6) Kubera iki none yaretse hagaca igihe? Kubera adashaka ko hagira umuntu n’umwe arandurwa, ahubwo “ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”​—2 Pet. 3:9.

7. Akarorero ka Yehova katwigisha iki?

7 Ingene Yehova yigumya biratwigisha ko dukwiye kuzirikana imbere yo kuvuga kandi tukitondera ingingo dufata. Ntidukwiye kwihutagiza. Igihe ugomba gufata ingingo ikomeye, nufate umwanya wo kuzirikana. Nusenge usaba ubukerebutsi kugira ngo uvuge canke ukore ikibereye. (Zab. 141:3) Igihe umuntu agishavuye, biroroshe cane ko ahuruduka. None abenshi muri twebwe ntivyashitse tukicuza bivuye ku vyo twavuze canke twakoze tutabanje kwiyumvira?​—Imig. 14:29; 15:28; 19:2.

ABABAYE UBURORERO BWIZA N’ABABAYE UBURORERO BUBI

8. (a) Ni hehe twokura uburorero bwiza bw’abagaragaje ukwigumya? (b) Ni igiki catumye Yozefu avyifatamwo ukuraho igihe muka Potifari yamuryosharyosha? (Raba ishusho itangura.)

8 Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ko kwigumya bihambaye? Nta gukeka ko wibuka abantu batari bake bigumije mu gihe c’ibigeragezo. Umwe muri bo ni Yozefu mwene Yakobo. Yaragaragaje ukwigumya igihe yakora kwa Potifari, umukuru w’abarinda ubuzima bwa Farawo. Kubera ko Yozefu yari umusore w’umusonga kandi asa neza, muka Potifari yamwamizako ijisho, akama amuryosharyosha ngo baryamane. None ni igiki catumye Yozefu amwankira? Ni uko yafashe umwanya wo kuzirikana ku ngaruka zari kumushikira aramutse yijajaye. Igihe Yozefu yabona ko ibintu bikomeye, yaciye ata arahunga. Yavuze ati: “None noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?”​—Ita. 39:6, 9; soma Imigani 1:10.

9. Wokwitegurira gute gutsinda inyosha mbi?

9 None ni icigwa ikihe dukura kuri Yozefu? Turakwiye guhunga ikintu cose cotwosha kurenga ku mategeko y’Imana. Imbere y’uko bamwebamwe bacika Ivyabona, bararira agahokero, bakaborerwa, bakanywa itabi, ibiyayuramutwe, bagashurashura, n’ibindi n’ibindi. Mbere n’inyuma y’ibatisimu, vyoshika bakoshwa gusubira mu ngeso mbi bahozemwo. Hamwe vyogushikira, urabanza ufate umwanya uzirikane ku ngaruka mbi zogushikira bivuye ku kutigumya. Nugerageze kubona hakiri kare ibintu vyoshobora kugushira mu nyosha mbi, uheze urabe ingene wobica kure. (Zab. 26:4, 5; Imig. 22:3) Bishitse na ho ugahura n’ikigeragezo nk’ico, nusabe Yehova aguhe ubukerebutsi n’ukwigumya kugira ngo ugitsinde.

10, 11. (a) Ni ibiki bishikira abakiri bato benshi kw’ishure? (b) Ni igiki gishobora gufasha abakiri bato kunanira akosho ko kwisuka mu ngeso mbi?

10 Ico kigeragezo cashikiye Yozefu kirakunda gishikira abakiri bato benshi. Rimbura ivyashikiye mushiki wacu yitwa Kim. Benshi mu banyeshure bigana bari bafise ingeso yo gushurashura, kandi wasanga bamwishimako yuko baryamanye n’abahungu mu mpera z’umushamvu. Kim wewe nta nkuru nk’izo yari afise zo kubatera. Avuga yuko vyashika akumva umengo ni “nyamwigendako be n’uko afise irungu” kubera ataryimara nk’abandi, akumva umengo abagenzi biwe babona ko ari ikijuju kuko ata muhungu yagira bakundana. Ariko rero Kim yarahabereye inkerebutsi, kuko yari azi yuko inyosha mbi y’ubusambanyi ari nk’akaranda mu bakiri bato. (2 Tim. 2:22) Akenshi abo bigana baramubaza nimba yari akiri isugi. Yaca aboneraho akaryo ko kubasigurira igituma ataja mu vyo guhuza ibitsina. Turahimbarirwa cane abakirisu bakiri bato bananira inyosha mbi yo kwisuka mu bushegabo, kandi na Yehova arabahimbarirwa cane!

11 Bibiliya irimwo uburorero butari buke bw’abantu bananiwe no kwirinda ubuhumbu. Irerekana n’ingaruka ziva muri ukwo kutigumya. Hamwe woshikirwa n’ivyashikiye Kim, vyoba vyiza wibutse wa musore w’imburabwenge avugwa mu Migani ikigabane ca 7. Uribuka kandi ivyashikiye Amunoni bitewe n’inyifato yiwe mbi. (2 Sam. 13:1, 2, 10-15, 28-32) Abavyeyi barakwiye kurimburira hamwe n’abana babo ubwo burorero mu gusenga kwo mu muryango, kugira babigishe kwigumya no gukorana ubukerebutsi mu migenderanire bagirana n’abo badasangiye igitsina.

12. (a) Yozefu yigumije gute imbere ya bene wabo? (b) Ni mu bihe ibihe tubwirizwa kwigumya?

12 Hariho n’kindi gihe Yozefu yatanze akarorero keza mu bijanye n’ukwigumya. Igihe bene wabo baseruka imbere yiwe baje kugura ibifungurwa mu Misiri, yabanje kwiyoberanya kugira ngo amenye icari mu mutima wabo. Amaze kwumva arengewe n’ikigumbagumba, yaciye arondera aho aja kuririra yiherereye. (Ita. 43:30, 31) Bishitse umukirisu mugenzi wacu agakora ikintu kitubabaza, kwigana Yozefu birashobora gutuma twirinda gukora canke kuvuga ibintu twohava twicuza. (Imig. 16:32; 17:27) Nimba na ho dufise incuti yaciwe, vyoshobora kuba ngombwa ko twiyumanganya kugira ngo twirinde kuvugana na we bidakenewe. Naho usanga bitoroshe kwigumya mu bihe nk’ivyo, birashobora kutworohera nimba dutahura ko turiko twigana Imana be n’uko turiko twisunga impanuro zayo.

13. Ni ibiki twigira ku vyashikiye Umwami Dawidi?

13 Turashobora kandi kwigira vyinshi ku Mwami Dawidi. Naho yari n’ububasha budasanzwe, yaririnze kubukoresha abitumwe n’ishavu igihe Sauli na Shimeyi bamusomborotsa. (1 Sam. 26:9-11; 2 Sam. 16:5-10) Ariko vyarashitse Dawidi arabura ukwigumya, nk’igihe yasambana na Batisheba be n’igihe Nabali yagaragaza umwina. (1 Sam. 25:10-13; 2 Sam. 11:2-4) Yamara rero, turashobora kumwigirako ivyigwa bihambaye. Ubwa mbere, abaja imbere abandi barakwiye kwigumya cane kugira ngo ntibakoreshe nabi ububasha bafise. Ubwa kabiri, nta n’umwe muri twebwe akwiye kwijajara ngo yiyumvire ko adashobora kwoshwa nabi.​—1 Kor. 10:12.

IBINTU NGIRAKAMARO WOKORA

14. Ni ibiki vyashikiye umuvukanyi umwe, kandi ni kubera iki inyifato tugira mu bihe nk’ivyo ihambaye?

14 Wokora iki kugira ngo urushirize kwigumya? Rimbura iki kintu cabaye. Umushoferi umwe yaragonze inyuma ku muduga w’umuvukanyi yitwa Luigi. Naho nya mushoferi ari we yari mu makosa, yaciye atukagura Luigi ashaka no kumukubita. Luigi yarasenze Yehova ngo amufashe kwigumya, aragerageza no guhoyahoya uwo mushoferi, mugabo biba ivy’ubusa. Luigi yaciye yandika inomero z’uwo muduga, aca arigira asiga wa mugabo akiriko arahazuka. Mu ndwi yakurikiye, Luigi yarasubiye kuraba umukenyezi umwe bari barayaze, aca asanga umugabo wiwe ni wa mushoferi! Uwo mugabo yarariye ivyatsi, aca aramusaba imbabazi kubona yaramuryagaguye. Yaciye avuga ko agiye kwishikira muri soransi kugira ngo umuduga wa Luigi ukorwe vyihuta. Nya mugabo yarumvirije ico kiyago kijanye n’ivy’Imana, kandi aragishima cane. Luigi yaciye abona ko kuba yarigumije igihe ca rya sanganya vyabaye ngirakamaro, be n’uko vyari kuba bibi cane iyo atigumya.​—Soma 2 Abakorinto 6:3, 4.

Kwigumya canke kutigumya birashobora kugira ico bikoze ku gikorwa cacu, haba mu buryo buboneka canke butaboneka (Raba ingingo ya 14)

15, 16. Kwiga Bibiliya bishobora gute gutuma wewe n’umuryango wawe murushiriza kwigumya?

15 Igihe abakirisu bama biga Bibiliya mu buryo ngirakamaro, biratuma batsimbataza ukwigumya. Twibuke ko Imana yabwiye Yosuwa iti: “Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.” (Yos. 1:8) None kwiga Bibiliya bishobora gute gutuma urushiriza kwigumya?

16 Nk’uko duhejeje kubibona, Bibiliya irimwo inkuru zitwereka neza ivyiza abigumya bironkera, be n’ingaruka z’ivyo dukora. Yehova yandikishije izo nkuru afise intumbero. (Rom. 15:4) Ese rero ukuntu biranga ubukerebutsi tuzisomye kandi tukazizirikanako twitonze! Nugerageze gutahura ingene zikwerekeye be n’umuryango wawe. Nusabe Yehova agufashe gushira mu ngiro Ijambo ryiwe. Nimba ubonye ko ukeneye kwigumya mu mice kanaka, ntuvyirengagize. Nuce rero usenga Imana ibigufashemwo, kandi wihatire kuraba ingene wokwikubita agashi. (Yak. 1:5) Niwagira ubushakashatsi mu bitabu vyacu, nta nkeka ko uzoronka ivyiyumviro bizogufasha kugira ivyo uryohoye.

17. Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kugira ngo barushirize kwigumya?

17 Ushobora gute gufasha abana bawe kugira barushirize kwigumya? Abavyeyi barazi ko abana batavukana ukwigumya. Vyongeye nk’uko biri no ku zindi kamere zose nziza, abavyeyi bakwiye kwigisha abana kwigumya biciye ku karorero babaha. (Ef. 6:4) Nimba rero ubona ko abana bawe bibagora kwigumya, niwibaze nimba ubaha akarorero keza. Urashobora kubabera akarorero mu kudasiba amakoraniro, mu kwama uja mu ndimiro no mu kwama uyobora ugusenga kwo mu muryango. Ntugatinye kwankira umwana wawe ikintu agusavye, igihe ubona ko bikenewe! Na Yehova yarashingiye akarimbi Adamu na Eva kari gutuma babona ko babwirizwa kwubaha ubukuru bwiwe. Muri ubwo buryo nyene, indero abavyeyi batoza abana be n’akarorero babaha, bifise intumbero yo kubigisha kwigumya. Gukunda ubukuru Imana ifise no kwubaha ingingo ngenderwako zayo ni bimwe mu bintu vy’agaciro ukwiye kwigisha abana bawe.​—Soma Imigani 1:5, 7, 8.

18. Kubera iki ukwiye kwitonda igihe uhitamwo abagenzi?

18 Waba ufise abana canke utabafise, ntukwiye kwibagira ko utegerezwa kwitonda igihe uhitamwo abagenzi. Nugendane n’abazokuremesha kwishingira imigambi myiza no kwirinda akaga. (Imig. 13:20) Abagenzi bahumuye mu vy’impwemu bazokugirako akosho keza, batume wigana inyifato yabo irangwa n’ukwigumya. Inyifato yawe nziza na yo nyene nta gukeka ko izoremesha abagenzi bawe. Niwaba umuntu yigumya, uzokwemerwa n’Imana wongere uhimbarwe mu buzima bwa misi yose uri kumwe n’abo ukunda.