Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 21

Ingene Yehova yishura amasengesho yacu

Ingene Yehova yishura amasengesho yacu

“Turazi ko turonka ibintu twasavye kuko ari yo twabisavye.”​—1 YOH. 5:15.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

INCAMAKE a

1-2. Ni ibiki dushobora kwibaza ku bijanye n’amasengesho yacu?

 WOBA umaze kwibaza nimba Yehova yishura amasengesho yawe? Nimba umaze kuvyibaza, nturi wenyene. Abavukanyi na bashiki bacu batari bake baramaze kuvyibaza, na canecane igihe bari mu ngorane. Igihe na twebwe turi mu ngorane, birashobora kutugora kumenya ingene Yehova ariko arishura amasengesho yacu.

2 Nimuze turabe igituma dushobora kwizigira ko Yehova yishura amasengesho y’abasavyi biwe. (1 Yoh. 5:15) Turaza no guca irya n’ino ibi bibazo: Kubera iki rimwe na rimwe umenga Yehova ntariko arishura amasengesho yacu? Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yishura amasengesho yacu muri iki gihe?

YEHOVA YOSHOBORA KUTWISHURA MU BURYO TUTARI TWITEZE

3. Kubera iki Yehova yipfuza ko tumwitura?

3 Ivyanditswe biradukura amazinda ko Yehova adukunda cane be n’uko dufise agaciro kuri we. (Hag. 2:7; 1 Yoh. 4:10) Ni co gituma aturemesha kumwitura ngo adufashe. (1 Pet. 5:6, 7) Yipfuza kudufasha kugira tugume tumwiyegereje no kugira tuvyifatemwo neza mu ngorane turimwo.

Yehova yarishuye amasengesho ya Dawidi mu kumukiza abansi biwe (Raba ingingo ya 4)

4. Tuzi gute ko Yehova yishura amasengesho y’abasavyi biwe? (Raba n’ishusho.)

4 Akenshi, turasoma muri Bibiliya ko Yehova yishuye amasengesho y’abasavyi biwe. Hari akarorero woba uciye wibuka? Koba ari ak’Umwami Dawidi? Mu buzima bwiwe, yaragize abansi benshi kandi akenshi yarasenga Yehova ngo amufashe. Igihe kimwe yinginze Yehova ati: “Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje; tega ugutwi ukwinginga kwanje. Mu bwizigirwa bwawe, nunyishure mu bugororotsi bwawe.” (Zab. 143:1) Yehova yarishuye amasengesho Dawidi yamutuye amusaba kumurokora. (1 Sam. 19:10, 18-20; 2 Sam. 5:17-25) Ni co gituma Dawidi abigiranye ukwizigira yavuze ati: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.” Na twebwe ni ukwo nyene tubibona.​—Zab. 145:18.

Yehova yarishuye amasengesho ya Paulo mu kumuronsa inkomezi zo kwihangana (Raba ingingo ya 5)

5. Yehova yoba yamye yishura amasengesho y’abasavyi biwe ba kera mu buryo baba bavyiteze? Tanga akarorero. (Raba n’ishusho.)

5 Yehova yoshobora kwishura amasengesho yacu mu buryo tutari twiteze. Ivyo vyarashikiye intumwa Paulo. Yarasavye Imana ngo imukuremwo “ihwa mu mubiri.” Incuro zitatu zose, Paulo yarasenze adomako ku bijanye n’iyo ngorane. None Yehova yoba yarishuye ayo masengesho? Ego cane. Ariko rero ntiyayishuye mu buryo Paulo yari yiteze. Aho kumukurako iyo ngorane, Yehova yamuhaye ububasha yari akeneye kugira agume amukorera adahemuka.​—2 Kor. 12:7-10.

6. Kubera iki rimwe na rimwe womenga Yehova ntariko arishura amasengesho yacu?

6 Na twebwe, rimwe na rimwe turashobora kuronka inyishu itandukanye n’iyo twari twiteze. Ntidukekeranya ko Yehova azi neza uburyo bwiza bwo kudufasha. Arashobora mbere “gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira.” (Ef. 3:20) Ku bw’ivyo, arashobora kwishura amasengesho yacu ku gihe tutaba twiteze canke mu buryo tutaba twiteze.

7. Kubera iki vyoshobora kuba ngombwa ko duhindura ivyo dusenga dusaba? Tanga akarorero.

7 Igihe turushirije kumenya neza ivyo Yehova agomba twoshobora guhindura ivyo dusaba. Rimbura akarorero k’umuvukanyi Martin Poetzinger. Gatoyi inyuma y’aho yubakiye urwiwe, yarapfungiwe mw’ikambi y’itunatuniro y’Abanazi. Mu ntango, yarasenze Yehova amusaba ngo amukure muri iyo kambi kugira ashobore kwitwararika umugore wiwe, asubire no kwamamaza. Ariko haciye indwi zibiri yarabonye ko umenga Yehova ntiyariko arishura isengesho ryiwe. Yaciye rero atangura gusenga asaba ati: “Yehova ndakwinginze unyereke ico wipfuza ko nokora.” Yaciye atangura kuzirikana ku vyo abandi bavukanyi bari muri iyo kambi bariko baracamwo. Benshi muri bo bari bahagaritse umutima cane ku bijanye n’abagore babo n’abana babo. Umuvukanyi Poetzinger yaciye rero asenga ati: “Yehova urakoze kuri iki gikorwa gishasha unshinze. Numfashe kugira nkomeze abavukanyi banje nongere ndabaremeshe.” Mu myaka icenda yakurikiye ari muri iyo kambi, yayimaze akora ico gikorwa nyene.

8. Igihe dusenga, ni ikintu gihambaye ikihe dukwiye kwibuka?

8 Dukwiye kwibuka ko Yehova afise umugambi be n’uko azowushitsa ku gihe yashinze. Muri uwo mugambi harimwo ugukuraho burundu ingorane zose ziduteza imibabaro muri iki gihe, nk’ivyago vy’ivyaduka, indwara be n’urupfu. Yehova azoshitsa uwo mugambi akoresheje Ubwami bwiwe. (Dan. 2:44; Ivyah. 21:3, 4) Ariko rero mu kurindira, Yehova aracaretse Shetani ngo atware isi. b (Yoh. 12:31; Ivyah. 12:9) Hamwe Yehova yotorera umuti ubu ingorane zihanze abantu, vyoca biboneka nk’aho Shetani ategeka isi mu buryo bwiza. Naho bisaba ko turindira ko Yehova ashitsa ibintu bimwebimwe yasezeranye, ivyo ntibisobanura ko yaduhevye. Nimuze turimbure uburyo bumwebumwe Yehova adufasha.

INGENE YEHOVA YISHURA AMASENGESHO MURI IKI GIHE

9. Yehova ashobora gute kudufasha igihe dukeneye gufata ingingo? Tanga akarorero.

9 Araduha ubukerebutsi. Yehova adusezeranira kuduha ubukerebutsi dukeneye kugira ngo dufate ingingo nziza. Turakeneye canecane ubukerebutsi buva ku Mana igihe dufata ingingo zigira ico zikoze ku buzima bwacu bwose, nk’akarorero ingingo yo kwubaka urwacu canke kutubaka. (Yak. 1:5) Rimbura ivyashikiye mushiki wacu umwe atubatse yitwa Maria. c Yari umutsimvyi asanzwe igihe umuvukanyi umwe yaza kumuresha. Avuga ati: “Uko ubucuti bwacu bwakomera, ni ko twarushiriza kwiyumvanamwo. Nari nzi ko nategerezwa gufata ingingo. Narasenze cane imbere yo gufata iyo ngingo. Naho nari nkeneye ko Yehova anyobora, nari nzi kandi ko atari we yomfatiye ingingo.” Uwo mushiki wacu arabona ko Yehova yishuye amasengesho yamutuye amusaba ubukerebutsi. Uti gute? Igihe yagira ubushakashatsi mu bitabu vyacu yarashoboye kuronka ibiganiro vyamufashije kuronka inyishu z’ibibazo yari afise. Yarafashe kandi nka nkama impanuro iranga ubukerebutsi nyina wiwe yamuhaye. Iyo mpanuro yarafashije Maria kudatwarwa n’ibishobisho. Ivyo vyatumye Maria afata ingingo nziza.

Yehova aduha gute inkomezi zo kwihangana? (Raba ingingo ya 10)

10. Twisunze Abafilipi 4:13, Yehova afasha gute abasavyi biwe? Tanga akarorero. (Raba n’ishusho.)

10 Araduha inkomezi zo kwihangana. Yehova azoduha inkomezi dukeneye kugira twihanganire ingorane, nk’uko nyene yabigiriye intumwa Paulo. (Soma Abafilipi 4:13.) Raba ingene Yehova yafashije umuvukanyi umwe yitwa Benjamin kwihanganira ingorane. Mu kiringo nka cose c’ubuto bwiwe, Benjamin n’abo mu muryango wiwe baba mw’ikambi y’impunzi muri Afrika. Benjamin avuga ati: “Naguma nsenga Yehova ndamusaba inkomezi zo gukora ikibereye mu maso yiwe. Yehova yishuye amasengesho yanje mu kumpa amahoro yo mu mutima, umutima rugabo wo kubandanya namamaza, n’ibitabu bimfasha kuguma nkomeza ukwizera kwanje.” Abandanya ati: “Gusoma ivyashikiye abandi bavukanyi no kubona ingene Yehova yabafashije kwihangana vyaratumye ndushiriza kwiyemeza kuguma ndi intahemuka.”

Woba warabonye ingene Yehova yagufashije biciye ku bo musangiye ukwemera? (Raba ingingo ya 11-12) d

11-12. Yehova ashobora gute gukoresha abavukanyi na bashiki bacu mu kwishura amasengesho tumutura? (Raba n’ishusho.)

11 Arakoresha abavukanyi na bashiki bacu. Mw’ijoro buca Yezu apfa, yarasenze cane. Yaringinze Yehova ngo amukingire ugusigwa iceyi co kwitwa umurogosi. Aho kubigenza gutyo, Yehova yafashije Yezu mu kumurungikira umumarayika kugira ngo amukomeze. (Luka 22:42, 43) Yehova kandi yoshobora kuturemesha biciye ku muvukanyi canke mushiki wacu yoduterefona ngo aturemeshe canke akatugendera i muhira. Twese turashobora kurondera uturyo two kubwira “ijambo ryiza” abo dusangiye ukwemera.​—Imig. 12:25.

12 Raba ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Miriam. Haciye indwi nka zingahe umugabo wiwe apfuye, yaragize irungu, arata icizere, yongera aragira intuntu ikomeye. Yaguma yiha iryosozi akipfuza uwo yokwitura kugira amuyagire. Avuga ati: “Kubera ata nkomezi nari mfise zo guterefona umuntu, naciye nitura Yehova. Igihe nariko ndasenga ndira, nagiye numva hari uwumpamagaye kuri terefone. Yari umukurambere, akaba n’umugenzi ameze neza.” Uwo mukurambere n’umugore wiwe bararemesheje Miriam. Miriam abona ko Yehova ari we yatumye uwo muvukanyi amuterefona.

Yehova ashobora gute kuvyurira abandi umutima wo kudufasha? (Raba ingingo ya 13-14)

13. Tanga akarorero kerekana ingene Yehova ashobora kwishura amasengesho yacu akoresheje abatamusenga.

13 Arashobora gukoresha abatamusenga. (Imig. 21:1) Rimwe na rimwe, Yehova arishura amasengesho y’abasavyi biwe mu kuvyurira umutima abatamusenga ngo babafashe. Nk’akarorero, yaravyuriye umutima Umwami Aritazeruzi wo guha uruhusha Nehemiya kugira asubire i Yeruzalemu kugira ngo asubire kwubaka ico gisagara. (Neh. 2:3-6) No muri iki gihe, Yehova arashobora mbere kuvyurira umutima abatamusenga kugira badufashe mu gihe hari ivyo dukeneye.

14. Ivyashikiye Soo Hing vyakuremesheje gute? (Raba n’ishusho.)

14 Mushiki wacu umwe yitwa Soo Hing abona ko Yehova yamufashije biciye ku muganga amuvura. Umuhungu wiwe afise ingorane nyinshi zo mu mutwe. Igihe uwo muhungu yagira isanganya rikomeye, uyo mushiki wacu n’umugabo wiwe baciye bahagarika akazi kugira bamwitwararike. Ivyo vyatumye bagira ingorane y’amahera. Uwo mushiki wacu yavuze ko yabona ko kabaye. Yaciye yitura Yehova ngo amufashe. Uwo muganga yaciye afata mu minwe ico kibazo cabo. Ivyo vyatumye baronka imfashanyo ya leta be n’aho bashobora kuba. Mu nyuma uwo mushiki wacu yavuze ati: “Ivyo bintu twarabibonyemwo ukuboko kwa Yehova. ‘Arumva amasengesho’ vy’ukuri.”​—Zab. 65:2.

KUBONA INGENE YEHOVA YISHURA AMASENGESHO NO KWEMERA INYISHU ADUHA BISABA UKWIZERA

15. Ni igiki cafashije mushiki wacu umwe kubona ingene Yehova ariko arishura amasengesho yiwe?

15 Akenshi, amasengesho yacu ntiyishurwa mu buryo bushoka bwibonekeza. Ariko rero, inyishu turonka ni zo nyene tuba dukeneye kugira tugume turi intahemuka ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Niwitwararike rero kubona ingene Yehova yishura amasengesho yawe. Igihe mushiki wacu umwe yitwa Yoko yabona umenga Yehova ntariko arishura amasengesho yiwe, yaciye atangura kuza arandika ivyo yaba yasavye Yehova. Haciye igihe, yarasubiye kuraba aho yari yavyanditse maze arabona ko Yehova yari yishuye amasengesho yiwe nka yose, mbere n’ayo atari acibuka. Rimwe na rimwe, turakwiye gufata akanya ko kuzirikana ingene Yehova ariko arishura amasengesho yacu.​—Zab. 66:19, 20.

16. Twogaragaza gute ukwizera mu bijanye n’amasengesho dutura? (Abaheburayo 11:6)

16 Ukwizera ntitukugaragaza mu gusenga Yehova gusa, ariko turanakugaragaza mu kwemera inyishu yose aduha. (Soma Abaheburayo 11:6.) Raba akarorero ka Mike n’umukenyezi wiwe Chrissy. Bari bafise umugambi wo gukorera kuri Beteli. Mike avuga ati: “Twaramaze imyaka myinshi tubisaba, twongera turasenga Yehova incuro n’izindi. Ariko ntitwigeze turonka ako gateka.” Mike na Chrissy bagumye bizigira ko Yehova azi ingene yobakoresha mu murimo wiwe. Bagumye bakora ivyo bashoboye vyose barakorera ubutsimvyi busanzwe ahari hakenewe abamamaji kuruta, bongera baritanga mu kwubaka inyubakwa z’ishirahamwe. Ubu bakora igikorwa co kugendera amashengero. Mike avuga ati: “Naho Yehova atamye yishura amasengesho yacu mu buryo twari twiteze, yarayishuye mbere mu buryo bwiza kuruta uko twari tuvyiteze.”

17-18. Twisunze Zaburi 86:6, 7, ni igiki twokwizigira tudakeka?

17 Soma Zaburi 86:6, 7. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi, yari azi ko Yehova yumviriza amasengesho yiwe akongera akayishura. Na wewe urakwiye kuvyizigira. Uburorero twabonye muri iki kiganiro, buradukura amazinda ko Yehova ashobora kuduha ubukerebutsi n’inkomezi zo kwihangana. Yoshobora gukoresha abavukanyi na bashiki bacu canke mbere abatamusenga kugira badufashe.

18 Naho Yehova atokwama yishura amasengesho yacu mu buryo tuba twiteze, turazi ko ayishura. Araturonsa ivyo dukeneye, kandi ku gihe nyene tuba tubikeneye. Nubandanye rero gusenga Yehova ubigiranye ukwizera, wizigiye ko akwitwararika ubu, kandi ko “[azo]haza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose” mw’isi nshasha igiye kuza.​—Zab. 145:16.

URURIRIMBO RWA 46 Turagushimiye, Yehova

a Yehova aradukura amazinda ko yumva amasengesho yacu mu gihe ahuje n’ivyo agomba. Iyo turi mu ngorane, turashobora kwizigira ko azodufasha kugira tugume turi intahemuka kuri we. Nimuze turimbure ingene Yehova yishura amasengesho yacu.

b Nimba wipfuza kumenya igituma Yehova akiretse Shetani ngo atware isi, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Nugumize mu bwenge ca kibazo gihambaye,” mu Munara w’inderetsi wo muri Ruheshi 2017.

c Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

d INSOBANURO Y’ISHUSHO: Inabibondo n’agakobwa kiwe barashitse mu gihugu bahungiyemwo. Abo basangiye ukwemera barabakirana igishika bakongera bakabafasha.