Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 22

Nugume ugendera muri ya “Nzira y’Ubweranda”

Nugume ugendera muri ya “Nzira y’Ubweranda”

“Hazoba inzira y’ikirari, . . . Inzira y’Ubweranda.”​—YES. 35:8.

URURIRIMBO RWA 31 Gendana n’Imana!

INCAMAKE a

1-2. Ni ingingo ihambaye iyihe Abayuda baba i Babiloni bategerezwa gufata? (Ezira 1:2-4)

 UMWAMI yari yarivumereye! Abayuda bari bamaze nk’imyaka 70 bari mu bunyagano i Babiloni bari barekuriwe gusubira mu gihugu cabo, ari co Isirayeli. (Soma Ezira 1:2-4.) Yehova wenyene ni we yari gutuma ivyo bishoboka. Uti kubera iki? Mu bisanzwe, abo Babiloni yagira imbohe ntiyigera ibarekura. (Yes. 14:4, 17) Ariko Babiloni yari yatemvye, maze uwo mwami mushasha aca abwira Abayuda ko bokwisubirira iwabo. Umuyuda wese rero, canecane ba serugo bategerezwa gufata ingingo yo kuva i Babiloni canke kugumayo. Iyo ngingo ntiyari yoroshe gufata. Uti kubera iki?

2 Abayuda benshi bari bashaje ku buryo batari kwigerezako ngo bafate urugendo rwari rugoye gutyo. Vyongeye, kubera ko Abayuda benshi bari bavukiye aho nyene i Babiloni, babona ko ari ho muhira. Kuri bo, Isirayeli cari igihugu ca ba sekuruza. Abandi Bayuda na bo, biboneka ko bari baratungiye ng’aho i Babiloni, ku buryo bishobora kuba vyarabagoye guheba amazu yabo mezameza be n’urudandaza rwabo ngo baje kuba mu gihugu batari bazi.

3. Yehova yohezagiye gute Abayuda b’intahemuka bosubiye muri Isirayeli?

3 Abayuda b’intahemuka bobo, babona ko naho urwo rugendo rwasaba kwitanga no kugira ivyo bahevye, gusubira muri Isirayeli vyarimwo akarusho gakomeye. Umuhezagiro nyamukuru bokwironkeye, wari uko bosubiye gusenga Yehova. Naho muri ico gisagara ca Babiloni hari hariho insengero z’abapagani zirenga 50, nta rusengero rwa Yehova na rumwe rwaharangwa. Nta gicaniro cariyo Abisirayeli botangiyeko ibimazi basabwa n’Itegeko rya Musa, eka nta n’abaherezi bariyo boshikanye ivyo bimazi. Ikigeretseko, abasavyi ba Yehova bari inkehwa ubagereranije n’abapagani babamwo baterekwa Yehova canke ingingo ngenderwako ziwe. Abayuda ibihumbi n’ibihumbi rero batinya Imana, bari bashashaye gusubira mu gihugu iwabo kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri.

4. Yehova yavuze ko yofashije gute Abayuda bosubiye muri Isirayeli?

4 Naho urwo rugendo rutoroshe rwo kuva i Babiloni uja muri Isirayeli rwofashe nk’amezi ane, Yehova yabasezeraniye ko ibintu vyoshoboye kubabera intambamyi vyokuwe mu nzira. Yesaya yanditse ati: “Nimutunganye inzira ya Yehova! Nimugororere Imana yacu inzira y’ikirari ica mu kiyaya c’ubugaragwa. . . . Ubutaka bw’ibidunduri butegerezwa gucika intara ishashe, ubutaka butaringaniye na bwo bucike ikiyaya c’umubande.” (Yes. 40:3, 4) Ibaze nawe: ibarabara ryagutse rica mu bugaragwa, ahantu h’ikiyaya. Emwe, aboriciyemwo bokworohewe cane. Vyoboroheye kujana ibarabara rigoroye kuruta kuza baraduga imisozi bongera bayimanuka canke bayikikuza, canke na ho baca mu mibande. Iyo nzira igoroye yotumye kandi banyaruka.

5. Inzira y’ikirari y’ikigereranyo yava i Babiloni ija muri Isirayeli yahawe izina irihe?

5 Muri iki gihe, amabarabara menshi usanga afise amazina canke inomero. Iyo nzira y’ikirari y’ikigereranyo Yesaya yavuze, na yo nyene yari ifise izina. Dusoma duti: “Ng’aho hazoba inzira y’ikirari, emwe, inzira; izokwitwa Inzira y’Ubweranda. Uwuhumanye ntazoyicamwo.” (Yes. 35:8) None ivyo vyasobanura iki ku Bisirayeli? Kandi bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe?

“INZIRA Y’UBWERANDA”: MURI KAHISE NO MURI IKI GIHE

6. Kubera iki iyo nzira yiswe nyeranda?

6 Ngo “Inzira y’Ubweranda.” Umve nawe ingene yahawe izina ryiza! Kubera iki iyo nzira yiswe nyeranda? Ni kubera yuko “uwuhumanye,” ni ukuvuga Umuyuda wese yagendera mu vy’ubuhumbu, ugusenga ibigirwamana canke mu bindi bicumuro bikomeye, atokwemerewe kuba muri iryo hanga rya Isirayeli. Abayuda bosubiyeyo, botegerejwe gucika “igisata ceranda” kuri Yehova Imana yabo. (Gus. 7:6) Ariko rero ivyo ntibisobanura ko abavuye i Babiloni batari bafise ivyo boryohora kugira ngo bahimbare Yehova.

7. Ni amahinduka amwamwe ayahe Abayuda bari bakeneye kugira? Tanga akarorero.

7 Nk’uko twamaze kubibona, Abayuda benshi bari bavukiye i Babiloni, kandi biboneka ko hari ukuntu abenshi bari basigaye babona ibintu nk’Abanyababiloni. Inyuma y’imyaka mirongo Abayuda ba mbere basubiye muri Isirayeli, Ezira yaramenye ko Abayuda bamwebamwe bari bubakanye n’abagore b’abanyamahangakazi. (Kuv. 34:15, 16; Ezr. 9:1, 2) N’inyuma y’aho, Buramatari Nehemiya yarumiwe igihe yasanga abana bavukiye muri Isirayeli batari bazi ururimi rwabo kavukire rw’igiheburayo. (Gus. 6:6, 7; Neh. 13:23, 24) None nimba abo bana batumva igiheburayo, kandi ari rwo rurimi nyamukuru Ijambo ry’Imana ryari ryanditsemwo, wumva bokunze gute Yehova bakongera bakamukorera? (Ezr. 10:3, 44) Abo Bayuda rero bari bakwiye kugira amahinduka, ivyo bikaba vyoboroheye bari muri Isirayeli, aho ugusenga kw’ukuri kwariko kurasubizwaho buhorobuhoro.​—Neh. 8:8, 9.

Kuva mu 1919, abantu amamiliyoni bagizwe n’abagabo, abagore be n’abana, baravuye muri Babiloni Akomeye maze batangura kugendera muri ya “Nzira y’Ubweranda” (Raba ingingo ya 8)

8. Kubera iki ivyo bintu vyabaye kera cane bituraba muri iki gihe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

8 Hari abokwibaza bati: ‘Naho ivyo bintu vyabaye ku Bayuda ico gihe bishimishije, vyoba bitwerekeye muri iki gihe?’ Ego cane, kubera ko hari ukuntu na twebwe turiko tugendera muri iyo “Nzira y’Ubweranda.” Twaba turi abo mu barobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” turakwiye kuguma muri iyo “Nzira y’Ubweranda” iriko iducisha mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, tugana ku mihezagiro y’Ubwami yimirije. b (Yoh. 10:16) Kuva mu 1919, abagabo n’abagore be n’abana amamiliyoni, baravuye muri Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, maze batangura guca muri iyo nzira y’ikigereranyo. Birashoboka ko nawe uri muri bo. Naho haheze nk’imyaka 100 iyo nzira yuguruye, igikorwa co kuyitegura coco catanguye imyaka amajana imbere y’aho.

INGENE IYO NZIRA YATEGUWE

9. Muri Yesaya 57:14, herekana gute ko “Inzira y’Ubweranda” yoteguwe?

9 Kugira ngo Abayuda bave i Babiloni, Yehova yabanje kwitwararika ko intambamyi zose zikurwaho. (Soma Yesaya 57:14.) Tuvuge iki hoho ku bijanye n’“Inzira y’Ubweranda” muri iki gihe? Hagisigaye imyaka amajana ngo umwaka wa 1919 ushike, Yehova yarakoresheje abagabo bamutinya kugira ngo bategure inzira yokuye abantu muri Babiloni Akomeye. (Gereranya na Yesaya 40:3.) Barateguye inzira yo mu buryo bw’impwemu yofashije abantu b’umutima nziraburyarya kuva muri Babiloni Akomeye, maze bakinjira mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, aho bosengeye Yehova bari kumwe n’abandi basavyi biwe. None iyo nzira yateguwe gute? Rimbura bimwebimwe mu bikorwa vyakozwe.

Hagisigaye imyaka amajana ngo umwaka wa 1919 ushike, abagabo batinya Imana barafashije mu gutegura inzira yokuye abantu muri Babiloni Akomeye (Raba ingingo ya 10-11)

10-11. Gucapura Bibiliya no kuyishira mu zindi ndimi vyafashije gute abantu kurushiriza kumenya ibivugwa muri Bibiliya? (Raba n’ishusho.)

10 Gucapura Bibiliya. Gushika nko mu mwaka wa 1450, Bibiliya bayikoporora n’iminwe. Ico gikorwa catwara igihe kirekire, akaba ari co gituma Bibiliya zari imbonekarimwe kandi zizimvye cane. Ariko igihe hatangura gukoreshwa imashini zicapura, vyaciye vyoroha gucapura Bibiliya no kuyikwiragiza mu bantu.

11 Gushira Bibiliya mu zindi ndimi. Bibiliya yaramaze ibinjana n’ibindi ahanini iboneka mu rurimi rw’ikilatini, na rwo rukaba rwari ururimi rw’abantu bize gusa. Ariko rero igihe ivyo gukoresha imashini zo gucapura vyatera imbere, abantu batinya Imana baciye bijukira gushira Bibiliya mu ndimi zavugwa n’abantu nciyaho. Ico gihe rero, abantu barashobora kugereranya ivyo bigishwa n’indongozi z’amadini be n’ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri.

Abagabo batinya Imana barafashije mu gutegura inzira yokuye abantu muri Babiloni Akomeye (Raba ingingo ya 12-14) c

12-13. Tanga akarorero kerekana ingene abatohoji ba Bibiliya b’umutima nziraburyarya batanguye gushira ahabona inyigisho z’amadini y’ikinyoma mu kinjana ca 19.

12 Ibikoresho bifasha kwiga Bibiliya. Ico gihe, abantu biga Bibiliya bavyitondeye baratahuye ibintu vyinshi vyo mw’Ijambo ry’Imana. Kubona baca babwira abandi ivyo baba bubuye, vyaratuma indongozi z’idini nyinshi zishavura. Nk’akarorero mu kinjana ca 19, hari abagabo b’umutima nziraburyarya batanguye gusohora udupapuro tw’inkuru nziza twashira ahabona inyigisho z’ikinyoma zigishwa n’amadini.

13 Nko mu 1835, hari umugabo yatinya Imana yitwa Henry Grew yasohoye agapapuro k’inkuru nziza kavuga ibijanye n’ingene abapfuye bamerewe. Muri ako gapapuro yarahinyuje yisunze Ivyanditswe ko umuntu atavukana ukudapfa nk’uko amadini menshi yavyigisha, ahubwo ko ukudapfa ari impera umuntu ahabwa n’Imana. Mu 1837, umuvugabutumwa umwe yitwa George Storrs yaratoye ako gapapuro mw’igariyamoshi igihe yari ku rugendo. Aho agasomeye, yaciye ajijuka ko yari yubuye ukuri guhambaye. Yaciye afata ingingo yo kumenyesha abandi ivyo yari yamenye. Mu 1842, yaratanze urukurikirane rw’insiguro zari zifise umutwe ushimishije wavuga uti: “Mbega ababisha boba bafise ukudapfa?” Ivyo George Storrs yanditse vyarakoze cane ku mutima umusore umwe yitwa Charles Taze Russell.

14. Ibintu vyo gutegura inzira vyari bimaze gukorwa vyafashije gute umuvukanyi Russell na bagenziwe? (Raba n’ishusho.)

14 None ivyo bintu vyo gutegura iyo nzira yo mu buryo bw’impwemu vyari bimaze gukorwa, vyafashije gute umuvukanyi Russell na bagenziwe? Mu kwiga Bibiliya barakoresha ibitabu bitandukanye bisigura amajambo yo muri Bibiliya bakongera bagakoresha na Bibiliya zitandukanye, ivyo vyose bikaba vyari bimaze igihe kitari gito vyanditswe. Barifashishije n’amakuru uwitwa Henry Grew, George Storrs, be n’abandi bari baragiriye ubushakashatsi ku bijanye na Bibiliya. Umuvukanyi Russell na bagenziwe, ubwabo baragize uruhara mu gutegura iyo nzira, mu gusohora ibitabu vyinshi n’udupapuro tw’inkuru nziza twinshi duca irya n’ino ibivugwa muri Bibiliya.

15. Ni ibintu bihambaye ibihe vyabaye mu 1919?

15 Mu 1919, Babiloni Akomeye yaratakaje ububasha yari ifise ku basavyi b’Imana. Muri uwo mwaka, “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yaratanguye gukora kugira ngo afashe abantu b’umutima nziraburyarya guca muri iyo “Nzira y’Ubweranda” yari ihejeje kwugururwa. (Mat. 24:45-47) Ibikorwa bijanye no gutegura iyo nzira vyari vyarakozwe n’abantu b’abizigirwa bo muri kahise, vyarafashije abari batanguye kugendera muri iyo nzira kurushiriza kumenya imigambi ya Yehova. (Imig. 4:18) Vyarabafashije no kubaho bisunga ivyo Yehova abasaba. Yehova ntiyari yiteze ko abasavyi biwe baca bagira amahinduka yose akenewe. Ahubwo yagiye arabatyorora intambwe ku yindi. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Yehova atyorora abasavyi biwe intambwe ku yindi.”) Ese ukuntu twese tuzonezerwa igihe tuzoba dushobora guhimbara Imana mu vyo dukora vyose!​—Kol. 1:10.

YA “NZIRA Y’UBWERANDA” IRACUGURUYE

16. Kuva mu 1919, ni igikorwa ikihe cakozwe mu kubungabunga ya “Nzira y’Ubweranda”? (Yesaya 48:17; 60:17)

16 Ibarabara ryose rirakenera kubungabungwa. Kuva mu 1919, igikorwa co kubungabunga ya “Nzira y’Ubweranda” carabandanije, mu ntumbero yo gufasha abantu benshi bashoboka kuva muri Babiloni Akomeye. Wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge yari aherutse kugenwa, yaciye aja ku kivi maze mu 1921 arasohora igitabu gifasha abashasha kwiga ukuri kwo muri Bibiliya. Ico gitabu citwa Inanga y’Imana. Haratanzwe amakopi yaco nk’imiliyoni zitandatu mu ndimi 36, kandi carafashije abantu benshi kumenya ukuri. Vuba, duherutse kuronka igitabu ciza cane citwa Kwiberaho ibihe bidahera, kidufasha kwigisha abantu Bibiliya. Muri iyi misi ya nyuma, Yehova yarakoresheje ishirahamwe ryiwe kugira rigume rituronsa umukimba w’ibifungurwa vy’impwemu kugira ridufashe twese kuguma tugendera muri ya “Nzira y’Ubweranda.”​—Soma Yesaya 48:17; 60:17.

17-18. Ya “Nzira y’Ubweranda” idushikana hehe?

17 Twoshobora kuvuga ko igihe cose umuntu yemeye kwiga Bibiliya, aba aronse akaryo ko gutangura kugendera muri ya “Nzira y’Ubweranda.” Hari abayicamwo umwanya mutoyi mu nyuma bagaca bayivamwo. Abandi na bo, usanga baguma bayigenderamwo gushika nibagera iyo baja. None iyo baja ni hehe?

18 Abafise icizigiro c’ijuru, iyo “Nzira y’Ubweranda” ibashikana “mw’iparadizo y’Imana” mw’ijuru. (Ivyah. 2:7) Abafise icizigiro co kuba kw’isi na bo, iyo nzira izobashikana ku kuba abantu batagira agasembwa, ku mpera ya ya myaka 1.000. Nimba uriko ugendera muri iyo nzira muri iki gihe, nturabe ivyo wasize inyuma. Vyongeye, ntuyivemwo gushika usozereye urugendo urimwo ruzogushikana mw’isi nshasha! Tukwipfurije urugendo rwiza.

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

a Inzira nini y’ikigereranyo yava i Babiloni ija muri Isirayeli Yehova yayise “Inzira y’Ubweranda.” None mu bihe vya none hoba hari inzira Yehova yatunganirije abasavyi biwe? Ego cane. Kuva mu 1919, abantu amamiliyoni baravuye muri Babiloni Akomeye maze batangura kugendera muri iyo “Nzira y’Ubweranda.” Twese rero, dutegerezwa kuguma tugendera muri iyo nzira gushika tugeze iyo tuja.

c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi Russell na bagenziwe barifashishije ibitabu bibafasha kwiga Bibiliya hari haciye igihe kitari gito vyaranditswe.