IKIGANIRO C’UKWIGA CA 20
Turyohore amasengesho yacu
“Imbere yayo nimusuke umutima wanyu.”—ZAB. 62:8.
URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana
INCAMAKE a
1. Yehova aremesha abasavyi biwe gukora iki? (Raba n’ishusho.)
NI NDE twokwitura igihe dukeneye ubuyobozi n’uguhumurizwa? Nta wutazi inyishu y’ico kibazo. Turashobora kwitura Yehova Imana mw’isengesho. Ivyo nyene ni vyo Yehova aturemesha gukora. Yipfuza ko tumusenga kenshi, ni ukuvuga “ubudahengeshanya.” (1 Tes. 5:17) Turashobora kumusenga twisanzuye tukamusaba kutuyobora mu mice yose y’ubuzima bwacu. (Imig. 3:5, 6) Kubera ko Yehova ari Imana yimereye neza, ntadushingira incuro twomusenga.
2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?
2 Turakenguruka cane agateka Yehova yaduteye ko kumusenga. Naho ari ukwo, birashobora kutugora kuronka umwanya wo gusenga kubera ducurumba muri vyinshi. Vyongeye twoshobora kubona ko dukeneye kuryohora amasengesho yacu. Igishimishije, Ivyanditswe birashobora kutwereka ico twokora be n’ingene twobigenza. Muri iki kiganiro, turaza kubona ico twokwigira ku karorero ka Yezu mu bijanye no gutegekanya umwanya wo gusenga. Turaza no kubona ingene tworyohora amasengesho yacu mu kuyashiramwo ibintu bitanu bihambaye.
YEZU YARATEGEKANYA UMWANYA WO GUSENGA
3. Ni igiki Yezu yatahura ku bijanye n’amasengesho?
3 Yezu yaratahura ko Yehova aha agaciro isengesho. Imbere y’uko aza ng’aha kw’isi yarabonye ingene Se wiwe yishura amasengesho y’abagabo n’abagore b’abizigirwa. Nk’akarorero, igihe Yezu yari kumwe na Se yariboneye ingene yishuye amasengesho ya Hana, ya Dawidi, ya Eliya be n’ay’abandi benshi. (1 Sam. 1:10, 11, 20; 1 Abm. 19:4-6; Zab. 32:5) Ni co gituma Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga kenshi kandi bizigiye ko Imana ibumva.—Mat. 7:7-11.
4. Ni ibiki twigira kuri Yezu ku bijanye no gusenga?
4 Yezu yarahaye abigishwa biwe akarorero bokurikiza biciye ku masengesho ubwiwe yatura Yehova. Yezu yarasenze kenshi mu kiringo cose yamaze akorera Yehova ng’aha kw’isi. Yaritwararika gutegekanya umwanya wo gusenga kubera ko kenshi wasanga afise ibikorwa vyinshi kandi ari kumwe n’abantu benshi. (Mrk. 6:31, 45, 46) Yaravyuka kare mu gitondo kugira ngo aronke umwanya wo gusenga ari wenyene. (Mrk. 1:35) N’imiburiburi igihe kimwe, yaramaze ijoro ryose asenga imbere y’uko afata ingingo ihambaye. (Luka 6:12, 13) Vyongeye, Yezu yarasenze kenshi mw’ijoro rya buca apfa kuko yari arajwe ishinga no gusozera igikorwa kitoroshe yari yarashinzwe ng’aha kw’isi.—Mat. 26:39, 42, 44.
5. Twokwigana gute Yezu mu bijanye no gusenga?
5 Akarorero ka Yezu karatwigisha ko dukwiye gutegekanya umwanya wo gusenga naho twoba dufise vyinshi dukora. Cokimwe na Yezu twoshobora gutegekanya akanya ko gusenga kumbure hakiri kare mu gatondo canke mw’ijoro imbere y’uko turyama. Tubigenjeje gutyo, tuba tweretse Yehova ko dukenguruka ako gateka kadasanzwe yaduteye ko kumusenga. Mushiki wacu umwe yitwa Lynne aribuka ingene yakengurutse igihe yamenya ari bwo bwa mbere ko gusenga Yehova ari agateka. Avuga ati: “Igihe namenya ko nshobora kuyagira Yehova igihe ico ari co cose, naciye ndamubona nk’umugenzi somambike kandi bituma nipfuza kuryohora amasengesho ndamutura.” Ni ko bimeze no ku batari bake muri twebwe. Nimuze ubu na ho turabe ibintu bitanu bihambaye twoshira mu masengesho dutura.
IBINTU BITANU BIHAMBAYE TWOSHIRA MU MASENGESHO
6. Twisunze Ivyahishuwe 4:10, 11, ni igiki Yehova abereye kuronka?
6 Nushemeze Yehova. Mu bintu biteye ubwoba intumwa Yohani yeretswe, yarabonye abakurambere 24 mw’ijuru bariko barasenga Yehova. Barashemeje Imana, bavuga ko ari yo ibereye kuronka “ubuninahazwa n’iteka n’ububasha.” (Soma Ivyahishuwe 4:10, 11.) Abamarayika b’abizigirwa na bo nyene barafise imvo nyinshi zituma bashemeza Yehova bakongera bakamwubaha. Babana na we mw’ijuru kandi baramuzi neza. Baribonera kamere ziwe mu vyo akora vyose. Baravye ivyo Yehova akora, baca bamushemeza.—Yobu 38:4-7.
7. Ni ibiki vyotuma dushemeza Yehova?
7 Mu masengesho na twebwe dutura, turakwiye gushemeza Yehova, tukamubwira igituma tumukunda n’igituma tumwubaha. Igihe uriko urasoma Bibiliya canke uriko urayiga, nugerageze kuraba kamere za Yehova zigushimisha cane. (Yobu 37:23; Rom. 11:33) Nuce umubwira ingene zigukora ku mutima. Turashobora kandi gushemeza Yehova kubera ukuntu atwitaho akongera akitaho umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Ntahengeshanya kutwitwararika no kudukingira.—1 Sam. 1:27; 2:1, 2.
8. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma dukengurukira Yehova? (1 Abatesalonika 5:18)
8 Nukengurukire Yehova. Turi n’imvo nyinshi zotuma dukengurukira Yehova mw’isengesho. (Soma 1 Abatesalonika 5:18.) Turashobora gukengurukira Yehova ku vyiza vyose yaduhaye; kanatsinda ingabirano nziza yose iva kuri we. (Yak. 1:17) Nk’akarorero, twoshobora kumukengurukira kubera isi nziza yaduhaye be n’ibindi bintu bitangaje yaremye. Turashobora kandi kumukengurukira kubona yaraduhaye ubuzima, umuryango, abagenzi be n’icizigiro. Vyongeye, twomukengurukira kuba yaratwemereye ko tugiranira ubugenzi na we.
9. Kubera iki dukwiye kwama dukengurukira Yehova?
9 Hari aho vyosaba ko tugira akigoro kadasanzwe kugira ngo twiyumvire imvo zotuma dukengurukira Yehova ku giti cacu. Tubaye mw’isi yuzuye abantu b’intashima. Akenshi abantu bitwararika kuronka ivyo bipfuza aho kwitwararika kumenya ico bokora, kugira ngo berekane ko bakenguruka ivyo bafise. Hamwe ako gatima kotwandukira, wosanga dusigaye dutura amasengesho yo gusaba gusa. Kugira ngo ivyo ntibidushikire, turakwiye kubandanya twerekana ko dukenguruka ibintu vyose Yehova adukorera.—Luka 6:45.
10. Kugira umutima ukenguruka vyafashije gute mushiki wacu umwe kwihangana? (Raba n’ishusho.)
10 Kugira umutima ukenguruka birashobora kudufasha kwihanganira ingorane. Raba akarorero ka mushiki wacu Kyung-sook, dusanga mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2015. Abaganga baramutoye kanseri yo mu mahaha igeze kure. Yavuze ati: “Iyo ngorane y’amagara yaransesereje cane. Yatumye numva umengo nta co ngisigaje, kandi naguma mpagaritse umutima.” Ni igiki none camufashije kwihangana? Yavuze ko buri musi mw’ijoro imbere yo kuryama, yabanza kuja hejuru kw’ibaraza y’inzu yabo, agasenga n’ijwi ryumvikana, avuga ibintu bitanu yakengurutse kuri uwo musi. Yaca yumva umutima usubiye mu nda, maze akabwira Yehova ko amukunda. Yariboneye ingene Yehova ashigikira abasavyi biwe b’intahemuka igihe bari mu ngorane, yongera aratahura ko mu buzima ivyiza ari vyo vyinshi gusumba ibibi. Cokimwe n’uwo mushiki wacu Kyung-sook, turafise imvo nyinshi zotuma dukengurukira Yehova, n’igihe mbere twoba turi mu ngorane. Gusenga Yehova tumukengurukira birashobora kudufasha kwihangana no kudata umutwe.
11. Kubera iki abigishwa ba Yezu bari bakeneye kugira umutima rugabo igihe yasubira mw’ijuru?
11 Nusabe Yehova aguhe umutima rugabo wo kwamamaza. Gatoyi imbere y’uko Yezu asubira mw’ijuru, yaribukije abigishwa biwe ibanga yabashinze ryo kumushingira intahe “i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8; Luka 24:46-48) Gatoyi inyuma y’aho, indongozi z’Abayuda zarafashe intumwa Petero na Yohani, zibarengutsa imbere ya Sentare y’Abayuda, zibategeka guhagarika kwamamaza, mbere zirabatera n’ubwoba. (Ivyak. 4:18, 21) None Petero na Yohani baciye bakora iki?
12. Twisunze Ivyakozwe 4:29, 31, abigishwa bakoze iki?
12 Igihe indongozi z’idini ry’Abayuda zatera ubwoba Petero na Yohani, bazishuye bati: “Nimba ari ibigororotse imbere y’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.” (Ivyak. 4:19, 20) Igihe Petero na Yohani barekurwa, abigishwa ba Yezu barasenze bashize amajwi hejuru, bamusaba kubafasha gukora ivyo agomba. Basenze bati: “[Nu]he abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.” Yehova yarishuye iryo sengesho rivuye ku mutima bamutuye.—Soma Ivyakozwe 4:29, 31.
13. Twigira iki ku karorero k’umuvukanyi Jin-hyuk?
13 Turashobora kwigana akarorero k’abo bigishwa mu kubandanya twamamaza naho abategetsi bobitubuza. Raba akarorero k’umuvukanyi yitwa Jin-hyuk, uwari yapfunzwe azira kutagira aho ahengamiye. Igihe yari mw’ibohero, yarashinzwe igikorwa co kwitwararika abanyororo bamwebamwe bari bapfungiwe ukwa bonyene, mugabo kikaba carazira ko ababwira ikindi kintu kitajanye n’ico gikorwa, ushizemwo ivyerekeye Bibiliya. Yarasenze Yehova amusaba umutima rugabo n’ukwigengesera, kugira ngo ntagishe akaryo na kamwe ko kwamamaza. (Ivyak. 5:29) Avuga ati: “Yehova yarishuye amasengesho yanje mu kumpa umutima rugabo n’ubukerebutsi, ndatanguza inyigisho za Bibiliya nyinshi ndi ku miryango y’amabohero, mu minuta itanitanu gusa. Mw’ijoro naca nandika amakete nohaye abanyororo bukeye.” Natwe turashobora kwizigira ko Yehova azodufasha kurangura igikorwa yadushinze. Cokimwe n’uwo muvukanyi, turashobora kumusenga tumusaba umutima rugabo n’ubukerebutsi.
14. Ni igiki codufasha igihe turi mu ngorane? (Zaburi 37:3, 5)
14 Nusabe Yehova agufashe kwihanganira ingorane. Abenshi muri twebwe usanga bari mu ngorane bivuye ku ndwara, ku gutuntura ku mutima, ku kubura ababo, ibibazo vyo mu muryango, ku ruhamo no ku bindi. Indwara z’ibiza be n’intambara na vyo vyaratumye nyinshi muri izo ngorane zirushiriza kugora kwihanganira. Nusukire Yehova ibikuraje ishinga vyose. Numuyagire uko ivyawe vyifashe nk’uko nyene wobibwira umugenzi somambike. Nuhere amazinda ko Yehova na we “azogira ico akoze.”—Soma Zaburi 37:3, 5.
15. Gusenga bishobora gute kudufasha “kwihanganira amakuba”? Tanga akarorero.
15 Gushishikara gusenga biradufasha ‘kwihanganira amakuba.’ (Rom. 12:12) Yehova arazi ibiriko birashikira abasavyi biwe, kandi “a[ru]mva ugutabaza kwabo.” (Zab. 145:18, 19) Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Kristie w’imyaka 29, yariboneye ko ukwo ari ukuri. Bukwi na bukwi yagiye abona atanguye kugira ingorane z’amagara zikomeye. Ivyo vyahavuye bituma arwara akabonge. Mu nyuma, yagiye yumva ko nyina wiwe na we bamutoye indwara yomuhitanye. Kristie avuga ati: “Narasenze cane Yehova ndamusaba ngo andonse inkomezi zomfashije buri musi. Naragerageje kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu, mu kwitaba amakoraniro no mu kwiyigisha.” Yongerako ati: “Isengesho ni ryo ryamfashije muri ivyo bihe bitoroshe. Nari nzi ko Yehova yama ari kumwe nanje, kandi ivyo vyaratumye ndushiriza kuguma ntekanye. Naho izo ngorane z’amagara zitaciye zihera, Yehova yarishuye amasengesho yanje mu kundonsa amahoro yo mu mutima be n’ugutekana.” Nimuze ntitwigere twibagira ko “Yehova [azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.”—2 Pet. 2:9.
16. Kubera iki dukeneye ko Yehova adufasha kunanira inyosha mbi?
16 Nusabe Yehova agufashe kunanira inyosha mbi. Kubera ko turi abanyagasembwa, twama turi mu rugamba rwo kurwanya inyosha mbi. Shetani na we nta ko atagira kugira ngo atume urwo rugamba rurushiriza kutugora. Kimwe mu vyo akoresha kugira ngo yonone ivyiyumviro vyacu, ni ukwisamaza kutabereye. Ukwisamaza nk’ukwo kurashobora gutuma tugira ivyiyumviro bihumanye mu mutima kandi bishobora gutuma dukora icaha gikomeye.—Mrk. 7:21-23; Yak. 1:14, 15.
17. Igihe twasavye Imana ngo iturinde inyosha mbi, twokora iki kugira ngo duhuze n’iryo sengesho? (Raba n’ishusho.)
17 Kugira ngo tunanire inyosha mbi turakeneye gufashwa na Yehova. Muri rya sengesho ry’akarorero, ico kintu Yezu yaragishizemwo. Yavuze ati: “Ntutujane mu kigeragezo, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubisha.” (Mat. 6:13) Yehova ariteguriye kudufasha, ariko dutegerezwa kubimusaba. Ikindi na co, dutegerezwa gukora duhuza n’ivyo tuba twamusavye mw’isengesho. Twoshobora gufata ingingo zotuma tugabanya akaga ko kwanduzwa n’ivyiyumviro bibi vyiraye muri iyi si mbi ya Shetani. (Zab. 97:10) Turashobora kwuzuza umuzirikanyi wacu ivyiyumviro vyiza mu gusoma Bibiliya no mu kuyiga. Kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu ndimiro, na vyo nyene biratuma tugumana ivyiyumviro vyiza. Yehova na we adusezeranira ko atazoreka ngo tugeragezwe n’ibirengeye ivyo dushobora kwihanganira.—1 Kor. 10:12, 13.
18. Ni igiki twese dukwiye gukora ku bijanye n’isengesho?
18 Umwe wese muri twebwe arakeneye kurushiriza gusenga, kugira ngo agume ari intahemuka kuri Yehova muri iyi misi ya nyuma igoye. Buri musi, nutegekanye umwanya wo gusenga bimwe bivuye ku mutima. Yehova yipfuza ko ‘tumusukira ibiri ku mutima wacu.’ (Zab. 62:8) Nushemeze Yehova wongere umukengurukire ku vyo akora vyose. Numusabe aguhe umutima rugabo wo kwamamaza. Numusabe agufashe kwihanganira ingorane iyo ari yo yose woba urimwo no kunanira inyosha mbi iyo ari yo yose yoba iriko iragushikira. Ntureke ngo hagire ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe yotuma utama witura Yehova mw’isengesho. None Yehova yishura gute amasengesho yacu? Ico kibazo gihambaye tuzokirimbura mu kiganiro gikurikira.
URURIRIMBO RWA 42 Isengesho ry’umusavyi w’Imana
a Twipfuza ko amasengesho yacu amera nk’amakete akora ku mutima twandikira umugenzi somambike. Ariko ntiwumve, ntivyama vyoroshe gutegekanya umwanya wo gusenga. Vyongeye, birashobora kutatworohera kumenya ivyo twoshira mu masengesho dutura. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyo bintu bibiri bihambaye.