Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1921: Imyaka 100 irarangiye

1921: Imyaka 100 irarangiye

UMUNARA W’INDERETSI wo ku wa 1 Nzero 1921, wabajije Abatohoji ba Bibiliya uti: “Ni igikorwa ikihe none duca tubona kiturindiriye muri uwu mwaka?” Uwo Munara wishuye ico kibazo mu gusubiramwo ibivugwa muri Yesaya 61:1, 2, ahabibukije igikorwa bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza. Hagira hati: “Yehova yandobanuje amavuta kugira ngo mbwire inkuru nziza abatekereza. [Yantumye] . . . gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova be n’umusi w’ukwihora w’Imana yacu.”

ABAMAMAJI B’UMUTIMA RUGABO

Kugira ngo Abatohoji ba Bibiliya barangure ico gikorwa, bokeneye kugira umutima rugabo. Bomenyesheje “inkuru nziza” abatekereza, abanyakibi na bo bakabamenyesha “umusi w’ukwihora.”

Umuvukanyi yitwa John Henry Hoskin yaba muri Kanada, yaramamaje n’umutima rugabo n’igihe ibintu bitari vyoroshe. Mu mpeshi yo mu 1921, yarahuye n’umuvugabutumwa umwe w’umumetodiste. Umuvukanyi Hoskin yatanguje ikiganiro avuga ati: “Turashobora kuyaga ku Vyanditswe duhuza, ariko naho hari ivyo tudahurizako, twokwiyemeza kuza gutandukana mu mahoro nk’abagenzi.” Ariko si ko vyahavuye bigenda. Umuvukanyi Hoskin avuga ati: “Tumaze kuganira iminota mikeya gusa, uwo muvugabutumwa yaciye akubita umuryango n’inguvu ku buryo nibajije ko ikiyo cawo kimenetse.”

Wa muvugabutumwa yaciye avuga akankama ati: “Kubera iki mutoja kwigisha abapagani?” Umuvukanyi Hoskin yarinumiye, ariko bavanye Hoskin yagiye ariyumvira ati: ‘Nawe mbona ata ho mutandukaniye na bo!’

Mu nyigisho uwo muvugabutumwa yigishije ku rusengero iwabo ku musi ukurikira, yarabandanije kuvuga nabi Hoskin. Umuvukanyi Hoskin agira ati: “Yabwiye abayoboke biwe ko bonyirinda, ababwira ko ari je nari umubeshi karuhariwe yaje muri ico gisagara, be n’uko nari nkwiye kuraswa.” Aho guca atekerwa n’ubwoba, Hoskin yarabandanije kwamamaza kandi yararoraniwe. Avuga ati: “Sinari bwigere ndyoherwa no kwamamaza ukuraho. Hari mbere n’abambwira ngo ‘turazi ko uri umuntu w’Imana,’ bagaca bambaza nimba bomfasha kugira ngo ntihagire ico mbura.”

KWIYIGISHA NO KWIGISHA UMURYANGO

Kugira ngo Abatohoji ba Bibiliya bafashe abashimishijwe gutera imbere, barasohoye porogarama zo kwiga Bibiliya mu kinyamakuru Ikiringo c’agakura. * Ibiganiro vyari bigenewe abakiri bato, vyari bigizwe n’ibibazo abavyeyi barimburira hamwe n’abana babo. Abavyeyi “barabaza ivyo bibazo abana babo, bagaca babafasha gutora inyishu muri Bibiliya.” Ibibazo bimwebimwe nk’iki ngo “Bibiliya igizwe n’ibitabu bingahe?,” vyaratuma abana bamenya ibintu bimwebimwe vy’ishimikiro vyo muri Bibiliya. Ibindi na vyo nk’iki cabaza ngo “Abakirisu b’ukuri bose boba bakwiye kwitega uruhamo?,” vyarategura abakiri bato kwamamaza badatinya.

Hari hariho n’ibiganiro vyari bigenewe Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze kumenya utuntu n’utundi, bikaba vyari vyerekeye umugambi Imana ifitiye abantu. Vyarimwo ibibazo vyatuma bazirikana, bikaba vyari bishingiye ku gitabu ca mbere co muri rwa rukurikirane rw’ibitabu Études des Écritures (Ukwiga Ivyanditswe). Abasomyi ibihumbi n’ibihumbi barungukiye kuri ivyo vyigwa, ariko ikinyamakuru Ikiringo c’agakura co ku wa 21 Kigarama 1921, caramenyesheje ko ivyo biganiro vyose bitosubiye gusohoka. None ni kubera iki ibintu vyahindutse bukwi na bukwi?

IGITABU GISHASHA

Igitabu Inanga y’Imana

Agakarata kerekana aho gusoma

Udukarata turiko ibibazo

Abari bayoboye igikorwa barabonye ko Abatohoji ba Bibiliya bashasha, bari bakeneye kwiga ukuri kw’ishimikiro mu buryo buri ku rutonde. Ku bw’ivyo, muri Munyonyo 1921, baciye basohora igitabu Inanga y’Imana. Abashimishwa bakakira ico gitabu, barashirwa no ku rutonde rw’abakurikirana ivyigwa vyo kwiyigisha. Ivyo vyigwa vyarafasha abasomyi gutahura “umugambi Imana ifise wo kuronsa abantu ubuzima budahera.” None vyari bitunganijwe gute?

Igihe umuntu yaba yakiriye ico gitabu, baca bamuha agakarata kamwereka igice yosoma muri ico gitabu. Ku ndwi ikurikira, baca bamuha agakarata kariko ibibazo bishingiye ku vyo yaba yasomye. Mu mpera z’ako gakarata, baca bamwereka ikindi gice azosoma mu ndwi ikurikira.

Mu kiringo c’indwi 12, buri ndwi ishengero ryama rirungikira uwo mutohoji agakarata gashasha. Akenshi utwo dukarata twarungikwa n’ababa bitereye mu myaka, canke ababa batagishoboye kuja ku nzu n’inzu. Nk’akarorero, mushiki wacu yitwa Anna Gardner wo muri Millvale, i Pensilivaniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Igihe igitabu Inanga y’Imana casohoka, vyarahaye akaryo mwenewacu Thayle atari agishoboye kugendagenda, ko kugira vyinshi akoze mu kwama arungika udukarata tw’ibibazo buri ndwi.” Igihe umutohoji yaba arangije ivyo vyigwa, baramugendera i muhira kugira ngo bamufashe gutahura vyinshi ku vyerekeye Bibiliya.

Thayle Gardner yicaye mu gakinga k’abamugaye

IGIKORWA CARI KIKIRIHO

Mu mpera z’uwo mwaka, umuvukanyi Joseph Rutherford yararungikiye ikete amashengero yose. Yavuze ko “igikorwa co gushingira intahe Ubwami muri uwo mwaka cashitse kure cane, congera kivamwo ivyiza vyinshi kurusha uwundi mwaka uwo ari wo wose w’ikiringo c’iyimbura.” Atereje amaso imbere, yongeyeko ati: “Turacafise vyinshi vyo gukora. Nimutere intege abandi bifatanye natwe muri iki gikorwa cahezagiwe.” Biragaragara ko Abatohoji ba Bibiliya bafashe nka nkama iyo mpanuro. Mu 1922, baratangaje Ubwami babigiranye umutima rugabo ku rugero rutari bwigere ruboneka.

^ ing. 9 Ikinyamakuru Ikiringo c’agakura cahavuye citwa Uruhoza (Consolation) mu 1937, mu 1946 na ho citwa Be maso!