Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 42

Nuhere amazinda ko uri mu kuri

Nuhere amazinda ko uri mu kuri

“Mwiyemeze neza ibintu vyose; mugumye ivyiza.”​—1 TES. 5:21.

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

INCAMAKE *

1. Kubera iki abantu benshi bazazanirwa?

HARIHO amadini ibihumbi mirongo y’abiyita abakirisu, avuga ko asenga mu buryo Imana yemera. Ntibitangaje rero kubona abantu benshi bazazanirwa. Baribaza bati: “Hoba hari idini ry’ukuri rimwe gusa, canke amadini yose arahimbara Imana?” Tweho twoba twarajijutse rwose ko ivyo twigisha ari ukuri be n’uko muri iki gihe Ivyabona vya Yehova ari bo basenga mu buryo Imana yemera? Ivyo tuvyemezwa n’iki? Nimuze turabe ibimenyamenya.

2. Twisunze 1 Abatesalonika 1:5, kubera iki intumwa Paulo yari yarajijutse ko yari mu kuri?

2 Intumwa Paulo yari yarajijutse cane ko yari mu kuri. (Soma 1 Abatesalonika 1:5.) Ukwo kujijuka ntikwari gushingiye ku bishobisho. Paulo yariga Ijambo ry’Imana avyitondeye. Yaremera ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Tim. 3:16) None ukwo kwiyigisha kwatumye amenya iki? Yarabonye mu Vyanditswe ibimenyamenya vyerekana yuko Yezu yari Mesiya yasezeranywe, ivyo indongozi z’idini ry’Abayuda zari zahisemwo kwirengagiza. Izo ndongozi ziyorobeka zavuga ko ziserukira Imana, mugabo zigakora ivyo Imana yanka. (Tito 1:16) Ariko Paulo wewe ntiyahitamwo ivyo yokwemera mw’Ijambo ry’Imana be n’ivyo atokwemera. Yarigisha ‘ivyo Imana igomba vyose’ akongera akabaho avyisunga.​—Ivyak. 20:27.

3. Kugira tujijuke ko turi mu kuri, twoba dukwiye kubanza kumenya inyishu z’ibibazo vyose twibaza? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ibikorwa vya Yehova n’ivyiyumviro vyiwe ‘ni vyinshi ku buryo ata wobidonda.’”)

3 Hari ababona ko idini ry’ukuri rikwiye kuba rishoboye kwishura ikibazo ico ari co cose, mbere n’ibibazo usanga Bibiliya idatangira inyishu. None ivyo vyoba vyumvikana? Raba akarorero ka Paulo. Yaremesheje abakirisu bagenziwe ‘kwiyemeza neza ibintu vyose,’ ariko kandi yariyemereye ko hari ibintu vyinshi atatahura. (1 Tes. 5:21) Yanditse ati: “Dufise ubumenyi bw’igice.” Yongeyeko ati: “Tubona ivyijiji mu cirore c’icuma.” (1 Kor. 13:9, 12) Paulo ntiyari azi ibintu vyose. Kandi na twebwe ni ukwo. Ariko Paulo yari azi muri rusangi ibijanye n’umugambi wa Yehova. Ivyo yari azi vyari bihagije kugira ngo ajijuke ko yari mu kuri.

4. Ni igiki codufasha kurushiriza kujijuka ko turi mu kuri, kandi turimbura ibiki ku bijanye n’abakirisu b’ukuri?

4 Kimwe mu vyotuma turushiriza kujijuka ko turi mu kuri, ni ukugereranya ivyo Yezu yakora mu bijanye n’ugusenga, be n’ivy’Ivyabona vya Yehova bakora muri iki gihe. Muri iki kiganiro, turaza kubona ko abakirisu b’ukuri (1) birinda ibigirwamana, (2) bubaha izina rya Yehova, (3) bakunda ukuri, (4) bakundana cane.

TURIRINDA IBIGIRWAMANA

5. Twigira iki kuri Yezu ku bijanye no gusenga mu buryo buhimbara Imana, kandi twoshira mu ngiro gute ivyo yigishije?

5 Urukundo rugera kure Yezu yakunda Imana, rwatumye asenga Yehova wenyene, haba igihe yari mw’ijuru canke igihe yari ng’aha kw’isi. (Luka 4:8) Abigishwa biwe na bo nyene yabigishije gusenga Yehova wenyene. Yaba Yezu canke abigishwa biwe b’intahemuka, ntibigeze bakoresha ibishusho mu gusenga. Kubera ko Imana ari Impwemu, nta kintu na kimwe umuntu yohingura cokwegereza na gatoya ubuninahazwa Yehova afise. (Yes. 46:5) Ariko tuvuge iki ku bijanye no guhingura ibishusho vy’abitwa aberanda no kubisenga? Mw’ibwirizwa rya kabiri muri ya Mabwirizwa cumi, Yehova yavuze ati: “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi . . . Ntukavyunamire.” (Kuv. 20:4, 5) Ayo majambo aratomoye ku bantu bose bipfuza guhimbara Imana.

6. Muri iki gihe Ivyabona vya Yehova bakurikiza akarorero akahe mu bijanye no gusenga?

6 Abahinga mu vya kahise baremeza ko abakirisu bo mu ntango basenga Imana yonyene. Nk’akarorero, igitabu kimwe kivuga ivya kahise k’ishengero ry’abakirisu (History of the Christian Church), kivuga ko abakirisu bo mu ntango babona ko gushira ibishushanyo mu bibanza vyo gusengeramwo “cari ikintu gisesemye.” Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova barigana akarorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Ntidusenga ibishusho vy’abitwa ngo ni aberanda canke abamarayika, eka mbere na Yezu ntitumusenga. Vyongeye, ibimenyetso biranga igihugu ntitubikorera ibintu bifitaniye isano no kubisenga. Naho vyogenda gute, turiyemeza kugamburuka amajambo ya Yezu agira ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga.”​—Mat. 4:10.

7. Ni ibintu ibihe vyibonekeza Ivyabona vya Yehova batandukaniyeko n’ayandi madini?

7 Muri iki gihe, abantu benshi barakurikira indongozi z’amadini zivugangwa. Baraziyumvamwo cane ku buryo bahakwa no kuzisenga. Abantu usanga buzuye amasengero yazo, bakagura ibitabu vyazo, bakongera bagatanga amahera menshi kugira bashigikire imigambi yazo. Bamwebamwe usanga bemera ibintu vyose izo ndongozi zivuga. Abo bayoboke bazo usanga baziyumvamwo cane nk’aho umengo ni Yezu! Ariko mu basavyi ba Yehova hoho nta ndongozi z’idini zihari. Naho twubaha abatuja imbere, turemera ivyo Yezu yavuze mu buryo butomoye ati: “Mwese muri abavukana.” (Mat. 23:8-10) Nta bantu dufata nk’ibigirwamana, zaba indongozi z’idini canke za politike. Vyongeye, ntidushigikira imigambi yabo. Ahubwo riho, tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike tukongera tukitandukanya n’isi. Muri iyo mice, turatandukanye rwose n’ayandi madini avuga ko ari ay’abakirisu.​—Yoh. 18:36.

TURUBAHA IZINA RYA YEHOVA

Abakirisu b’ukuri barahimbarwa no kubwira abandi ivyerekeye Yehova (Raba ingingo ya 8-10) *

8. Twemezwa n’iki ko Yehova yipfuza ko izina ryiwe rininahazwa be n’uko abantu bose barimenya?

8 Igihe kimwe Yezu yasenze ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” Yehova ubwiwe yarishuye iryo sengesho n’ijwi rirenga, asezerana ko yoninahaje izina ryiwe. (Yoh. 12:28) Mu kiringo cose Yezu yamaze arangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, yaraninahaje izina rya Se. (Yoh. 17:26) Birumvikana rero ko abakirisu b’ukuri bahimbarwa no gukoresha izina ry’Imana no kurimenyesha abandi.

9. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere berekanye gute ko bubaha izina ry’Imana?

9 Mu kinjana ca mbere, haciye igihe gitoyi ishengero rya gikirisu rishinzwe, Yehova ‘yaritayeho amahanga ngo ayakuremwo igisata ku bw’izina ryiwe.’ (Ivyak. 15:14) Abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere barahimbarwa no gukoresha izina ry’Imana no kurimenyesha abandi. Barakoresheje iryo zina ry’Imana mu ndimiro be no mu bitabu banditse. * Ivyo vyarerekanye ko ari bo bonyene bubaha izina ry’Imana.​—Ivyak. 2:14, 21.

10. Twemezwa n’iki ko Ivyabona vya Yehova ari bo bonyene bubaha izina ryiwe?

10 Ivyabona vya Yehova boba bubaha izina ryiwe? Raba ibimenyamenya. Muri iki gihe, indongozi z’amadini nyinshi zarakoze uko zishoboye kwose kugira zinyegeze ko Imana ifise izina ry’uruharo. Bararikuye muri Bibiliya zabo, mu bihe bimwebimwe na ho barabuza ko iryo zina rikoreshwa mu masengero yabo. * None ga yemwe, hari n’umwe yohakana ko Ivyabona vya Yehova ari bo bonyene bubaha izina rya Yehova bakongera bakaritera iteka nk’uko bibereye? Turiko turamenyesha abantu benshi izina ry’uruharo ry’Imana kurusha irindi dini iryo ari ryo ryose. Muri ubwo buryo, turerekana ko tubereye kwitwa Ivyabona vya Yehova. (Yes. 43:10-12) Tumaze gusohora amakopi ya Bibiliya y’isi nshasha arenga imiliyoni 240, ikaba ikoresha izina ry’Imana mu bibanza usanga abahinduye ayandi mabibiliya bararikuyemwo. Vyongeye, turasohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bikoresha izina rya Yehova mu ndimi zirenga 1.000!

TURAKUNDA UKURI

11. Abakirisu bo mu ntango berekanye gute ko bakunda ukuri?

11 Yezu yarakunda ukuri, ni ukuvuga ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. Yezu yabayeho yisunga ukwo kuri, yongera arakumenyesha n’abandi. (Yoh. 18:37) Abayoboke b’ukuri ba Yezu na bo nyene barakunda cane ukuri. (Yoh. 4:23, 24) Nkako, intumwa Petero yise idini ry’abakirisu ngo “inzira y’ukuri.” (2 Pet. 2:2) Kubera ko abakirisu bo mu ntango bakunda cane ukuri, baramirira kure ivyiyumviro vy’idini, imico, be n’ivyiyumviro vy’abantu vyari biteye kubiri n’ukwo kuri. (Kol. 2:8) No muri iki gihe, abakirisu b’ukuri barihatira ‘kubandanya bagendera mu kuri,’ mu gushingira ivyo bemera kw’Ijambo rya Yehova no mu kubaho baryisunga.​—3 Yoh. 3, 4.

12. Iyo abatuja imbere babonye ko hari ibikeneye kuryohorwa mu kuntu dutahura ibintu baca bakora iki, kandi babitumwa n’iki?

12 Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe ntibavuga ko bazi ibintu vyose vyo muri Bibiliya. Vyarashitse barihenda mu bijanye n’ivyo twemera be no mu gutunganya ishengero. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Ivyanditswe birerekana ko ubumenyi butagira amakosa bugenda burongerekana uko haca igihe. (Kol. 1:9, 10) Yehova ahishura ukuri intambwe ku yindi, kandi dutegerezwa kurindira twihanganye ko umuco urushiriza gukayangana. (Imig. 4:18) Iyo abatuja imbere babonye ko ukuntu twahora dutahura ikintu kanaka bikeneye kuryohorwa, ntibagonanwa kugira ico bahinduye. Mu gihe amadini menshi y’abiyita abakirisu agira ivyo ahinduye mu ntumbero yo kunezereza abanywanyi bayo canke kugira yemerwe n’isi, amahinduka agirwa mw’ishirahamwe rya Yehova yoyo afise intumbero yo gutuma turushiriza kwiyegereza Imana, no gukurikiza akarorero Yezu yasize mu bijanye no gusenga. (Yak. 4:4) Ayo mahinduka ntituyagira kugira tujane n’isi, ahubwo tuyagira kubera tuba twarushirije gutahura Ivyanditswe. Emwe, turakunda ukuri!​—1 Tes. 2:3, 4.

TURAKUNDANA CANE

13. Muri kamere abakirisu bagaragaza ni iyihe iza imbere, kandi Ivyabona vya Yehova bayigaragaza gute muri iki gihe?

13 Muri kamere zose zaranga abakirisu bo mu kinjana ca mbere, urukundo ni rwo rwaza imbere. Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barakundana bakongera bakunga ubumwe. Mu buryo butandukanye n’ayandi madini, umuryango wacu w’abavukanyi wunze ubumwe, urarengera ugukumirana gushingiye ku bwenegihugu, kw’ibara ry’urukoba be n’imico kama. Urukundo nyakuri dufitaniye ruribonekeza ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Ivyo bimenyamenya biratuma turushiriza kujijuka ko uburyo dusenga ari bwo bwonyene bwemerwa na Yehova.

14. Twisunze Abakolosayi 3:12-14, ni mu buryo buhambaye ubuhe dushobora kwerekana ko dukundana cane?

14 Ivyanditswe biraduhimiriza ‘kugiriranira urukundo rwinshi.’ (1 Pet. 4:8) Uburyo bumwe tugaragaza urwo rukundo, ni mu kubabarira abandi no mu kwihanganira amakosa yabo. Turarondera kandi uturyo two gutanga no kugaragariza ubwakiranyi abo mw’ishengero bose, ushizemwo mbere n’aboba baratubabaje. (Soma Abakolosayi 3:12-14.) Urukundo nk’urwo ni ikimenyetso cerekana ko turi abakirisu b’ukuri.

“UKWIZERA KUMWE”

15. Ni mu yindi mice iyihe dukurikiza akarorero abakirisu bo mu kinjana ca mbere badusigiye mu bijanye no gusenga?

15 Akarorero twasigiwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere mu bijanye no gusenga, turagakurikiza no mu yindi mice. Nk’akarorero, ingene ibintu bitunganijwe mw’ishengero, ushizemwo ibijanye n’abacungezi b’ingenzi, abakurambere be n’abakozi b’ishengero, birasa neza n’ukuntu intumwa zabitunganije mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere. (Flp. 1:1; Tito 1:5) Ukuntu tubona ivyo guhuza ibitsina be n’umubano w’ababiranye, ukuntu twubaha ubweranda bw’amaraso be n’ugukura mw’ishengero abacumuzi batigaya kugira turikingire, vyose vyisunga akarorero ko mu kinjana ca mbere.​—Ivyak. 15:28, 29; 1 Kor. 5:11-13; 6:9, 10; Heb. 13:4.

16. Twigira iki ku bivugwa mu Banyefeso 4:4-6?

16 Yezu yavuze yuko abantu benshi bovuze ko ari abigishwa biwe, ariko ko atari bose bobaye ari ab’ukuri. (Mat. 7:21-23) Ivyanditswe na vyo nyene vyaramenyesheje ko mu misi ya nyuma, abantu benshi bobaye “bafise ishusho y’ukwihebera Imana” mugabo ari uruhendo gusa. (2 Tim. 3:1, 5) Ariko Bibiliya iratomora ko hari “ukwizera kumwe” gusa Imana yemera.​—Soma Abanyefeso 4:4-6.

17. Ni bande muri iki gihe bigana Yezu kandi bafise ukwizera nyakuri?

17 None ni bande bafise ukwo kwizera nyakuri muri iki gihe? Twiboneye ibimenyamenya. Twabonye akarorero Yezu yatanguje mu bijanye n’ugusenga, mu nyuma kagakurikizwa n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Nta bandi bafise ukwo kwizera atari Ivyabona vya Yehova gusa. Ese ukuntu ari agateka kuba Icabona ca Yehova no kumenya ukuri ku bimwerekeye be n’imigambi yiwe! Nuhere amazinda rero ko uri mu kuri wongere ukugumye.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, turaza kubona akarorero Yezu yadusigiye k’ugusenga kw’ukuri, tubone n’ingene abakirisu bo mu ntango bagakurikije. Turaza no kubona ibimenyamenya vyerekana ko Ivyabona vya Yehova bariko barakurikiza ako karorero muri iki gihe.

^ ing. 9 Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abakirisu bo mu ntango boba barakoresha izina ry’Imana?”, mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2010, rup. 6.

^ ing. 10 Nk’akarorero, mu 2008, Papa Benedigito wa 16 yategetse ko izina ry’Imana “ridakwiye gukoreshwa canke gucishwa mu kanwa” mu misa, mu ndirimbo canke mu bisabisho.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye Bibiliya y’isi nshasha mu ndimi zirenga 200, kugira abantu bashobore gusoma Bibiliya irimwo izina ry’Imana mu rurimi rwabo kavukire.