Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nunagure ubucuti ufitaniye na Yehova

Nunagure ubucuti ufitaniye na Yehova

BURI mwaka, intama nyinshi twikundira ziragarukanwa mw’ishengero. Iyumvire ingene ‘mw’ijuru haba akanyamuneza kenshi’ iyo hagize iyigaruka! (Luka 15:7, 10) Nimba waragarukanywe, numenye neza ko Yezu, abamarayika, be na Yehova ubwiwe bahimbarwa cane no kubona waragarutse mu kuri. Ariko rero, uko ugerageza kunagura ubucuti ufitaniye na Yehova, urashobora guhura n’intambamyi. None zimwezimwe muri zo ni izihe, kandi ni ibiki vyoshobora kugufasha?

INTAMBAMYI

Abenshi baguma bumva umengo ntibabereye, n’inyuma yo kugarukanwa mw’ishengero. Kumbure uratahura ingene Umwami Dawidi yiyumva. N’inyuma y’aho Imana imubabariye ibicumuro yari yakoze, Dawidi yavuze ati: “Amakosa yanje yarampambije,” ni ukuvuga ko yamuremereye cane. (Zab. 40:12; 65:3) Naho umuntu aba yagarutse kuri Yehova, arashobora kumara imyaka itari mike yiyagiriza canke yumva isoni. Uwitwa Isabelle yaramaze imyaka irenga 20 yaraciwe mw’ishengero. * Yavuze ati: “Vyarangora cane kwemera ko Yehova yari kumbabarira.” Iyo ucitse intege, ukwizera kwawe kwoshobora gusubira guhungabana. (Imig. 24:10) Nugerageze rero kwirinda ko bigushikira.

Hari n’abatinya ko bitazoborohera kunagura ubucuti bafitaniye na Yehova. Inyuma y’aho uwitwa Antoine agarukaniwe mw’ishengero, yavuze ati: “Nabona umengo nta kintu na kimwe nari ncibuka kijanye n’ubuzima bw’umukirisu.” Ivyiyumviro nk’ivyo, vyoshobora gutuma bamwebamwe bagonanwa kugira uruhara bimwe bishitse mu bikorwa vy’impwemu.

Tubitangire akarorero: Umuntu afise inzu yononywe cane n’igihuhusi gikomeye, yoshobora guta umutwe azirikanye umwanya n’akigoro bizomusaba kugira ngo ayisanure. Muri ubwo buryo nyene, nimba ubucuti wari ufitaniye na Yehova bwarononekaye kubera icaha gikomeye wakoze, woshobora kwiyumvira ko kubunagura bizogusaba akigoro gakomeye. Ariko rero urwo rugamba ntururwana uri wenyene.

Yehova adutera akamo ati: “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu.” (Yes. 1:18) Uramaze gukora ivyo ushoboye vyose kugira ngo ‘ugorore ibintu.’ Ako kigoro wagize gatuma Yehova agukunda. Kuba waragarutse kuri Yehova vyatumye aronka ico yishura Shetani.​—Imig. 27:11.

Ico kintu wakoze caratumye usubira kwiyegereza Yehova, kandi na we asezerana kukwiyegereza. (Yak. 4:8) Ariko rero, kuba gusa waragarutse mw’ishengero ntibihagije. Urakeneye kuguma ukomeza urukundo ukunda Umuvyeyi wawe Yehova, akaba n’Umugenzi wawe. None wobigira gute?

NIWISHINGIRE IMIGAMBI WOSHOBORA GUSHIKAKO

Nugerageze kwishingira imigambi woshobora gushikako. Ushobora kuba ucibuka inyigisho nyamukuru wize ku bijanye na Yehova be n’ivyo yasezeranye ku bwa kazoza. Ariko rero, urakeneye gusubira kugira urutonde rwiza mu vy’impwemu, aho hakaba harimwo kwamamaza inkuru nziza no kwama wifatanya n’abavukanyi. Raba imigambi wokwishingira.

Nusenge Yehova kenshi. Uwo Muvyeyi wawe aratahura ko kuguma wiyagiriza bishobora gutuma bitakworohera kumusenga. (Rom. 8:26) Ariko rero, ‘nushishikare gusenga’ Yehova umubwira ko wipfuza cane kugiranira ubucuti na we. (Rom. 12:12) Uwitwa Andrej avuga ati: “Nariyagiriza cane kandi nkumva maramaye. Ariko igihe cose naba mpejeje gusenga, naca numva nduhutse. Naca ndushiriza kugira amahoro mu mutima.” Nimba utazi ivyo woshira mw’isengesho, nurabe amasengesho y’ukwigaya yatuwe n’Umwami Dawidi, ayo dusanga muri Zaburi ya 51 n’iya 65.

Niwame wiyigisha Bibiliya. Ivyo bizotuma ukwizera kwawe gukomera vyongere bitume urushiriza gukunda Yehova. (Zab. 19:7-11) Uwitwa Felipe yavuze ati: “Kudaha agaciro ivyo kwiyigisha, ni vyo vyatumye ngoyagoya mu vy’impwemu nkongera ngahemukira Yehova. Kubera ko ntashaka gusubira kugwa muri iryo kosa, naciye mfata ingingo yo kuza ndiyigisha kugira ngo nikingire.” Na wewe urashobora kubigenza gutyo. Nimba wipfuza kumenya ivyo wokwiyigisha bihuje n’uko ivyawe vyifashe, ubona gute ubajije umugenzi azi utuntu n’utundi akagufasha?

Nunagure ubucuti ufitaniye n’abavukanyi. Bamwebamwe mu bagaruka mw’ishengero, barahagarika umutima biyumvira ko abandi bazobabona nabi. Uwitwa Larissa yavuze ati: “Narumva maramaye cane. Nabona ko nari narahemukiye ishengero. Naramaze igihe kirekire niyumva gutyo.” Numenye neza ko abakurambere be n’abandi bakirisu bahumuye bipfuza cane kugufasha kunagura ubucuti ufitaniye na Yehova. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Abakurambere bokora iki?”) Barahimbarwa no kubona waragarutse kuri Yehova, kandi bipfuza ko umererwa neza.​—Imig. 17:17.

Wokora iki kugira ngo urushirize kwiyegereza ishengero? Niwame wifatanya n’abavukanyi na bashiki bacu mu kwitaba amakoraniro yose no mu kwama ugira uruhara mu ndimiro. None ivyo bizogufasha gute? Uwitwa Felix yavuze ati: “Abagize ishengero bari bashashaye kumbona ngarutse. Narabonye ko bankunda. Bose baramfashije gusubira kwumva ko ndi mu bagize ishengero, ko Yehova yambabariye, be n’uko nobandanya ntera imbere.”​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Wokora iki?

NTUCIKE INTEGE!

Shetani azobandanya kuguteza ibindi bihuhusi kugira aguce intege mu rugamba rwo kunagura ubucuti ufitaniye na Yehova. (Luka 4:13) Nuhere ubu ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova.

Ku bijanye n’intama ziwe, Yehova asezerana ati: “Iyatakaye nzoyirondera, iyangajwe ndayigarukane, iyavunitse ndayitubike, iyirwaye ndayikomeze.” (Ezk. 34:16) Yehova yarafashije abandi benshi cane baranagura ubucuti bafitaniye na we. Numenye neza ko na wewe yipfuza kugufasha kuguma urushiriza gukomeza ubucuti ufitaniye na we.

^ ing. 4 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa.