Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 40

Ukwigaya nyakuri ni iki?

Ukwigaya nyakuri ni iki?

“Naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye.”​—LUKA 5:32.

URURIRIMBO RWA 36 Turinde imitima yacu

INCAMAKE *

1-2. Umwami Ahabu n’Umwami Manase bari batandukaniye kuki, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

NIMUZE turimbure ibijanye n’abami babiri babayeho mu bihe vya kera. Umwe yaganza ubwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, uwundi yaganje ubwami bwa Yuda bwari bugizwe n’imiryango ibiri. Naho babayeho mu bihe bitandukanye, hariho ibintu vyinshi bari bahuriyeko. Abo bami bose baragararije Yehova, bongera batuma abasavyi biwe bamugarariza. Vyongeye, bose barasenze ibigirwamana bongera barasesa amaraso. Ariko rero, hariho ikintu bari batandukaniyeko. Umwe muri bo yagumye akora ibibi gushika apfuye, ariko uwundi yarigaye maze arababarirwa ibintu vy’agahomerabunwa yakoze. None abo bami bari bande?

2 Umwe yari Ahabu umwami wa Isirayeli, uwundi akaba Manase umwami wa Yuda. Ibintu abo bagabo babiri bari batandukaniyeko, biratwigisha vyinshi ku bijanye n’ikintu gihambaye cane, na co kikaba ari ukwigaya. (Ivyak. 17:30; Rom. 3:23) None ukwigaya ni iki, kandi ni ibiki vyerekana ko umuntu yigaye? Ivyo turakeneye kubimenya kubera ko twipfuza ko Yehova atubabarira igihe ducumuye. Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, tugiye kurimbura ivyerekeye abo bami babiri, tubone n’ivyo dushobora kubigirako. Mu nyuma turarimbura ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’ukwigaya.

IVYO TWOKWIGIRA KU MWAMI AHABU

3. Ahabu yari umwami ameze gute?

3 Ahabu yari umwami agira indwi mu bami baganje bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi. Umugore wiwe yitwa Yezebeli, umukobwa w’umwami wa Sidoni, rino rikaba ryari ihanga ryo mu buraruko ryari ritunze. Kwubakana n’uwo mugore, bishobora kuba vyaratumye ihanga rya Isirayeli ritunga. Ariko kandi, vyaratumye ubucuti iryo hanga ryari rifitaniye na Yehova burushiriza kwononekara. Kubera ko Yezebeli yasenga Bayali, yaroheje Ahabu arashigikira ukwo gusenga gusesemye, ukwari kurimwo ubumaraya bwakorerwa ku rusengero, mbere no gutanga abana kw’ibimazi. Igihe Yezebeli yari umwamikazi, abahanuzi ba Yehova bose bari mu kaga. Abenshi muri bo yarabishe. (1 Abm. 18:13) Ahabu ubwiwe “[ya]kora nabi cane mu maso ya Yehova kurusha abari baramwitangiye imbere bose.” (1 Abm. 16:30) Yehova yarabona neza ivyo Ahabu na Yezebeli bariko barakora. Ariko Yehova abigiranye imbabazi, yararungitse umuhanuzi Eliya kugira aburire abasavyi biwe ngo bahindure ingendo amazi atararenga inkombe. Ariko Ahabu na Yezebeli baranse kubumviriza.

4. Ahabu yaciriwe urubanza uruhe, kandi yavyakiriye gute?

4 Amaherezo, ukwihangana kwa Yehova harageze igihe kurangira. Yararungitse Eliya kugira ngo amenyeshe Ahabu na Yezebeli urubanza yari yabaciriye. Umuryango wabo wose wategerezwa kurandurwa. Ivyo Eliya yavuze vyarababaje cane Ahabu. Igitangaje, uwo mugabo w’ubwibone yaciye ‘yicisha bugufi.’​—1 Abm. 21:19-29.

Kuba Umwami Ahabu yarataye mw’ibohero umuhanuzi w’Imana, vyarerekanye ko atigaya vy’ukuri (Raba ingingo ya 5-6) *

5-6. Ni ibiki vyerekana ko Ahabu atari yarigaye vy’ukuri?

5 Naho ico gihe Ahabu yicishije bugufi, uko yavyifashemwo mu nyuma vyarerekanye ko atari yarigaye vy’ukuri. Ntiyagerageje gukuraho ugusenga Bayali mu bwami bwiwe. Vyongeye, ntiyaremesheje abantu ngo basenge Yehova. Hariho n’ibindi Ahabu yakoze vyerekana ko atari yarigaye.

6 Mu nyuma, igihe Ahabu yatumako Yehoshafati umwami mwiza wa Yuda ngo bajane kurwanya Abasiriya, Yehoshafati yatanze iciyumviro c’uko bobanza kubaza umuhanuzi wa Yehova. Ahabu yabanje kwanka ico ciyumviro. Yavuze ati: “Haracasigaye umugabo umwe twocishako mu gusiguza Yehova; mugabo jewe ndamwanka, kuko atabūra ibintu vyiza ku binyerekeye atari ibibi.” Naho ari ukwo, bahavuye basiguza umuhanuzi Mikaya. Emwe, Ahabu ntiyihenze! N’ubundi uwo muhanuzi yamubwiye amakuru adahumuriza. Aho guca yigaya ngo asabe imbabazi Yehova, uwo mwami mubi Ahabu yaciye ata mw’ibohero uwo muhanuzi. (1 Abm. 22:7-9, 23, 27) Naho uwo mwami yataye mw’ibohero uwo muhanuzi wa Yehova, ntiyashoboye kubuza ko ivyo yari yavuze bishika. Ahabu yiciwe muri urwo rugamba bari bagiyemwo.​—1 Abm. 22:34-38.

7. Ahabu amaze gupfa Yehova yamudondoye gute?

7 Ahabu amaze gupfa, Yehova yarerekanye ingene yamubona. Igihe umwami mwiza Yehoshafati yagaruka amahoro, Yehova yararungitse umuhanuzi Yehu, kumuhambarira kubona yarifatanije na Ahabu. Yehu yamubwiye ati: “Mbega umubisha ni we yari akwiye gutabarwa? Abanka Yehova ni bo ukwiye gukunda?” (2 Ngo. 19:1, 2) Zirikana iki kintu: Iyo Ahabu aza kuba yarigaye vy’ukuri, Yehu ntiyari kumwita umubisha yanka Yehova. Biragaragara ko naho Ahabu yicujije ku rugero kanaka, atigeze yigaya vy’ukuri.

8. Akarorero ka Ahabu katwigisha iki ku bijanye n’ukwigaya?

8 None twigira iki kuri Ahabu? Igihe yumva ubutumwa Eliya yashikirije bwavuga ivyago vyoshikiye umuryango wiwe, Ahabu yaciye yicisha bugufi. Ico cari ikintu ciza. Ariko ivyo yakoze mu nyuma, vyarerekanye ko atari yarigaye vy’ukuri. Ukwigaya rero, si ukuvuga gusa ko ubabajwe n’ikibi wakoze. Nimuze turimbure akandi karorero kadufasha gutahura ukwigaya nyakuri ico ari co.

IVYO TWIGIRA KU MWAMI MANASE

9. Manase yari umwami ameze gute?

9 Haciye imyaka nk’amajana abiri, Manase yarabaye umwami wa Yuda. Ashobora kuba yari mubi cane kurusha Ahabu! Bibiliya ivuga iti: “Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze.” (2 Ngo. 33:1-9) Manase yarashinze ibicaniro vy’imana z’inyamahanga, afata mbere n’igishusho c’ikibazano c’igikingi ceranda agishira mu rusengero rweranda rwa Yehova, kikaba gishobora kuba cari igishusho c’imanakazi y’ivy’irondoka. Yarakora n’ivy’amageza, ivyo kuragura be n’ivy’ubupfumu. ‘Yarasheshe n’amaraso y’intungane menshi cane.’ Muri ubwo bwicanyi bwiwe bw’agahomerabunwa, yaracishije n’“abahungu biwe mu muriro,” abatangako ikimazi ku mana z’ikinyoma.​—2 Abm. 21:6, 7, 10, 11, 16.

10. Yehova yatoje indero gute Umwami Manase, kandi uwo mwami yavyifashemwo gute?

10 Cokimwe na Ahabu, Manase abigiranye akagagazo, yaranse kwemera imburi Yehova yamuhaye biciye ku bahanuzi biwe. Ku bijanye n’ingene vyahavuye bigenda, Bibiliya ivuga iti: “Yehova [ateza Yuda] abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri; nuko bafatira Manase mu myobo, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni.” Igihe yari apfungiwe i Babiloni, biboneka ko Manase yazirikanye cane ku vyo yari yarakoze. “Yagumye yicisha bugufi cane imbere y’Imana ya ba sekuruza biwe.” Mbere ntiyagarukirije aho. “[Yaratakambiye] Yehova Imana yiwe,” ngo amugirire ubutoni. Nkako, Manase ‘yagumye amusenga.’ Uwo mwami w’umubisha yariko arahinduka. Yaratanguye kubona ko Yehova ari “Imana yiwe,” aca aguma amusenga ubudahengeshanya.​—2 Ngo. 33:10-13.

Kuba Umwami Manase yararwanije ugusenga kw’ikinyoma, vyarerekanye ko yigaya vy’ukuri (Raba ingingo ya 11) *

11. Twisunze 2 Ngoma 33:15, 16, Manase yerekanye gute ko yigaye vy’ukuri?

11 Yehova yahavuye yishura amasengesho Manase yamutuye. Ivyo Manase yavuze mu masengesho yiwe, vyareretse Yehova ko yari yahindutse. Yehova yarumvise ugutakamba kwiwe maze amusubiza ku ngoma. Manase yaciye akora ibishoboka vyose, kugira ngo yerekane ko yari yigaye vy’ukuri. Yarakoze ivyo Ahabu atigeze akora. Yarahinduye ingendo. Yararwanije cane ugusenga kw’ikinyoma, aca arashigikira ugusenga kw’ukuri. (Soma 2 Ngoma 33:15, 16.) Ivyo vyasavye Manase umutima rugabo n’ukwizera, kuko yari amaze imyaka myinshi aha akarorero kabi abo mu muryango wiwe, abanyacubahiro bo mu bwami bwiwe be n’abantu bo mu gisata ciwe. Ariko rero mu myaka yiwe ya nyuma, Manase yaragerageje gukosora ibintu bimwebimwe yari yarononye. Biboneka kandi ko yagize akosho keza ku mwuzukuru wiwe Yosiya, uwahavuye aba umwami mwiza cane.​—2 Abm. 22:1, 2.

12. Twigira iki kuri Manase ku bijanye n’ukwigaya?

12 None twokwigira iki kuri Manase? Uretse ko yicishije bugufi, yaragize n’ibindi akoze. Yarasenze asaba kugirirwa imbabazi. Vyongeye, yarahinduye ingendo. Yarihatiye gukosora ivyo yari yarononye, ararondera gusenga Yehova, arafasha n’abandi kubigira. Akarorero ka Manase, kararemesha mbere n’abacumuzi katwa. Karaduha ikimenyamenya gikomeye cerekana ko Yehova Imana ari ‘mwiza kandi ko yiteguriye kubabarira.’ (Zab. 86:5) Abigaya vy’ukuri barababarirwa.

13. Tanga akarorero kadufasha gutahura ikintu gihambaye ku bijanye n’ukwigaya.

13 Manase yarakoze n’ibindi uretse ukwicuza ku bicumuro vyiwe. Ivyo biratwigisha ikintu gihambaye ku bijanye n’ukwigaya. Nk’akarorero, dufate ko ugiye kugura umukate ku mudandaza. Ariko aho kuguha umukate, agaca aguha ifarini. Woba wovyemera? Habe namba! Bite ho hamwe yoca agusigurira ko ifarini ari yo nyamukuru mu bigize umukate? N’ico gihe nyene ntiwoyitora! Yehova na we nyene arasaba umucumuzi kwigaya. Iyo uwo mucumuzi ababajwe n’igicumuro yakoze, biba ari vyiza. Ukwo kwicuza ni ikintu nyamukuru mu bigize ukwigaya, mugabo si ukwigaya gukwiye. None ni ikindi kintu ikihe kiba gikenewe? Turigira vyinshi ku mugani ukora ku mutima Yezu yaciye.

UKWIGAYA NYAKURI

Wa mwana w’icangazi amaze kugarukana ubwenge, yarafashe urugendo rurerure asubira i muhira (Raba ingingo ya 14-15) *

14. Umwana w’icangazi avugwa mu mugani wa Yezu yatanguye gute kugaragaza ibimenyetso vy’ukwigaya?

14 Yezu yaravuze inkuru ikora ku mutima dusanga muri Luka 15:11-32, yerekeye umwana w’icangazi. Umusore umwe yaragararije se wiwe, ava i muhira maze afata urugendo yigira “mu gihugu ca kure.” Ashitseyo, yibereyeho mu buhumbu. Ariko igihe yashikirwa n’ingorane zikomeye, yaratanguye kuzirikana cane. Yaciye abona ko igihe yari kwa se ari ho yari amerewe neza. Nk’uko Yezu yabivuze, uwo musore “[yara]garukanye ubwenge.” Yaciye afata ingingo yo gusubira i muhira agasaba se wiwe imbabazi. Igihe uwo musore yatahura ko yari yafashe ingingo mbi, yari ateye intambwe ihambaye. None kubitahura gusa vyari bihagije? Habe namba. Yategerezwa kugira ico akoze!

15. Umwana w’icangazi avugwa mu mugani wa Yezu, yerekanye gute ko yigaye vy’ukuri?

15 Wa mwana w’icangazi yarerekanye ko yari yigaye vy’ukuri ku vyo yari yakoze. Yarafashe urugendo rurerure asubira i muhira. Igihe yashikira se wiwe yamubwiye ati: “Naracumuye ku Mana no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe.” (Luka 15:21) Ivyo uwo musore yavuze abikuye ku mutima, vyarerekanye ko yipfuza kunagura ubucuti yari afitaniye na Yehova. Yaremeye kandi ko ivyo yakoze vyababaje se wiwe. Vyongeye, yari yiteguriye gukora ivyo ashoboye vyose kugira ngo asubire gushimwa na se, mbere yari yiteguriye no gufatwa nk’umwe mu bacangero ba se. (Luka 15:19) Uwo mugani si inkuru gusa ikora ku mutima. Ivyigwa birimwo birashobora gufasha abakurambere, igihe barondera kumenya nimba umukirisu yakoze igicumuro gikomeye yigaya vy’ukuri.

16. Kubera iki vyoshobora kutorohera abakurambere kumenya nimba umuntu yigaya vy’ukuri?

16 Abakurambere ntibiborohera kumenya nimba uwakoze igicumuro gikomeye yigaya vy’ukuri. Kubera iki? Kubera ko badashobora kumenya ibiri mu mutima w’umuntu, bategerezwa gufatira ku bintu vyerekana ko uwakoze igicumuro gikomeye yahinduye rwose ukuntu akibona. Mu bihe bimwebimwe, umuntu yoshobora kuba yaracumuye bimwe bigera kure, ku buryo abakurambere vyobagora kwemera ko yigaya vy’ukuri.

17. (a) Ni akarorero akahe kerekana ko kwicuza gusa biterekana ko umuntu yigaye vy’ukuri? (b) Twisunze 2 Abakorinto 7:11, umuntu yigaya vy’ukuri ategerezwa gukora iki?

17 Raba aka karorero. Umuvukanyi umwe aramaze imyaka myinshi akora ubusambanyi. Aho kurondera gufashwa, aranyegeza ico gicumuro umugore wiwe, abagenzi biwe be n’abakurambere. Amaherezo ivyiwe biraja ahabona. Abakurambere bamaze kumuha ibimenyamenya, aremera ivyo yakoze, mbere agasa n’uwerekana ko yicujije cane. None ivyo vyoba bihagije? Abakurambere bicarira ikibazo nk’ico, bokenera kurimbura n’ibindi. Si ikintu yaguyemwo rimwe gusa kubera ugusamara, ahubwo ni ingendo mbi yamazemwo imyaka n’iyindi. Vyongeye, uwo mucumuzi si we yiyaturiye icaha, ahubwo yarafashwe. Abakurambere rero bokenera kubona ibimenyamenya vyerekana ko vy’ukuri yahinduye ivyiyumviro be n’ingendo yiwe. (Soma 2 Abakorinto 7:11.) Umuntu nk’uwo vyoshobora kumusaba igihe kirekire kugira ngo ahinduke vy’ukuri. Birashoboka cane ko yokurwa mw’ishengero, akamara ikiringo kanaka ari hanze yaryo.​—1 Kor. 5:11-13; 6:9, 10.

18. Uwaciwe yokwerekana gute ko yigaya vy’ukuri, kandi ivyo vyovamwo iki?

18 Kugira ngo uwaciwe yerekane ko yigaya vy’ukuri, yokenera kwama yitaba amakoraniro no gushira mu ngiro impanuro abakurambere bamuha yo kwama asenga kandi yiyigisha. Arakwiye kandi gukora uko ashoboye kwose, akirinda ibintu vyatumye agwa mu caha. Hamwe yokwihatira kunagura ubucuti afitaniye na Yehova, arashobora kwemera adakeka ko Yehova azomubabarira aherejeko, be n’uko abakurambere bazomusubiza mw’ishengero. Ariko rero igihe abakurambere bariko barihweza ibijanye n’uwakoze igicumuro, baratahura ko ibintu bitama vyifashe kumwe, akaba ari co gituma birinda guca urubanza gihutihuti.

19. Ukwigaya nyakuri ni iki? (Ezekiyeli 33:14-16)

19 Nk’uko twabibonye, umuntu yigaya vy’ukuri ntavuga gusa ko yicujije ku gicumuro gikomeye yakoze. Bisaba kandi ko ahindura ivyiyumviro be n’ukuntu abona ibintu, maze agakora ivyerekana ko yahindutse. Ivyo birimwo guheba ingendo mbi yahoramwo, agahindukira kugira ngo asubire kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova. (Soma Ezekiyeli 33:14-16.) Ikintu nyamukuru umucumuzi akwiye kwitwararika, ni ugusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova.

GUFASHA ABACUMUZI KWIGAYA

20-21. Twofasha gute umuntu yakoze igicumuro gikomeye?

20 Yezu yaravuze muri make intumbero nyamukuru y’igikorwa ciwe ati: “Naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye.” (Luka 5:32) Na twe ni co cipfuzo dukwiye kugira. Dufate ko umugenzi wacu somambike yakoze igicumuro gikomeye. None twoca dukora iki?

21 Kugerageza guhisha ico gicumuro, nta kindi vyomumarira atari ukumugirira nabi. Ivyo nta co vyoshikako kuko Yehova aba yarabibonye. (Imig. 5:21, 22; 28:13) Kugira ngo ufashe uwo mugenzi wawe, urashobora kumwibutsa ko abakurambere bipfuza kumufasha. Aramutse yanse kubibwira abakurambere, urakwiye guca ubibamenyesha, gutyo ukaba werekanye ko wipfuza kumufasha vy’ukuri. Ubucuti afitaniye na Yehova buba buri mu kaga!

22. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

22 Tuvuge iki hoho hamwe umucumuzi yoba yarashitse kure cane, ku buryo abakurambere bafata ingingo yuko acibwa? Vyoba bisobanura ko batamugaragarije imbabazi? Mu kiganiro gikurikira, tuzosuzuma twitonze ingene Yehova atoza indero abacumuzi abigiranye imbabazi, be n’ingene twomwigana.

URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo

^ ing. 5 Umuntu yigaya vy’ukuri ntavuga gusa ko yicujije ku gicumuro yakoze. Iki kiganiro, kirakoresha akarorero k’Umwami Ahabu, ak’Umwami Manase, n’aka wa mwana w’icangazi Yezu yavuga mu mugani wiwe, kugira ngo kidufashe gutahura ico ari co ukwigaya nyakuri. Kiraza no kutwereka ivyo abakurambere bategerezwa kurimbura, igihe basuzuma nimba uwakoze icaha gikomeye yigaya vy’ukuri.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umwami Ahabu n’ishavu n’akantu, ategetse abarinzi biwe guta mw’ibohero Mikaya umuhanuzi wa Yehova.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umwami Manase ategetse abakozi kumenagura ibishushanyo yari yarashinze mu rusengero.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Wa mwana w’icangazi ararushe cane kubera urugendo rurerure. Amaze kubona iwabo ari nka hariya, aca yiruhutsa.