1922: Imyaka 100 irarangiye
“IMANA . . . iduha gutsinda [ku bwa] . . . Yesu Kristo.” (1 Kor. 15:57, Bibiliya Yera) Ayo majambo y’icanditswe c’umwaka co mu 1922, yarakuye amazinda Abatohoji ba Bibiliya ko boronse impera kubera ubwizigirwa bwabo. Nkako, muri uwo mwaka Yehova yarahaye impera abo bamamaji b’abanyamwete. Yarabahezagiye igihe batangura kwicapurira ibitabu ubwabo, no gukoresha iradiyo mu kumenyekanisha ukuri kwerekeye Ubwami. Mu mpera zo mu 1922, vyarasubiye kwigaragaza neza ko Yehova yariko arabahezagira. Abatohoji ba Bibiliya barahuriye hamwe kw’ihwaniro ry’intibagirwa ryabereye i Cedar Point muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyabaye kuri iryo hwaniro, vyarateje imbere igikorwa ca Yehova kuva ico gihe gushika n’ubu.
“ICIYUMVIRO CIZA CANE”
Uko igikorwa co kwamamaza catera imbere, ni ko hakenerwa ibitabu vyinshi. Abavukanyi baricapurira ibinyamakuru kuri Beteli y’i Brooklyn, ariko mu gucapura ibitabu bakoresha amashirahamwe yaca amahera. Haheze amezi bataronka ibitabu bikwiye ku buryo bitangura kubera intambamyi igikorwa co kwamamaza, umuvukanyi Rutherford yarabajije Robert Martin yari ahagarikiye icapuriro nimba vyoshoboka ko batangura kwicapurira ibitabu.
Umuvukanyi Martin yavuze ati: “Cari iciyumviro ciza cane, kuko vyasobanura ko dutanguza icapuriro ryacu bwite ryo gusohora ibitabu.” Abavukanyi baciye bakota inyubakwa i Brooklyn kw’ibarabara ryitwa Concord, ku nomero 18, baca barondera n’ibikoresho vyo gucapura.
Ivyo ntivyashimishije bose. Uwatwara ishirahamwe ryaducapurira ibitabu yaraje kugendera icapuriro ryacu rishasha. Yavuze ati: “Ehe raba mufise icapuriro rigezweho, ariko nta n’umwe ng’aha azi ikintu na kimwe mu vyo gucapura. Ndabahaye amezi atandatu gusa, ibintu vyose bizoba bimaze gupfa.”
Umuvukanyi Martin yavuze ati: “Ivyo vyasa n’ivyumvikana cane, ariko yari yibagiye Umukama, uwamye ari kumwe natwe.” Umuvukanyi Martin yavuze ukuri. Butaraca na kabiri twacapura ibitabu 2.000 ku musi.
GUSAMIRIZA INKURU NZIZA BICIYE KW’IRADIYO
Uretse kwicapurira ibitabu bimwebimwe, abasavyi ba Yehova baratanguye gukoresha uburyo bushasha bwo gukwiragiza inkuru nziza biciye kw’iradiyo. Ku wa mungu ku muhingamo, hakaba hari ku wa 26 Ruhuhuma 1922, umuvukanyi Rutherford yaravugiye kw’iradiyo ari bwo bwa mbere. Yatanze insiguro igira iti: “Abantu amamiliyoni
bariho ubu ntibazokwigera bapfa.” Yaciye kw’iradiyo yitwa KOG y’i Los Angeles muri Kaliforniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.Abantu nka 25.000 barakurikiye iyo nsiguro. Bamwebamwe bararungitse amakete yo gukenguruka. Rimwe ryarungitswe n’uwitwa Willard Ashford, yaba i Santa Ana muri Kaliforniya. Yarashimiye umuvukanyi Rutherford kuba yarashikirije insiguro “nziza cane.” Yongeyeko ati: “Kubera ko nari ndwaje abantu batatu mu nzu iwacu, nta n’umwe muri twebwe yari gushobora kukwumviriza iyo idaca kw’iradiyo, n’iyo uza kuba wayishikiririje hafi yacu.”
Mu ndwi zakurikiye, ibindi biganiro vyaracishijwe kw’iradiyo. Mu mpera z’uwo mwaka, Umunara w’Inderetsi wavuze ko “nk’abantu 300.000 [bari] barumvise inkuru nziza biciye [kw’iradiyo].”
Abatohoji ba Bibiliya babonye ivyiza bivamwo, baciye bagira umugambi wo kwiyubakira iradiyo yabo i Staten Island, hafi ya Beteli y’i Brooklyn. Mu myaka yakurikiye, Abatohoji ba Bibiliya barakoresheje iyo radiyo yitwa WBBR mu gukwiragiza cane inkuru nziza y’Ubwami.
“ADV”
Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 1922, waramenyesheje ko hobayeho ihwaniro i Cedar Point muri Ohio, kuva ku wa 5 gushika ku wa 13 Nyakanga 1922. Igihe Abatohoji ba Bibiliya bahashika, akanyamuneza kari kose.
Mu nsiguro itangura, umuvukanyi Rutherford yabwiye abari ng’aho ati: “Ndizigira ntakeka ko Umukama . . . azohezagira iri hwaniro agatuma kw’isi hashingwa intahe bimwe bitari bwigere bibaho.” Abashikirije insiguro kuri iryo hwaniro, baguma baremesha abavukanyi kwamamaza.
Ku wa gatanu itariki 8 Nyakanga, abantu nka 8.000 barisukiriye muri ico kibanza bashashaye kwumviriza insiguro ya Rutherford. Bari bizigiye ko yosiguye ico indome “ADV” zari ku butumire bari bahawe zasobanura. Igihe bari bicaye, nta nkeka ko benshi babonye igitambara kinini cari kizingiriye hejuru ku mukiruruko. Uwitwa Arthur Claus, uwari yaryitavye avuye i Tulsa muri
Oklahoma muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yicaye ahantu hatuma amwumva neza kuko ico gihe ata biduza amajwi vyari bihari.“Nta kajambo na kamwe kaducika”
Kugira ngo ntihagire uwociramwo Rutherford muri iyo nsiguro, umuhagarikizi yamenyesheje ko abacerewe batokwemerewe kwinjira muri iyo nyubakwa mu gihe c’iyo nsiguro. Iyo nsiguro yatanguye isaha zitatu n’igice zo mu gitondo, ahera ku majambo ya Yezu ari muri Matayo 4:17, agira ati: “Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.” (Bibiliya Yera) Igihe yariko aravuga ukuntu abantu bokwumvise ibijanye n’ubwo Bwami, yagize ati: “Yezu ubwiwe yavuze ko mu gihe c’ukuhaba kwiwe yoyoboye igikorwa c’iyimbura, icotumye yegeranya abantu b’umutima nziraburyarya kandi b’intahemuka.”
Umuvukanyi Arthur, uwari yicaye mu nyubakwa yarimwo umushikirizansiguro, yavuze ati: “Nta kajambo na kamwe kaducika.” Ariko rero yaciye arwara atari avyiteze, bica biba ngombwa ko asohoka. Yasohotse atabishaka kuko yari azi ko batomwemereye kuhagaruka.
Inyuma y’iminuta mikeya yaciye atangura kwumva yorohewe. Yavuze ko igihe yariko arasubira mu kibanza ciwe, yagiye yumva amashi menshi. Yaciye yumva ashashaye kumenya ivyo ari vyo. Kugira ngo igice gisigaye c’iyo nsiguro iryoshe ntikimucike, yaciye afata ingingo yo kwurira hejuru ku gisenge. Umuvukanyi Arthur, ico gihe akaba yari afise imyaka 23, yarashoboye kwurira arashika hejuru kuri ico gisenge. Igihe yegera amadirisha yuguruye yo hejuru kuri ico gisenge, yaciye “avyumva neza.”
Ariko rero Arthur yasanze atari wenyene kuko bamwe mu bagenzi biwe na bo nyene yabasanze ku gisenge. Umwe muri bo, ari we Frank Johnson, yaciye amwegera amubaza ati: “Hari akabugita gakarishe woba ufise mu mupfuko?”
Na we ati: “Ego ndagafise.”
Frank yasubijeyo ati: “Utubereye inyishu * Niyavuga ngo ‘mutegerezwa gutangaza, gutangaza,’ uraca ucacura iyi migozi ine.”
y’amasengesho yacu. Urabona rurya rutambara ruzinze? Rufashwe n’iyi misumari. Urumviriza neza Umucamanza Rutherford.Arthur rero yaciye afata akabugita mu minwe, we n’abandi barindira ico kimenyetso. Rutherford ntiyatevye gushikira igice gihambaye c’insiguro yiwe. Umuvukanyi Rutherford ategerezwa kuba yari afise inyiyumvo zikomeye n’igishika igihe yasemerera ati: “Mubere Umukama ivyabona b’abizigirwa kandi b’ukuri. Shishikare urugamba gushika ibisigarira vyose vya Babiloni biherengeteye. Tangaze ubwo butumwa mu mihingo ya kure. Isi itegerezwa kumenya yuko Yehova ari Imana be n’uko Yezu Kristu ari Umwami w’abami n’Umukama w’abakama. Uyu ni umusi uruta iyindi yose. Raba, Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’Ubwami bwiwe.”
Arthur yavuze ko we n’abandi bavukanyi baciye baca nya migozi, maze rwa rutambara rugaca rwizingurura buhorobuhoro. Rwari rwanditseko ngo: “Tangaze Umwami n’Ubwami,” bikaba vyari bihuye na za ndome “ADV” z’impfunyapfunyo y’ijambo ry’icongereza ‘Advertise’ risigura gutangaza.
IGIKORWA GIHAMBAYE
Iryo hwaniro ryabereye i Cedar Point ryarafashije abavukanyi kwitunira ku gikorwa gihambaye co kwamamaza Ubwami, kandi abafise umutima ukunze baragikoze bahimbawe. Umutsimvyi umwe, (uwo kera bita umu colporteur) yava i Oklahoma muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yanditse ati: “Twakoreye mu karere bacukuramwo ibizuku, kandi abantu baho bari bakenye cane.” Yavuze yuko akenshi abantu bumvise ubutumwa bwari mu kinyamakuru Ikiringo c’agakura, ari yo Be maso! “[baca] bakorora amosozi.” Mu ncamake yavuze ati: “Twarahimbawe cane kubera ko twashobora kubaremesha.”
Abo Batohoji ba Bibiliya barabona ko amajambo Yezu yavuze muri Luka 10:2 yihutirwa cane, ayagira ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, . . . mugabo abakozi ni bake.” Umwaka urangiye, bari biyemeje kurushiriza gutangaza ubutumwa bw’Ubwami hirya no hino kw’isi.
^ Rimwe na rimwe, umuvukanyi Rutherford bamwita “Umucamanza” kubera ko yari yarigeze kuba umucamanza adasanzwe muri leta ya Missouri, muri Amerika.