Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 42

‘Hahiriwe abaguma ari intahemuka kuri Yehova’

‘Hahiriwe abaguma ari intahemuka kuri Yehova’

“Hahiriwe abatagira amahinyu [canke abaguma ari intahemuka] . . . , abagendera mw’itegeko rya Yehova.”​—ZAB. 119:1.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

INCAMAKE *

Bamwe mu bavukanyi na bashiki bacu b’umutima rugabo bigeze gupfungwa canke bagipfunzwe bazira ko banse guhemukira ubusegaba bwa Yehova (Raba ingingo ya 1-2)

1-2. (a) Intwaro zimwezimwe ziriko zikorera iki abasavyi ba Yehova, ariko bavyifatamwo gute? (b) Kubera iki duhimbarwa n’igihe tuba turiko turahamwa? (Gira ico uvuze no kw’ishusho yo ku gipfukisho.)

 UBU hirya no hino kw’isi, usanga igikorwa cacu kibujijwe canke kiburabuzwa mu bihugu birenga 30. Hamwehamwe muri ivyo bihugu, abavukanyi na bashiki bacu barapfunzwe. None bahorwa iki? Yehova abona ko bazira ubusa. Nta kindi bazira atari ugusoma no kwiga Bibiliya, kubwira abandi ivyo bemera no kugira amakoraniro. Baranse no kugira aho bahengamiye mu vya politike. Naho abo basavyi b’Imana b’abizigirwa barwanywa bimwe bikomeye, baguma ari intahemuka, ni ukuvuga ko baguma bihebeye Yehova. Kandi ivyo birabahimbara cane!

2 Ushobora kuba umaze kubona amafoto ya bamwebamwe muri abo bavukanyi b’umutima rugabo, ukibonera ingene bamwenyura. Banezerejwe n’uko bazi ko Yehova abashima, kuko baguma ari intahemuka kuri we. (1 Ngo. 29:17a) Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abahamwe bahorwa ubugororotsi . . . Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza, kuko impembo yanyu ari nini.”​—Mat. 5:10-12.

AKARORERO TWOKWIGANA

Petero na Yohani barasigiye akarorero abakirisu bo muri iki gihe barengutswa muri sentare kugira ngo baburanire ukwizera kwabo (Raba ingingo ya 3-4)

3. Twisunze Ivyakozwe 4:19, 20, intumwa zavyifashemwo gute igihe zariko zirahamwa mu kinjana ca mbere, kandi kubera iki?

3 Abavukanyi na bashiki bacu bariko bashikirwa n’ivyashikiye intumwa mu kinjana ca mbere, igihe zahamwa zihorwa kwigisha ivyerekeye Yezu. Incuro nyinshi, abacamanza ba sentare nkuru y’Abayuda “bazitege[tse] kureka kuvuga zishimikije izina rya Yezu.” (Ivyak. 4:18; 5:27, 28, 40) None izo ntumwa zavyakiriye gute? (Soma Ivyakozwe 4:19, 20.) Zari zizi ko hari umutegetsi ahambaye kuruta ‘yazitegetse kwamamaza inkuru nziza ku bantu, no gushingira Kristu intahe inogangije.’ (Ivyak. 10:42) Petero na Yohani baziserukiye, bavuganye ubutinyutsi yuko bogamburukiye Imana aho kugamburukira abo bacamanza, bamenyesha n’uko batohagaritse kuvuga ivyerekeye Yezu. Ni nk’aho bariko babaza abo bategetsi bati: ‘Mwubahuka gute kuvuga ko amategeko yanyu aruta ay’Imana?’

4. Twisunze Ivyakozwe 5:27-29, ni akarorero akahe intumwa zasigiye abakirisu b’ukuri bose, kandi twozigana gute?

4 Ako karorero keza intumwa zasize, ni ko abakirisu b’ukuri bose bagiye barigana kuva ico gihe, ni ukuvuga “kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Soma Ivyakozwe 5:27-29.) Intumwa zimaze gukubitwa kubera ko zanse guhemuka, zasohotse sentare nkuru y’Abayuda ‘zinezerewe, kubera ko zari zabonywe ko zibereye guteterezwa ku bw’izina rya Yezu,’ zica zibandanya kwamamaza.​—Ivyak. 5:40-42.

5. Ni ibibazo ibihe dukeneye kuronkera inyishu?

5 Ako karorero intumwa zadusigiye karavyura ibibazo bimwebimwe. Nk’akarorero, bari kugamburukira gute Imana aho kugamburukira abantu, ariko kandi bagakurikiza itegeko ryo mu Vyanditswe ridusaba “[kuyobokera] abakuru bari hejuru”? (Rom. 13:1) Dushobora gute “kugamburukira intwaro n’abakuru” nk’uko intumwa Paulo yabivuze, ariko kandi tukaguma turi intahemuka ku Mana yo Mutware aruta abandi bose?​—Tito 3:1.

“ABAKURU BARI HEJURU”

6. (a) “Abakuru bari hejuru” bavugwa mu Baroma 13:1 ni bande, kandi dukwiye kubabona gute? (b) Twovuga iki ku bijanye n’ubukuru abategetsi bose b’abantu bafise?

6 Soma Abaroma 13:1. Imvugo “abakuru bari hejuru,” yerekeza ku bategetsi b’intwaro z’abantu. Abakirisu bategerezwa kugamburukira abo bategetsi. Abo bategetsi baratuma mu kibano haba urutonde, bagahana uwurenze amategeko, mbere rimwe na rimwe bakavugira abasavyi ba Yehova. (Ivyah. 12:16) Ni co gituma dusabwa kubaha ikori, ikibuguro, kubatinya no kubaha iteka. (Rom. 13:7) Ariko rero, abo batware bafise ububasha kubera gusa Yehova akibaretse ngo babugire. Ivyo Yezu yarabishize ahabona igihe yariko arasambishwa na Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. Igihe Pilato yavuga ko afise ububasha bwo kumwica canke bwo kumukiza, Yezu yamwishuye ati: “Nta bubasha na bukeyi wari kungirako, iyo utaba wabuhawe buvuye hejuru.” (Yoh. 19:11) Cokimwe na Pilato, abategetsi b’isi bose be n’abanyapolitike b’iki gihe, bafise ububasha buri n’aho bugarukira.

7. Ni ryari tudashobora kugamburukira abategetsi b’abantu, kandi ni igiki bakwiye kumenya?

7 Abakirisu baragamburuka ivyo intwaro z’abantu zibasaba igihe bidateye kubiri n’amategeko y’Imana. Ariko rero, ntidushobora kugamburukira abantu igihe badusaba ivyo Imana itubuza canke igihe batubuza ivyo Imana idusaba. Nk’akarorero, boshobora gusaba abakiri bato gufata ibirwanisho ngo barwanire igihugu. * Canke na ho, boshobora guhagarika Bibiliya yacu be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, bakongera bakatubuza kwamamaza no gukoranira hamwe. Igihe abategetsi bakoresheje nabi ububasha bwabo, nko mu guhama abigishwa ba Kristu, bazokwihurira na Yehova kuko aba ariko aravyitegereza.​—Umus. 5:8.

8. Imvugo “uwuri hejuru” be na “rudasumbwa,” zitandukaniye he, kandi ni kubera iki ivyo biri n’ico bivuze?

8 Imvugo “uwuri hejuru” isobanura ngo “uwukomeye, uwuhambaye, uwufise igiti co hejuru.” Ariko rero ntisobanura “uwukomeye kuruta bose, uwuhambaye kuruta bose, uwufise igiti kiri hejuru ya vyose.” Izo mvugo zerekeza ku rindi jambo, ari ryo “rudasumbwa.” Naho abategetsi b’intwaro bitwa “abakuru bari hejuru,” hariho uwundi abarusha ubukuru bose, na we akaba ari rudasumbwa. Muri Bibiliya, incuro zine Yehova Imana yitwa “Rudasumbwa.”​—Dan. 7:18, 22, 25, 27.

“RUDASUMBWA”

9. Umuhanuzi Daniyeli yeretswe ibiki?

9 Umuhanuzi Daniyeli, yareretswe ibintu vyerekana neza ko ubukuru bwa Yehova burengeye ubw’abandi bategetsi bose. Daniyeli yabanje kubona ibikoko bine bininibinini bigereranya intwaro nganzasi zabayeho kera be n’iyiriho muri iki gihe, na zo akaba ari Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki, Uburoma, be n’iyiganza muri iki gihe ari yo Ubwongereza na Amerika. (Dan. 7:1-3, 17) Mu nyuma Daniyeli yabonye Yehova Imana yicara ku ntebe y’Ubwami, muri sentare yo mw’ijuru. (Dan. 7:9, 10) Ivyo uwo muhanuzi w’umwizigirwa yabonye ubukurikira, birakwiye kubera imburi abategetsi bo muri iki gihe.

10. Twisunze Daniyeli 7:13, 14, 27, ni bande Yehova aha ubutegetsi bw’iyi si, kandi ivyo bigaragaza ko Yehova ari iki?

10 Soma Daniyeli 7:13, 14, 27. Yehova araka ubutegetsi intwaro zose z’abantu, akabuha abandi abona ko babukwiriye kuruta kandi bafise ububasha bwinshi. None abo ni bande? Ni “uwusa n’umwana w’umuntu,” ari we Yezu Kristu, be n’“aberanda ba Rudasumbwa,” ari bo bamwe 144.000 bazoganza “igihe kitagira urugero n’ibihe bitagira urugero.” (Dan. 7:18) Ivyo biragaragaza ko Yehova ari “Rudasumbwa,” kuko ari we wenyene afise ububasha bwo gukora ikintu nk’ico.

11. Ni ikindi kintu ikihe Daniyeli yavuze cerekana ko Yehova ari Rudasumbwa?

11 Ico kintu Daniyeli yabonye kirahuza n’ikindi kintu yari yaravuze imbere y’aho. Yavuze ati: “Imana yo mw’ijuru . . . [ikura] abami igashiraho abandi.” Yavuze kandi ko ‘Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu, be n’uko abuha uwo ashaka.’ (Dan. 2:19-21; 4:17) None hoba hari ibihe Yehova yigeze gukuraho abategetsi agashiraho abandi? Ego cane.

Yehova yaratse ubwami Belushazari, abuha Abamedi n’Abaperesi (Raba ingingo ya 12)

12. Tanga akarorero kerekana ingene Yehova yakuye abami ku butegetsi mu bihe vya kera. (Raba ishusho.)

12 Yehova yarerekanye neza ko aruta kure n’iyo “abakuru bari hejuru.” Raba uburorero butatu buvyerekana. Farawo wo mu Misiri yaragize abasavyi ba Yehova abashumba, kandi incuro nyinshi aranka kubarekura. Ariko Imana yarababohoje, yongera ituma Farawo asoma nturi mu Kiyaga Gitukura. (Kuv. 14:26-28; Zab. 136:15) Umwe Belushazari w’i Babiloni yaragize umusi mukuru, hanyuma “[ari]hambaza ku Mukama w’amajuru” yongera “[a]shemeza imana z’ifeza, n’iz’inzahabu,” aho gushemeza Yehova. (Dan. 5:22, 23) Ariko Imana yaracishije bugufi uwo mugabo w’ubwibone. “Muri iryo joro nyene,” Belushazari yarishwe, ubwami bwiwe na bwo buhabwa Abamedi n’Abaperesi. (Dan. 5:28, 30, 31) Umwami Herodi Agiripa wa mbere wo muri Palestina na we, yaricishije intumwa Yakobo yongera ata mw’ibohero intumwa Petero, yizigiye kumwicisha na we nyene. Ariko Yehova yaratesheje Herodi gushitsa uwo mugambi mubi. “Umumarayika wa Yehova [yaramukubise]” aca arapfa.​—Ivyak. 12:1-5, 21-23.

13. Tanga akarorero kerekana ingene Yehova yatsinze abategetsi bose bari bagize urunani.

13 Yehova yarerekanye kandi ko ari hejuru cane y’abategetsi bose bagize urunani. Yararwaniye Abisirayeli, atuma banesha abami b’i Kanani 31 bari bagize urunani, bongera bigarurira uduce twinshi twa ca Gihugu c’isezerano. (Yos. 11:4-6, 20; 12:1, 7, 24) Yehova yaratumye kandi Abisirayeli batsinda Umwami Beni-hadadi wa Siriya be n’abandi bategetsi 32 bari baje kubarwanya.​—1 Abm. 20:1, 26-29.

14-15. (a) Umwami Nebukadinezari n’Umwami Dariyo bavuze iki ku bijanye n’ubukuru bwa Yehova? (b) Umwanditsi wa zaburi yavuze iki ku bijanye na Yehova n’ihanga ryiwe?

14 Yehova yarerekanye incuro n’izindi ko ari Rudasumbwa. Igihe Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni yigamba ku bijanye n’‘inkomezi z’ubushobozi bwiwe, n’iteka ry’ubukuru bwiwe,’ aho kwemera yicishije bugufi ko Yehova ari we abereye gushemezwa, Imana yaciye ituma acika umusazi. Nebukadinezari amaze gukira, “[yarashemeje] Musumbavyose,” yongera aremera ko “ubutware [bwa Yehova] ari ubutware bwo gushika igihe kitagira urugero.” Yongeyeko ati: “Nta n’umwe ariho yotangira ukuboko kwiwe.” (Dan. 4:30, 33-35) Inyuma y’aho Daniyeli ageragerejwe ngo ahemukire Imana maze Yehova akamurokora mu rwobo rw’intambwe, Umwami Dariyo yategetse ati: “Abantu bakwiye kujugumira no gutinya imbere y’Imana ya Daniyeli. Kuko ari yo Mana nzima, ari na Yo yamaho gushika ibihe bitagira urugero; kandi ubwami bwayo ntibuzosenyurwa, n’inganji yayo ni iy’ibihe bidahera.”​—Dan. 6:7-10, 19-22, 26, 27.

15 Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Yehova ubwiwe yasambuye inama y’amahanga; yatangiriye ivyiyumviro vy’ibisata vy’abantu.” Yongeyeko ati: “Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova, igisata c’abantu yatoye ngo kibe intoranwa yiwe.” (Zab. 33:10, 12) Emwe, iyo ni imvo yumvikana yotuma tuguma turi intahemuka kuri Yehova!

INTAMBARA YA NYUMA

Urunani rw’amahanga ruzocika ubusa imbere y’ingabo za Yehova zo mw’ijuru (Raba ingingo ya 16-17)

16. Ni igiki twizigira tudakeka ku bijanye na ya “makuba akomeye,” kandi kubera iki? (Raba ishusho.)

16 Twabonye ivyo Yehova yakoze muri kahise. None twokwitega iki muri kazoza ka hafi? Turizigira tudakeka ko Yehova azorokora abasavyi biwe b’intahemuka, mu gihe ca ya “makuba akomeye” yimirije. (Mat. 24:21; Dan. 12:1) Ivyo azobikora igihe urunani rw’amahanga, urwitwa Gogi w’i Magogi, ruzogaba igitero sindamusiga ku basavyi ba Yehova b’abizigirwa bo kw’isi yose. Naho urwo runani rugizwe n’ibihugu 193 vyose bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ruzocika ubusa imbere ya Rudasumbwa be n’ingabo ziwe zo mw’ijuru. Yehova asezerana ati: “Nzokwininahaza koko, niyeze nongere nimenyekanishe mu maso y’amahanga menshi; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.”​—Ezk. 38:14-16, 23; Zab. 46:10.

17. Bibiliya ivuga ko abami b’isi be n’abaguma ari intahemuka kuri Yehova, bizobagendera gute muri kazoza?

17 Ico gitero ca Gogi kizotuma Yehova ateza ya ntambara ya nyuma ari yo Harumagedoni, ahonye “abami b’isi yose.” (Ivyah. 16:14, 16; 19:19-21) Ariko “abagororotse . . . bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo [canke abaguma ari intahemuka] ni bo bazosigara kuri yo.”​—Imig. 2:21.

DUTEGEREZWA KUGUMA TURI INTAHEMUKA

18. Abakirisu b’ukuri benshi bemeye iki, kandi kubera iki? (Daniyeli 3:28)

18 Mu binjana n’ibindi, abakirisu benshi baremeye gutakaza umwidegemvyo wabo, eka mbere n’ubuzima bwabo, kubera bakunda Yehova we Mutegetsi wabo Segaba. Bagumye ari intahemuka nka ba Baheburayo batatu barokorwa mw’itanure ry’umuriro, kubera ko banse guhemukira Umwe Rudasumbwa.​—Soma Daniyeli 3:28.

19. Yehova azocira urubanza abasavyi biwe afatiye ku ki, kandi ivyo bikwiye gutuma dukora iki ubu?

19 Mu kwerekana ko bihambaye yuko tuguma turi intahemuka ku Mana, umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze ati: “Yehova ubwiwe azosomera urubanza ibisata vy’abantu. Ncira urubanza, Yehova we, nk’uko ubugororotsi bwanje buri, nk’uko kandi ugutungana kwanje [canke ukudahemuka] kwo muri jewe kuri.” (Zab. 7:8) Dawidi yavuze kandi ati: “Ugutungana [canke ukudahemuka] n’ukugororoka ubwavyo nibinzigame.” (Zab. 25:21) Kuguma turi intahemuka kuri Yehova naho twoshikirwa n’iki, ni bwo buryo bwiza cane bwo kubaho. Tubigenjeje gutyo, tuzokwiyumva nka wa mwanditsi wa zaburi yavuga ati: “Hahiriwe abatagira amahinyu [canke intahemuka] . . . , abagendera mw’itegeko rya Yehova.”​—Zab. 119:1.

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

^ Bibiliya irahimiriza abakirisu kugamburukira abakuru bari hejuru, ni ukuvuga intwaro z’iyi si. Mugabo rero intwaro zimwezimwe zirarwanya ku mugaragaro Yehova n’abasavyi biwe. None twogamburukira gute abatware b’iyi si, ariko kandi tukaguma turi intahemuka kuri Yehova?

^ Raba ikiganiro co muri uwu Munara kivuga ngo “Kubera iki tutaja mu ntambara kandi Abisirayeli barazijamwo?