Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki tutaja mu ntambara kandi Abisirayeli barazijamwo?

Kubera iki tutaja mu ntambara kandi Abisirayeli barazijamwo?

MU GIHE c’Intambara ya kabiri y’isi yose, intwazangabo imwe y’Umunazi yabwiye umugwi w’Ivyabona vya Yehova ati: “Nihagira n’umwe muri mwebwe yanka kuja kurwanya Ubufaransa canke Ubwongereza, muca mwicwa mwese.” Naho abo bavukanyi bacu bari bakikujwe n’abasoda b’Abanazi bari bitwaje ibirwanisho bikomeye, nta n’umwe muri bo yahemutse. Umve nawe uwo mutima rugabo! Ako karorero karerekana neza ingene twebwe Ivyabona vya Yehova tubona ibintu. Ntitwigera tugira uruhara mu ntambara z’iyi si. Naho abantu bodukangisha kutwica, tuguma ata ho duhengamiye mu matati yo muri iyi si.

Ariko rero, abandi biyita abakirisu si ko babibona. Abenshi bemera ko umukirisu akwiye kurwanira igihugu ciwe. Boshobora kutubaza bati: ‘Ko Abisirayeli bari abasavyi b’Imana kandi bakaba baraja mu ntambara, kubera iki abakirisu batoyijamwo?’ None twokwishura gute? Twobasigurira yuko uko ivy’Abisirayeli ba kera vyari vyifashe bitandukanye cane n’uko ivy’abasavyi b’Imana vyifashe muri iki gihe. Raba ibintu bitanu batandukaniyeko.

1. ABASAVYI B’IMANA BOSE BARI MW’IHANGA RIMWE

Muri kahise, Yehova yakoranirije abasavyi biwe bose mw’ihanga rimwe ari ryo Isirayeli. Yise Abisirayeli “inyegu [yiwe] idasanzwe mu bindi bisata vyose.” (Kuv. 19:5) Imana yarabahaye n’akarere babamwo. Igihe rero Imana yaba itegetse Abisirayeli kuja kurwanya ayandi mahanga, ntibica abo bari basangiye ukwemera. *

Muri kino gihe, abasavyi b’Imana b’ukuri bari “mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” (Ivyah. 7:9) Hamwe boja mu ntambara, bosanga bariko bararwanya abo basangiye ukwemera, no kubica bakabica.

2. YEHOVA YARATEGEKA ABISIRAYELI KURWANA INTAMBARA

Muri kahise, Yehova ni we yafata ingingo y’igihe Abisirayeli boja mu ntambara be n’igituma boyijamwo. Nk’akarorero, Imana yarategetse Abisirayeli gushitsa urubanza rwayo ku Banyakanani, abari bazwi cane ko basenga amadayimoni, bakagira ubushegabo buteye isoni bakongera bagatanga abana babo kw’ibimazi. Yehova yategetse Abisirayeli guhonya abo bantu bakava mu gihugu yari yarabasezeraniye kugira ngo ntibahave babosha nabi. (Lew. 18:24, 25) Igihe Abisirayeli bari bamaze gushika mu Gihugu c’isezerano, rimwe na rimwe Imana yarabategeka kurwanya abansi babahahaza. (2 Sam. 5:17-25) Ariko rero, Yehova ntiyigera yemerera Abisirayeli kwifatira ingingo y’igihe boja kurwana. Babigize, akenshi baribonerako.​—Guh. 14:41-45; 2 Ngo. 35:20-24.

Muri kino gihe, Yehova ntiyemerera abantu kuja mu ntambara. Ibihugu usanga birwana birondera inyungu zavyo, atari inyungu z’Imana. Boshobora gutera intambara barondera kwigarurira uturere canke barondera ubutunzi canke gutera mu bantu ivyiyumviro vyabo vya politike. Tuvuge iki hoho ku bavuga ko barwana mw’izina ry’Imana barondera gukingira idini ryabo canke kwica abansi b’Imana? Yehova azokingira abasavyi biwe b’ukuri mugabo ahonye abansi biwe mu ntambara yimirije, ari yo yitwa Harumagedoni. (Ivyah. 16:14, 16) Abazorwana iyo ntambara ni ingabo z’Imana zo mw’ijuru gusa, si abasavyi bayo bo ng’aha kw’isi.​—Ivyah. 19:11-15.

3. ABISIRAYELI NTIBICA ABAGARAGAZA UKWIZERA

Intambara zo muri kino gihe zoba ziziguriza abagaragaza ukwizera nk’uko intambara ya Yehova yabigenjeje kuri Rahabu n’umuryango wiwe i Yeriko?

Muri kahise, akenshi ingabo z’Abisirayeli zaragirira imbabazi ababa bagaragaje ko bizera Imana zikica gusa abo Yehova yabona ko bakwiriye gupfa. Raba uburorero bubiri. Naho Yehova yategetse Abisirayeli gusangangura igisagara ca Yeriko, barazigurije Rahabu n’umuryango wiwe kubera ko yagaragaje ukwizera. (Yos. 2:9-16; 6:16, 17) Mu nyuma, igisagara ca Gibeyoni cose carazigurijwe inyuma y’aho Abanyagibeyoni bagaragarije ko bubaha Imana.​—Yos. 9:3-9, 17-19.

Muri kino gihe, mu ntambara ibihugu birwana usanga n’abagaragaza ukwizera babica. Vyongeye, rimwe na rimwe izo ntambara zirahitana n’abanyagihugu ata co bazira.

4. ABISIRAYELI BARAKURIKIZA AMATEGEKO IMANA YABAHA AJANYE N’INTAMBARA

Muri kahise, Imana yasaba abasoda b’Abisirayeli kurwana intambara bisunze amategeko yabahaye. Nk’akarorero, mu bihe bimwebimwe yarabasaba kumenyesha igisagara baba bagira batere “[ivya]sabwa kugira habe amahoro.” (Gus. 20:10) Yehova yarasaba kandi abasoda b’Abisirayeli kuguma bagirira isuku imibiri yabo be n’ikambi yabo no kuguma badahumanye mu bijanye no kwigenza runtu. (Gus. 23:9-14) Naho ingabo z’amahanga yari abakikuje akenshi zafata ku nguvu abagore bo mu turere zaba zigaruriye, Yehova wewe yari yarabujije Abisirayeli gukora ico kintu. Nkako, bateye igisagara maze bakazana abagore ari inyagano, ntibashobora kubabira hadaciye ukwezi.​—Gus. 21:10-13.

Muri kino gihe, ibihugu vyinshi vyarasinye amasezerano agenga intambara. Ikibabaje, naho ayo masezerano agenewe gukingira abanyagihugu, akenshi ibihugu birayarengako.

5. IMANA YARARWANIRA IHANGA RYAYO

Hoba hari igihugu na kimwe Imana irwanira muri kino gihe nk’uko yafashije Isirayeli gutsinda Yeriko?

Muri kahise, Yehova yararwanira Abisirayeli, akenshi akabaha intsinzi ku gitangaro. Nk’akarorero, Yehova yafashije gute Abisirayeli gutsinda igisagara ca Yeriko? Nk’uko Yehova yari yabategetse, “[baravugije] akaruru k’intambara gakomeye, uruhome ruca rutangura guhomvokera hasi,” bica biraborohera gufata ico gisagara. (Yos. 6:20) Abamori bobo babatsinze gute? Bibiliya yishura iti: “Yehova abatibagurirako ibibuye bininibinini bivuye mw’ijuru . . . Abishwe n’ayo mabuye y’urubura baba benshi kuruta abo bene Isirayeli bicishije inkota.”​—Yos. 10:6-11.

Muri kino gihe, nta gihugu na kimwe co kw’isi Yehova arwanira. Ubwami bwiwe, ubuganzwa na Yezu, “si ubwo muri iyi si.” (Yoh. 18:36) Ahubwo Shetani ni we aganza intwaro zose z’abantu. Amabi akorerwa mu ntambara z’iyi si aragaragaza agatima kabi ka Shetani.​—Luka 4:5, 6; 1 Yoh. 5:19.

ABAKIRISU B’UKURI NI INDEMESHAMAHORO

Nk’uko twabibonye, muri iki gihe ibintu biratandukanye cane n’uko vyari bimeze muri Isirayeli ya kera. Ariko rero, ivyo twarimbuye si vyo vyonyene bituma tutaja mu ntambara. Hariho n’ibindi. Nk’akarorero, Imana yamenyesheje yuko mu misi ya nyuma abigishijwe na yo ‘batokwongeye kwiga kurwana,’ icibagiwe co ni ukugira uruhara mu ntambara. (Yes. 2:2-4) Yezu na we yavuze ko abigishwa biwe ‘batobaye ab’isi.’ Bokwirinze kugira uruhara mu ndyane zo muri iyi si.​—Yoh. 15:19.

Kristu ntiyabasavye kugarukiriza aho. Yarabategetse no kwirinda ibintu vyokwega inzigo, ishavu be n’intambara. (Mat. 5:21, 22) Vyongeye, yategetse abayoboke biwe kuba “indemeshamahoro” no gukunda abansi babo.​—Mat. 5:9, 44.

Tweho bite? Naho kumbure ata cipfuzo dufise co kugira uruhara mu ntambara n’imwe, hoba hari akantu k’urwanko dufise mu mutima wacu kotuma duteza indyane canke ukwicamwo ibice mw’ishengero? Nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo twikuremwo agatima nk’ako.​—Yak. 4:1, 11.

Aho kugira uruhara mu ntambara, turaremesha amahoro n’urukundo hagati yacu. (Yoh. 13:34, 35) Ese twokwiyemeza kuguma tutagira uruhara mu ntambara magingo turindiranye igishika igihe Yehova azokuraho burundu intambara zose.​—Zab. 46:9.

^ Rimwe na rimwe, imiryango ya Isirayeli yararwana hagati yayo, naho ivyo bitahimbara Yehova. (1 Abm. 12:24) Ariko rero, hari igihe Yehova yemera ko intambara nk’izo ziba kubera ko imiryango imwimwe yaba yamuteye akagere canke igakora ibicumuro bikomeye.​—Abac. 20:3-35; 2 Ngo. 13:3-18; 25:14-22; 28:1-8.