Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 44

Nugume ukomeza icizigiro cawe

Nugume ukomeza icizigiro cawe

“Niwizigire Yehova.”​—ZAB. 27:14.

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

INCAMAKE *

1. Ni icizigiro ikihe Yehova yaduhaye?

 YEHOVA yaraduhaye icizigiro ciza cane co kuzobaho ibihe bidahera. Bamwe bizigiye kuzobaho ibihe bidahera mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu bidapfa. (1 Kor. 15:50, 53) Ariko rero, abenshi bizigiye kuzobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi bafise amagara meza kandi bahimbawe. (Ivyah. 21:3, 4) Twaba twizigiye kuzobaho ibihe bidahera mw’ijuru canke ng’aha kw’isi, icizigiro dufise turagiha agaciro cane.

2. Icizigiro cacu gishingiye ku ki, kandi kubera iki tuvuze gutyo?

2 Twisunze ingene ijambo “icizigiro” rikoreshwa muri Bibiliya, rirashobora gusigura “kwitega ibintu vyiza.” Icizigiro cacu ca kazoza ni ntakekeranywa kubera ko kiva kuri Yehova. (Rom. 15:13) Turazi ivyo yasezeranye, kandi turazi ko atigera abesha. (Guh. 23:19) Vyongeye, twarajijutse ko Yehova yipfuza gushitsa ivyo asezerana vyose be n’uko afise ububasha bwo kubikora. Icizigiro cacu rero, ntigishingiye ku bintu dupfa kwiyumvira mu bwenge, ahubwo gishingiye ku vyo tuzi neza ko bizoshika.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro? (Zaburi 27:14)

3 Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aradukunda, akaba ari co gituma yipfuza ko tumwizigira. (Soma Zaburi 27:14.) Iyo turushirije kwizigira Yehova, biratuma twihanganira ibigeragezo tukongera tukagira umunezero be n’umutima rugabo, naho twoshikirwa n’iki. Reka turabe ingene icizigiro cacu kidukingira. Tugiye kubanza kwihweza ingene icizigiro kimeze nk’inanga y’ubwato be n’inkofero. Mu nyuma, turarimbura ingene twokomeza icizigiro cacu.

ICIZIGIRO CACU KIMEZE NK’INANGA Y’UBWATO

4. Ni mu buryo ki icizigiro kimeze nk’inanga y’ubwato? (Abaheburayo 6:19)

4 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, icizigiro cacu yakigereranije n’inanga y’ubwato. (Soma Abaheburayo 6:19.) Kubera ko Paulo yagize ingendo nyinshi mu kiyaga, yari azi ko inanga zakoreshwa mu kugumiza hamwe ubwato kugira ntibutwarwe n’umuyaga. Igihe kimwe, ubwato yarimwo bwaratewe n’igihuhusi gikomeye. Ico gihe, yarabonye ingene abasozabwato baterera inanga mu kiyaga, kugira ngo ntibutwarwe n’umuyaga bugahava bwiseka ku bitandara. (Ivyak. 27:29, 39-41) Nka kurya nyene inanga igumya ubwato, ni ko icizigiro cacu kitugumya ntituje kure ya Yehova igihe tuba turi mu bihe bitoroshe. Igihe turi mu ngorane zimeze nk’ibihuhusi, icizigiro cacu gikomeye kiratuma tudahungabana, kuko tuba tuzi ko ibintu bizogenda neza. Niwibuke ko Yezu yavuze ko twohamwe. (Yoh. 15:20) Kuzirikana rero ku vyo twasezeraniwe muri kazoza, biratuma tuguma dukorera Yehova dushikamye.

5. Icizigiro cafashije gute Yezu igihe yari ahanganye n’urupfu?

5 Raba ingene icizigiro cafashije Yezu kuguma ari intahemuka naho yari azi ko yopfuye urupfu rubabaje. Ku musi mukuru wa Pentekoti yo mu 33, intumwa Petero yarasubiyemwo ubuhanuzi buvugwa mu gitabu ca Zaburi budondora neza ingene Yezu yari atekanye. Bugira buti: “Umubiri wanje uzobaho mu cizigiro; kubera ko utazompebera mu kuzimu, canke ngo wemere ko intahemuka yawe ibona ukubora. . . . Uzonyuzurisha urweze mu maso hawe.” (Ivyak. 2:25-28; Zab. 16:8-11) Naho Yezu yari azi ko yopfuye, yarizigira adakeka ko Imana yomuzuye be n’uko yogize umunezero wo gusubira kuba kumwe na Se mw’ijuru.​—Heb. 12:2, 3.

6. Umuvukanyi umwe yavuze ibiki ku bijanye n’icizigiro?

6 Icizigiro cacu carafashije abavukanyi na bashiki bacu benshi kwihangana. Rimbura akarorero k’umuvukanyi umwe w’umwizigirwa yitwa Leonard Chinn wo mu Bwongereza. Mu gihe ca ya Ntambara ya mbere y’isi yose, yarapfunzwe azira ko yanse kuja mu gisoda. Yaramaze amezi abiri yashizwe ahantu ha wenyene kandi akoreshwa ibikorwa biruhisha. Mu nyuma yanditse ati: “Ivyo naciyemwo vyaranyeretse ko dukeneye cane icizigiro kugira ngo dushobore kwihangana. Turafise uburorero budufasha, nk’aka Yezu, intumwa be n’abahanuzi, tukagira n’imihango myiza dusanga muri Bibiliya. Ivyo vyose biratuma turushiriza kugira icizigiro ca kazoza bikongera bikaduha inkomezi zo kwihangana.” Na twebwe icizigiro kirashobora kutubera nk’inanga y’ubwato, nk’uko nyene vyagenze kuri Leonard.

7. Ingorane zikomeza gute icizigiro cacu? (Abaroma 5:3-5; Yakobo 1:12)

7 Iyo duciye mu ngorane maze tukibonera ingene Yehova adufasha akongera akadushima, icizigiro cacu gica kirushiriza gukomera. (Soma Abaroma 5:3-5; Yakobo 1:12.) Birumvikana rero ko icizigiro cacu gikomeye kuruta igihe twakira ukuri. Naho Shetani yipfuza ko turengerwa n’ingorane zidushikira, tubifashijwemwo na Yehova turashobora kwihanganira imwimwe yose muri zo.

ICIZIGIRO CACU KIMEZE NK’INKOFERO

8. Ni mu buryo ki icizigiro kimeze nk’inkofero? (1 Abatesalonika 5:8)

8 Bibiliya igereranya kandi icizigiro cacu n’inkofero. (Soma 1 Abatesalonika 5:8.) Umusoda yambara inkofero kugira yikingire umwansi yohava amugirira nabi. Mu ntambara yacu yo mu buryo bw’impwemu, turakeneye gukingira umuzirikanyi wacu ibitero vya Shetani. Arakoresha ibigeragezo vyinshi be n’ivyiyumviro bitandukanye kugira ngo yonone umuzirikanyi wacu. Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe w’umusoda, ni ko n’icizigiro cacu gikingira ivyiyumviro vyacu kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova.

9. Igihe abantu babayeho batagira icizigiro bivamwo iki?

9 Icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera kiradufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi be n’ugutahura. Ku rundi ruhande, iyo icizigiro cacu gihungabanye maze tugatangura kwiyumvira ivy’umubiri gusa, ntidusubira guha agaciro ibijanye no kubaho ibihe bidahera. Raba ivyashikiye abakirisu bamwebamwe baba i Korinto ha kera. Barahevye kwizera umuhango w’Imana ukomeye ujanye n’izuka. (1 Kor. 15:12) Paulo yavuze ko ababaho batagira icizigiro ca kazoza baca babaho ku bw’ubu buzima gusa. (1 Kor. 15:32) Muri iki gihe, abantu benshi batizera ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka, babaho bidagadura uko bashaka kuko baba babona ko ubuzima ari ubu gusa. Ariko rero twebwe turizigira ivyo Imana yasezeranye. Icizigiro cacu kitubera nk’inkofero ikingira ivyiyumviro vyacu, ikongera ikaturinda kwisuka mu buzima bwo kwiryohera bwohava bwonona ubucuti dufitaniye na Yehova.​—1 Kor. 15:33, 34.

10. Icizigiro cacu gishobora gute kudukingira ivyiyumviro bibi?

10 Icizigiro cacu, ikigereranywa n’inkofero, kiradukingira kandi kwiyumvira ko naho twogira gute tutokwigera duhimbara Yehova. Nk’akarorero, hari uwokwibaza ati: ‘Sinzokwigera mba mu bazoronka ubuzima budahera kuko ntabibereye. Sinzokwigera nshobora gukurikiza ivyo Imana idusaba.’ Niwibuke ko na Elifazi wa mugabo yigira umwiruzi wa Yobu yavuze ibintu nk’ivyo nyene. Yavuze ati: “Umuntu buntu ni iki ngo abe uwudahumanye?” Ku bijanye n’Imana na ho yavuze ati: “Raba! Ntiyizera aberanda bayo, n’amajuru ubwayo arahumanye mu maso yayo.” (Yobu 15:14, 15) Umve nawe ivyo binyoma! Niwibuke ko Shetani ari we yipfuza ko wiyumvira gutyo. Arazi ko ugumye wiyumvira gutyo icizigiro cawe gica gihungabana. Niwamirire kure rero ivyiyumviro nk’ivyo maze ugumize umutima ku vyo Yehova yasezeranye. Ntukigere ukekeranya ko ashaka yuko ubaho ibihe bidahera, kandi ko azogufasha kubishikako.​—1 Tim. 2:3, 4.

NUGUME UKOMEZA ICIZIGIRO CAWE

11. Kubera iki dukwiye kurindira twitonze ko ivyo twizigiye biranguka?

11 Kuguma dukomeza icizigiro cacu ntivyama vyoroshe. Twoshobora kubona ko Imana itevye gushitsa ivyo yasezeranye. Ariko rero, kubera ko Yehova ahoraho, ntabona umwanya nk’uko twebwe tuwubona. (2 Pet. 3:8, 9) Azoshitsa ivyo asezerana vyose, ariko arashobora kutabikora ku gihe twebwe tuvyipfurizako. Ni igiki none codufasha kuguma dukomeza icizigiro cacu magingo tukirindiriye twitonze ko Imana ishitsa ivyo yasezeranye?​—Yak. 5:7, 8.

12. Twisunze Abaheburayo 11:1, 6, icizigiro gifitaniye isano gute n’ukwizera?

12 Igihe tugumye twiyegereza Yehova, icizigiro cacu kirakomera kuko ari we azoshitsa ivyo twizigiye. Nkako, Bibiliya ivuga ko kugira ngo tugire icizigiro, dutegerezwa kwizera ko Imana ibaho be n’uko “ihemba abayironderana ubwira.” (Soma Abaheburayo 11:1, 6.) Uko turushiriza kubona ko Yehova abaho, ni ko turushiriza kwizera ko azoshitsa ivyo yasezeranye vyose. Reka turabe ibintu twokora vyotuma dukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, maze icizigiro cacu kikaguma gikomeye.

Gusenga no kuzirikana bizokomeza icizigiro cacu (Raba ingingo ya 13-15) *

13. Twokwiyegereza Imana gute?

13 Nusenge Yehova wongere usome Ijambo ryiwe. Naho tudashobora kubona Yehova, turashobora kumwiyegereza. Turashobora kumwitura mw’isengesho twizigiye ko atwumva. (Yer. 29:11, 12) Turashobora kwumviriza Imana mu gusoma Ijambo ryayo no mu kurizirikanako. Iyo dusomye ingene Yehova yitwararitse abantu bo muri kahise bagumye ari intahemuka kuri we, icizigiro cacu kirarushiriza gukomera. Ibiri mw’Ijambo ry’Imana vyose “vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”​—Rom. 15:4.

14. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku vyo Yehova yakoreye abandi?

14 Nuzirikane ku kuntu Yehova yashikije ivyo yasezeranye. Raba ivyo Imana yagiriye Aburahamu na Sara. Bari bashaje ku buryo batari gushobora kuronka abana. Ariko rero, Imana yarabasezeraniye ko boronse akana. (Ita. 18:10) None Aburahamu yavyakiriye gute? Bibiliya ivuga ko ‘yizera ko yocitse se w’amahanga menshi.’ (Rom. 4:18) Naho uwo muhango wasa n’uwutoshobotse ku mwana w’umuntu, Aburahamu yarizeye adakeka ko Yehova yoshikije ivyo yasezeranye. Kandi ivyo yizeye vyararangutse. (Rom. 4:19-21) Inkuru nk’izo ziratwigisha ko dukwiye kwama twizera ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye, naho twebwe twoba tubona ko bidashoboka.

15. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku vyo Imana yadukoreye?

15 Nuzirikane ku vyo Yehova yagukoreye. Nuzirikane ku vyo Imana isezerana muri Bibiliya bimaze kukurangukirako. Nk’akarorero, Yezu yavuze ko Se wiwe azokuronsa ivya nkenerwa mu buzima. (Mat. 6:32, 33) Yaragukuye kandi amazinda ko Yehova azoguha impwemu yiwe nyeranda niwayimusaba. (Luka 11:13) Ivyo vyose Yehova yarabishikije. Urashobora kwiyumvira n’ibindi bintu yasezeranye yama yagukoreye. Nk’akarorero, asezerana kuguharira, kuguhumuriza, no kukugaburira mu vy’impwemu. (Mat. 6:14; 24:45; 2 Kor. 1:3) Niwazirikana ku vyo Imana imaze kugukorera, bizotuma urushiriza kwizigira ivyo izogukorera muri kazoza.

NUNEZERERERWE ICIZIGIRO

16. Kubera iki icizigiro ari ingabire nziza cane?

16 Icizigiro dufise co kubaho ibihe bidahera, ni ingabire Imana yaduhaye. Turiteze kazoza keza tudakekeranya. Ico cizigiro kitubera nk’inanga y’ubwato, kikatugumya kugira ngo dushobore kwihanganira ingorane, uruhamo, eka mbere n’urupfu. Kitubera nk’inkofero, kigakingira ivyiyumviro vyacu kugira ngo duce kure ikibi maze twumire ku ciza. Icizigiro cacu gishingiye kuri Bibiliya kiratuma turushiriza kwiyegereza Imana, kikongera kikadufasha kubona ko idukunda cane. Kuguma dukomeza icizigiro cacu biratugirira akamaro cane.

17. Kubera iki icizigiro cacu gituma tunezerwa?

17 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, yabaremesheje “[kunezerwa] mu cizigiro.” (Rom. 12:12) Paulo yaranezerwa kuko yari azi neza ko agumye ari intahemuka yoronse ubuzima budahera mw’ijuru. Na twebwe turanezerererwa icizigiro cacu kuko tuzi neza ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Nk’uko umwanditsi wa zaburi yabivuze, ‘hahiriwe uwizigira Yehova Imana, Umwe agumya ukuri gushika igihe kitagira urugero.’​—Zab. 146:5, 6.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

^ Yehova yaraduhaye icizigiro ciza cane ca kazoza. Ico cizigiro kiraturemesha kikongera kikadufasha kutagumiza umutima ku ngorane zidushikira muri iki gihe. Kiradukomeza tukaguma dufise ukwizera naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute. Vyongeye, kiradufasha kwirinda ivyiyumviro vyokwonona imizirikanyi yacu. Nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro, izo zose ni imvo zumvikana zotuma tuguma dukomeza icizigiro cacu.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe w’umusoda, inanga na yo ikagumya ubwato, ni ko n’icizigiro cacu gikingira ivyiyumviro vyacu kikongera kikatugumya ngo ntiduhungabane mu bihe vy’ingorane. Mushiki wacu ariko arasenga Yehova yizigiye ko amufasha. Umuvukanyi ariko arazirikana ku kuntu Yehova yashikije ivyo yasezeraniye Aburahamu. Uwundi muvukanyi ariko arazirikana ku kuntu Imana yagiye iramuhezagira.