Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 43

Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru

Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru

“Ubukerebutsi nyakuri . . . buguma bushira ijwi hejuru mw’ibarabara. Mu bibanza vya bose buguma burekura ijwi ryabwo.”​—IMIG. 1:20.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

INCAMAKE *

1. Muri iki gihe, abantu benshi bakira gute akamo baterwa n’ubukerebutsi bwo muri Bibiliya? (Imigani 1:20, 21)

 MU BIHUGU vyinshi, abantu baramenyereye kubona abamamaji b’Ubwami ku mabarabara bariko baratanga ibitabu banezerewe. Woba uragira uruhara muri uwo muce ushimishije? Nimba warabigize, nta gukeka ko wazirikanye ku mvugo ngereranyo dusanga mu gitabu c’Imigani, na yo ikaba yerekeye ubukerebutsi bushira ijwi hejuru mu kibanza ca bose kugira abantu bumvirize impanuro butanga. (Soma Imigani 1:20, 21.) Bibiliya be n’ibitabu vyacu birimwo “ubukerebutsi nyakuri,” ni ukuvuga ubukerebutsi buva kuri Yehova. Ubwo nyene ni bwo abantu bakeneye kugira bashobore gutera intambwe ya mbere yotuma baronka ubuzima budahera. Turahimbarwa iyo hagize uwakira igitabu cacu, naho atari bose bemera kuvyakira. Bamwe ntibitaho kumenya ivyo Bibiliya ivuga, abandi na bo baradutwenga. Biyumvira ko Bibiliya yataye igihe. Hari n’abatora amahinyu ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’inyifato runtu, bakavuga ko ababikurikiza bakavya kandi bakigira abagororotsi. Ariko rero, Yehova abigiranye urukundo aguma aronsa abantu bose ubukerebutsi nyakuri. None abubaronsa gute?

2. Ni hehe abantu bashobora kuronka ubukerebutsi nyakuri muri iki gihe, ariko abantu benshi cane bahitamwo gukora iki?

2 Uburyo bumwe Yehova akoresha mu gutuma ubwo bukerebutsi nyakuri bwumvikana ni Ijambo ryiwe Bibiliya. Ico gitabu abantu nka bose barashobora kukironka. Tuvuge iki hoho ku bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya? Ivyo bitabu biraboneka mu ndimi zirenga 1000, ivyo tukaba tubikesha umuhezagiro wa Yehova. Ababitega ugutwi, ni ukuvuga ababisoma bakongera bagashira mu ngiro ivyo biga, birabagirira akamaro. Ariko rero, abantu benshi cane bahitamwo kutumviriza ubwo bukerebutsi nyakuri. Igihe bashaka gufata ingingo, bahitamwo kwisunga ivyiyumviro vyabo canke ivy’abandi bantu. Barashobora mbere no kudusuzugura kubera ko twahisemwo kwisunga Bibiliya. Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma abantu bameze gutyo. Ariko rero, reka tubanze turabe ingene tworonka ubukerebutsi buva kuri Yehova.

KUMENYA YEHOVA BITUMA UMUNTU AGIRA UBUKEREBUTSI

3. Tworonka gute ubukerebutsi nyakuri?

3 Ubukerebutsi budondorwa ko ari ubushobozi bwo gukoresha ivyo tuzi kugira dufate ingingo nziza. Ariko rero ubukerebutsi nyakuri burimwo n’ibindi. Bibiliya ivuga iti: “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera.” (Imig. 9:10) Igihe rero dushaka gufata ingingo ihambaye, turakwiye kwisunga “ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose,” ni ukuvuga ukuntu Yehova abona ibintu. Ivyo turashobora kubigira mu gusoma Bibiliya be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri yo. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dufise ubukerebutsi nyakuri.​—Imig. 2:5-7.

4. Kubera iki Yehova ari we wenyene ashobora kuduha ubukerebutsi nyakuri?

4 Yehova ni we wenyene ashobora gutanga ubukerebutsi nyakuri. (Rom. 16:27) Kubera iki twovuga ko ari we Sôko ry’ubukerebutsi? Ubwa mbere, kubera ko Yehova ari Umuremyi, arazi neza ivyo yaremye vyose kandi arabitahura. (Zab. 104:24) Ubwa kabiri, ivyo Yehova akora vyose biranga ubukerebutsi. (Rom. 11:33) Ubwa gatatu, impanuro ziranga ubukerebutsi Yehova atanga zama zigirira akamaro abazishira mu ngiro. (Imig. 2:10-12) Nimba dushaka kuronka ubukerebutsi nyakuri, turakwiye kwemera ukwo kuri kw’ishimikiro tukongera tukakwisunga igihe dufata ingingo y’ico twokora.

5. Igihe abantu banse kwemera ko Yehova ari we Sôko ry’ubukerebutsi nyakuri bivamwo iki?

5 Abantu benshi duhura mu ndimiro baremera yuko ibidukikije bitunganije mu buryo butangaje, yamara ntibemere ko hari uwabiremye ahubwo bakavuga ko vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Abandi na bo bavuga ko bemera Imana mugabo bakavuga ko Bibiliya yataye igihe, ko rero ari bo bakwiye kwihitiramwo ico bokora. None ivyo vyavuyemwo iki? Kubona abantu bahisemwo kwisunga ubukerebutsi bwabo aho kwisunga ubw’Imana, vyoba vyatumye isi irushiriza kuba nziza? Boba bararonse agahimbare nyakuri canke icizigiro ciza ca kazoza? Ivyo twibonera hirya no hino biratujijura ko iki kintu ari ic’ukuri: “Nta bukerebutsi, nta gutahura, nta mpanuro, mu kurwanya Yehova.” (Imig. 21:30) Ese ukuntu iyo ari imvo ituvyurira umutima wo kuronderera ubukerebutsi nyakuri kuri Yehova! Ikibabaje, abantu benshi cane si ko babigenza. None ni kubera iki?

IGITUMA ABANTU BATEREKWA UBUKEREBUTSI NYAKURI

6. Twisunze Imigani 1:22-25, ni bande banka kwumviriza ubukerebutsi nyakuri?

6 Igihe ubukerebutsi nyakuri “bushira ijwi hejuru mw’ibarabara,“ abantu benshi ntibabwumviriza. Bibiliya ivuga ko hari imirwi itatu y’abantu batera akagere ubukerebutsi, na bo akaba ari “abantu batazi utuntu n’utundi,” “abashinyaguzi,” n’“imburabwenge.” (Soma Imigani 1:22-25.) Nimuze dusuzume neza ibituma abo bantu batera akagere ubukerebutsi buva ku Mana, tubone n’ingene twovyirinda.

7. Kubera iki hari abahitamwo kuguma ari “abantu batazi utuntu n’utundi”?

7 “Abantu batazi utuntu n’utundi” ni abantu bapfa kwemera ibintu vyose kandi boroshe guhenda. (Imig. 14:15) Akenshi turahura n’abantu nk’abo mu ndimiro. Nk’akarorero, zirikana abantu amamiliyoni bariko barahendwa n’indongozi z’idini canke za politike. Bamwebamwe barababara iyo bamenye ko bahenzwe n’izo ndongozi. Ariko rero abavugwa mu Migani 1:22 bahitamwo kwigumira batazi utuntu n’utundi kuko ari vyo bishakira. (Yer. 5:31) Bashima gukora ivyo bishakiye, kandi ntibashaka kumenya ivyo Bibiliya ivuga canke kugamburuka amategeko yayo. Abantu benshi biyumvira nk’umugore umwe akunda cane ivyo gusenga wo muri Kebeke muri Kanada, uwabwiye Icabona yari amugendeye ati: “Nimba patiri yaraduhenze, ni ikosa ryiwe si iryacu.” Nta nkeka ko tudashaka kwigana abo bantu batipfuza kugira ikintu na kimwe bamenya.​—Imig. 1:32; 27:12.

8. Ni ibiki vyodufasha kumenya utuntu n’utundi?

8 Birabereye rero kubona Bibiliya itaturemesha kuguma mu kutamenya, ahubwo ikaturemesha kuba “abakuze mu bubasha [bwacu] bwo gutegera.” (1 Kor. 14:20) Turamenya utuntu n’utundi igihe dushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu. Buhorobuhoro, turibonera ingene izo ngingo ngenderwako zidufasha kwirinda ingorane no gufata ingingo nziza. Biraba vyiza tuzirikanye ku ngingo twafashe. Nimba tumaze igihe twiga Bibiliya kandi twitaba amakoraniro, twoshobora kwibaza igituma tutaratera intambwe yo kwiyegurira Yehova no kubatizwa. Nimba na ho twarabatijwe, twoba turiko turarushiriza kuba abamamaji n’abigisha beza b’inkuru nziza? Ingingo dufata zoba zerekana ko tuyoborwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Twoba tugaragaza kamere zishimwa n’Imana mu vyo tugirana n’abandi? Nimba tubonye aho tworyohora, turakwiye guca tuzirikana ku vyibutswa vya Yehova, ibituma ‘umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi.’​—Zab. 19:7.

9. “Abashinyaguzi” berekana gute ko baterekwa ubukerebutsi?

9 Umugwi ugira kabiri w’abantu birengagiza ubukerebutsi buva ku Mana ni “abashinyaguzi.” Rimwe na rimwe turahura n’abantu nk’abo mu ndimiro. Baryoherwa no gutwenga abandi. (Zab. 123:4) Bibiliya yaravuze ko mu misi ya nyuma hobayeho abashinyaguzi benshi. (2 Pet. 3:3, 4) Cokimwe n’abakwe ba wa mugororotsi Loti, abantu bamwebamwe bo muri iki gihe ntibitaho imburi Imana itanga. (Ita. 19:14) Abenshi baratwenga ababaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Abo bashinyaguzi babiterwa n’uko “bisunga ivyipfuzo vyabo bwite vyo guhahamira ibintu vy’ukutibanga Imana.” (Yuda 7, 17, 18) Emwe, ukuntu Bibiliya idondora abashinyaguzi birahuye neza n’ukuntu abahuni be n’abandi bateye akagere Yehova bameze.

10. Twisunze Zaburi 1:1, twokwirinda gute kuba abashinyaguzi?

10 None twokwirinda gute kumera nk’abashinyaguzi? Uburyo bumwe twobigira ni ukwirinda kwifatanya n’abantu bafise agatima ko gutora amahinyu abandi. (Soma Zaburi 1:1.) Ivyo bisobanura ko tudakwiye kwumviriza canke gusoma ikintu na kimwe c’abahuni. Turatahura ko tutabaye maso, dushobora gutsimbataza agatima ko gutora amahinyu abandi bitagoranye, maze tugatangura kugira amakenga kuri Yehova no ku buyobozi aduha biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Kugira tuvyirinde, turakwiye kwibaza duti: ‘Noba nkunda kwidoga iyo turonse ubuyobozi bushasha canke umuco mushasha? Noba nkunda gutora amahinyu abatuja imbere?’ Nitwikuramwo ako gatima tudatebaganye, tuzohimbara Yehova.​—Imig. 3:34, 35.

11. “Imburabwenge” zibona gute ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu?

11 Umugwi ugira gatatu w’abantu baterekwa ubukerebutsi ni “imburabwenge.” Ni imburabwenge kubera ko banka kubaho bisunga amategeko y’Imana agenga inyifato runtu. Bakora ivyo babona ko ari vyiza mu maso yabo. (Imig. 12:15) Mwene abo bantu ntiberekwa Yehova, we Sôko ry’ubukerebutsi. (Zab. 53:1) Iyo duhuye na bo mu ndimiro, akenshi baradutyoza kubera ko twubahiriza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ariko nta ciza na kimwe botumarira. Bibiliya ivuga iti: “Ku gipfu ubukerebutsi nyakuri burahanitse cane; ntikizoteranura akanwa mw’irembo.” (Imig. 24:7) Imburabwenge nta majambo y’ubukerebutsi nyakuri ifise. Ntibitangaje rero kubona Yehova aduhanura “[kuva] imbere y’umuntu w’ikijuju.”​—Imig. 14:7.

12. Ni ibiki vyodufasha kwirinda kuba nk’imburabwenge?

12 Twebwe ntitumeze nk’abantu banka impanuro Imana itanga, kuko dukunda inzira zayo, ushizemwo n’ingingo ngenderwako zayo zigenga inyifato runtu. Turarushiriza kuzikunda iyo turavye ivyiza biva ku kuzigamburuka be n’ingaruka ziva ku kuzigambarara. Zirikana ku ngorane abantu bikwegera kubera banka n’ubupfu n’akantu impanuro nziza Yehova atanga. Nuce uzirikana ku kuntu ubuzima bwawe bwarushirije kumera neza kubera ugamburukira Imana.​—Zab. 32:8, 10.

13. Yehova yoba aduhatira kugamburuka impanuro ziwe ziranga ubukerebutsi?

13 Yehova aha impanuro abantu bose, mugabo nta we ahatira kuzemera. Ariko rero, aravuga ingaruka zishikira abanka kwumviriza ubukerebutsi bwiwe. (Imig. 1:29-32) Abahitamwo kugambararira Yehova “bazorya . . . ku vyamwa vy’inzira yabo,” ni ukuvuga ko bazokwibonerako. Mu nyuma, ubuzima bwabo nta kindi buzovamwo atari intuntu n’umubabaro, amaherezo barandurwe. Ariko abumviriza impanuro ziranga ubukerebutsi Yehova atanga bakongera bagashira mu ngiro ivyo zivuga, abasezeranira ati: “Uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa.”​—Imig. 1:33.

UBUKEREBUTSI NYAKURI BURATUGIRIRA AKAMARO

Kugira uruhara mu makoraniro birakomeza ukwizera kwacu (Raba ingingo ya 15)

14-15. Mu Migani 4:23 hatwigishije iki?

14 Iyo dukurikije ubukerebutsi buva ku Mana vyama bitugirira akamaro. Nk’uko twabibonye, Yehova araturonsa impanuro ziranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, mu gitabu c’Imigani araturonsa impanuro zidata igihe zituma ubuzima bwacu burushiriza kumera neza mu gihe tuzikurikije. Reka turimbure zine gusa muri zo.

15 Nukingire umutima wawe w’ikigereranyo. Bibiliya ivuga iti: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima.” (Imig. 4:23). Zirikana ico bisaba kugira dukingire umutima wacu. Turakeneye gufungura neza, kwinonora imitsi bihagije no kwirinda utumenyero tubi. Ni ko bimeze no ku bijanye no gukingira umutima wacu w’ikigereranyo. Buri musi turigaburira Ijambo ry’Imana. Turategura amakoraniro, tukayitaba tukongera tukayagiramwo uruhara. Kwama tuja mu ndimiro biratuma tuguma dukomeye mu vy’impwemu. Vyongeye, turirinda gutsimbataza utumenyero tubi mu guca kure ikintu ico ari co cose cokwonona ivyiyumviro vyacu, nk’ukwisamaza kurimwo ivy’ubuhumbu canke ukwifatanya n’abagenzi babi.

Kubona amahera mu buryo burimwo uburimbane biradufasha kubumbwa n’ivyo dufise (Raba ingingo ya 16)

16. Kubera iki ibivugwa mu Migani 23:4, 5 ari ngirakamaro cane muri iki gihe?

16 Nubumbwe n’ivyo ufise. Bibiliya iduha impanuro igira iti: “Ntucumukure kugira uronke ubutunzi. . . . Mbega wabukubitijeko amaso, kandi ari ubusa? Kuko butabura kwimerera amababa nk’ay’inkona, bukaguruka bwerekeza mu majuru.” (Imig. 23:4, 5) Umwanya n’umwanya ubutunzi burashobora gukamangana. Naho ari ukwo, muri iki gihe usanga abatunzi n’abakene barazwa ishinga cane no kurondera amahera. Ukwo kwiruka inyuma y’amahera, akenshi bituma bakora ibintu bicafuza izina ryabo kandi vyonona ubucuti bafitaniye n’abandi, eka mbere n’amagara yabo. (Imig. 28:20; 1 Tim. 6:9, 10) Ku rundi ruhande, ubukerebutsi buradufasha kubona amahera ku buryo buri ku burimbane. Kuyabona gutyo biradukingira umwina bikongera bigatuma duhimbarirwa ivyo dufise.​—Umus. 7:12.

Kuzirikana imbere yo kuvuga biratuma twirinda kuvuga ibibabaza abandi (Raba ingingo ya 17)

17. Nkuko bivugwa mu Migani 12:18, tworonka gute “ururimi rw’abantu b’inkerebutsi”?

17 Nuzirikane imbere yo kuvuga. Tutabaye maso, ivyo tuvuga birashobora gukora ibara. Bibiliya igira iti: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” (Imig. 12:18) Iyo twirinze kuvugavuga amakosa y’abandi, biratuma tuguma dufitaniye ubucuti bwiza na bo. (Imig. 20:19) Kugira imvugo yacu ibe iyivūra abandi aho kubababaza, dutegerezwa kwuzuza imitima yacu ubumenyi bwo mw’Ijambo ry’Imana. (Luka 6:45) Igihe tuzirikana ku vyo Bibiliya ivuga, imvugo yacu irashobora kuremesha abandi ikababera nk’“iriba ry’ubukerebutsi.”​—Imig. 18:4.

Gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe biradufasha kuba kirumara mu ndimiro (Raba ingingo ya 18)

18. Gushira mu ngiro ibivugwa mu Migani 24:6 bidufasha gute kuroranirwa mu ndimiro?

18 Nukurikize ubuyobozi. Bibiliya iratanga iyi mpanuro nziza igira iti: “Uzorwana intambara yawe biciye ku buyobozi bw’ubuhanga, kandi mu bajanama indiri hari ubukiriro [canke ukuroranirwa].” (Imig. 24:6) Raba ingene gukurikiza iyo mpanuro bituma turoranirwa mu gikorwa turangura co kwamamaza no kwigisha. Aho kwamamaza no kwigisha uko tuvyumva, turagerageza gukurikiza ubuyobozi duhabwa. Ku makoraniro yacu turaharonkera ubuyobozi ngirakamaro biciye ku nsiguro be n’ibiganiro bishikirizwa n’abavukanyi bazi utuntu n’utundi. Vyongeye, ishirahamwe rya Yehova riraturonsa ibikoresho kirumara, nk’ibitabu n’amavidewo bishobora gufasha abantu gutahura Bibiliya. Woba uriko uriga gukoresha neza ivyo bikoresho?

19. Ubona gute ubukerebutsi buva kuri Yehova? (Imigani 3:13-18)

19 Soma Imigani 3:13-18. Ese ukuntu dukenguruka impanuro nziza dusanga mw’Ijambo ry’Imana! Mbega iyo tutazironka ivyacu biba vyifashe gute? Muri iki kiganiro, twabonye uburorero bw’impanuro ziranga ubukerebutsi dusanga mu gitabu c’Imigani. Ariko rero impanuro nk’izo turazisanga muri Bibiliya yose. Nimuze twame twiyemeza kwama twisunga ubuyobozi buva kuri Yehova. Uko isi ibona ubwo bukerebutsi si co gihambaye kuri twebwe, kuko twajijutse ko ‘abagumya ubwo bukerebutsi ari abo kwitwa abahirwe.’

URURIRIMBO RWA 36 Turinde imitima yacu

^ Ubukerebutsi buva kuri Yehova buraruta kure n’iyo ikintu cose isi itanga. Muri iki kiganiro, turaca irya n’ino imvugo ngereranyo ishimishije dusanga mu gitabu c’Imigani, na yo ikaba yerekeye ubukerebutsi bushira ijwi hejuru mu kibanza ca bose c’igisigara. Turaza guca irya n’ino ukuntu tworonka ubukerebutsi nyakuri, igituma bamwebamwe banka kwumviriza ubukerebutsi buva kuri Yehova be n’ivyiza twironkera igihe twumvirije ubwo bukerebutsi.