Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 41

Urashobora kuronka agahimbare nyakuri

Urashobora kuronka agahimbare nyakuri

“Hahiriwe umuntu wese atinya Yehova, agendera mu nzira ziwe.”​—ZAB. 128:1.

URURIRIMBO RWA 110 “Akanyamuneza ka Yehova”

INCAMAKE *

1. Imvugo “ivyo dukeneye mu vy’impwemu” yerekeza ku ki, kandi bifitaniye isano gute no kugira agahimbare?

 AGAHIMBARE nyakuri si umunezero umuntu agira mu kanya gatoyi gusa, mu nyuma ugaca ukamangana. Agahimbare nyakuri umuntu arakamana. Uti gute? Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Mat. 5:3) Yezu yari azi yuko abantu baremanywe icipfuzo gikomeye co kumenya Umuremyi wabo Yehova Imana no kumusenga. Ico nyene ni co imvugo “ivyo dukeneye mu vy’impwemu” yerekezako. Vyongeye, kubera ko Yehova ari “Imana ihimbawe,” n’abamusenga barashobora guhimbarwa.​—1 Tim. 1:11.

“Hahiriwe abahamwe bahorwa ubugororotsi.”​—Mat. 5:10 (Raba ingingo ya 2-3) *

2-3. (a) Twisunze ivyo Yezu yavuze, ni bande kandi bashobora kugira agahimbare? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro, kandi kubera iki bikenewe?

2 None umuntu agira agahimbare ari uko gusa atagira ingorane mu buzima? Habe namba. Muri ya nsiguro Yezu yashikiriza, yaravuze ikintu gitangaje. Yavuze ko “abagandaye” bashobora guhimbarwa, baba bagandaye kubera ugutuntuzwa n’ivyaha bakoze canke bivuye ku bintu bitesha umutwe bibashikira mu buzima. Yezu yavuze ko n’“abahamw[a] bahorwa ubugororotsi,” canke ‘abatukwa’ bahorwa kuba ari abayoboke ba Kristu na bo nyene bahiriwe. (Mat. 5:4, 10, 11) Ariko none, bishoboka gute ngo umuntu ahimbarwe ari mu bintu nk’ivyo?

3 Yezu yashaka kutwigisha ko agahimbare kava ku kwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu no kwiyegereza Imana, ariko ko katava ku kubaho tudafise ingorane mu buzima. (Yak. 4:8) None twobigira gute? Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibintu bitatu twokora vyotuma turonka agahimbare nyakuri.

NIWIHEREZE IBIFUNGURWA VY’IMPWEMU

4. Ni ikintu ca mbere ikihe cotuma tugira agahimbare nyakuri? (Zaburi 1:1-3)

4 ICA 1: Kugira tugire agahimbare nyakuri, dutegerezwa kwihereza ibifungurwa vy’impwemu. Abantu n’ibikoko barakenera ibifungurwa vy’umubiri kugira ngo babeho. Mugabo abantu bonyene ni bo bashobora kwihereza ibifungurwa vy’impwemu. Kandi turabikeneye. Ni co gituma Yezu yavuze ko ‘umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, mugabo ko abeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.’ (Mat. 4:4) Ntidukwiye rero kureka ngo umusi urengane tutihereje ibifungurwa vy’impwemu, mu gusoma Ijambo ry’Imana ry’agaciro, ari ryo Bibiliya. Umwanditsi wa zaburi yavuze ko ‘hahiriwe umuntu ahimbarwa n’itegeko rya Yehova kandi arisoma umurango n’ijoro.’​—Soma Zaburi 1:1-3.

5-6. (a) Ni ibiki Bibiliya itubwira? (b) Ni mu buryo ki gusoma Bibiliya bishobora kudufasha?

5 Kubera ko Yehova adukunda, yaratweretse muri Bibiliya ivyo twokora kugira ngo tubeho duhimbawe. Bibiliya iratubwira umugambi adufitiye, ikatubwira ingene twomwiyegereza be n’ivyo twokora ngo aduharire ibicumuro vyacu. Vyongeye, iratubwira icizigiro ciza igitangaza adusezeranira ku bwa kazoza. (Yer. 29:11) Ivyo bintu twiga muri Bibiliya biratuma tugira umunezero mwinshi.

6 Nk’uko tubizi, Bibiliya irimwo n’izindi mpanuro nyinshi zodufasha mu buzima bwa misi yose. Tuzikurikije, turashobora kugira agahimbare. Igihe cose wumva ucitse intege kubera ingorane zo mu buzima, nufate akanya ko gusoma Ijambo rya Yehova wongere urizirikaneko. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:28.

7. Wokora iki kugira ngo urushirize kwungukira ku gusoma Ijambo ry’Imana?

7 Igihe usoma Ijambo ry’Imana, nufate akanya ko kwinovora ivyo usoma. Reka tubitangire akarorero. Dufate ko batetse ibifungurwa ukunda cane. Ariko kubera ko wihuta cane canke hari ibindi bintu bikuraje ishinga, uciye ubirya unyaraguritsa utavyinovora. Uhejeje gufungura, uciye ubona ko wabiriye wihuta maze ugaca utangura kwiyumvira uti: ‘Ese iyo ndabifungura nitonze nkavyinovora!’ Ni ko bimeze no ku bijanye no gusoma Ijambo ry’Imana. Vyoba biragushikira ugasoma Bibiliya wihutagiza ku buryo udafata akanya ko kwinovora ubutumwa buri muri yo? Nufate umwanya wo kwinovora Ijambo ry’Imana. Nubone mu bwenge ibivugwamwo. Gerageza kwumva amajwi y’abavuga wongere uzirikane ku usomye. Ivyo bizotuma urushiriza kugira agahimbare.

8. “Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ariko arangura gute igikorwa yashinzwe? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

8 Yezu yaragenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ngo aturonse ibifungurwa vyo mu vy’impwemu ku gihe kibereye, kandi arabituronsa ku bwinshi. * (Mat. 24:45) Ibintu vyose umushumba w’umwizigirwa adutegurira, ahanini bishingiye kuri Bibiliya. (1 Tes. 2:13) Ivyo bifungurwa aturonsa biradufasha kumenya uko Yehova abona ibintu, nk’uko tubisanga muri Bibiliya. Ni co gituma dusoma ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! be n’ibiganiro dusanga kuri jw.org. Turategura n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu be n’iriba ku mpera y’umushamvu. Vyongeye, turaraba n’ibiganiro vya buri kwezi vyo kuri televiziyo ya JW igihe bibonetse. Kwihereza ivyo bifungurwa bitandukanye, biradufasha gushika ku kintu ca kabiri cotuma tugira agahimbare nyakuri.

NUBEHO WISUNGA INGINGO NGENDERWAKO ZA YEHOVA

9. Ikintu ca kabiri cotuma tugira agahimbare nyakuri ni ikihe?

9 ICA 2: Kugira ngo tugire agahimbare nyakuri, dukwiye kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Umwanditsi wa zaburi yanditse ati: “Hahiriwe umuntu wese atinya Yehova, agendera mu nzira ziwe.” (Zab. 128:1) Gutinya Yehova bisobanura ko tumwubaha cane, ku buryo twirinda gukora ikintu na kimwe kitamuhimbara. (Imig. 16:6) Ku bw’ivyo, tuguma twihatira gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana zigenga iciza n’ikibi, izo dusanga muri Bibiliya. (2 Kor. 7:1) Nitwakora ivyo Yehova akunda tukiyamiriza ivyo yanka, tuzohimbarwa.​—Zab. 37:27; 97:10; Rom. 12:9.

10. Twisunze Abaroma 12:2, ni ibanga irihe dufise?

10 Soma Abaroma 12:2. Umuntu ntakwiye kumenya gusa ko Yehova afise uburenganzira bwo gushinga iciza n’ikibi, ariko kandi arakwiye no kwemera gukurikiza ingingo ngenderwako amushingira. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kuba azi ko leta ifise uburenganzira bwo gushinga umuvuduko imodokari zigirako mw’ibarabara. Ariko yoshobora kwanka kwubahiriza uwo muvuduko, bigatuma awurenza. Ukuntu twigenza, ni vyo vyerekana ko twemera vy’ukuri yuko gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova ari bwo buryo bwiza cane bwo kubaho. (Imig. 12:28) Ukwo nyene ni ko Dawidi yabona ibintu, kuko ku bijanye na Yehova yavuze ati: “Uzomenyesha umunyuro w’ubuzima. Umunezero uhagije uri imbere yo mu maso hawe; ubuhimbare buri iruhande y’ukuryo kwawe ibihe bidahera.”​—Zab. 16:11.

11-12. (a) Igihe duhagaritse umutima canke ducitse intege, ni igiki dukwiye kubako maso? (b) Ibivugwa mu Bafilipi 4:8 vyodufasha gute guhitamwo ingene twisamaza?

11 Iyo duhagaritse umutima canke ducitse intege, twoshobora kwumva dukeneye kwisamaza gatoyi kugira twiyobagize izo ngorane. Naho ata co bitwaye, turakwiye kuba maso kugira ngo ntidukore ikintu Yehova yanka.​—Ef. 5:10-12, 15-17.

12 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Filipi, yarabahimirije kuguma bazirikana ibintu “bigororotse, . . . bitanduye, . . . ivyo gukundwa, [kandi biranga] ingeso nziza.” (Soma Abafilipi 4:8.) Naho ivyo Paulo yavyanditse adashaka kuvuga ivyo kwisamaza, ivyo yavuze birakwiye kudufasha guhitamwo neza ivyo kwisamaza. Gerageza iki kintu: Ku duce twose tw’uwo murongo twerekeza ku “bintu,” nudusubirize amajambo “indirimbo,” “isinema,” “inkuru zo mu bitabu,” canke “udukino twa videwo.” Ubigenjeje gutyo, vyogufasha gutahura ivyo Imana yemera be n’ivyo itemera. Twipfuza kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru. (Zab. 119:1-3) Ivyo vyodufasha gukora ikindi kintu cotuma tugira agahimbare nyakuri, dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi.​—Ivyak. 23:1.

NUSHIRE IMBERE UGUSENGA YEHOVA

13. Ikintu ca gatatu cotuma tugira agahimbare nyakuri ni ikihe? (Yohani 4:23, 24)

13 ICA 3: Nushire imbere ugusenga Yehova mu buzima bwawe. Kubera ko Yehova ari Umuremyi wacu, arabereye rwose ko tumusenga. (Ivyah. 4:11; 14:6, 7) Ku bw’ivyo, turakwiye gushira imbere ukumusenga mu buryo ashima, ni ukuvuga “mu mpwemu no mu kuri.” (Soma Yohani 4:23, 24.) Twipfuza ko impwemu nyeranda y’Imana iyobora ugusenga kwacu, kugira ngo duhuze n’ukuri dusanga mw’Ijambo ryayo. Dutegerezwa gushira imbere ugusenga Yehova naho twoba tuba mu gihugu aho igikorwa cacu kiburabuzwa canke kibujijwe. Ubu hari abavukanyi na bashiki bacu barenga 100 bapfunzwe, bahorwa gusa ko ari Ivyabona vya Yehova. * Naho ari ukwo, barakora uko bashoboye kwose kugira ngo basenge, biyigishe kandi babwire abandi ivyerekeye Imana n’Ubwami bwayo. N’igihe badututse canke bakaduhama, turahimbarwa no kumenya ko Yehova ari kumwe natwe be n’uko azoduha impera.​—Yak. 1:12; 1 Pet. 4:14.

AKARORERO KAVYEREKANA

14. Ni ibiki vyashikiye umuvukanyi akiri muto wo muri Tajikistani, kandi kubera iki?

14 Ibintu vyashikiye abavukanyi bamwebamwe, biremeza ko ivyo bintu bitatu duhejeje kuvuga bituma tugira agahimbare nyakuri, naho ivyacu vyoba vyifashe gute. Rimbura ivyashikiye umusore w’imyaka 19 yitwa Jovidon Bobojonov wo muri Tajikistani, ahorwa ko yanse kuja mu gisoda. Ku wa 4 Gitugutu 2019, baramunyuruje bamukuye i muhira, amara amezi apfunzwe kandi afatwa nk’inkozi y’ikibi. Ako karenganyo karavuzwe mu binyamakuru vyo hirya no hino kw’isi. Bivugwa ko yakubiswe mu ntumbero yo kumuhatira kurahira indahiro ya gisirikare no kwambara impuzu z’igisirikare. Inyuma y’aho, yaraciriwe urubanza aca arungikwa mw’ikambi y’ibikorwa vy’umuruho, gushika igihe umukuru w’igihugu yamubabarira maze agategeka ko arekurwa. Muri ivyo bintu vyose, Jovidon ntiyigeze ahemuka kandi yagumye ahimbawe. Ni igiki catumye bishoboka? Ni uko yagumije ku muzirikanyi ko yari akeneye ivy’impwemu.

Jovidon yarihereza ibifungurwa vyo mu vy’impwemu, akabaho yisunga ingingo ngenderwako z’Imana, akongera agashira imbere ugusenga Yehova mu buzima bwiwe (Raba ingingo ya 15-17)

15. Igihe Jovidon yari apfunzwe yaronka gute ibifungurwa vyo mu vy’impwemu?

15 Igihe Jovidon yari mw’ibohero yarihereza ibifungurwa vyo mu vy’impwemu, naho atari afise Bibiliya canke igitabu na kimwe mu bitabu vyacu. None vyashobotse gute? Igihe abavukanyi na bashiki bacu baba bamugemuriye ibifungurwa, baca bandika icanditswe c’umusi kw’isaho baba bamugemuriyemwo. Ivyo vyatuma asoma Bibiliya buri musi akongera akayizirikanako. Amaze kurekurwa, yatanze iyi mpanuro ku batarashikirwa n’ibigeragezo bikomeye, ati: “Birahambaye ko mukoresha umwidegemvyo mufise uko bishoboka kwose, mu kwama musoma Bibiliya be n’ibitabu vyacu kugira ngo murushirize kumenya Yehova.”

16. Jovidon yagumiza umutima ku biki?

16 Uwo muvukanyi wacu yabaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Aho kuguma yiyumvira ibintu bibi ngo bitume yisuka mu ngeso mbi, yaguma yiyumvira Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe. Jovidon yaratangarira cane ubwiza bw’ivyaremwe. Buri gitondo yavyurwa n’amajwi y’inyoni ziririmba. Mw’ijoro na ho yarihweza ukwezi n’inyenyeri. Yavuze ati: “Ivyo vyiza Yehova yaremye vyaratumye numva mpimbawe vyongera birandemesha.” Igihe dukenguruka ivyo Yehova aturonsa ku mubiri no mu vy’impwemu, turanezerwa cane maze uwo munezero na wo ugatuma turushiriza kwihangana.

17. Ibivugwa muri 1 Petero 1:6, 7, vyofasha gute umuntu ariko araca mu bintu bimeze nk’ivyashikiye Jovidon?

17 Jovidon kandi yashira imbere ugusenga Yehova. Yari azi ko bihambaye kudahemukira Imana y’ukuri. Yezu yavuze ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Luka 4:8) Abasoda be n’intwazangabo zabo bipfuza ko Jovidon aheba idini ryiwe. Aho kuriheba, yarasenga cane Yehova ijoro n’umurango, amusaba ngo amufashe kuguma ari intahemuka. Naho Jovidon yarenganijwe ntiyigeze ahemuka. Muri ivyo bintu vyose yaciyemwo, aranezerwa cane no kubona asigaye afise ikintu atari afise imbere y’uko anyuruzwa, agakubitwa akongera agapfungwa, na co kikaba ari ukwizera kugejejwe.​—Soma 1 Petero 1:6, 7.

18. Twokora iki kugira ngo tugumane agahimbare?

18 Yehova arazi ivyo dukeneye kugira ngo turonke agahimbare nyakuri. Ukoze ivyo bintu bitatu bituma ugira agahimbare nyakuri, urashobora kuguma uhimbawe naho woba uri mu ngorane zikomeye. Gutyo nawe urashobora kuvuga uti: “Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!”​—Zab. 144:15.

URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe

^ Abantu benshi babona ko bigoye kuronka agahimbare nyakuri kuko bakarondera mu buryo butari bwo, mu gukurikirana ivyo kwinezereza, ubutunzi, ukumenyekana canke ukurondera ubukuru. Ariko rero, igihe Yezu yari kw’isi yareretse abantu ingene boronka agahimbare nyakuri. Muri iki kiganiro, turabona ibintu bitatu twokora vyodufasha kuronka agahimbare nyakuri.

^ Raba ikiganiro kivuga ngo “Woba uriko uraronka ‘ibifungurwa ku gihe kibereye’?” kiri mu Munara wo ku wa 15 Myandagaro 2014.

^ Ushaka kumenya n’ibindi, nuje kuri jw.org, urondeze amajambo agira ati: “Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo.”

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Ivyabona bagiye gushigikira umuvukanyi yafashwe akajanwa muri sentare, naho atari ibintu vyabaye.