Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1924​—⁠Imyaka 100 irarangiye

1924​—⁠Imyaka 100 irarangiye

IKINYAMAKURU Bulletin a co muri Nzero 1924 cavuze giti: «Mu ntango z’umwaka ni co gihe ciza c’uko umuntu wese yiyeguriye Umukama arondera gukora vyinshi mu murimo wiwe.» Muri uwo mwaka, Abatohoji ba Bibiliya barakurikije iyo mpanuro mu buryo bubiri: Barakoresheje uburyo bushasha bwo kwamamaza bongera baramamaza n’umutima rugabo.

KWAMAMAZA BICIYE KW’IRADIYO

Abavukanyi bo kuri Beteli bari bamaze umwaka urenga bategura ahazokorera iradiyo ya WBBR i Staten Island, mu gisagara ca New York. Bamaze gutunganya ikibanza, baciye bubaka inzu nini y’abakozi n’iyindi yo ku ruhande iyo radiyo yokoreyemwo. Ivyo birangiye, baciye batangura kwegeranya ibikoresho bikenewe kugira ngo iradiyo itangure gusamirana. Ariko intambamyi zari zibarindiriye zari nyinshi.

Abo bavukanyi ntivyaboroheye gushinga antene nyamukuru y’iyo radiyo. Iyo antene y’uburebure bw’imetero 91 yabwirizwa gushingwa hagati y’ibipoto bibiri, kimwekimwe kikaba careha n’imetero 61. Igihe babigerageza ubwa mbere vyarabataye ku w’amazi. Ariko kubera ko abo bavukanyi bizigiye Yehova, amaherezo vyarakunze. Umuvukanyi Calvin Prosser yari muri iyo proje, yavuze ati: «Iyo ku ncuro ya mbere bigenda neza, twari guhava twiyemera.» Abo bavukanyi bariboneye ko Yehova ari we yabafashije. Ariko rero intambamyi ntizari bwahere.

Abariko barashinga amapoto ya antene ya WBBR

Ico gihe amaradiyo ni ho yari agitangura, kandi ntivyari vyoroshe kuronka aho ugurira ibikoresho vya nkenerwa. Abavukanyi rero baciye bagura icuma gitoyi kirungika amajwi citwa emetere cari carakoze. Aho kugura mikoro, bakoresheje iyo mw’iterefone isanzwe. Umusi umwe mw’ijoro muri Ruhuhuma, abo bavukanyi barapimye ivyo vyuma bibayabaye kugira ngo barabe nimba bikora. Kubera ko ata rutonde bari bafise vy’ivyo bosamiriza, baciye bahitamwo kuririmba indirimbo z’Ubwami. Umwe muri abo bavukanyi yitwa Ernest Lowe aravuga ikintu gitwengeje cabaye igihe bariko bararirimba. Bagiye bumva umucamanza Rutherford b abaterefonye, akaba yari abumvise kw’iradiyo ari i Brooklyn, nko ku bilometero 25.

Umuvukanyi Rutherford yavuze ati: «Kura urwo rwamo ngaho. Womengo ni amajwi y’ibiyabu.» Abo bavukanyi barabuze iyo bakwirwa, ubwo nyene baca barazimya. Ariko ivyo vyatumye babona ko iyo radiyo ikora, ko rero bakwiye gutangura gusamiriza ibiganiro.

Ku wa 24 Ruhuhuma 1924, igihe iyo radiyo yatangura gusamirana ari ryo rya mbere, umuvukanyi Rutherford yavuze ko izokoreshwa «mu bikorwa vyo guteza imbere Ubwami burongowe na Mesiya.» Yavuze ko intumbero y’iyo radiyo ari «ugufasha abantu gutahura ukuri kwo muri Bibiliya bataravye idini barimwo, bakamenya insobanuro y’ibiriko biraba muri iki gihe.»

Ibubamfu: Rutherford ari muri stidiyo ya ya radiyo ya mbere

Iburyo: Ibikoresho vyakoreshwa mu gusamiriza

Ico gikorwa co gusamiriza iradiyo ari ryo rya mbere caragenze neza cane. Mu myaka 33 yakurikiye, iyo radiyo WBBR yarafashije cane mu kumenyekanisha ibikorwa vy’ishirahamwe ryacu.

BARASHIZE KU MUGARAGARO ABAKURU B’AMADINI

Muri Mukakaro 1924, Abatohoji ba Bibiliya barahuriye hamwe kw’ihwaniro ryabereye i Colombus muri Ohio. Abaryitavye baje bava hirya no hino kw’isi, kandi harashikirijwe insiguro mu carabu, mu congereza, mu gifaransa, mu kidagi, mu kigiriki, mu gihongiriya, mu gitaliyano, mu kirituwaniya, mu gipolonye, mu kirusiya, mu ndimi zo muri Skandinaviya, no mu kinya Ukraine. Insiguro zimwezimwe zaraciye kw’iradiyo kandi haratunganijwe ivy’uko ikinyamakuru ca Leta ya Ohio kiza kirasohora buri musi amakuru ajanye n’iryo hwaniro.

Rya hwaniro ryabera i Columbus, muri Ohio mu 1924

Ku wa kane itariki 24 Mukakaro, abantu barenga 5.000 bari bitavye iryo hwaniro, barashwaye ico gisagara bariko baramamaza. Batanze ibitabu nka 30.000 bongera batanguza inyigisho za Bibiliya ibihumbi. Umunara w’Inderetsi wise uwo musi «ikiringo giteye umunezero cane c’iryo hwaniro.»

Ikindi kintu gihambaye caranze iryo hwaniro cabaye ku wa gatanu itariki 25 Mukakaro, igihe umuvukanyi Rutherford yasoma urwandiko rushira ahabona ibintu abakuru b’amadini bagirizwa. Urwo rwandiko rwagiriza indongozi mu vya politike, mu vy’idini no mu vy’ubudandaji «kuguma bahuma amaso abantu ngo ntibamenye ukuri kwerekeye umugambi w’Imana, uzotuma baronka ubuzima budahera.» Vyongeye, urwo rwandiko rwavuga ko abo bagabo «bashigikiye Umuhari w’Amahanga bongera baremeza ko uwo muhari ari ‘urwego rwa politike ruserukira Ubwami bw’Imana aha kw’isi.’» Emwe, Abatohoji ba Bibiliya bokeneye umutima rugabo kugira ngo babwire abantu ubwo butumwa!

Umunara w’Inderetsi waravuze muri make ingene abavukanyi bafashijwe n’iryo hwaniro. Wavuze uti: «Uwo mugwi mutoyi w’ingabo z’Umukama zari zikoraniye i Colombus, watashe ukomejwe mu kwizera . . . , witeguriye guhangana n’ibitero vyose umwansi yobateza.» Umuvukanyi yitwa Leo Claus ari mu bitavye iryo hwaniro, yavuze ibi: «Twavuye kuri iryo hwaniro dushashaye kubwira abantu bo mu vyibare vyacu ubutumwa bwo muri urwo rwandiko.»

Ikopi ya rwa rwandiko rw’ivyo abakuru b’amadini baregwa

Muri Gitugutu, Abatohoji ba Bibiliya baratanguye gukwiragiza udupapuro amamiliyoni twa rwa rwandiko rw’ivyo abakuru b’amadini baregwa, bimwe umuvukanyi Rutherford yashikiriza. Mu gasagara gatoyi ka Cleveland muri Oklahoma, umuvukanyi Frank Johnson yarangije kudutanga hagisigaye iminota 20 ngo abandi bamamaji baze kumuhitana. Ariko rero ntiyari gushobora kuguma aho, kuko yariko araronderwa n’abagabo bo muri ako gasagara bari bashavujwe n’ico gikorwa yariko arakora. Umuvukanyi Johnson yaciye aja kwinyegeza mu rusengero rwari hafi. Ashitseyo, yasanze hagaragara aca asiga ikopi ya rwa rwandiko muri Bibiliya y’umupasitori no mu bibanza vyose abantu bicaramwo. Yaciye yihutira kuvayo. Ariko kubera ko yari agisigaranye akanya, yaciye aja mu zindi nsengero zibiri abigenza ukwo nyene.

Johnson yaciye yihutira gusubira hamwe abandi bamamaji bari kumuhitana. Yaciye yinyegeza inyuma ya stasiyo, aguma arereka ba bagabo bariko baramuhiga. Abo bagabo baciye impande yiwe n’umuduga ariko ntibamubona. Bakimara kurengana, ba bamamaji bagenziwe bariko baramamaza mu micungararo baciye baza kumutora baragenda.

Umwe muri abo bavukanyi yavuze ati: «Turiko turava muri ako gasagara, twaciye hafi y’insengero zitatu. Imbere ya rumwerumwe rwose, hari hahagaze abantu nka 50. Bamwe muri bo bariko barasoma twa dupapuro, abandi na bo bariko baratwereka umupasitori wabo. Emwe, iyo dutebagana hari ico twari kubona! Ariko rero, turakengurukira Yehova Imana yacu kubona yaradukingiye akaduha n’ubukerebutsi bwo guca mu ryahumye abo bansi b’Ubwami.»

NO MU BINDI BIHUGU ABAVUKANYI BARAGARAGAJE UMUTIMA RUGABO

Józef Krett

Abatohoji ba Bibiliya bo mu bindi bihugu, na bo nyene baramamaje babigiranye umutima rugabo. Nk’akarorero, mu buraruko bw’Ubufaransa, umuvukanyi yitwa Józef Krett yarabwiye inkuru nziza abakozi bimba ubutare baje bava muri Polonye. Yari yateguye gushikiriza insiguro ivuga ngo: «Izuka ry’abapfuye riregereje.» Igihe ubutumire bwariko buratangwa ku baba muri ico gisagara, umupatiri waho yaciye agabisha abakirisu biwe ngo ntibajeyo. Ariko habaye igihushane. Abantu barenga 5.000 baragiye kwumviriza iyo nsiguro harimwo na wa mupatiri. Umuvukanyi Krett yaciye asaba uwo mupatiri ngo asigure ivyo yemera mugabo aranka. Iyo nsiguro imaze kurangira, umuvukanyi Krett yaciye aha abari ng’aho ibinyamakuru vyose yari afise, kuko bari banyotewe Ijambo ry’Imana.—Amosi 8:11.

Claude Brown

Muri Afrika, umuvukanyi Claude Brown yaragiye kwamamaza muri Gana, ahahoze hitwa Côte de l’Or. Insiguro yashikirije be n’ibitabu yatanze, vyaratumye ukuri gukwiragira muri ico gihugu. Uwitwa John Blankson, akaba yariko ariga ibijanye no kudandaza imiti, yaragiye kwumviriza imwe mu nsiguro zashikirijwe n’umuvukanyi Brown. Yaciye abona ko yari yubuye ukuri. Avuga ati: «Ukwo kuri kwarandyoheye cane ku buryo naciye ntangura kukubwira abo kw’ishure nigako.»

John Blankson

Umusi umwe, John yaragiye ku rusengero rw’abangirikani kugira abaze umupasitori waho ibijanye n’ubutatu, inyigisho John yari asigaye atahura neza ko idashingiye ku Vyanditswe. Uwo mupasitori yaciye amwirukana amukankamira ati: «Wewe uri uwa Shetani nturi umukirisu. Va ng’aha ubu nyene!»

John ashitse muhira, yaciye yandikira uwo mupasitori amusaba ngo azoze bahurire ahantu hari abantu benshi kugira asigure iyo nyigisho y’Ubutatu. Uwo mu pasitori yamwishuye ko bohurira mu biro vy’umuyobozi w’ishure yigako. Uwo muyobozi yaciye abaza John nimba vy’ukuri yari yandikiye uwo mupasitori.

John na we yaciye yishura ati: «Ego nyakwubahwa, naramwandikiye.»

Uwo muyobozi yaciye asaba John ngo yandikire uwo mupasitori amusaba ikigongwe. John utanka yaciye yandika ati:

«Nyakwubahwa, umuyobozi yansavye kukwandikira ngo ndagusabe ikigongwe kandi nditeguriye kugisaba mu gihe wonyemerera ko wigisha ibinyoma.»

Uwo muyobozi yaratangaye cane aca amubaza ati: «John, ibi nyene ni vyo umwandikiye?»

Nawe ati: «Ego nyakwubahwa, nta bindi norenzako.»

Umuyobozi yaciye amubwira ati: «Tugira tukwirukane kuri iri shure. Ntushobora kuguma ng’aha kandi uriko urabwira nabi umupasitori w’idini rishigikiwe na leta?»

John na we ati: «Ariko nyakwubahwa, none iyo mutwigishije hakagira ivyo tudatahura ntitubaza ibibazo?»

Umuyobozi ati: «Ego murabaza.»

John asubizayo ati: «Nyakwubahwa, ivyo ni vyo vyabaye. Uwo mugabo yariko aratwigisha Ijambo ry’Imana, nca ndamubaza ikibazo. None bimunaniye kunyishura nomusaba ikigongwe kubera iki?»

John ntiyabaye acirukanwa, kandi na ca kigongwe nta co yasavye.

IMBERE HARI HEZA

Umunara w’Inderetsi waravuze mu ncamake ivyaranze uwo mwaka uti: «Mu vy’ukuri, twoshobora kuvuga nka Dawidi uwagize ati: ‘Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba.’ (Zaburi 18:39) Twararemeshejwe cane muri uyu mwaka kubera ko twiboneye ukuboko kw’Umukama. . . . Abamwiyeguriye . . . baramamaje inkuru nziza banezerewe.»

Amaja mu mpera z’uwo mwaka, abavukanyi baragize umugambi wo kwugurura iyindi radiyo. Baronse ikibanza hafi y’igisagara ca Chicago muri Amerika, baca batangura kuhubaka. Iyo radiyo nshasha bayise IJAMBO. Kubera ko yari ifise ivyuma bikomeye, yarasamiriza ubutumwa bwerekeye Ubwami ku bilometero amajana, mbere no gushika mu buraruko bwa Kanada.

Mu mwaka wakurikiye wa 1925, Yehova yarafashije Abatohoji ba Bibiliya kuronka umuco mushasha wabafashije gutahura Ivyahishuwe ikigabane ca 12. Hari bamwebamwe batsitajwe n’uwo muco mushasha. Ariko rero abenshi banezerejwe no gutahura neza ivyo bintu vyabereye mw’ijuru be n’ingene biraba abasavyi b’Imana bo kw’isi.

a Ubu citwa Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu​.

b Umuvukanyi J. F. Rutherford, akaba yari ahagarikiye igikorwa c’Abatohoji ba Bibiliya ico gihe, bakunda kumwita umucamanza Rutherford. Yari yarigeze kuba umucamanza adasanzwe muri sentare imwe yo muri Leta ya Missouri.