IKIGANIRO C’UKWIGA CA 43
URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye
Ingene twotsinda inkeka
«Musuzume ibintu vyose.»—1 TES. 5:21.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ingene twotsinda inkeka zotuma tutabandanya gukorera Yehova.
1-2. (a) Ni ibiki abasavyi ba Yehova boshobora gukekeranyako? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro?
TWESE abato n’abakuze birashika tukagira inkeka. a Raba ubu burorero: Umwamamaji akiri muto yoshobora gukekeranya nimba Yehova amwitaho vy’ukuri. Ivyo vyoshobora gutuma agonanwa kubatizwa. Umuvukanyi akuze yahisemwo gushira imbere ivyungura Ubwami igihe yari akiri muto, aho kwiruka inyuma y’amaronko. Yoshobora gutangura gukekeranya nimba iyo ngingo yafashe yari nziza, kubera ko uburyo aronka bwo gutunga umuryango atari ikirenga. Mushiki wacu ageze mu zabukuru na we, asigaye afise intege nke. Yoshobora kwihebura kubera ko atagishobora gukora nk’ivyo yahoze akora. Vyoba nawe birashika ukibaza uti: «Ubwo Yehova yoba anyitaho vy’ukuri? Kuba naragize ivyo mpevye kugira ndamukorere, yoba ari ingingo nziza nafashe? Hoba hari ico nkimariye Yehova?»
2 Tutarondeye inyishu z’ivyo bibazo, vyoshobora kubangamira ukwizera kwacu. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyodufasha igihe dukekeranya (1) ko Yehova atwitaho, (2) ko ingingo twafashe muri kahise zari nziza, (3) ko hoba hari ico tukimariye Yehova.
INGENE WOTSINDA INKEKA
3. Kimwe mu vyodufasha gutsinda inkeka ni ikihe?
3 Kimwe mu vyodufasha gutsinda inkeka ni ukuronderera inyishu z’ibibazo dufise mw’Ijambo ry’Imana. Tubigize birakomeza ubucuti dufitaniye na Yehova bikongera bikadufasha ‘gushikama mu kwizera.’—1 Kor. 16:13.
4. ‘Twosuzuma gute ibintu vyose’? (1 Abatesalonika 5:21)
4 Soma 1 Abatesalonika 5:21. Urabona ko Bibiliya ituremesha ‘gusuzuma ibintu vyose.’ None twobigira gute? Igihe hari ikintu gitumye tugira inkeka, turakwiye kuraba ico Bibiliya ibivugako. Reka dufate akarorero ka wa musore twavuga akekeranya nimba Imana yoba imwitaho. Ivyo bintu yiyumvira, yoba akwiye guca afata ko ari ukuri? Oya nawe nu. Ahubwo riho akwiye ‘gusuzuma ibintu vyose’ yisunze Bibiliya kugira ngo amenye ingene Yehova amubona.
5. Yehova aturonsa gute inyishu z’ibibazo vyacu?
5 Igihe turiko turasoma Ijambo ry’Imana, ni nk’aho tuba turiko turumviriza Yehova. Ariko rero kurisoma gusa ntibihagije nimba twipfuza kumenya inyishu Yehova atanga ku kibazo tuba dufise. Ahanini dukwiye gusoma ivyanditswe vyishura ikibazo tuba dufise. Turakwiye kugira ubushakashatsi kuri ico kibazo dukoresheje ibikoresho duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. (Imig. 2:3-6) Twoshobora gusenga Yehova tumusaba ngo atuyobore muri ubwo bushakashatsi yongere adufashe gutahura ingene abona ico kibazo. Inyuma y’ivyo, twoca rero turondera ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’ayandi mayagwa bijanye n’ico kibazo. Kurimbura n’inkuru z’abantu bavugwa muri Bibiliya bashikiwe n’ikibazo nk’ico, na vyo nyene birashobora kudufasha.
6. Amakoraniro adufasha gute gutsinda inkeka tuba dufise?
6 Turumviriza kandi Yehova biciye ku makoraniro. Igihe twama twitaba amakoraniro twoshobora kuhumvira iciyumviro usanga ari co nyene twari dukeneye kugira ngo kidufashe gutsinda inkeka. (Imig. 27:17) Reka ubu na ho turaba ingene twotsinda inkeka zimwezimwe.
IGIHE UKEKERANYA KO YEHOVA YOBA AKWITAHO
7. Ni ikibazo ikihe abantu bamwebamwe boshobora kwibaza?
7 Vyoba birashika ukibaza uti: «Ubwo Yehova yoba anyitaho vy’ukuri?» Igihe wiyumvira ko ata co umaze, woshobora guca ubona ko bitoshoboka ko ugiranira ubugenzi n’Umuremyi w’ijuru n’isi. Ikintu nk’ico gishobora kuba carashikiye n’umwami Dawidi. Igihe yabona ingene Yehova yitaho abantu buntu, vyaramutangaje cane ku buryo abaza ati: «Ewe Yehova, umuntu ni iki ngo umwitwararike? Umwana w’umuntu ni iki ngo umwiteho?» (Zab. 144:3) None wokura hehe inyishu y’ico kibazo?
8. Twisunze 1 Samweli 16:6, 7, 10-12, Yehova araba iki mu bantu?
8 Bibiliya irerekana ko Yehova yitaho abantu basa n’abagayitse. Nk’akarorero, Yehova yararungitse umuhanuzi Samweli kwa Yese ngo arobanuze amavuta umwe mu bahungu biwe kugira azobe umwami wa Isirayeli. Yese yaciye atumako indwi mu bahungu biwe umunani kugira ngo Samweli ababone, ariko Dawidi umuhererezi aramwihoza. b Ariko rero, Dawidi ni we Yehova yari yahisemwo. (Soma 1 Samweli 16:6, 7, 10-12.) Yehova yararavye umutima wa Dawidi arabona ko uwo musore yamukunda vy’ukuri.
9. Kubera iki wohera amazinda ko Yehova akwitaho? (Raba n’ifoto.)
9 Zirikana ku vyo Yehova amaze kugukorera bikwereka ko akwitaho. Nk’akarorero, arakugira inama zihuje neza n’ibibazo uba urimwo. (Zab. 32:8) None ivyo yobikora gute atakuzi neza? (Zab. 139:1) Niwakurikiza impanuro Yehova aguha maze ukibonera ingene zigufasha, bizotuma uhera amazinda ko Yehova akwitaho. (1 Ngo. 28:9; Ivyak. 17:26, 27) Yehova arabona utwigoro ugira. Arabona kamere nziza ufise kandi aripfuza kugufasha. (Yer. 17:10) Yipfuza ko wemera akamo agutera ko kumubera umugenzi.—1 Yoh. 4:19.
IGIHE UKEKERANYA KO INGINGO WAFASHE MURI KAHISE ZOBA ZARI NZIZA
10. Tuzirikanye ku ngingo twafashe muri kahise, ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza?
10 Abantu bamwebamwe basubije amaso inyuma boshobora kwibaza nimba ingingo bafashe muri kahise zari nziza. Kumbure bahevye akazi kabahemba neza canke ibindi bikorwa vyabaha amahera menshi, kugira ngo bakorere Yehova bimwe bishitse. Hashobora kuba haciye imyaka myinshi bafashe iyo ngingo. Boshobora kubona abagenzi babo bakurikiranye ivy’umubiri, basa n’abatunganiwe mu vy’ubutunzi. Ivyo vyoshobora gutuma bibaza bati: «Kuba naragize ivyo mpevye kugira nkorere Yehova, yoba ari ingingo nziza nafashe? Ubwo sinatakaje umwanya wo kwironderera amahera?»
11. Ni ibiki vyabuza amahoro uwanditse Zaburi ya 73?
11 Nimba na wewe waribajije ibibazo nk’ivyo, raba ivyashikiye uwanditse Zaburi ya 73. Yabona abandi basa n’abafise amagara meza, batunze, kandi ata co binona. (Zab. 73:3-5, 12) Aravye ingene basa n’abatekaniwe, yaca abona ko we yataye umwanya akorera Yehova. Ivyo vyatuma «[a]gumana amaganya bukarinda bwira.» (Zab. 73:13, 14) Ni igiki none camufashije gutsinda ivyo vyiyumviro bica intege?
12. Twisunze Zaburi 73:16-18, ni igiki cafashije uwanditse iyo zaburi gutsinda ivyamuca intege?
12 Soma Zaburi 73:16-18. Uwo mwanditsi yaciye aja ku rusengero rwa Yehova. Kuja aho hantu hatekanye vyaramufashije kuzirikana neza. Yaratahuye ko n’aho bamwebamwe basa n’aborohewe mu buzima, ata kazoza bari bafise. Gutahura ivyo bintu vyaratumye agira amahoro yo mu mutima, arabona ko ingingo yo gukorera Imana ari yo yari nziza kuruta. Ivyo vyatumye yiyemeza kubandanya akorera Yehova.—Zab. 73:23-28.
13. Wokora iki kugira ngo utekane mu mutima nimba ukekeranya ku ngingo wafashe muri kahise? (Raba n’ifoto.)
13 Na wewe urashobora kugira amahoro yo mu mutima ubifashijwemwo n’Ijambo ry’Imana. Uti gute? Nuzirikane ku vyiza wifitiye ubu, ushizemwo n’amatunga wibikiye mw’ijuru. Nuce ubigereranya n’ibizoshikira abiruka gusa inyuma y’ivyo isi itanga. Bobo bashira umutima gusa ku vyo bamaze gushikako, kuko ata cizigiro ca kazoza bafise. Ariko wewe, Yehova agusezeranira imihezagiro itagira uko ingana. (Zab. 145:16) Zirikana kandi kuri iki kintu: Woba uzi vy’ukuri uko ubuzima bwawe buba bumeze iyo udafata iyo ngingo yo gukorera Yehova? Ico womenya coco ni uko abafata ingingo zishingiye ku rukundo bakunda Imana n’abantu, ata ciza bazokwigera babura.
IGIHE UKEKERANYA NIMBA HARI ICO WOBA UKIMARIYE YEHOVA
14. Kubera iki hari abiyumvira ko ata co bakimaze, kandi ni ikibazo ikihe boshobora kwibaza?
14 Abasavyi ba Yehova bamwebamwe ntibagikora vyinshi nka kera kubera bitereye mu myaka, bafise amagara make canke bagendana ubumuga. Ivyo vyoshobora gutuma bumva ko ata gaciro bagifise imbere ya Yehova. Boshobora kwibaza bati: «Hoba hari ico nkimariye Yehova?»
15. Ni igiki umwanditsi wa Zaburi ya 71 yemera adakeka?
15 Uwanditse Zaburi ya 71 na we nyene yiyumva gutyo. Yasenze ati: «Ntunte igihe utuguvu turiko turahera.» (Zab. 71:9, 18) Naho ari ukwo, yagumye yizigira ko agumye akorera Yehova adahemuka, Yehova yomuyoboye akongera akamushigikira. Umwanditsi w’iyo zaburi, yaratahuye ko Yehova ashima abakora uko bashoboye kwose kugira ngo bamukorere naho haba hari ivyo badashoboye.—Zab. 37:23-25.
16. Ni mu buryo ubuhe abageze mu zabukuru bafise ico bamariye Yehova? (Zaburi 92:12-15)
16 Yemwe abageze mu zabukuru, nimwibone nk’uko Yehova ababona. Arashobora kubafasha gusagamba mu vy’impwemu naho mufise amagara make. (Soma Zaburi 92:12-15.) Aho gushira umutima ku vyo mudashoboye gukora, nimuwushire ku vyo mushoboye. Nk’akarorero, mwoshobora kuremesha abandi biciye ku karorero kanyu k’ubwizigirwa, canke ku kuntu mubitwararika umwumwe ku giti ciwe. Mwoshobora kubwira abandi ingene Yehova yagiye arabashigikira mu myaka itari mike, mukababwira n’imihango mushashaye kubona yarangutse muri kazoza. Vyongeye, ntimwigere mwibagira ko amasengesho mutura ku bw’abandi ari ngirakamaro cane. (1 Pet. 3:12) Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose rero, twese turafise ico twomarira Yehova na bagenzi bacu.
17. Kubera iki dukwiye kwirinda kwigereranya n’abandi?
17 Nimba ubabazwa n’ukuba utagishoboye gukora vyinshi mu murimo wa Yehova, numenye neza ko ashima ivyo ushoboye gukora ubu. Hari aho wokwigereranya n’abandi. Ariko urakwiye kuvyirinda. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova atigera akugereranya n’abandi. (Gal. 6:4) Nk’akarorero, Mariya yarahaye Yezu ingabire y’amavuta amota neza kandi azimvye cane. (Yoh. 12:3-5) Wa mupfakazi w’umworo na we yatanze intererano y’uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane. (Luka 21:1-4) Yamara Yezu yabonye ko bompi batanze babitumwe n’ukwizera. Se wiwe Yehova arashima cane ico wokora cose ubitumwe n’ukwizera be n’urukundo umukunda, naho wewe woba ubona ko ari gitoyi.
18. Ni ibiki bizodufasha gutsinda inkeka? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ijambo rya Yehova rirashobora kugufasha gutsinda inkeka.»)
18 Twese birashika tukagira inkeka. Ariko nk’uko twabibonye, Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, rirashobora kudufasha kuzitsinda. Nukore uko ushoboye kwose rero kugira ngo utsinde inkeka woba ufise. Ivyo bizogufasha gutekana. Yehova arakuzi ku giti cawe. Arashima ivyo uheba kugira ngo umukorere, kandi azoguha impera yagusezeraniye. Numenye neza ko Yehova akunda abasavyi biwe bose b’intahemuka kandi akabitwararika.
URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa
a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri iki kiganiro, inkeka tuganirako ni zimwe zituma twibaza nimba Yehova atwitaho, nimba hari ico tukimumariye, canke nimba ingingo twafashe muri kahise zoba zari nziza. Izo nkeka ziratandukanye na zimwe Bibiliya ivuga zerekana ko umuntu atizera Yehova n’ivyo yasezeranye.
b Naho Bibiliya itatubwira neza na neza imyaka Dawidi yari afise igihe Yehova yamurobanura, birashoboka ko yoba yari akiri umuyabaga.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2011, rup. 29, ing. 2.