IKIGANIRO C’UKWIGA CA 42
URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo
Niwerekane ko ushima «ingabire zigizwe n’abagabo»
«Igihe yaduga iyo hejuru . . . , yatanze ingabire zigizwe n’abagabo.»—EF. 4:8.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turabona ingene abakozi b’ishengero, abakurambere be n’abahagarikizi b’imizunguruko badufasha, be n’ingene twokwerekana ko dushima ivyo abo bagabo b’abizigirwa badukorera.
1. Ni ingabire zimwezimwe izihe Yezu yaduhaye?
NTA muntu n’umwe yigeze agira umutima wo gutanga nka Yezu. Igihe yari kw’isi, yarakoze ibitangaro kugira ngo afashe abandi. (Luka 9:12-17) Ingabire iruta izindi yaduhaye ni ubuzima bwiwe yatanze kugira ngo aducungure. (Yoh. 15:13) Kuva inyuma y’izuka ryiwe gushika n’ubu, aracabandanya kudufasha. Nk’uko yabisezeranye, yarasavye Yehova ngo aduhe impwemu nyeranda yiwe kugira ngo itwigishe yongere iduhoze. (Yoh. 14:16, 17, akajambo k’epfo; 16:13) Vyongeye, Yezu abicishije ku makoraniro twama tugira, arabandanya kuturonsa ivyo dukeneye vyose kugira ngo duhindure abantu abigishwa hirya no hino kw’isi.—Mat. 28:18-20.
2. Mu «ngabire zigizwe n’abagabo» zivugwa mu Banyefeso 4:7, 8 harimwo bande?
2 Raba iyindi ngabire Yezu yaturonkeje. Intumwa Pawulo yavuze ko Yezu amaze kuduga mw’ijuru, «yatanze ingabire zigizwe n’abagabo.» (Soma Abanyefeso 4:7, 8.) Pawulo yavuze ko Yezu yatanze abo bagabo kugira ngo bafashe amashengero mu buryo butandukanye. (Ef. 1:22, 23; 4:11-13) Muri iki gihe, muri izo «ngabire zigizwe n’abagabo» harimwo abakozi b’ishengero, abakurambere n’abahagarikizi b’imizunguruko. a Ego ni ko abo bagabo ni abanyagasembwa, bakaba rero bakora amakosa. (Yak. 3:2) Naho ari ukwo, Umukama wacu Yezu Kristu arabakoresha kugira ngo badufashe, akaba ari co gituma ari ingabire yaduhaye.
3. Tanga akarorero kerekana ingene twese twoshigikira ibikorwa birangurwa n’izo «ngabire zigizwe n’abagabo.»
3 Izo «ngabire zigizwe n’abagabo», Yezu yazishinze igikorwa co kwubaka ishengero. (Ef. 4:12) Ariko ntiwumve, twese turashobora kubafasha kurangura iryo banga rihambaye. Reka tubitangire akarorero: Bamwe muri twebwe usanga ari abubatsi b’Ingoro z’Ubwami. Abandi turashigikira ico gikorwa mu gutanga ibifungurwa, uburyo bwo kwiyunguruza canke mu bundi buryo. Muri ubwo buryo nyene, biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora, twese turashobora gushigikira abakozi b’ishengero, abakurambere be n’abahagarikizi b’imizunguruko. Reka turabe ingene twungukira ku bikorwa bitoroshe bakora be n’ingene twokwerekana ko tubashimira, tutibagiye na Yezu we yaduhaye izo «ngabire zigizwe n’abagabo.»
ABAKOZI B’ISHENGERO BARAKORA «IBIKORWA VY’INGIRAKAMARO»
4. Ni «ibikorwa vy’ingirakamaro» ibihe abakozi b’ishengero bakora mu kinjana ca mbere?
4 Mu kinjana ca mbere, abavukanyi bamwebamwe baragenwa kuba abakozi b’ishengero. (1 Tim. 3:8) Biboneka ko ari bo bakora «ibikorwa vy’ingirakamaro» Pawulo yavuze. (1 Kor. 12:28) Birashoboka ko abakozi b’ishengero bitwararika ibikorwa vya nkenerwa bitari bike, ivyo bigatuma abakurambere bitunira ku kuragira intama no kwigisha. Nk’akarorero, abakozi b’ishengero bashobora kuba barafashije mu gukoporora Ivyanditswe canke mu kugura ibikoresho vyakenerwa ku bw’ico gikorwa.
5. Ni ibikorwa vy’ingirakamaro ibihe abakozi b’ishengero bakora muri iki gihe?
5 Raba ibikorwa vy’ingirakamaro bimwebimwe abakozi b’ishengero bakora mw’ishengero iwanyu. (1 Pet. 4:10) Barashingwa ibijanye no kwitwararika ikigega c’ishengero, ivyibare, gusabira ibitabu abagize ishengero no kubibaronsa, gukora mu buhinga bw’ivyuma, kwakira abantu, canke ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami. Ivyo bikorwa vyose ni ngirakamaro kugira ngo ishengero rikore neza. (1 Kor. 14:40) Vyongeye, abakozi b’ishengero bamwebamwe barashikiriza ibiganiro mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, bagatanga n’insiguro za bose. Umukozi w’ishengero yoshobora no kugenwa kuba umufasha w’umuhagarikizi w’umugwi. Mu bihe bimwebimwe na ho, abakozi b’ishengero bamwebamwe baraherekeza abakurambere mu gikorwa co kugendera intama cungere.
6. Ni ibiki bituma dukengurukira abakozi b’ishengero bacu?
6 None ivyo abakozi b’ishengero bakora, bigirira akamaro gute abagize ishengero? Mushiki wacu umwe wo muri Boliviya yitwa Beberly b, avuga ati: «Abakozi b’ishengero baratuma nungukira cane ku makoraniro. Ivyo bakora biratuma ndirimba, ngatanga inyishu, nkumviriza insiguro nkongera nkagira ivyo nigiye ku mavidewo n’amafoto berekana. Baracungera umutekano bakongera bagafasha abakurikirana amakoraniro biciye ku buhinga bwa none. Inyuma y’ikoraniro, barafata iya mbere mu bikorwa vy’isuku, bakegeranya intererano ziba zatanzwe, bakaturonsa n’ibitabu tuba dukeneye. Ntiworaba ingene ndabashimira!» Mushiki wacu umwe na we wo muri Kolombiya yitwa Leslie, akaba yubakanye n’umugabo w’umukurambere, avuga ati: «Ibikorwa bitandukanye umugabo wanje arangura abifashwamwo n’abakozi b’ishengero, ahandi ho ntaba aronka n’umwanya wo guhema. Ni co gituma ndabashimira ku mwete bagaragaza no ku mutima ukunze bafise wo gufasha.» Nta nkeka ko na wewe ukenguruka ivyo abakozi b’ishengero bakora.—1 Tim. 3:13.
7. Twokwerekana gute ko dushimira abakozi b’ishengero? (Raba n’ifoto.)
7 Naho dukorwa ku mutima n’ivyo abakozi b’ishengero bakora, Bibiliya ituremesha iti: «Mwerekane ko mushima.» (Kol. 3:15) Umukurambere umwe wo muri Finlande yitwa Krzysztof, arerekana ingene ahora ashimira abakozi b’ishengero. Avuga ati: «Ndandikira agakete canke akamesaje umukozi w’ishengero kanaka, ngashiramwo icanditswe, nkamubwira ico yakoze candemesheje, nkamubwira n’igituma nkenguruka ibikorwa arangura.» Pascal na Jael na bo bo muri Nouvelle-Calédonie, barakunda gusengera abakozi b’ishengero badomako. Pascal avuga ati: «Tumaze imisi dusengera abakozi b’ishengero bacu, dushimira Yehova kubona yarabaduhaye, twongera tumusaba ko yobafasha.» Yehova arumva amasengesho nk’ayo, maze ishengero ryose rikahungukira.—2 Kor. 1:11.
ABAKURAMBERE ‘BARAKORA CANE MURI MWEBWE’
8. Kubera iki Pawulo yavuze ko abakurambere bo mu kinjana ca mbere ‘bakora cane’? (1 Abatesalonika 5:12, 13)
8 Abakurambere bo mu kinjana ca mbere barakora cane kugira ngo bafashe ishengero. (Soma 1 Abatesalonika 5:12, 13; 1 Tim. 5:17) ‘Barahagarikira’ ishengero mu kuyobora amakoraniro no mu gufata ingingo uko bagize inama y’abakurambere. Vyongeye, ‘barakebura’ abavukanyi mu kubaha impanuro zidomako mugabo ziranga urukundo kugira ngo bakingire ishengero. (1 Tes. 2:11, 12; 2 Tim. 4:2) Uretse ivyo, abo bagabo kandi barakora cane kugira ngo batunge imiryango yabo bongere bikomeze mu vy’impwemu.—1 Tim. 3:2, 4; Tito 1:6-9.
9. Ni ibikorwa ibihe abakurambere bajejwe muri iki gihe?
9 Muri iki gihe, abakurambere barakora cane. Baramamaza inkuru nziza. (2 Tim. 4:5) Baratanga akarorero mu kwamamaza n’umwete, bagatunganya igikorwa co kwamamaza mu cibare c’ishengero, bakanatumenyereza mu bijanye no kwamamaza no kwigisha neza. Abakurambere kandi barakora igikorwa co guca imanza babigiranye imbabazi kandi ata kugira nkunzi. Igihe mw’ishengero hari uwukoze igicumuro gikomeye, abakurambere barihatira kumufasha kugira anagure ubucuti afitaniye na Yehova. Muri ico gihe nyene, baritwararika ko ishengero riguma rityoroye. (1 Kor. 5:12, 13; Gal. 6:1) Ikiruta vyose, abakurambere ni abungere. (1 Pet. 5:1-3) Baratanga insiguro zishingiye ku Vyanditswe ziteguye neza, bakihatira kumenya buri wese mu bagize ishengero, bakongera bakabagendera cungere. Abakurambere bamwebamwe barafasha kandi mu kwubaka no mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami, mu gutunganya amahwaniro, mu bikorwa vya komite zija inama n’ibitaro be n’imigwi igendera Ivyabona barwaye. Ivyo vyose biza vyiyongera ku yandi mabanga bajejwe. Emwe, abakurambere barakora cane kugira badufashe!
10. Ni ibiki bituma dukengurukira abakurambere bacu bakora cane?
10 Yehova yari yaramenyesheje ko yoturonkeje abungere botwitwararitse neza, kandi ko ‘tutokwongeye gutinya canke ngo turanduke umutima.’ (Yer. 23:4) Mushiki wacu umwe yitwa Johanna wo muri Finlande, yariboneye ko ayo majambo ari ay’ukuri igihe nyina yarwara indwara ikomeye. Avuga ati: «Mu bisanzwe, birangora kubwira abandi uko mba merewe. Ariko hari umukurambere tutamenyeranye cane yanteze ugutwi yihanganye, arasenga turi kumwe yongera arampumuriza ko Yehova ankunda. Naho ntibuka neza na neza ivyo yavuze, ndibuka ko naciye numva nduhuriwe. Ndemera ntakeka ko Yehova ari we yamurungitse kugira ngo amfashe ku gihe kibereye.» Weho abakurambere bo mw’ishengero iwanyu bamaze kugufasha gute?
11. Twokwerekana gute ko dushimira abakurambere? (Raba n’ifoto.)
11 Yehova yipfuza ko dushimira abakurambere bimwe bivuye ku mutima, «kubera igikorwa bakora.» (1 Tes. 5:12, 13) Mushiki wacu umwe yitwa Henrietta, na we nyene akaba aba muri Finlande, avuga ati: «Abakurambere barafasha abandi babikunze. Mugabo ivyo ntibisobanura ko bafise umwanya mwinshi n’inguvu nyinshi, canke ko ata ngorane bafise. Hari igihe negera umukurambere nkamubwira gusa nti: ‘Muvukanyi nashaka kukubwira ko uri umukurambere ameze neza.’» Mushiki wacu yitwa Sera wo muri Turkiya na we avuga ati: «Abakurambere barakeneye kuremeshwa kugira bakomere kw’ibanga. Turashobora rero kubandikira agakete, kubatumira ngo dusangire udufungurwa canke tugakorana na bo mu ndimiro.» Hoba hari umukurambere ubona wokengurukira kubera ivyo akora? Nurondere rero ingene wobimubwira.—1 Kor. 16:18.
ABAHAGARIKIZI B’IMIZUNGURUKO BARADUKOMEZA
12. Ni iyindi ntunganyo iyihe yashizweho mu kinjana ca mbere kugira ngo amashengero akomezwe? (1 Abatesalonika 2:7, 8)
12 Kristu Yezu yarahaye ishengero «ingabire zigizwe n’abagabo» kugira ngo barifashe mu bundi buryo. Yarakoresheje umugwi w’abakurambere b’i Yeruzalemu kugira ngo barungike Pawulo, Barunaba be n’abandi kugendera amashengero. (Ivyak. 11:22) None hari mu ntumbero iyihe? Mu ntumbero yo gukomeza amashengero, ari na yo nyene yatuma hagenwa abakurambere n’abakozi b’ishengero. (Ivyak. 15:40, 41) Abo bagabo baremeye kugira ibintu vyinshi bahevye, mbere baremera ko n’ubuzima bwabo buja mu kaga, kugira ngo bigishe amashengero bongere bayaremeshe.—Soma 1 Abatesalonika 2:7, 8.
13. Ni ibikorwa bimwebimwe ibihe abahagarikizi b’imizunguruko bakora?
13 Abahagarikizi b’imizunguruko bama ku nzira. Hari abagenda ibilometero amajana bava mw’ishengero baja mu rindi. Buri ndwi, umuhagarikizi w’umuzunguruko arashikiriza insiguro zitari nke, akagendera intama cungere, akayobora inama y’abatsimvyi, iy’abakurambere, agahagarikira n’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Arategura insiguro, agatunganya n’ibijanye n’amateraniro be n’amahwaniro. Arigisha amashure y’abatsimvyi, agatunganya inama idasanzwe agirana n’abatsimvyi bo mu muzunguruko, akitwararika n’ibindi bikorwa ibiro vy’ishami bimuzeza, harimwo n’ibiba vyihuta cane.
14. Ni ibiki bituma dukengurukira abahagarikizi bacu b’imizunguruko bakora cane?
14 None amashengero yungukira gute ku bikorwa birangurwa n’abahagarikizi b’imizunguruko? Raba ivyavuzwe n’umuvukanyi wo muri Tirkiya, ku bijanye n’ingendo z’abahagarikizi b’imizunguruko. Agira ati: «Buri gihe iyo batugendeye, biramvyuramwo umutima wo kurushiriza gufasha abavukanyi banje. Abahagarikizi b’imizunguruko bose bamaze kutugendera, nta n’umwe yigera yerekana ko atinyitse ku buryo ntomwegera ngo tuyage, canke ngo anyereke ko afise ibikorwa vyinshi cane.» Umwe Johanna twavuga, yarajanye mu ndimiro n’umuhagarikizi w’umuzunguruko mugabo ntibaronka abantu ku mihana. Johanna avuga ati: «Naho ata bantu twaronse, uwo musi sinzopfa ndawibagiye. Nari nkumbuye cane benewacu bari baherutse kwimukira kure. Uwo muhagarikizi w’umuzunguruko yarandemesheje cane, aramfasha kubona ko igihe turangura umurimo wa Yehova vyoshika tugatandukana gato n’incuti n’abagenzi, mugabo ko mw’isi nshasha tuzokwamana na bo.» Na twebwe turakorwa ku mutima cane n’ingene abahagarikizi b’imizunguruko turimwo batwitwararika.—Ivyak. 20:37–21:1.
15. (a) Twisunze 3 Yohani 5-8, twokwerekana gute ko dukengurukira abahagarikizi b’imizunguruko? (Raba n’ifoto.) (b) Kubera iki dukwiye gushimira abakenyezi bubakanye n’abavukanyi bagenywe, kandi twobigira gute? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Nimwibuke abakenyezi babo.»)
15 Intumwa Yohani yararemesheje Gayo kwakira abavukanyi bagendera amashengero, amusaba no «[kubarungika] mu buryo bushimwa n’Imana.» (Soma 3 Yohani 5-8.) Na twebwe ivyo twobigira mu kwakira iwacu umuhagarikizi w’umuzunguruko kugira dusangire udufungurwa. Twobigira kandi mu kwitaba amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro igihe aba yatugendeye. Umwe Leslie twavuga, aratubwira ikindi kintu akora mu kugaragaza ko akenguruka. Avuga ati: «Ndasenga Yehova ndamusaba ko yobaronsa ivyo bakeneye. Vyongeye, twe n’umugabo wanje turabandikira udukete, tukababwira ingene urugendo rwabo rwadukomeje cane.» Uribuka ko abahagarikizi b’imizunguruko ari abantu nkatwe. Birashika bakarwara, bakagira amaganya, canke mbere bagacika intege. Hari aho rero wosanga akajambo k’indemesho wobabwira canke agakado wobaha, ari inyishu y’amasengesho yabo.—Imig. 12:25.
TURAKENEYE «INGABIRE ZIGIZWE N’ABAGABO»
16. Twisunze Imigani 3:27, ni ibibazo ibihe abavukanyi bokwibaza?
16 Hirya no hino kw’isi, turakeneye abandi bavukanyi bobera ishengero «ingabire zigizwe n’abagabo.» Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, woba ushobora kugira ico ufashije? (Soma Imigani 3:27.) Woba wipfuza gutera imbere ukaba umukozi w’ishengero? Nimba uri umukozi w’ishengero, woba woshima gutera imbere ukaba umukurambere kugira ufashe cane abavukanyi bawe? c Ubona hari ivyo wotunganya kugira usabe kuzokwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Iryo shure rizokumenyereza, bitume Yezu arushiriza kugukoresha. Nimba wumva ko utobishobora, nusenge Yehova. Numusabe impwemu yiwe nyeranda kugira igufashe kurangura neza igikorwa ico ari co cose woshingwa.—Luka 11:13; Ivyak. 20:28.
17. «Ingabire zigizwe n’abagabo» Umwami wacu Kristu Yezu yaturonkeje, zerekana iki ku bimwerekeye?
17 «Ingabire zigizwe n’abagabo» Yezu yaturonkeje ni ikimenyamenya cerekana ko ariko aratuyobora muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 28:20) Ntukenguruka none kubona dufise Umwami adukunda, atanga cane kandi atwitwararika, akaduha abavukanyi babishoboye bitaho ineza yacu? Nurondere rero uturyo two kwerekana ko ushimira abo bagabo bitanga batiziganya. N’ikiruta vyose, urama ukengurukira Yehova we Soko ntangere ry’«ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge.»—Yak. 1:17.
URURIRIMBO RWA 99 Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi
a Abakurambere bagize Inama Nyobozi, abafasha Inama Nyobozi, abagize Komite y’ishami be n’abafasha mu bindi bikorwa, na bo nyene ni «ingabire zigizwe n’abagabo.»
b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
c Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene wotera imbere ukaba umukozi w’ishengero canke umukurambere, raba ikiganiro kivuga ngo «Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakozi b’ishengero?» be n’ikivuga ngo «Bavukanyi, mwoba mwipfuza kuba abakurambere?», biri mu Munara w’Inderetsi wo muri Munyonyo 2024.