Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 40

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

Yehova ‘arakiza abavunitse umutima’

Yehova ‘arakiza abavunitse umutima’

«A[ra]kiza abavunitse umutima, agatubika ibikomere vyabo.»ZAB. 147:3.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Yehova aritwararika cane abakomeretse ku mutima. Iki kiganiro kiratwereka ingene aduhumuriza mu bihe nk’iyo n’ingene adufasha guhoza abandi.

1. Yehova abona gute abasavyi biwe?

 YEHOVA arabona ibintu vyose bishikira abasavyi biwe bo kw’isi. Arabibona igihe banezerewe n’igihe bababaye. (Zab. 37:18) Arahimbarwa cane iyo abonye turiko turamukorera uko dushoboye kwose, naho tutaba tumerewe neza ku mutima. N’ikiruta ivyo, arashashaye kuduhoza no kudushigikira.

2. Ni igiki Yehova akorera abavunitse umutima, kandi twungukira gute kuri ukwo kuntu adufata?

2 Muri Zaburi 147:3 havuga ko Yehova ‘atubika ibikomere’ vy’abavunitse umutima. Ng’aho, Yehova adondorwa nk’umuntu yitwararikana ikibabarwe abafise ibikomere ku mutima. None twokora iki kugira ngo twungukire kuri ukwo kuntu Yehova atwitwararika? Rimbura aka karorero. Umuganga w’umuhinga arashobora gufasha cane umuntu yakomeretse kugira ngo akire. Ariko rero nimba uwo muntu yipfuza gukira, ategerezwa gukurikiza amategeko y’uwo muganga. Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyo Yehova abwira muri Bibiliya abavunitse umutima, turabe n’ingene twoshira mu ngiro impanuro ziwe ziranga urukundo.

YEHOVA ARATWIBUTSA KO TURI N’AGACIRO

3. Kubera iki hari abiyumvira ko ata gaciro bafise?

3 Tubaye mw’isi itagira urukundo, kandi ikibabaje ni uko abantu benshi bafatwa nabi bigatuma bumva ko ata co bamaze. Mushiki wacu umwe yitwa Helen a avuga ati: «Nakuriye mu muryango udakundana. Dawe yari inkazi, kandi imisi yose yama adutuka atubwira ko ata co tumaze.» Cokimwe na Helen, hari aho na wewe woba wakuze ufatwa nabi, utukwa canke ubwirwa ko ata co umaze. Nimba ari ko biri, vyoshobora kukugora kwemera ko hari uwukubabaye vy’ukuri.

4. Twisunze Zaburi 34:​18, Yehova adusubiriza umutima mu nda gute?

4 Naho abandi boba baragufashe nabi, urashobora kwemera udakeka ko Yehova agukunda kandi ko aguha agaciro. «Ari hafi y’abavunitse umutima.» (Soma Zaburi 34:18.) Nimba «[u]dendebukiwe mu mutima», uribuka ko hari ivyiza Yehova yakubonyemwo vyatumye agukwegakwega kuri we. (Yoh. 6:44) Yama yiteguriye kugufasha kubera ko uri n’agaciro kuri we.

5. Twigira iki ku kuntu Yezu yafata abantu basuzugurwa?

5 Kuzirikana ku karorero ka Yezu, birashobora kudufasha kumenya ingene Yehova abona abafatwa nabi. Igihe Yezu yari kw’isi, yaritwararika abantu bafatwa nabi. (Mat. 9:​9-12) Igihe kimwe, hari umugore yakoze ku mpuzu ya Yezu yizigiye gukira indwara ibabaza. Yezu yaramuhumurije yongera aramukeza kubera ukwizera kwiwe. (Mrk. 5:​25-34) Yezu aragaragaza neza kamere za Se. (Yoh. 14:9) Niwizigire rero udakeka ko Yehova aguha agaciro kandi ko abona kamere zawe nziza, nk’ukwizera kwawe be n’urukundo umukunda.

6. Wokora iki nimba bishika ukumva ko ata co umaze?

6 Wokora iki nimba uguma wumva ko ata co umaze? Nusome imirongo yo muri Bibiliya ikujijura yuko uri n’agaciro kuri Yehova wongere uyizirikaneko. b (Zab. 94:19) Nimba hari umugambi wakunaniye gushikako canke ukaba wihebuye kubera ko udashoboye gukora nk’ivyo abandi bakora, ntuce wiyagiriza birenze. Yehova ntakwitezeko ibirenze. (Zab. 103:​13, 14) Nimba vyarashitse ugahohoterwa, ntuce witako umwikomo kubera ivyagushikiye. Niwibuke ko abo Yehova azohana ari abakoze ikibi, atari abagikorewe. (1 Pet. 3:12) Uwitwa Sandra, akaba yarahohotewe igihe yari akiri umwana, avuga ati: «Nguma nsaba Yehova ngo amfashe kwibona nk’uko ambona.»

7. Ivyadushikiye mu buzima vyodufasha gute mu murimo turangurira Yehova?

7 Numenye neza ko Yehova ashobora kugukoresha kugira ngo ufashe abandi. Yaraguteye iteka ryo gukorana na we mu gikorwa co mu ndimiro. (1 Kor. 3:9) Ivyagushikiye mu buzima bishobora kuba vyaragufashije kurushiriza kugirira impuhwe abandi no kubatahura. Urashobora kubafasha cane. Umwe Helen twavuga, ubu arashobora gufasha abandi kubera ko na we nyene yafashijwe. Avuga ati: «Nahora numva ko ata co maze. Ariko Yehova yaratumye numva ko hari ico maze be n’uko hari ico mariye abandi.» Ubu Helen ni umutsimvyi asanzwe.

YEHOVA YIPFUZA KO DUTAHURA KO YATUBABARIYE

8. Muri Yesaya 1:18 haduhumuriza gute?

8 Abasavyi ba Yehova bamwebamwe baricuza cane kubera ivyo bakoze kera, haba imbere y’uko babatizwa canke inyuma yaho. Ariko turakwiye kwibuka yuko Yehova yatanze incungu kubera ko adukunda cane. Yipfuza rero ko twakiriza yompi iyo ngabire yaduhaye. Yehova aradukura amazinda yuko ‘nitwatunganya ibibazo biri hagati yacu’ c na we, atazoba akiduharurako ibicumuro twakoze. (Soma Yesaya 1:18.) Ese ukuntu bikora ku mutima kubona Yehova yibagira ibicumuro vyacu, ariko kandi akaguma yibuka ivyiza twakoze!—Zab. 103:​9, 12; Heb. 6:10.

9. Kubera iki dukwiye kugumiza umutima ku vy’ubu no ku vya kazoza, aho kuwugumiza ku vya kahise?

9 Nimba utuntujwe n’ivyo wakoze kera, niwihatire kugumiza umutima ku vy’ubu no ku vya kazoza, aho kuwugumiza ku vyabaye muri kahise. Raba akarorero k’intumwa Pawulo. Yaricuza kubera ko yigeze kuba ahama cane abakirisu, ariko yari azi yuko Yehova yamubabariye. (1 Tim. 1:​12-15) None yoba yaragumije umutima ku bicumuro yakoze muri kahise? Ntiyabigumijeko umutima, nk’uko nyene atagumije umutima ku bintu yakoze vyatumye agira icubahiro mw’idini ry’Abayuda. (Flp. 3:​4-8, 13-15) Ahubwo riho, yagumye akorana umwete igikorwa co kwamamaza, ahanze amaso kazoza. Cokimwe na Pawulo, ntushobora guhindura ivyabaye. Ariko urashobora gutera iteka Yehova bivanye n’uko ivyawe vyifashe muri iki gihe, kandi ukaguma uhanze amaso kazoza keza yagusezeraniye.

10. Twokora iki nimba ivyo twakoze kera vyarababaje abandi?

10 Vyoshika ukicuza kubera ivyo wakoze muri kahise vyababaje abandi. None wokora iki? Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo usubize ibintu mu buryo wongere ubasabe imbabazi ubikuye ku mutima. (2 Kor. 7:11) Nusabe Yehova ngo afashe abo bantu bababajwe n’ivyo wakoze. Mwese yoshobora kubafasha kwihangana no gusubira kugiranira amahoro.

11. Twigira iki ku karorero k’umuhanuzi Yona? (Raba n’ifoto .)

11 Niwigire ku makosa wakoze kandi wemere Yehova agukoreshe uko avyipfuza. Raba akarorero k’umuhanuzi Yona. Aho kuja i Ninewe nk’uko Yehova yari yabimutegetse, Yona yaciye afata iyindi nzira arahunga. Yehova yaramukosoye, kandi yarigiye kw’ikosa yari yakoze. (Yona 1:​1-4, 15-17; 2:​7-10) Yehova ntiyahevye Yona. Yaramuhaye akandi karyo ko kuja i Ninewe kandi ico gihe coco Yona yaciye agamburuka. Naho yicuza ku vyo yari yarakoze, ntiyaretse ngo bimubuze kwemera igikorwa Yehova yari asubiye kumushinga.—Yona 3:​1-3.

Umuhanuzi Yona amaze kurokoka akava mu nda ya rwa rufi runini, Yehova yarasubiye kumutuma i Ninewe gutangaza ubutumwa bwiwe (Raba ingingo ya 11)


YEHOVA ARADUHUMURIZA BICIYE KU MPWEMU NYERANDA

12. Yehova aduha amahoro gute igihe dushikiwe n’ikintu kivuna umutima? (Abafilipi 4:​6, 7)

12 Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda, araduhumuriza igihe dushikiwe n’ikintu kivuna umutima. Raba ivyashikiye Ron na Carol. Barakubiswe n’inkuba igihe umuhungu wabo yiyahura. Bavuga bati: «Naho twari tumaze gushikirwa n’ibigeragezo bigoye, iki coco cari kirenze. Twaramaze amajoro menshi tudatora agatiro. Twaca rero dusenga Yehova, na we akaba yaraduhaye amahoro avugwa mu Bafilipi 4:​6, 7.» (Soma.) Nimba uriko urashikirwa n’ikintu kivuna umutima, niwiture Yehova kenshi gashoboka kandi ubigire igihe cose uvyipfuza. (Zab. 86:3; 88:1) Nugume usaba Yehova impwemu yiwe nyeranda. Ntazokwigera yirengagiza ivyo umusaba.—Luka 11:​9-13.

13. Impwemu nyeranda yodufasha gute kuguma dukorera Yehova tudahemuka? (Abanyefeso 3:16)

13 Woba warashikiwe n’ikintu kibabaje catumye ucika intege? Impwemu nyeranda yoshobora kugufasha kubandanya ukorera Yehova udahemuka. (Soma Abanyefeso 3:16.) Raba ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Flora. We n’umugabo wiwe bari abamisiyonari igihe umugabo wiwe yamuhemukira, mu nyuma na ho bakahukana. Avuga ati: «Ubwo buhemu bwaranteye intuntu itagira uko yovugwa. Narasenze Yehova ngo ampe impwemu yiwe nyeranda kugira nihangane. Yehova yaramfashije gusubirana no kwihanganira ikintu mu ntango casa n’ikidashoboka.» Flora abona ko Imana yamufashije gusubira kuyizigira kandi ko izomushigikira mu ngorane zose zomushikira. Yongerako ati: «Ibivugwa muri Zaburi 119:32 birerekana neza ingene Yehova yamfashije. Hagira hati: ‘Nzogendera mu nzira y’amabwirizwa yawe ndabishashaye, kuko umpa umutima ukunze wo kubigira.’»

14. Twokora iki kugira ngo impwemu y’Imana idufashe?

14 Tumaze gusaba Yehova ngo aturonse impwemu nyeranda, dukwiye gukora iki? Nugire uruhara mu bikorwa bituma uronka impwemu y’Imana ku bwinshi. Aho harimwo kwitaba amakoraniro no kwamamaza. Nusome Ijambo ry’Imana buri musi kugira wuzuze mu mutima wawe ivyiyumviro vya Yehova. (Flp. 4:​8, 9) Igihe usoma, nurabe abantu bavugwa muri Bibiliya bashikiwe n’ingorane maze uzirikane ku kuntu Yehova yabafashije kwihangana. Umwe Sandra twavuga, yarashikiwe n’ingorane zikomeye kandi z’urutavanako. Avuga ati: «Inkuru ya Yozefu irandemesha cane. Ntiyaretse ngo ingorane canke akarenganyo vyamushikiye bihungabanye ubucuti afitaniye na Yehova.»—Ita. 39:​21-23.

YEHOVA ARADUHUMURIZA BICIYE KU BO DUSANGIYE UKWIZERA

15. Ni bande bashobora kuduhumuriza, kandi babigira gute? (Raba n’ifoto.)

15 Igihe turi mu ngorane, abo dusangiye ukwizera barashobora ‘kuduhoza cane.’ (Kol. 4:11) Mu vy’ukuri, abavukanyi na bashiki bacu ni ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda. Barashobora kuduhumuriza mu kudutega yompi babigiranye impuhwe canke mu kumarana umwanya natwe. Boshobora kuduha icanditswe kituremesha canke bagasenga turi kumwe. d (Rom. 15:4) Rimwe na rimwe, umuvukanyi canke mushiki wacu yoshobora kutwibutsa ingene Yehova abona ibintu maze bikadufasha kuguma dutekanye. Abo dusangiye ukwizera boshobora no kudufasha mu bundi buryo, nko mu kuturonsa ibifungurwa igihe turi mu bihe bitoroshe.

Abavukanyi bahumuye kandi b’abizigirwa barashobora kuguhumuriza cane bakongera bakagushigikira (Raba ingingo ya 15)


16. Twokora iki kugira ngo abandi badufashe?

16 Kugira ngo abandi badufashe, hari aho vyoba ngombwa ko tubibasaba. Abavukanyi bacu baradukunda kandi bipfuza kudufasha. (Imig. 17:17) Ariko hari aho batoba bazi uko tumerewe canke ivyo dukeneye. (Imig. 14:10) Nimba utuntuye ku mutima, nurabe abagenzi bahumuye wokwitura. Nubabwire ico woshima ko bogufasha. Hari n’aho wohitamwo kwitura umukurambere umwe canke babiri wiyumvamwo. Bashiki bacu bamwebamwe na bo basanze kwitura uwundi mudada ahumuye biborohera kuruta.

17. Ni intambamyi zimwezimwe izihe zotuma tutaronka indemesho, kandi twozitsinda gute?

17 Niwirinde kwigunga. Iyo utuntuye mu mutima, hari igihe wokwumva umengo ntukeneye kuja mu bandi. Rimwe na rimwe abavukanyi bawe boshobora kutagutahura canke bakakubwira amajambo ababaza. (Yak. 3:2) Ariko ivyo ntibitume ubaca kure kandi bari kukuremesha. Umukurambere umwe yitwa Gavin, akaba arwaye akabonge, avuga ati: «Akenshi mba numva ntakeneye kumarana umwanya n’abavukanyi.» Naho ari ukwo, Gavin arihata akamarana umwanya n’abavukanyi kandi iyo abigize biramufasha cane. Mushiki wacu yitwa Amy na we avuga ati: «Kubera ivyanshikiye muri kahise birangora cane kwizigira abantu. Ariko rero ndiko ndiga gukunda abavukanyi no kubizigira, nk’uko Yehova abigira. Ndazi ko bimuhimbara kandi na jewe birampimbara.»

TURAHUMURIZWA N’IVYO YEHOVA ADUSEZERANIRA

18. Ni ibiki twiteganye umushasharo muri kazoza, kandi ubu twoba turakora iki?

18 Turashobora kwitega kazoza umutima uri mu nda kubera ko tuzi yuko Yehova agiye kudukiza ibintu vyose bidutera umubabaro. (Ivyah. 21:​3, 4) Ico gihe, ibintu bibabaza twaciyemwo ‘ntibizogaruka mu mutima.’ (Yes. 65:17) Nk’uko twamaze kubibona, no muri iki gihe Yehova ‘aratubika ibikomere vyacu.’ Niwungukire rero bimwe bishitse ku bintu biranga urukundo Yehova yadushiriyeho kugira ngo turonke uruhoza n’ukuruhurirwa. Ntukigere ukekeranya na rimwe yuko Yehova ‘akubabaye.’—1 Pet. 5:7.

URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo « Yehova araguha agaciro

c Kugira ngo «dutunganye ibibazo biri hagati yacu» na Yehova, turakwiye kwerekana ko twigaya mu kumusaba ngo atubabarire ibicumuro vyacu no mu guhindura ingendo. Iyo dukoze igicumuro gikomeye turakwiye kandi kwitura abakurambere ngo badufashe.—Yak. 5:​14, 15.

d Raba nk’akarorero ivyanditswe biri munsi y’agatwe kavuga ngo «Amaganya» be n’akavuga ngo «Uruhoza» muri ca gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima.