Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibaraza ry’urusengero rwa Salomo ryareha gute?

Ibaraza ni ryo umuntu yacamwo agiye mu cumba c’aheranda h’urusengero. Twisunze integuro za Bibiliya y’isi nshasha zasohowe imbere y’umwaka wa 2023, «uburebure bw’ibaraza ry’imbere bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nzu. Uburebure bwaryo bw’amahagarara bwari 120.» (2 Ngo. 3:4) Hari izindi Bibiliya zivuga ko iryo baraza ryari rifise uburebure bw’amahagarara bw’«intambwe 120», ni ukuvuga imetero 53.

Ariko rero, Bibiliya y’isi nshasha (mu congereza) yacapuwe mu 2023, ku bijanye n’ibaraza ry’urusengero rwa Salomo ivuga iti: «Uburebure bwaryo bw’amahagarara bwari intambwe 20», ni ukuvuga nk’imetero 9. a Raba imvo zimwezimwe zatumye haba iryo hinduka.

Uburebure bw’amahagarara bw’iryo baraza ntibuvugwa mu 1 Abami 6:3. Muri uwo murongo, umwanditsi w’ico gitabu ari we Yeremiya, avuga uburebure n’ubwaguke bw’iryo baraza, ntavuga uburebure bwaryo bw’amahagarara. Mu kigabane gikurikira, aca adondora mu buryo bwagutse ibintu bitandukanye vyari bigize urwo rusengero, harimwo igitangi c’umujumpu citwa ikiyaga, amashareti cumi, na za nkingi zibiri zikozwe mu mujumpu zari imbere y’iryo baraza. (1 Abm. 7:​15-37) Nimba vy’ukuri iryo baraza ryararenza imetero 50 z’amahagarara, rikaruta cane urwo rusengero, kubera iki Yeremiya atavuze ubwo burebure? Mbere n’inyuma y’imyaka amajana, abanditsi b’Abayuda banditse ko iryo baraza ritasumba urwo rusengero.

Abahinga barafise amakenga ko impome z’urusengero zitari gushobora gushigikira ibaraza rireha n’intambwe 120. Inyubakwa ndende z’amabuye n’amatafari zo mu bihe vya kera, nk’akarorero amarembo y’insengero zo mu Misiri, wasanga hasi zagutse cane zikaduga zonda. Ariko si ko vyari bimeze ku rusengero rwa Salomo. Abahinga bavuga ko impome zarwo zitarenza ubwaguke bw’intambwe 6, ni ukuvuga imetero 2 na santimetero 70. Ni co gituma umuhinga mu vy’inyubako yitwa Theodor Busink yavuze ati: «Turavye ubwaguke bw’uruhome [rw’ubwinjiriro bw’urwo rusengero], ntivyoshoboka ko ibaraza ryari kugira intambwe 120 [z’uburebure bw’amahagarara].»

Igisomwa co mu 2 Ngoma 3:4 gishobora kuba cimuwe nabi. Naho hari ivyandikano bimwebimwe vya kera bivuga «120» muri uyu murongo, hari ibindi bisomwa vyizigiwe, nk’akarorero Codex Alexandrinus yo mu kinjana ca gatanu be na Codex Ambrosianus yo mu kinjana ca gatandatu, bivuga «intambwe 20.» Kubera iki none umwimuzi ashobora kuba yarihenze akandika «120»? Mu giheburayo, ijambo «ijana» be n’ijambo «intambwe» vyandikwa kumwe. Umwimuzi rero ashobora kuba yanditse ijambo «ijana» aho kwandika ijambo «intambwe.»

Ego ni ko turihatira gutahura neza utwo tuntu tw’ido n’ido no kwerekana urusengero rwa Salomo mu buryo butagira amakosa. Naho ari ukwo, twitwararika canecane ico urwo rusengero rwagereranya, na co akaba ari rwa rusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. Ese ukuntu dukenguruka cane kubona Yehova yaradutumiye twese abasavyi biwe ngo tumusengere muri urwo rusengero!—Heb. 9:​11-14; Ivyah. 3:12; 7:​9-17.

a Akajambo k’epfo karatomora yuko «imizingo imwimwe ya kera ivuga ‘120’, iyindi mizingo na yo hamwe n’izindi Bibiliya bikavuga ‘intambwe 20.’»