Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Umuziki wari uhambaye ku rugero rungana iki muri Isirayeli?

UMUZIKI wari uhambaye cane mu mico kama yo muri Isirayeli. Akenshi, Bibiliya iravuga abantu bavuza ibicurarangisho canke baririmba. Nkako, igice kinini ca Bibiliya kigizwe n’indirimbo. Aho twovuga nk’igitabu c’amazaburi, Indirimbo ya Salomo hamwe n’igitabu co Gucura intimba. Igitabu kimwe (Music in Biblical Life) na co nyene, kivuga ko Bibiliya yerekana neza ko muri Isirayeli umuziki wakoreshwa mu bintu vyinshi vyo mu buzima bwa misi yose.

Umuziki mu buzima bwa misi yose. Abisirayeli bararirimba kugira baserure ukuntu bamerewe. (Yes. 30:29) Abagore baravuza utugoma, bakaririmba banezerewe, bakongera bagatamba mu kiringo c’imisi mikuru, nk’igihe haba himitswe umwami canke igihe ingabo zaba zitahukanye intsinzi zivuye ku rugamba. (Abac. 11:34; 1 Sam. 18:​6, 7; 1 Abm. 1:​39, 40) Abisirayeli kandi bararirimba indirimbo z’intimba igihe baba babuze uwabo. (2 Ngo. 35:25) Nk’uko igitabu kimwe kibivuga (McClintock and Strong’s Cyclopedia), biragaragara ko Abaheburayo umuziki utabagwa nabi.

Umuziki i bwami. Abami ba Isirayeli barakunda umuziki. Nk’akarorero, umwami Sawuli yaratumyeko Dawidi ku kirimba iwe kugira aze aramuvugiriza inanga. (1 Sam. 16:​18, 23) Mu nyuma, Dawidi amaze kuba umwami yarahinguye ibicurarangisho, arandika indirimbo ziryoshe, yongera aratunganya umugwi w’abaririmvyi waririmbira ku rusengero rwa Yehova. (2 Ngo. 7:6; Am. 6:5) Umwami Salomo na we nyene, yari afise abaririmvyi b’abagabo n’abagore ku kirimba iwe. —Umus. 2:8.

Umuziki mu bijanye no gusenga. Ikiruta vyose, Abisirayeli barakoresha umuziki mu gusenga Yehova. Nk’akarorero, hari hariho abaririmvyi 4.000 bacurarangira ku rusengero i Yeruzalemu. (1 Ngo. 23:5) Baravuza ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya, inanga n’inzumbete. (2 Ngo. 5:12) Ariko rero, abo bahinga mu vy’ugucuraranga, si bo bonyene bashemeza Yehova biciye ku muziki. Biboneka ko n’abandi Bisirayeli baririmba indirimbo zo kuduga, igihe baba bagiye i Yeruzalemu mu misi mikuru yaba buri mwaka. (Zab. 120-134) Vyongeye, twisunze ivyandikano vy’Abayuda, Abisirayeli bararirimba amazaburi yitwa Haleli a mu kiringo c’imfungurwa za Pasika.

No muri iki gihe, umuziki urahambaye ku basavyi b’Imana. (Yak. 5:13) Turaririmba kugira dushemeze Yehova. (Ef. 5:19) Kuririmba biratuma twunga ubumwe n’abo dusangiye ukwizera. (Kol. 3:16) Vyongeye, biradukomeza igihe turi mu ngorane. (Ivyak. 16:25) Kuririmba ni uburyo bwiza bwo kwerekana ko twizera Yehova, kandi ko tumukunda.

a Amazaburi Abayuda bita Haleli, yava kuri Zaburi ya 113 gushika ku ya 118, bakaba bayaririmba mu gushemeza Yehova.