Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 51

Tubandanye ‘kumwumviriza’

Tubandanye ‘kumwumviriza’

“Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye; nimumwumvirize.”​—MAT. 17:5.

URURIRIMBO RWA 54 ‘Ng’iyi inzira’

INCAMAKE *

1-2. (a) Intumwa zitatu za Yezu zategetswe gukora iki, kandi zabishize mu ngiro gute? (b)Turimbura iki muri iki kiganiro?

INYUMA ya Pasika yo mu 32 inyuma ya Kristu, intumwa Petero, Yakobo na Yohani bareretswe ikintu gitangaje cane. Bari bari kumwe na Yezu ku musozi muremure cane, bikaba bishoboka ko wari Umusozi Herumoni. Yaciye ahinduka ukundi imbere yabo, “mu maso hiwe harakayangana nk’izuba, impuzu ziwe zo hejuru na zo zica ibibatsi nk’umuco.” (Mat. 17:1-4) Mu mpera z’iryo yerekwa, izo ntumwa zumvise Imana ivuga iti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye; nimumwumvirize.” (Mat. 17:5) Mu buzima bwose bw’izo ntumwa, zarerekanye ko zumviriza Yezu. Natwe twipfuza kuzigana.

2 Mu kiganiro giheruka, twarabonye ko kwumviriza ijwi rya Yezu bisobanura kureka gukora ibintu bimwebimwe. Muri iki kiganiro, tuza guca irya n’ino ibintu bibiri Yezu yavuze ko dukwiye gukora.

“MWINJIRANE MW’IREMBO RYAGA”

3. Twisunze Matayo 7:13, 14, dukwiye gukora iki?

3 Soma Matayo 7:13, 14. Urabona ko Yezu yavuze amarembo abiri atandukanye ashikana ku nzira zibiri zitandukanye, “iyagutse” be n’“iyipfunganye.” Nta nzira ya gatatu ibaho. Ni twe twihitaramwo inzira tujana. Iryo hitamwo rirahambaye kuruta ayandi yose mu buzima, kuko ari ryo rizotuma turonka ubuzima budahera canke tukabubura.

4. Wodondora gute ya nzira “yagutse”?

4 Turakwiye kugumiza ku muzirikanyi itandukaniro riri hagati y’izo nzira zibiri. Inzira “yagutse” ihurumbirwa na benshi kuko yoroshe gucamwo. Ikibabaje, abantu benshi bahitamwo kwigumira muri iyo nzira bakongera bagakurikira isinzi ry’abantu bayicamwo. Ntibatahura ko Shetani ari we abosha kuyicamwo be n’uko ishikana ku rupfu.​—1 Kor. 6:9, 10; 1 Yoh. 5:19.

5. Ni utwigoro utuhe abantu bamwebamwe bagize kugira batore inzira “ipfunganye” maze batangure kuyigenderamwo?

5 Iyo yindi nzira yoyo “irapfunganye,” kandi Yezu yavuze ko bake ari bo bayibona. Kubera iki? Biri n’ico bivuze kubona ku murongo ukurikira Yezu aca agabisha abayoboke biwe kwirinda abahanuzi b’ikinyoma. (Mat. 7:15) Bivugwa ko hari amadini ibihumbi n’ibihumbi, kandi menshi muri yo avuga ko yigisha ukuri. Ubwinshi bw’ayo madini bwaratumye abantu amamiliyoni bacika intege cane, canke na ho barabura ico bafata n’ico bareka, ku buryo batanagerageza kurondera inzira ijana mu buzima. Ariko rero uwo ari we wese arashobora gutora iyo nzira. Yezu yavuze ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yoh. 8:31, 32) Turagukeje kubona wararondeye ukuri aho gukurikira isinzi. Waratanguye kwiga Ijambo ry’Imana ubigiranye umwete kugira ngo umenye ivyo igusaba, wongera urumviriza inyigisho za Yezu. Mu vyo wize, waramenye ko Yehova yipfuza ko twamirira kure inyigisho z’idini ry’ikinyoma, tutibagiye imisi mikuru canke imigenzo bikomoka mu bapagani. Waramenye kandi ko gukora ivyo Yehova adusaba no kuvavanura n’imigenzo itamuhimbara, vyoshobora kuba urugamba. (Mat. 10:34-36) Kugira ayo mahinduka bishobora kuba bitakworoheye. Ariko rero, warumiyeko kubera yuko ukunda Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru, kandi ukaba wipfuza kumuhimbara. Ese ukuntu ategerezwa kuba agushima!​—Imig. 27:11.

INGENE TWOGUMA MU NZIRA IPFUNGANYE

Impanuro Imana iduha be n’ingingo ngenderwako zayo ziradufasha kuguma muri ya nzira “ipfunganye” (Raba ingingo ya 6-8) *

6. Twisunze Zaburi 119:9, 10, 45, 133, ni igiki codufasha kuguma muri ya nzira ipfunganye?

6 None tumaze gutangura kugendera muri iyo nzira ipfunganye, ni igiki codufasha kuyigumamwo? Rimbura aka karorero. Uruzitiro rukinga impanuka rwubatswe ku nkombe z’ibarabara rica mu misozi ihanamye, rurakingira umushoferi be n’imodoka yiwe. Barushiraho kugira rukingire abashoferi amasanganya, kuko rutuma birinda kwegera cane inkombe y’ibarabara canke kuyirenga. Nta mushoferi yokwidoga ko urwo ruzitiro rumubuza kwidegemvya. Ingingo ngenderwako za Yehova dusanga muri Bibiliya, na zo nyene zimeze nk’urwo ruzitiro. Ziradufasha kuguma muri iyo nzira ipfunganye.​—Soma Zaburi 119:9, 10, 45, 133.

7. Abakiri bato bakwiye kubona gute ya nzira ipfunganye?

7 Yemwe bakiri bato, vyoba bishika mukiyumvira ko ingingo ngenderwako za Yehova zibazitira cane? Ivyo nyene ni vyo Shetani yipfuza ko mwiyumvira. Ashaka ko mushira umutima ku vyo abantu baca mu nzira yagutse bariko barakora, kuko basa n’abariko bariryohera. Arashobora gufatira ku vyo urunganwe rwo kw’ishure iwanyu ruriko rurakora canke ku vyo ubona kuri internet, kugira atume wiyumvira ko utariko uriryohera mu buzima nk’abandi. Shetani yipfuza ko wiyumvira ko ingingo ngenderwako za Yehova ziriko zirakubuza kuryimara. * Ariko rero niwibuke iki kintu: Shetani ntiyipfuza ko abariko baragendera muri iyo nzira yiwe babona akaga kabarindiriye imbere. Mugabo Yehova wewe, yarakweretse neza ivyiza abikiye abaguma bagendera muri ya nzira ijana mu buzima.​—Zab. 37:29; Yes. 35:5, 6; 65:21-23.

8. Abakiri bato bokwigira iki ku karorero ka Olaf?

8 Rimbura ivyo wokwigira ku vyashikiye umuvukanyi akiri muto yitwa Olaf. * Abo bigana baragerageje kumuremera kugira ngo aje mu busambanyi. Igihe yabasigurira ko Ivyabona vya Yehova babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye no kwigenza runtu, abakobwa bamwebamwe bigana baciye barondera ingene bomujijura kugira baryamane. Ariko rero Olaf yagumye ashikamye. Vyongeye, iyo si yo ngorane yonyene yamushikiye. Olaf avuga ati: “Abigisha bacu baragerageje kunjijura ngo nige amashure ahanitse, ngo kuko nzoca mba umuntu ahambaye. Bambwiye ko nintayiga ntazororanirwa mu buzima.” None ni igiki cafashije Olaf kunanira izo nyosha mbi? Avuga ati: “Nagumye niyegereza cane abagenzi bo mw’ishengero. Barambereye nk’umuryango. Vyongeye, naratanguye kwiyigisha cane Bibiliya. Uko narushiriza kwiyigisha ni ko narushiriza kujijuka ko nari mu kuri. Ivyo vyatumye niyemeza gukorera Yehova.”

9. Abipfuza kuguma muri ya nzira ipfunganye bategerezwa gukora iki?

9 Shetani yipfuza ko wova muri ya nzira ijana mu buzima. Yipfuza ko wokwifatanya n’isinzi ry’abantu bari muri ya nzira yagutse “ijana mu mahonero.” (Mat. 7:13) Ariko rero, nitwabandanya kwumviriza Yezu no kubona ko iyo nzira ipfunganye idukingira, tuzoyigumamwo. Nimuze ubu na ho turabe ikindi kintu Yezu yavuze ko dukwiye gukora.

NIWIKIRANURE NA MWENE WANYU

10. Twisunze Matayo 5:23, 24, Yezu yavuze ko dukwiye gukora iki?

10 Soma Matayo 5:23, 24. Muri ico canditswe Yezu yavuze ikiringo cari gihambaye cane ku Bayuda. Iyumvire umuntu ari ku rusengero, akaba agira ashikirize umuherezi igitungwa c’ikimazi. Uwo muntu yibutse ko hari ico apfa na mwenewabo, yategerezwa guca asiga ng’aho ico kimazi maze ‘akagenda.’ Kubera iki? None ni igiki cari gihambaye cane kuruta gushikanira ikimazi Yehova? Yezu yatomoye ati: “Nubanze wikiranure na mwene wanyu.”

Woba uzokwigana akarorero ka Yakobo yicishije bugufi agasubiza hamwe na mwene wabo? (Raba ingingo ya 11-12) *

11. Vuga utwigoro Yakobo yagize kugira ngo yikiranure na Esawu.

11 Gusuzuma ikintu kimwe cabaye mu buzima bw’umwe sekuruza w’imiryango Yakobo biratwigisha ibintu bihambaye ku bijanye no kwikiranura n’abandi. Inyuma y’imyaka nka 20 Yakobo yari amaze yarahunze igihugu ciwe c’amavukiro, Imana yaramutegetse biciye ku mumarayika ngo asubireyo. (Ita. 31:11, 13, 38) Ariko rero hariho ingorane. Mukuruwe Esawu yari yarahatswe kumwica. (Ita. 27:41) Yakobo ‘yaratinye cane yongera agira amaganya,’ yiyumvira ko mwenewabo yari akimubikiye inzika. (Ita. 32:7) None Yakobo yakoze iki ngo yikiranure na mwenewabo? Ubwa mbere, yarasenze cane Yehova amubwira ico kintu. Ubukurikira, yaciye arungikira Esawu ingabirano. (Ita. 32:9-15) Amaherezo, igihe yabonana n’uwo mwenewabo Esawu batacana uwaka, Yakobo yaribwirije kumugaragariza icubahiro. Yarapfukamye imbere ya Esawu, atari incuro imwe gusa canke zibiri, ahubwo incuro indwi. Ivyo bintu Yakobo yakoze biranga ukwicisha bugufi n’icubahiro, vyaratumye yikiranura na mwenewabo.​—Ita. 33:3, 4.

12. Akarorero ka Yakobo katwigisha iki?

12 Hariho icigwa dukura ku kuntu Yakobo yiteguriye guhura na mwenewabo Esawu, be no ku kuntu yavyifashemwo babonanye. Yakobo yaricishije bugufi arasaba Yehova ngo amufashe. Mu nyuma, yarakoze ahuza n’iryo sengesho yari yatuye arakora ibishoboka vyose kugira ngo ukwo guhura na mwenewabo kuze kugende neza. Igihe babonana, Yakobo ntiyahaririye na Esawu ku bijanye n’uwari mw’ikosa uwo ari we. Intumbero Yakobo yari afise kwari ukwikiranura na mwenewabo. None twomwigana gute?

INGENE TWOKWIKIRANURA N’ABANDI

13-14. Dukwiye gukora iki bishitse tukababaza umuvukanyi wacu?

13 Twebwe abari muri ya nzira ijana mu buzima, twipfuza kugiranira amahoro n’abavukanyi bacu. (Rom. 12:18) None twokora iki hamwe twobona ko hari umuvukanyi twababaje? Cokimwe na Yakobo, turakwiye gusenga cane Yehova. Twoshobora kumusaba ko yohezagira akigoro kacu ko gusubiza hamwe n’umuvukanyi wacu.

14 Turakwiye no gufata umwanya wo kwisuzuma. Nk’akarorero, twoshobora kwibaza duti: ‘Noba niteguriye kwemera ikosa ngasaba imbabazi nicishije bugufi, gutyo tugasubiza hamwe? Yehova na Yezu bazovyakira gute ninagira akigoro ko gusubiza hamwe n’umuvukanyi wanje?’ Inyishu dutanga kuri ivyo bibazo zirashobora kutuvyurira umutima wo kwumviriza Yezu, maze tukegera uwo dusangiye ukwizera twicishije bugufi kugira dusubize hamwe. Tubigenjeje gutyo, tuzoba twiganye akarorero ka Yakobo.

15. Gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Banyefeso 4:2, 3, bishobora gute kudufasha gusubiza hamwe n’umuvukanyi wacu?

15 Iyumvire iyo Yakobo aza kugira ubwibone igihe yahura na mwenewabo. Ibintu vyari kuyangara. Igihe natwe tugiye kuraba umuvukanyi kugira ngo twikiranure, dukwiye kubigirana umutima wo kwicisha bugufi. (Soma Abanyefeso 4:2, 3) Mu Migani 18:19 hagira hati: “Umuvukanyi agabitanijweko aruta igisagara gikomeye; kandi hariho amahane ameze nk’igihindizo c’umunara wo kubamwo.” Umuvukanyi yacumuweko aba ameze nk’uwo munara, ariko iyo twicishije bugufi tugasaba imbabazi birashobora gutuma tuwinjiramwo, ni ukuvuga tugasubiza hamwe.

16. Ni ikindi kintu ikihe dukwiye kuzirikanako, kandi kubera iki?

16 Turakwiye no kuzirikana twitonze ivyo tuzobwira umuvukanyi wacu n’ingene tuzobivuga. Tumaze kuzirikana, dukwiye kumuyagisha dufise intumbero yo kumusubiriza umutima mu nda ku bijanye n’icamubabaje. Mu ntango, yoshobora kuvuga ibintu vyotubabaza. Vyokworoha ko dutwarwa n’ishavu canke tukagerageza kwisigura. Ariko none ivyo vyoba vyotorera umuti ico kibazo? Habe namba. Niwibuke ko gusubiza hamwe n’umuvukanyi wawe bihambaye cane kuruta kurondera kumenya uwuri mw’ikosa n’uwutari mw’ikosa.​—1 Kor. 6:7.

17. Wokwigira iki ku karorero ka Gilbert?

17 Umuvukanyi umwe yitwa Gilbert, yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo abe indemeshamahoro. Avuga ati: “Naragiraniye ingorane zikomeye n’umuntu umwe wo mu muryango wanje. Naramaze imyaka irenga ibiri ngira akigoro ko kumuyagisha mu bugwaneza kandi nengenga, kugira dusubire kugiranira ubucuti bwiza.” Ni ikindi kintu ikihe Gilbert yakoze? Avuga ati: “Imbere yo kumuyagisha narasenga nkongera ngategura umutima ku bintu bibi yari gushobora kumbwira. Nari nkwiye kwitegurira kumubabarira. Narize kudaharanira uburenganzira bwanje, nongera ndatahura ko ibanga nari mfise ryari iryo kuremesha amahoro.” None vyavuyemwo iki? Gilbert avuga ati: “Ubu ndafise amahoro yo mu mutima kubera ko dufitaniye ubucuti bwiza n’abo mu muryango wanje wose.”

18-19. Iyo hari uwo twababaje ni ibiki dukwiye kwiyemeza gukora, kandi kubera iki?

18 None wokwiyemeza gukora iki igihe ubonye ko hari umuvukanyi wababaje? Nukurikize impanuro ya Yezu igusaba gusubiza hamwe n’umuvukanyi wawe. Nusenge Yehova umubwira ico kintu, wongere wiheke ku mpwemu nyeranda yiwe igufashe kuba indemeshamahoro. Niwabigira uzohimbarwa kandi uzoba werekanye ko uriko urumviriza Yezu.​—Mat. 5:9.

19 Turakengurukira cane Yehova kubona aduha ubuyobozi buranga urukundo abicishije kuri Yezu Kristu, we “mutwe w’ishengero.” (Ef. 5:23) Nimuze twiyemeze ‘kumwumviriza,’ nka kumwe kw’intumwa Petero, Yakobo na Yohani. (Mat. 17:5) Twabonye ingene twobigira mu kwikiranura n’umuvukanyi tuba twababaje. Nitwabigenza gutyo tukongera tukaguma muri ya nzira ipfunganye ijana mu buzima, tuzokwironkera imihezagiro myinshi ubu, muri kazoza na ho twironkere agahimbare k’ibihe bidahera.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

^ ing. 5 Yezu aduhimiriza guca mw’irembo ryaga rishikana mu nzira y’ubuzima. Araduhimiriza no kwikiranura n’abavukanyi bacu. Ni intambamyi izihe none zotuma bitatworohera gushira mu ngiro iyo mpanuro, kandi twozitsinda gute?

^ ing. 7 Raba ikibazo ca 6 mu gatabu Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza, kivuga ngo: “Nonanira gute agakuku?” hamwe n’akavidewo dusanga mu bisigurwa bariko barabicapa kuri www.pr418.com. kavuga ngo “Nunanire akosho k’urunganwe.(Nuje ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA.)

^ ing. 8 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Iyo tugumye muri ya nzira “ipfunganye” ikingiwe n’ingingo ngenderwako z’Imana zimeze nk’uruzitiro, turirinda amashusho y’ibiterasoni, abagenzi boduta mu busambanyi, n’abotwosha gushira imbere kwiga amashuri ahanitse.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu ntumbero yo gusubiza hamwe na mwenewabo Esawu, Yakobo yarapfukamye imbere yiwe incuro zitari nke.