Ibibazo vy’abasomyi
Twisunze ibivugwa muri Zaburi 61:8, ubwo Dawidi ntiyarengeje urugero mu kuvuga ko yoshemeje izina ry’Imana “ibihe bidahera”?
Habe namba. Ivyo Dawidi yanditse vyarumvikana kandi kwari ukuri.
Raba ivyo yanditse muri uwo murongo be no mu yindi mirongo irimwo iciyumviro nk’ico. Yavuze ati: “Nzohibongoreza izina ryawe ibihe bidahera, kugira ngo nshitse indagano zanje uko bukeye uko bwije.” “Ndaguhaya, ewe Yehova Mana yanje, n’umutima wanje wose, kandi nzoninahaza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero.” “Nzohezagira izina ryawe gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera.”—Zab. 61:8; 86:12; 145:1, 2.
Dawidi ntiyariko ararenza urugero yiyumvira ko atokwigeze apfa. Yari azi ko Yehova yari yaravuze ko umuntu aramutse akoze igicumuro vyokweze urupfu, kandi Dawidi yaremera ko yari umucumuzi. (Ita. 3:3, 17-19; Zab. 51:4, 5) Yari azi mbere ko n’abantu bagamburukiye Imana, nka Aburahamu, Izahaki na Yakobo bari barapfuye. Vyongeye, Dawidi yari azi ko na we nyene yopfuye. (Zab. 37:25; 39:4) Ariko ivyo yavuze muri Zaburi 61:8 birerekana icipfuzo be n’umwiyemezo yari afise vyo gushemeza Imana ibihe bidahera, ni ukuvuga igihe cose yobaye ari muzima.—2 Sam. 7:12.
Ibintu bimwebimwe Dawidi yanditse ni ivyabaye mu buzima bwiwe, nk’uko biboneka mu majambo y’intangamarara ya Zaburi 18, iya 51 n’iya 52. Muri Zaburi ya 23, Dawidi yadondoye Yehova nk’umwungere amuyobora, amuruhurira, akongera akamukingira. Na Dawidi yari umwungere ameze gutyo nyene. Vyongeye, yipfuza gukorera Imana ‘imisi yose y’ubuzima bwiwe.’—Zab. 23:6.
Niwibuke kandi ko Yehova ari we yahumekeye Dawidi mu vyo yanditse vyose. Mu vyo yanditse harimwo ubuhanuzi bworangutse hasigaye igihe kinini cane. Nk’akarorero, muri Zaburi 110, Dawidi yaravuze ibijanye n’igihe Umukama wiwe ‘yokwicaye iburyo bw’Imana’ mw’ijuru maze agahabwa ububasha bukomeye. Kugira abukoze iki? Kugira atsinde abansi b’Imana yongere ‘ashitse imanza ku mahanga’ yo kw’isi. Dawidi yari sekuruza wa Mesiya, uwoganje ari mw’ijuru akongera akaba “umuherezi gushika igihe kitagira urugero.” (Zab. 110:1-6) Yezu yaremeje ko ubwo buhanuzi dusanga muri Zaburi 110 bwari bumwerekeye be n’uko bworangutse muri kazoza.—Mat. 22:41-45.
Ego cane, Dawidi ahumekewe n’Imana yaranditse ibijanye no mu gihe ciwe be n’igihe kizoza, aho yozutse maze agashemeza Yehova ibihe bidahera. Ivyo bica bidufasha kubona ko ibivugwa muri Zaburi 37:10, 11, 29 bishobora kuba bidondora ivyabaye muri Isirayeli ya kera be n’ibizoba kw’isi yose muri kazoza, igihe Imana izoshitsa imigambi yayo.—Raba ingingo ya 8 y’ikiganiro co muri uwu Munara kivuga ngo “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”
Ibivugwa rero muri Zaburi 61:8 be no mu yindi mirongo irimwo iciyumviro nk’ico, vyerekana ko Dawidi yipfuza gushemeza Yehova muri Isirayeli ya kera gushika apfuye. Vyongeye, birerekana ivyo Dawidi azokora muri kazoza Yehova niyamuzura.