IKIGANIRO C’UKWIGA CA 49
Turashobora kubaho ibihe bidahera
“Ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera.”—ROM. 6:23.
URURIRIMBO RWA 147 Dusezeranirwa ubuzima budahera
INCAMAKE a
1. Kuzirikana ku muhango Yehova aduha wo kubaho ibihe bidahera bituvyurira umutima wo gukora iki?
YEHOVA asezerana ko abamugamburukira bazoronka “ubuzima budahera.” (Rom. 6:23) Kuzirikana kuri uwo muhango, nta gukeka ko bica bituma turushiriza kumukunda. Uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru aradukunda cane ku buryo tutazokwigera dutandukana na we.
2. Kubona Imana idusezeranira kubaho ibihe bidahera bidufasha gute?
2 Kubona Imana idusezeranira kuzobaho ibihe bidahera biratuma twihanganira ingorane zidushikira muri iki gihe. Naho abansi bacu bodutera ubwoba ko bazotwica, ntituzohemuka. Kubera iki? Imvo imwe, ni uko tuzi yuko naho twopfa turi intahemuka kuri Yehova, azotuzura tugasubira kubaho dufise icizigiro co kutazokwongera gupfa. (Yoh. 5:28, 29; 1 Kor. 15:55-58; Heb. 2:15) None twemezwa n’iki ko dushobora kubaho ibihe bidahera? Rimbura imvo zikurikira.
YEHOVA YAMAHO
3. Twemezwa n’iki ko Yehova ashobora gutuma tubaho ibihe bidahera? (Zaburi 102:12, 24, 27)
3 Turazi ko Yehova ashobora gutuma tubaho ibihe bidahera, kubera ko ari we Sôko ry’ubuzima kandi akaba yamaho. (Zab. 36:9) Raba ivyanditswe bikeya gusa vyerekana ko Yehova yamyeho kandi ko azokwamaho. Zaburi ya 90:2 havuga ko Yehova ari uwo “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” Zaburi ya 102 na yo nyene iravuga iciyumviro nk’ico. (Soma Zaburi 102:12, 24, 27.) Ku bijanye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, umuhanuzi Habakuki na we yanditse ati: “Ewe Yehova, mbega ntiwamyeho kuva kera? Ewe Mana yanje, Mweranda wanje, wewe ntupfa.”—Hab. 1:12.
4. Kuba tudatahura iciyumviro c’uko Yehova yamyeho, vyoba bikwiye kuduhagarika umutima? Sigura.
4 Iciyumviro c’uko Yehova yamaho “gushika igihe kitagira urugero,” coba kikugora gutahura? (Yes. 40:28) Nimba ari ukwo, nturi wenyene. Ku bijanye n’Imana, Elihu yavuze ati: “Igitigiri c’imyaka yayo ntigiserangurika.” (Yobu 36:26) Kuba tudatahura ikintu ntibisigura ko kitaba ari ic’ukuri. Nk’akarorero, kuba tudatahura ibijanye n’umuco vyoba bisigura ko utabaho? Habe namba. Muri ubwo buryo nyene, twebwe abantu ntituzokwigera dutahura bimwe vyuzuye iciyumviro c’uko Yehova yamyeho kandi ko azokwamaho. Ariko ivyo ntibica bisigura ko Imana itamaho ibihe bidahera. Ivyo dushobora gutahura canke tudashobora gutahura, nta co bihindura ku Muremyi wacu. (Rom. 11:33-36) Yariho n’imbere y’uko ivyo yaremye bibaho, ushizemwo izuba n’inyenyeri. Yehova aradukura amazinda ko ari “we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe.” Ego cane, yariho n’imbere y’uko “agaranzura amajuru.” (Yer. 51:15; Ivyak. 17:24) None ni iyindi mvo iyihe itwemeza ko dushobora kubaho ibihe bidahera?
TWAREMEWE KUBAHO IBIHE BIDAHERA
5. Adamu na Eva bari bafise icizigiro ikihe?
5 Ibinyabuzima vyose biri kw’isi, Yehova yabiremye kugira ngo bibeho ikiringo kanaka, kiretse abantu. Yabaremanye icizigiro kidasanzwe co kwamaho. Ariko rero Yehova yagabishije Adamu ati: “Ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Ita. 2:17) Iyo Adamu na Eva bagamburukira Yehova ntibari gupfa. Birumvikana rero ko hogeze igihe Yehova akabarekurira kurya kuri ca “giti c’ubuzima.” Ivyo vyosobanuye ko abahaye uburenganzira bwo “[ku]baho gushika igihe kitagira urugero,” ni ukuvuga ibihe bidahera. b—Ita. 3:22.
6-7. (a) Ni ikindi kintu ikihe cerekana ko abantu bataremewe gupfa? (b) Ni ibiki ushashaye cane gukora? (Raba amashusho.)
6 Biri n’ico bivuze kubona abashakashatsi bamwebamwe basanze ubwonko bwacu bushobora kubika ibintu biruta kure n’iyo ivyo tumenya mu kiringo cose tumara turiho. Mu 2010, hari ikiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe, (Scientific American Mind) cavuze ko ubwonko bwacu bushobora kujamwo amakuru ashobora kwerekanwa kuri televiziyo, mu kiringo c’amasaha imiliyoni zitatu (imyaka irenga 300). Ico gitigiri gishobora kuba ari gito ugereranije n’ivyo ubwonko bwacu bushobora kubika. Ariko rero, ivyo vyerekana ko Yehova yatunganije ubwonko bwacu ku buryo bushobora kubika amakuru menshi cane, kuruta ayo bubika mu myaka 70 canke 80 gusa tubaho.—Zab. 90:10.
7 Yehova yaraturemanye kandi icipfuzo gikomeye co kwamaho. Ku bijanye n’abantu, Bibiliya ivuga ko Imana ‘yashize mu mutima wabo igihe kitagira urugero.’ (Umus. 3:11) Ni co gituma tubona urupfu nk’umwansi wacu. (1 Kor. 15:26) None iyo turwaye, duca tuja ng’aho tukiraramira turindiriye urupfu? Habe namba. Duca tuja kwa muganga, kumbure tukongera tugafata imiti kugira ngo turabe ko twokira. Emwe, nta co tudakora kugira ngo ntidupfe! None bishitse na ho tukabura uwacu, yaba akiri muto canke akuze, ntitugumana intuntu ku mutima? (Yoh. 11:32, 33) Mu vy’ukuri, Umuremyi wacu munyarukundo, ntiyari kuturemana icipfuzo be n’ububasha vyo kubandanya kubaho iyo ataba afise umugambi w’uko abantu babaho ibihe bidahera. Ariko rero turafise n’izindi mvo zumvikana zotuma twemera ko dushobora kubaho ibihe bidahera. Nimuze turabe ibintu bimwebimwe Yehova yakoze kera be n’ivyo ariko arakora ubu, vyerekana ko atahinduye umugambi yari afise mu ntango.
UMUGAMBI WA YEHOVA NTIWAHINDUTSE
8. Muri Yesaya 55:11 hadukura amazinda gute ku bijanye n’umugambi Yehova adufitiye?
8 Naho Adamu na Eva bacumuye maze bagakwegera urupfu uruvyaro rwabo, Yehova ntiyaciye ahindura umugambi wiwe. (Soma Yesaya 55:11.) N’ubu aracafise umugambi w’uko abantu bagamburuka babaho ibihe bidahera. Ivyo turabibonera ku vyo yavuze no ku vyo yakoze kugira ngo arangure uwo mugambi.
9. Imana yadusezeraniye iki? (Daniyeli 12:2, 13)
9 Yehova yasezeranye ko azozura abapfuye maze akabaronsa akaryo ko kubaho ibihe bidahera. (Ivyak. 24:15; Tito 1:1, 2) Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yari azi neza ko Yehova ashashaye kuzura abapfuye. (Yobu 14:14, 15) Umuhanuzi Daniyeli na we nyene yari azi ko abantu bozutse maze bakaronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera. (Zab. 37:29; soma Daniyeli 12:2, 13.) N’Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bazi ko Yehova yohaye abasavyi biwe b’abizigirwa “ubuzima budahera.” (Luka 10:25; 18:18) Yezu yarakunda kuvuga kenshi ibijanye n’uwo muhango, kandi na we ubwiwe Se yaramuzuye.—Mat. 19:29; 22:31, 32; Luka 18:30; Yoh. 11:25.
10. Uburorero bw’abazutse kera bwerekana iki? (Raba ishusho.)
10 Kubera ko Yehova ari Umutanzi w’ubuzima, arafise n’ububasha bwo gusubiza abantu ubuzima. Yarashoboje umuhanuzi Eliya kuzura umwana w’umupfakazi w’i Zarefati. (1 Abm. 17:21-23) Mu nyuma, Imana yarafashije umuhanuzi Elisha gusubiza ubuzima umwana w’umugore w’Umunyashunemukazi. (2 Abm. 4:18-20, 34-37) Ubwo burorero bw’abantu bazuwe be n’ubundi burerekana ko Yehova afise ububasha bwo gusubiza abantu ubuzima. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ko Se yari yaramuhaye ubwo bubasha. (Yoh. 11:23-25, 43, 44) Ubu Yezu ari mw’ijuru kandi yarahawe “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi.” Ku bw’ivyo rero, arafise ububasha bwo gushitsa umugambi w’uko “abari mu mva bose” bazozuka bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.—Mat. 28:18; Yoh. 5:25-29.
11. Ni mu buryo ki incungu ituma bishoboka ko tubaho ibihe bidahera?
11 Kubera iki none Yehova yaretse Umwana wiwe akunda cane agapfa urupfu rubabaje? Yezu yarerekanye igituma, ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Kubona Imana yaratanze Umwana wayo ngo abe incungu ku bw’ibicumuro vyacu vyaratumye bishoboka ko turonka ubuzima budahera. (Mat. 20:28) Ico kintu gihambaye mu bijanye n’umugambi w’Imana, intumwa Paulo yagisiguye muri make ati: “Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu, n’izuka ry’abapfuye ryazananye ku muntu. Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.”—1 Kor. 15:21, 22.
12. Ubwami buzogira uruhara gute mu gushitsa umugambi Imana idufitiye?
12 Yezu yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza be n’uko ivyo Imana igomba vyokorwa ng’aha kw’isi. (Mat. 6:9, 10) Mu mugambi w’Imana harimwo ivy’uko abantu babaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Kugira ngo ivyo bishoboke, Yehova yaragenye Umwana wiwe kugira ngo abe Umwami w’ubwo Bwami. Vyongeye, Yehova yaratororokanije abantu 144.000 bo kw’isi kugira ngo bazofadikanye na Yezu gushitsa uwo mugambi w’Imana.—Ivyah. 5:9, 10.
13. Yehova ariko akora iki muri iki gihe, kandi nawe wokora iki?
13 Yehova ariko aratororokanya abagize “isinzi rinini” yongera abamenyereza kuzoba abatwarwa b’Ubwami bwiwe. (Ivyah. 7:9, 10; Yak. 2:8) Naho baba mw’isi yiciyemwo ibice bivuye ku rwanko be n’intambara, abagize isinzi rinini barihatira kwikuramwo urwanko rwose rushingiye ku gihugu, ku bwoko, bakirinda no kwanka umuntu wese ku giti ciwe. Ni nk’aho inkota zabo bamaze kuzicuramwo ibirimisho. (Mika 4:3) Aho kugira uruhara mu ntambara ziriko ziratikiza inganda, bariko barafasha abantu kuronka “ubuzima nyakuri” mu kubigisha ibijanye n’Imana y’ukuri be n’imigambi yayo. (1 Tim. 6:19) Naho borwanywa n’abo mu miryango yabo canke bagashikirwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi kubera ko bashigikira Ubwami bw’Imana, Yehova aritwararika ko baronka ivya nkenerwa. (Mat. 6:25, 30-33; Luka 18:29, 30) Ivyo biradukura amazinda yuko Ubwami bw’Imana atari umugani be n’uko buzobandanya gushitsa umugambi wa Yehova.
KAZOZA KEZA KARI IMBERE
14-15. Umugambi Yehova afise wo gukuraho urupfu ibihe bidahera, amaherezo uzoranguka gute?
14 Yezu ubu araganza ari mw’ijuru kandi azoshitsa ivyo Yehova yasezeranye vyose. (2 Kor. 1:20) Kuva mu 1914, Yezu yagiye aranesha abansi biwe. (Zab. 110:1, 2) Yezu be n’abo bazofadikanya kuganza vuba bazorandura inkozi z’ikibi, gutyo basozere intsinzi yabo.—Ivyah. 6:2.
15 Mu gihe ca ya Ngoma ya Yezu y’imyaka igihumbi, Yezu azozura abapfuye yongere afashe abantu bagamburuka gucika abatagira agasembwa. Inyuma ya ca kigeragezo ca nyuma, abo Yehova azobona ko ari abagororotsi, “bazokwigabira isi kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zab. 37:10, 11, 29) Igishimishije, ni uko ‘wa mwansi wa nyuma rupfu azokurwaho.’—1 Kor. 15:26.
16. Ikintu nyamukuru gikwiye gutuma dukorera Yehova ni ikihe?
16 Nk’uko twabibonye, icizigiro dufise co kubaho ibihe bidahera gishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Ico cizigiro kirashobora kudufasha kuguma turi intahemuka muri ibi bihe bigoye vy’imisi ya nyuma. Ariko rero, icipfuzo co kubandanya tubaho si co gusa gikwiye gutuma turondera guhimbara Yehova. Urukundo rugera kure dukunda Yehova na Yezu, ni co kintu nyamukuru gikwiye gutuma tuguma turi intahemuka. (2 Kor. 5:14, 15) Ruratuvyurira umutima wo kubigana no kubwira abandi ibijanye n’ico cizigiro cacu. (Rom. 10:13-15) Iyo twirinze agatima k’ubwikunzi, duca tuba abantu Yehova yipfuza kugira abagenzi ibihe bidahera.—Heb. 13:16.
17. Ni ibanga irihe ryega umwumwe wese muri twebwe? (Matayo 7:13, 14)
17 Twoba tuzoba mu bazoronka ubuzima budahera? Yehova yaraturonkeje ako karyo. Ni ahacu rero guhitamwo kuguma muri iyo nzira ijana mu buzima. (Soma Matayo 7:13, 14.) None ubuzima buzoba bumeze gute nitwabaho ibihe bidahera? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ico kibazo.
URURIRIMBO RWA 141 Ubuzima ni igitangaro
a Woba ushashaye kubaho ibihe bidahera? Yehova yaradusezeraniye ko hazogera igihe tubaho tutagipfa. Muri iki kiganiro, turihweza imvo nkeya gusa zituma twizigira duherejeko ko Yehova azoshitsa uwo muhango.
b Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ijambo ‘ibihe bidahera’ muri Bibiliya.”
c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yitereye mu myaka ariko ariyumvira ibintu bimwebimwe ashobora kuzokora niyabaho ibihe bidahera.