IKIGANIRO C’UKWIGA CA 51
Urashobora kugira amahoro mu gihe c’ingorane
“Imitima yanyu ntihagarare canke ngo itekerwe n’ubwoba.”—YOH. 14:27.
URURIRIMBO RWA 112 Yehova ni Imana y’amahoro
INCAMAKE a
1. “Amahoro y’Imana” ni iki, kandi kuyaronka bitugirira akamaro gute? (Abafilipi 4:6, 7)
HARIHO ubwoko bw’amahoro iyi si itazi. Ni “amahoro y’Imana,” ni ukuvuga ugutekana umuntu agira, bivuye ku kuba afitaniye ubucuti bwiza n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Igihe dufise amahoro y’Imana turumva ko dutekanye. (Soma Abafilipi 4:6, 7.) Turagiranira ubucuti bwiza n’abandi bamukunda. Vyongeye, turagiranira ubucuti somambike na “ya Mana y’amahoro.” (1 Tes. 5:23) Igihe tuzi Umuvyeyi wacu, tumwizigira tukongera tukamugamburukira, amahoro y’Imana arashobora gutuma imitima yacu itekana igihe turi mu bihe bitoroshe.
2. Twemezwa n’iki ko dushobora kuronka amahoro y’Imana?
2 Vyoba bishoboka vy’ukuri ko tugira amahoro y’Imana igihe turi mu ngorane, nk’igihe hateye indwara y’ikiza, icago c’icaduka, imigumuko, canke uruhamo? Mu bisanzwe, ico ari co cose muri ivyo kirashobora gutuma tugira ubwoba. Yamara Yezu yahanuye abigishwa biwe ati: “Imitima yanyu ntihagarare canke ngo itekerwe n’ubwoba.” (Yoh. 14:27) Igishimishije, ni uko abavukanyi na bashiki bacu bakurikije iyo mpanuro ya Yezu. Babifashijwemwo na Yehova, barashoboye kugira amahoro mu gihe c’ingorane zikomeye.
INGENE WORONKA AMAHORO IGIHE HATEYE INDWARA Z’IBIZA
3. Indwara y’ikiza ishobora gute kuduhungabanya?
3 Indwara y’ikiza irashobora gutuma ubuzima bwacu buhinduka rwose. Rimbura ingaruka ikiza ca Korona cagize kuri benshi. Mw’itohozwa rimwe ryagizwe, abarenga ica kabiri c’ababajijwe bavuze yuko batasinzira neza mu gihe c’ico kiza. Ico kiza carongereje cane igitigiri c’abantu baguma bahagaritse umutima, abarwara akabonge, abizizirwa no kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe, abakubagura abo mu ngo zabo be n’abarondera kwiyahura. None igihe hateye indwara y’ikiza mu karere iwanyu, wokora iki kugira ngo ugire amahoro y’Imana nturengerwe n’amaganya?
4. Kubera iki kumenya ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’imisi ya nyuma bituma dutekana?
4 Yezu yaravuze ko mu misi ya nyuma hobayeho indwara z’ibiza zirandagata, ‘ziva hamwe zija ahandi.’ (Luka 21:11) None kubimenya biduhumuriza gute? Iyo izo ndwara zadutse ntibidutangaza. Duca tubona ko ibintu biriko biraba nk’uko nyene Yezu yabivuze. Birabereye rero ko dukurikiza impanuro Yezu yahaye abobaye bariho mu gihe c’iherezo, iyigira iti: “Muze murabe ntimutekerwe n’ubwoba.”—Mat. 24:6.
5. (a) Twisunze Abafilipi 4:8, 9, dukwiye gusenga dusaba iki igihe hateye indwara y’ikiza? (b) Kwumviriza ibisomwa vyo muri Bibiliya vyafashwe amajwi vyokugirira akamaro gute?
5 Igihe hateye indwara y’ikiza biroroshe ko umuntu ahagarika umutima, eka mbere agata umutwe. Ivyo nyene ni vyo vyashikiye mushiki wacu yitwa Desi. b Igihe sewabo na muvyarawe be n’umuganga yabavura bahitanwa n’ikiza ca Korona, uwo mushiki wacu yaragize ubwoba ko na we nyene yokwanduye uwo mugera, akongera akawanduza nyina wiwe yari ageze mu zabukuru. Ico kiza caratumye kandi ahagarika umutima ko yohava akurwa mu kazi, bica bituma aguma yiyumvira ingene yoronse amahera yo kugura ibifungurwa no kuriha inzu. Ivyo vyaratumye atangura kugira amaganya, ku buryo abura n’agatiro mw’ijoro. Ariko Desi yahavuye asubira gutekana. Uti gute? Yarasenze Yehova adomako, amusaba ko yomufasha gutekana no kwiyumvira ibintu vyiza. (Soma Abafilipi 4:8, 9.) Yarateze ugutwi ivyo Yehova amubwira biciye ku bisomwa vyo muri Bibiliya vyafashwe amajwi. Uwo mushiki wacu avuga ati: “Amajwi aruhura y’abasomye ivyo bisomwa, yaratumye ntekana mu mutima yongera aranyibutsa ko Yehova anyitwararika.”—Zab. 94:19.
6. Kwiyigisha no kwitaba amakoraniro bizogufasha gute?
6 Naho mu gihe c’indwara y’ikiza urutonde rw’ibintu bimwebimwe wahora ukora ruhungabana, ntukwiye kureka kwiyigisha canke kwitaba amakoraniro. Inkuru dusanga mu bitabu vyacu no mu mavidewo yacu zivuga ibijanye n’ivyashikiye abo dusangiye ukwizera, zizokwibutsa ko abavukanyi na bashiki bacu baguma ari intahemuka kuri Yehova, naho baba bari mu ngorane nk’izo uriko uracamwo. (1 Pet. 5:9) Amakoraniro na yo azogufasha kuguma uzirikana ku vyiyumviro vyiza vyo muri Bibiliya. Azokuronsa kandi uturyo two kuremeshwa no kuremesha abandi. (Rom. 1:11, 12) Niwazirikana ku kuntu Yehova yagiye arashigikira abasavyi biwe barwaye, batekewe n’ubwoba canke bafise irungu, bizokomeza ukwizera kwawe vyongere bitume uhera amazinda ko nawe azogushigikira.
7. Wigira iki ku ntumwa Yohani?
7 Nugume uhanahana amakuru n’abavukanyi. Mu gihe c’indwara y’ikiza, twoshobora gusabwa kutegerana n’abavukanyi bacu, mbere n’igihe twoba turi kumwe na bo. Mu gihe nk’ico, twoshobora kwiyumva nk’intumwa Yohani. Yaripfuza kubonana n’umugenzi wiwe Gayo amaso mu yandi. (3 Yoh. 13, 14) Naho ari ukwo, Yohani yaratahura ko mu kiringo kanaka bitari gukunda ko amubona. Yohani rero yaciye akora ico yari ashoboye, na co kukaba kwari ukumwandikira ikete. Igihe rero nawe bidashoboka ko ugendera abavukanyi ngo mubonane amaso mu yandi, nugerageze kubayagisha biciye kuri terefone, ku buhinga bwo kuyaga mubonana, canke ubandikire mesaje. Niwaguma uhanahana amakuru n’abo musangiye ukwizera, uzorushiriza gutekana no kugira amahoro. Bishitse ugahagarika umutima cane, niwiture abakurambere bakuremeshe wongere wakirize yompi izo ndemesho baguha.—Yes. 32:1, 2.
INGENE WORONKA AMAHORO IGIHE HATEYE ICAGO C’ICADUKA
8. Icago c’icaduka gishobora gute kuguhungabanya?
8 Nimba vyarashitse mu karere iwanyu mugaterwa n’imyuzurira, nyamugigima canke umuriro, ushobora kuba waramaze igihe kirekire uhagaritse umutima. Nimba ico gihe warabuze abawe canke ugatakaza ivyo utunze, ushobora kuba waragize intuntu, ukihebura canke mbere ukagira ishavu. Ivyo ntibisobanura ko uhahamira amaronko canke ko utagira ukwizera. Kubera ko waciye mu ngorane zitoroshe, bamwebamwe boshobora kwitega ko uca uvyifatamwo nabi. (Yobu 1:11) Ariko no muri ico gihe nyene, urashobora kuronka amahoro. Uti gute?
9. Yezu yadufashije gute kwitegurira ivyago vy’ivyaduka?
9 Niwibuke ivyo Yezu yavuze ko vyobaye. Mu buryo butandukanye n’abantu bamwebamwe bo muri iyi si batigera biyumvira ko bazoshikirwa n’icago c’icaduka, twebwe turiteze ko ivyago nk’ivyo bizorushiriza kwongerekana muri iki gihe, kandi ko bimwe muri vyo bishobora no kuzodushikira. Yezu yabwiye abigishwa biwe ko imbere y’uko umuhero ushika, hobayeho “vya nyamugigima bikomakomeye” be n’ibindi vyago vy’ivyaduka. (Luka 21:11) Yaranavuze ko ‘ubugarariji bwokwiyongereye,’ ivyo tukaba tubibonera mu bukozi bw’ikibi bukorwa muri iki gihe, ububisha be n’ibitero vy’iterabwoba. (Mat. 24:12) Yezu ntiyigeze avuga ko ivyo vyago vyoshikiye gusa abadasenga Yehova. Nkako, abasavyi ba Yehova benshi b’abizigirwa barashikiwe n’ivyo vyago. (Yes. 57:1; 2 Kor. 11:25) Naho Yehova yoshobora kutadukingira ivyo vyago vyose ku gitangaro, araturonsa ibikenewe vyose kugira ngo tugume dutekanye kandi dufise amahoro.
10. Kubera iki kwitegurira icago ubu vyerekana ko dufise ukwizera? (Imigani 22:3)
10 Igihe dushikiwe n’ivyago giturumbuka, biroroha ko tuguma dutekanye igihe tuba twarategekanije ibintu imbere y’igihe. None kubigenza gutyo vyoba vyerekana ko tutizigiye Yehova? Habe namba. Ahubwo riho, kwitegurira icago imbere y’igihe vyerekana ko twizera ko afise ububasha bwo kutwitwararika. Uti gute? Ijambo ry’Imana rituremesha kwitegurira ivyago vyoshobora gushika. (Soma Imigani 22:3.) Vyongeye, ishirahamwe rya Yehova ryagiye riradufasha incuro n’izindi kwitegurira ibintu vyoshika giturumbuka, biciye ku biganiro vyasohowe mu binyamakuru vyacu, ku makoraniro, no mu buyobozi ryagiye riratanga ku gihe kibereye. c Twoba twizigira Yehova? Nimba tumwizigira, turashira mu ngiro iyo mpanuro ubu, imbere y’uko ivyago vyaduka.
11. Wigira iki ku karorero ka Margaret?
11 Rimbura ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Margaret. Igihe mu karere yabamwo haduka umuriro ukomeye, abategetsi babasavye gukinjura. Kubera ko abantu benshi baciye barondera guhungira icarimwe, amabarabara yaruzuye imiduga ku buryo babura aho baca. Kubera ko ikirere cari cuzuye ivyotsi vyinshi, ntivyakunda ko Margaret ava mu modoka. Ariko rero yararokotse kubera ko yari yariteguye. Mu gasakoshi kiwe yari yarashizemwo ikarata yerekana irindi barabara yojana. Yari yarariciyemwo imbere y’igihe kugira ngo abone aho yoca hamwe hotera icago. Margaret yararokotse kubera ko yari yariteguye.
12. Kubera iki tugamburuka ubuyobozi duhabwa bujanye no kudukingira?
12 Mu ntumbero yo kudukingira no gushiraho urutonde, abategetsi boshobora kudusaba kwubahiriza itegeko ryo kudacaruka, kuva mu karere tubayemwo, canke bakatubwira ibindi twokora. Abantu bamwebamwe usanga batihutira gukurikiza ayo mategeko kuko badashaka kuvirira ivyo batunze. None abakirisu bakwiye gukora iki? Bibiliya itubwira iti: “Ku bw’Umukama, muyobokere ikiremwa-muntu cose: kwaba ukuyobokera umwami nka we mukuru canke ba buramatari nk’abarungitswe na we.” (1 Pet. 2:13, 14) Ishirahamwe rya Yehova na ryo nyene riraturonsa ubuyobozi budukingira. Twama twibukijwe guha abakurambere inomero zacu za terefone za vuba, kugira ngo bashobore kudutora igihe hadutse icago. Woba warabigize? Twoshobora kandi guhabwa ubuyobozi ku bijanye no kuguma mu nzu, kuva mu karere turimwo, ingene tworonka ivyo twokwikorako, be n’ingene twofasha abandi n’igihe twobafasha. Kutagamburuka ubwo buyobozi vyoshobora gushira ubuzima bwacu mu kaga be n’ubw’abakurambere. Niwibuke ko abo bagabo b’abizigirwa baguma barinze ubuzima bwacu. (Heb. 13:17) Margaret yavuze ati: “Ndemera nshimitse ko gukurikiza ubuyobozi abakurambere batanga be n’ubwo duhabwa n’ishirahamwe vyatumye ndokora igufa.”
13. Abakirisu benshi bateshejwe izabo, ni igiki cabafashije kugumana umunezero n’amahoro?
13 Abavukanyi na bashiki bacu benshi bataye izabo kubera ivyago vy’ivyaduka, intambara canke imigumuko, barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bamenyere ubwo buzima bushasha, maze bidatevye barabandanya gukorera Yehova. Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bashwiragijwe n’uruhamo, abo bavukanyi barabandanya “[ku]menyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana.” (Ivyak. 8:4) Kwamamaza birabafasha kugumiza umutima ku vy’Ubwami, aho kuwugumiza ku ngorane barimwo. Ivyo vyatumye bagumana umunezero n’amahoro.
INGENE WORONKA AMAHORO MU GIHE C’URUHAMO
14. Uruhamo rushobora kuduhungabanya gute?
14 Uruhamo rwoshobora kutubuza ibintu vyinshi mu bisanzwe bituma tugira amahoro. Turahimbarwa iyo tugira amakoraniro twidegemya, tukamamaza ata wutuburabuza, tukongera tugakora ibikorwa vyacu vya misi yose tudatinya gufatwa. Igihe tudashobora gukora ivyo bintu twoshobora guhagarika umutima, dutinya ivyohava bidushikira. Kwiyumva gutyo ni ibisanzwe. Ariko rero dutegerezwa kuba maso. Yezu yavuze ko uruhamo rwoshoboye gutuma abigishwa biwe batsitara. (Yoh. 16:1, 2) None twokora iki kugira ngo tugumane amahoro igihe turiko turahamwa?
15. Kubera iki tudakwiye gutinya uruhamo? (Yohani 15:20; 16:33)
15 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.” (2 Tim. 3:12) Umuvukanyi umwe yitwa Andrei, ico kintu caramugoye gutahura, igihe igikorwa cacu cahagarikwa mu gihugu iwabo. Yibwira ati: ‘Ivyabona vya Yehova turi benshi cane muri iki gihugu. Abategetsi boshobora kudufata twese?’ Ariko rero ivyo vyiyumviro, aho gutuma Andrei atekana, vyatumye aguma ahagaritse umutima. Abandi bavukanyi barekeye ibintu mu maboko ya Yehova, aho kugerageza kwiyumvira ko borusimvye. Kubera ko bemera ko vyoshitse bagafatwa, ntibahagarika umutima cane nka Andrei. Na we yaciye ahitamwo kubigana, arizigira Imana. Bidatevye yaciye agira amahoro, kandi ubu arafise umunezero naho bakiri mu ngorane nyinshi. Na twebwe birashobora kutugendera gutyo nyene. Naho Yezu yavuze ko twokwitega uruhamo, yaranaduhumurije ko twoshobora kuguma turi intahemuka.—Soma Yohani 15:20; 16:33.
16. Ni ubuyobozi ubuhe dukwiye kugamburuka igihe turi mu ruhamo?
16 Igihe igikorwa cacu kibujijwe canke kiburabuzwa cane, ibiro vy’ishami be n’abakurambere boshobora kuduha ubuyobozi twokurikiza. Ubwo buyobozi buba bufise intumbero yo kudukingira, gutuma tuguma turonka ibifungurwa vy’impwemu, no kudufasha kubandanya twamamaza uko bishoboka kwose. Niwihatire kubukurikiza, mbere n’igihe utoba utahura igituma bwatanzwe. (Yak. 3:17) Vyongeye, ntiwigere uhishurira abantu batabifitiye uburenganzira, amakuru yerekeye abavukanyi na bashiki bacu canke ayerekeye ibikorwa vy’ishengero.—Umus. 3:7.
17. Cokimwe n’intumwa mu kinjana ca mbere, twiyemeje gukora iki?
17 Imwe mu mvo nyamukuru zituma Shetani arwanya abasavyi b’Imana, ni uko “bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu.” (Ivyah. 12:17) Ntureke ngo Shetani n’isi yiwe bagutere ubwoba. Kwamamaza no kwigisha n’igihe turiko turahamwa, biratuma tugira umunezero n’amahoro. Mu kinjana ca mbere, igihe abategetsi b’Abayuda bategeka intumwa guhagarika kwamamaza, abo bagabo b’abizigirwa bahisemwo kugamburukira Imana. Bagumye bamamaza, kandi ico gikorwa caratumye bagira umunezero. (Ivyak. 5:27-29, 41, 42) Ego ni ko igihe igikorwa cacu kiburabuzwa, turakwiye kwiyubara mu kuntu twamamaza. (Mat. 10:16) Ariko rero nitwamamaza uko dushoboye kwose, tuzogira amahoro ava ku kuba turiko turahimbara Yehova no ku kuba turiko turabwira abandi ubutumwa burokora ubuzima.
‘YA MANA Y’AMAHORO IZOBANA NAWE’
18. Ni amahoro ayahe tuba dukeneye mu bihe bigoye?
18 Nuhere amazinda ko mbere no mu bihe bigoye cane, dushobora kugira amahoro. Mu bihe nk’ivyo, dukwiye kwibuka ko amahoro tuba dukeneye ari amahoro y’Imana, ni ukuvuga, amahoro Yehova wenyene atanga. Numwihekeko rero igihe hateye indwara y’ikiza, icago c’icaduka, canke uruhamo. Nugume wiyegereje ishirahamwe ryiwe. Nuhange amaso kazoza kari imbere. Niwabigenza gutyo, ‘ya Mana y’amahoro izobana nawe.’ (Flp. 4:9) Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene twofasha abo dusangiye ukwemera bari mu ngorane kuronka amahoro y’Imana.
URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza
a Yehova asezerana kuronsa amahoro abamukunda. None ayo mahoro Imana itanga ni iki, kandi twoyaronka gute? Kugira “amahoro y’Imana” bidufasha gute mu gihe c’indwara z’ibiza, ivyago vy’ivyaduka canke mu ruhamo? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo.
b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
c Raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyodufasha kurusimba hateye icago,” kiri muri Be maso! No. 5 2017.